ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/14 rup. 7
  • Udukuru tw’irya n’ino

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Udukuru tw’irya n’ino
  • Be maso!—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika
  • Mu Buhindi
  • Mu Buswise
  • Mu karere k’Ihembe rya Afrika
  • Ibirimwo
    Be maso!—2012
  • Ibirimwo
    Be maso!—2012
  • Ibiganiro bivuga ngo «Urwaruka ruribaza» biri muri Be maso!
    Urwaruka ruribaza
  • Ibirimwo
    Be maso!—2012
Ibindi
Be maso!—2014
g 10/14 rup. 7

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Icuma kimata ku muduga gifasha abapolisi kuwukurikira

Abapolisi bamwebamwe bariko barakoresha ubuhinga bwa none bugabanya impanuka igihe boma inyuma imiduga. Ubuhinga bumwe bariko baragerageza gukoresha ni icuma kirasa ikintu kimata ku muduga baba bariko barakurikira. Ico cuma kiba kiri inyuma y’akayungiro k’imbere ku miduga yabo. Kirimwo ubuhinga bita GPS butuma abapolisi bashobora kumenya aho iyo modoka iri, gutyo bakayikurikira batiriwe bariruka cane.

Mu Buhindi

Umuhindikazi

Ibiharuro vyerekana ko uko haciye isaha umugore yicwa biturutse ku mpari zerekeye inkwano. Umugenzo wo gutanga inkwano warabujijwe muri ico gihugu. Naho ari ukwo, mu 2012 abagore barenga 8.200 baragandaguwe kubera ko umuhungu canke ab’iwabo n’umuhungu baba babona ko inkwano umugeni yatanze (nk’uko bisanzwe bigirwa mu mico yabo) idahagije.

Mu Buswise

Intamba

Igihe intamba zitatu zo mu misozi zari mu kibanza zirondokeramwo, abahinga barazishizeko utwuma dutoyi cane tubafasha kuzikurikirana. Nya twuma twerekanye ko izo ntamba zamaze imisi irenga 200 ziguruka zija muri Afrika zitarinze guhagarara. Ibikoko vyo mu mazi ni vyo gusa vyari bizwi ko bishobora kugira urugendo rurerure nk’urwo.

Mu karere k’Ihembe rya Afrika

Igicapo cerekana igitigiri c’amato yibwe be n’amahera y’incungu yatanzwe

Hagati ya Ndamukiza 2005 na Kigarama 2012, abasuma bibisha amato barateye amato 179 hafi y’inkengera y’ibahari mu karere k’Ihembe rya Afrika (kakaba kagizwe na Somaliya, Etiyopiya n’ibindi bihugu). Icigwa cagizwe n’Ibanki y’isi yose kivuga ko izo nkozi z’ikibi zaronse amahera ashika imiliyoni 413 z’amadolari y’Abanyamerika zasavye kugira zirekure abo zafashe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika