ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 9/13 rup. 6-9
  • Ukuri ku vyerekeye Halowini

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuri ku vyerekeye Halowini
  • Be maso!—2013
  • Ivyo bijanye
  • Ingene twotanguza ibiyago
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Hoba hari imisi mikuru tudakwiye guhimbaza?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Imisi mikuru yose yoba ihimbara Imana?
    Nugume mu rukundo rw’Imana
  • Imisi mikuru idahimbara Imana
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
Ibindi
Be maso!—2013
g 9/13 rup. 6-9

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ukuri ku vyerekeye Halowini

Aho iwanyu hoba hahimbazwa umusi mukuru witwa Halowini? Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika no muri Kanada, uwo musi mukuru urazwi cane. Buri mwaka uhimbazwa ku wa 31 Gitugutu. Ariko rero, imigenzo ijanye na Halowini iraboneka n’ahandi hantu henshi kw’isi. Mu mihingo imwimwe, harahimbazwa imisi mikuru yitwa ukundi ariko irimwo ibintu bifitaniye isano n’uwo musi mukuru wa Halowini, ari vyo vy’ibi: gukorana n’imizimu, abapfumu, shetani n’amashetani yiwe be n’ibindi biremwa nsigabwenge.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Imisi mikuru ihimbazwa kw’isi yose imeze nka Halowini.”

HARI aho woba utemera ibiremwa nsigabwenge. Ushobora kuba uhimbaza Halowini canke iyindi misi mikuru isa n’uyo kugira ngo gusa winezereze wongere wigishe abana bawe gukoresha ububasha bwabo bwo kwiyumvira. Ariko rero, hari abantu benshi babona ko iyo misi mikuru atari myiza ku bw’imvo zikurikira:

  1. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopedia of American Folklore) kivuga giti: “Umusi mukuru wa Halowini ahanini ujanye n’ivyo gukorana n’ibiremwa nsigabwenge, vyinshi muri vyo bikaba bitera ubwoba.” (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Kahise ka Halowini.”) Imisi mikuru myinshi imeze nka Halowini na yo nyene yakomotse mu bapagani kandi ishingiye cane ku vyo gusenga aba kera. No muri kino gihe, abantu bo hirya no hino kw’isi, barahimbaza iyo misi mikuru kugira ngo bakorane n’ivyitwa ngo ni imizimu.

  2. Naho Halowini yamye ibonwa ko ari umusi mukuru w’Abanyamerika, mu bihugu vyinshi buri mwaka haguma haboneka abantu bashasha bawijukira. Ariko rero, benshi muri abo bantu bashasha bahimbaza uwo musi mukuru ntibazi ko ibimenyetso vyawo, ibisharizo vyawo n’imigenzo yawo vyakomotse mu bapagani, vyinshi muri vyo bikaba bifitaniye isano n’ibinyabuzima nsigabwenge be n’ububasha nsigabwenge.—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Wakomotse he?”

  3. Abantu ibihumbi bagikurikiza imigenzo y’idini ry’Abaseleti ba kera, uwo musi mukuru wa Halowini baracawita izina rya kera, ari ryo Samain, kandi ijoro bawuhimbazamwo babona ko ari ryo joro ryeranda kuruta ayandi yose yo mu mwaka. Umuntu umwe yiyita umupfumu, yavuze ati: “[Abakirisu] barifatanya natwe mu guhimbaza umusi mukuru wacu batabizi. . . . Ivyo biraturyohera.”—Vyakuwe mu kinyamakuru kimwe co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika (USA Today).

  4. Halowini be n’imisi mikuru imeze nka yo irahushanye n’ivyo Bibiliya yigisha. Bibiliya igabisha iti: “Muri mwebge ntihaze haboneke . . . ūragura, cank’ūtera amabara, cank’umupfumu, cank’umurozi, cank’umwābūzi, cank’ūja guhamagara imizimu, cank’umumenyi, cank’ūraguza imizimu.”—Gusubira mu vyagezwe 18:10, 11, Bibiliya Yera; raba kandi Abalewi 19:31; Abagalatiya 5:19-21.

Abagize imiryango barashobora kuryoherwa batiriwe barahimbaza imisi mikuru itabereye

Twisunze ivyo duhejeje kuvuga, birabereye ko umenya ko Halowini be n’iyindi misi mikuru imeze nka wo bifise inkomoko mbi. Gutahura neza ivyo bintu vyoshobora gutuma uja mu gitigiri c’abandi bantu benshi badahimbaza iyo misi mikuru.

“Abakirisu ‘barifatanya natwe mu guhimbaza umusi mukuru wacu batabizi. . . . Ivyo biraturyohera.’ ”—Amajambo yo mu kinyamakuru USA Today yavuzwe n’umuntu avuga ko ari umupfumu

IMISI MIKURU IMEZE NKA HALOWINI IHIMBAZWA KW’ISI YOSE

Halowini ahanini yamye ibonwa ko ari umusi mukuru w’Abanyamerika. Ariko rero, uwo musi mukuru usigaye uhimbazwa n’abantu benshi mu mihingo itandukanye y’isi. Ikigeretseko, hariho iyindi misi mikuru imeze nka Halowini kuko kuri yo bahimbaza ukubaho kw’ibiremwa nsigabwenge be n’ibikorwa vyavyo. Aho ku ruhande urahabona imisi mikuru imwimwe mwene iyo ihimbazwa n’abantu benshi hirya no hino kw’isi:

  • Amerika ya Ruguru - Umusi mukuru w’abapfuye

  • Amerika y’Epfo - Umusi mukuru witwa Kawsasqanchis

  • I Buraya - Umusi mukuru w’abapfuye be n’ubwoko butandukanye bwa Halowine

  • Africa - Umusi mukuru w’intambo y’imizimu

  • Asia - Umusi mukuru witwa Bon wo gutera iteka imizimu y’aba kera

WAKOMOTSE HE?

Inkomoko y’imigenzo n’ibintu bikoreshwa mu bijanye na Halowini

IBIHUME, ABANTU BIAHINDURA AMABINGIRA, ABAPFUMU, ABAPFUYE BASUBIYE KUBA BAZIMA:Ivyo biremwa vyamye bibonwa ko bifitaniye isano n’amashetani.

IMBOMBO: Abaseleti ba kera barakoresha imbombo mu kugerageza gutururuza impwemu mbi. Ekleziya yahavuye iremesha abahimbaza uwo musi mukuru guca ku nzu no ku yindi buca ari Umusi mukuru w’aberanda, basaba abantu ibifungurwa, na bo bagaca basengera abapfuye. Uwo mugenzo wahavuye uza urakurikizwa n’abana bava ku nzu baja ku yindi basaba imbombo ku musi mukuru wa Halowini.

IVYAMBARWA: Abaseleti wasanga bambara ivyo kwiyoberanya biteye ubwoba kugira ngo impwemu mbi ziyumvire yuko abavyambaye na bo ari impwemu zigenzi zazo, gutyo ntizibatere. Buhorobuhoro Ekleziya yarafashe imigenzo ya gipagani iyisobeka mu misi mikuru yo kwibuka abakirisu bapfuye be n’aberanda bose. Mu nyuma, abahimbaza iyo misi mikuru wasanga bagenda ku nzu no ku yindi bambaye ivyambarwa vy’aberanda, ivy’abamarayika n’ivy’amashetani.

IMYUNGU: Barafata ibintu bimeze nk’ibitunguru vy’igoma bakavyimburura, bakabishiramwo ibuji iriko iraka, bagaca babitereka ahantu kugira vyirukane impwemu mbi. Kuri bamwebamwe, ibuji yaba iri muri ico kintu yagereranya umutima wugaraniwe mw’ipurugatori. Mu nyuma, bahavuye baza barakoresha cane imyungu yimburuwe.

KAHISE KA HALOWINI

IKINJANA CA GATANU IMBERE Y’IGIHE CACU

Abaseleti barahimbaza umusi mukuru witwa Samain mu mpera za Gitugutu, aho biyumvira ko imizimu n’amadayimoni vyayerera kw’isi kuruta ikindi gihe cose.

IKINJANA CA MBERE MU GIHE CACU

Abaroma baratsinze Abaseleti, batangura no kwisunga imigenzo ijanye n’ivy’amashetani yagirwa kuri wa musi mukuru wa Samain.

IKINJANA C’INDWI MU GIHE CACU

Bivugwa ko Papa Bonifasi wa gatandatu yashinze umusi mukuru w’aberanda bose wo gutera iteka abamaratiri.a

IKINJANA CA 11 MU GIHE CACU

Vyashinzwe ko itariki zibiri Munyonyo zigenewe kwibuka abakirisu bapfuye.

IKINJANA CA 18 MU GIHE CACU

Harabonetse icandikano kiriko izina Halloween (Halowini) mu gishingo c’izina rya kera Hallowe’en.

IKINJANA CA 19 MU GIHE CACU

Abantu ibihumbi n’ibihumbi bo muri Irlande barimukiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bajanye imigenzo ya Halowini; iyo migenzo yahavuye ivangana n’imigenzo nk’iyo yazanywe n’abavuye mu Bwongereza, mu Budagi, muri Ekose, muri Afrika be no mu yindi mihingo y’isi.

IKINJANA CA 20 MU GIHE CACU

Halowini yacitse umusi mukuru uhimbazwa cane muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika hose.

IKINJANA CA 21 MU GIHE CACU

Urudandaza rujanye na Halowini rwarateye imbere gushika aho rusigara rwinjiza amadolari amamiliyaridi n’amamiliyaridi kw’isi yose.

a Uwo musi mukuru ugenewe gutera iteka aberanda bose bapfuye n’abamaratiri. Ijoro rya buca ari umusi mukuru w’aberanda ni ryo bahora bita Hallow Even, iryo jambo rikaba ari ryo ryavuyemwo izina Halowini.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika