ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 3/14 rup. 12-13
  • Amosozi yacu ni agatangaza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amosozi yacu ni agatangaza
  • Be maso!—2014
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo twigira ku mosozi ya Yezu
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Yehova arazi neza amarira yawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2024
  • “Ehe ibintu vyose ndiko ndabigira bishasha”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ibibazo vy’abasomyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Be maso!—2014
g 3/14 rup. 12-13
Umugabo ariko arakorora amosozi

Amosozi yacu ni agatangaza

DUTANGURA kurira tukivuka. Umuhinga umwe avuga yuko tukiri inzoya, kurira vyatubereye nk’ “uruzogi,” kubera ko turira kugira turonswe ivyo dukeneye mu vy’umubiri no mu kanyengetera. Ariko none, ni kubera iki tubandanya gukorora amosozi uko tugenda turakura kandi tuba dushoboye guserura akari ku mutima mu bundi buryo?

Hari ibintu bitandukanye bituma dukorora amosozi aserura ukuntu twiyumva. Turashobora kurira kubera intuntu, ukuvunika umutima, ukubabara ku mubiri canke ku mutima. Ariko rero umunezero mwinshi, ukwumva turuhuriwe canke ukwumva ko twaroraniwe birashobora na vyo nyene gutuma dukorora amosozi mwene ayo, mugabo yoyo akaba ari ay’umunezero. Vyongeye, amosozi arashobora kwandukira. Uwitwa María avuga ati: “Iyo mbonye umuntu ariko ararira, naho yoba ariko arizwa n’iki, nsanga nanje amosozi yantanze hasi.” Bishobora kandi kuba bimaze gushika ukarira kubera ivyo ubonye mu gikino canke ivyo usomye mu gitabu, naho bitaba ari ibintu vyabaye koko.

Umwigeme ariko arakorora amosozi, uruyoya ruriko rurarira, n’umugore ariko arakorora amosozi

Igitumye turira caba ikihe, kurira ni uburyo bukomeye bwo guserura akari ku mutima ata jambo tuvuze. Igitabu kimwe (Adult Crying) kivuga giti: “Nta bundi buryo bwinshi nk’ubwo buriho bwo kuvuga vyinshi mu mwanya mutoyi cane.” Amosozi aratuma abandi bagira ico bakoze. Nk’akarorero, benshi muri twebwe biratugora kuvyirengagiza iyo tubonye uwuriko arakorora amosozi kubera bica bitwereka ko ababaye. Turashobora guca tugerageza kumuhoza canke kumufasha.

Abahinga bamwebamwe babona yuko kurira ari uburyo bwiza bwo guserura ukuntu twiyumva be n’uko kwama twigumya ngo ntidukorore amosozi bishobora kwonona amagara yacu. Ariko hari abandi bavuga ko abahinga bataremeza yuko kurira bitugirira akamaro ku mubiri no ku mutima. Naho ari ukwo, amatohoza yerekana ko ibice nka 85 kw’ijana vy’abagore na 73 kw’ijana vy’abagabo bavuze ko biyumva neza iyo bahejeje kurira. Uwitwa Noemí asigura ati: “Birashika nkumva ko nkeneye kurira. Mpejeje kurira, nca mpema ngashikana, ngaca ndushiriza kubona ibintu neza, nkabibona nk’uko biri koko.”

Amatohoza yerekana ko ibice nka 85 kw’ijana vy’abagore na 73 kw’ijana vy’abagabo bavuze ko biyumva neza iyo bahejeje kurira

Ariko amosozi si yo yonyene atuma duca twumva turuhuriwe. Ukuntu abandi baca bavyifatamwo igihe turiko turarira na vyo nyene birafasha cane. Nk’akarorero, iyo amosozi yacu atumye baduhoza canke bakadufasha, duca twumva turuhuriwe. Mugabo iyo batavyifashemwo neza, twoshobora guca twumva tumaramaye canke ko ata wutubabaye.

Mu vy’ukuri, hari ivyo tutaramenya ku bijanye n’ukurira. Ariko ico tuzi ni uko gukorora amosozi ari bumwe mu buryo butangaje Imana yaduhaye bwo guserura ukuntu twiyumva.

WARI UBIZI?

Igihe inzoya zikivuka zirize, kenshi ntizikorora amosozi. Amaso yazo aba afise ukubomba guhagije kwo kuyakingira. Mugabo amosozi atangura kuboneka haciye indwi zitari nke, uturingoti tw’amosozi tumaze gukura neza.

Ubwoko butatu bw’amosozi

  • Ayo twamana. Uduhimba duhingura amosozi tuguma duhingura ayo mazi y’umusarara akingira amaso akongera akayabombeka. Aranatuma turushiriza kubona neza. Iyo dukubise urugohe, ayo mosozi aca akwira hose mu maso.

  • Ayizana. Ayo mosozi aza igihe hari ikintu cinjiye mu jisho kigatuma ritamererwa neza. Ayo mosozi araza n’igihe umuntu akoze ibintu bitandukanye, nk’ukwayura canke ugutwenga.

  • Ayavana n’ukuntu twiyumva. Ayo ni amosozi twebwe abantu dukorora iyo hagize ikintu gihindura cane ukuntu twiyumva. Ayo mosozi arusha amosozi yizana ibice 24 kw’ijana vy’indemamubiri.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika