ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 11/15 rup. 7-9
  • Kubaho utabona

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubaho utabona
  • Be maso!—2015
  • Ivyo bijanye
  • Nufashe impumyi kwiga ivyerekeye Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2015
  • Inyuguti zihindura ubuzima
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro​—Kubwira inkuru nziza impumyi
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Bariboneye urukundo mu bikorwa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Ibindi
Be maso!—2015
g 11/15 rup. 7-9
Paqui n’umugabo wiwe

Kubaho utabona

“Natanguye kugira ingorane y’uruhumyi nkivuka igihe banshira mu maso umuti ukaze cane. Ngeze mu buyabaga amaso yanje yaradegeye kandi nararwaye akabonge bimwe bikomeye.”​—Vyavuzwe na Paqui, umugore akuze afise umugabo w’impumyi.

GUHUMA canke uruhumyi biterwa n’ibintu vyinshi, harimwo amasanganya n’indwara. Ivyo birashobora kugira ingaruka ku maso, ku dutsi nsozabwenge tw’ijisho canke ku bwonko. Abantu bahumye canke batabona neza akenshi birabagora kwumva igituma ico kintu cabashikiye, bagatuntura kandi bakagira ubwoba. Ariko rero, benshi baravyifatamwo neza kandi ubuzima bukabandanya.

Mu bisanzwe, amaso ni yo adufasha kumenya ibidukikije. Igihe rero umuntu atakibona, aca ategerezwa kwikora ku bundi bubasha nko kwumva, kumoterwa, gukorakora, no guhonja.

Ikinyamakuru kimwe (Scientific American) kivuga ko ubushakashatsi bwagizwe bwerekana ko ubwonko bufise ubushobozi bwo “guhindura uko bukora bivanye n’uko ibintu vyifashe.” Congerako giti: “Ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko igihe umuntu afise ubumuga bunaka, ubwonko bushobora gutuma ubundi bushobozi bumufasha kumenya ibidukikije bukora mu buryo budasanzwe.” Raba nk’akarorero.

Kwumva: Amajwi arashobora gutuma umuntu yiha ishusho y’ikintu, yaba ari amajwi y’abantu canke intambuko zabo. Umugabo umwe w’impumyi yitwa Fernando avuga ati: “Ndashobora kwibuka abantu no kubamenya mfatiye ku majwi yabo canke mbere ku kuntu batambuka.” Juan, na we nyene akaba ari impumyi avuga ati: “Impumyi imenya umuntu ifatiye kw’ijwi ryiwe.” Nka kurya twese tubigira, impumyi irumviriza yitonze ijwi umuntu akoresha kuko rimufasha kumenya uko nya muntu yiyumva.

Amajwi umuntu w’impumyi yumva arashobora kandi kumubwira vyinshi ku bijanye n’ibimukikije. Nk’akarorero aramenya iyo abantu bariko baraja, ingene icumba arimwo kingana canke ahari ikintu ashobora kwisekako.

Kumoterwa: Ubushobozi bwo kumoterwa na bwo nyene burashobora gutuma umuntu amenya ibintu vyinshi uretse akamoto gusa. Nk’akarorero, igihe umuntu w’impumyi ariko araca mw’ibarabara, ubwo bushobozi buratuma abona mu bwenge ahari utubare, amaresitora, amamangazini n’ibindi. Birumvikana ko amajwi aba asanzwe amenyereye amufasha gutahura neza ivyo bintu, nka kurya ashobora kubitahura biciye ku bushobozi bwo gukorakora.

Gukorakora: Francisco avuga ati: “Intoke zanje ni yo maso yanje.” Ayo maso mwumva yoshobora kubona kure umuntu akoresheje agakoni. Manasés yavutse ari impumyi maze ariga gukoresha agakoni akiri muto. Yavuze ati: “Hari ibindi bintu bimfasha kumenya neza aho ndi, na vyo bikaba ari ubundi bushobozi bumfasha kumenya ibinkikije, kwibuka ahantu no kuza ndakoza agakoni kanje aho nca kugira numve ingene hameze.”

Umuntu ariko arasoma Umunara w’Inderetsi mu ndome z’impumyi

Umuntu ariko arasoma Umunara w’Inderetsi mu ndome z’impumyi

Ubushobozi bwo gukorakora burafasha kandi abantu benshi bahumye gusoma ibitabu vyo mu ndome z’impumyi. Kukaba nkako, muri kino gihe abantu bahumye bararonka ibintu vyinshi bibafasha kugira ubumenyi no kwiyegereza Imana. Uretse ibitabu vyo mu ndome z’impumyi, barikora ku bintu vyafashwe amajwi canke ku buhinga bwa none. Ivyo biratuma bashobora gusoma Bibiliya n’ibindi bitabu bishingiye kuri yo.a

Ivyo bikoresho vyarafashije cane Paqui n’umugabo wiwe bamwe twavuga mu ntango, vyongera biratuma bagira icizigiro. Vyongeye barashigikiwe n’abantu benshi bari mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu karere iwabo. Paqui avuga ati: “Ubu dufise ubuzima buri n’intumbero kandi ntiturinda gukenera abandi cane.”

Nta woharira ko guhuma biteza ingorane zidasanzwe. Ariko uwuvunitse ariga gucumbagira kandi umuntu arashobora kuvyihanganira ubuzima bukabandanya.

a Ivyabona vya Yehova barasohora ibitabu bifasha kwiga Bibiliya vyo mu ndome z’impumyi mu ndimi zirenga 25.

Naho ntabona, ndahimbawe mu buzima

Marco Antonio n’imbwa yiwe imuyobora yitwa Dante

Marco Antonio arafise umugore n’umwana kandi asangiye urudandaza n’uwundi muntu. Yavutse ari impumyi. Yariganiye ikinyamakuru Be maso! ibintu bimwebimwe bimuryohera n’ingorane ahura na zo.

Ko uri umudandaza, ubigenza gute?

Mu kazi kanje nditaba amatelefone, nkakira abakiriya n’abatuzanira ibidandazwa, kandi nkaza ndaja kuri banki.

Ni ibiki ukora mu kwiruhura?

Ndakunda umuziki kuko unduhura. Vyongeye ndavuza piyano naho bitanyorohera, kuko ntashobora kuvuza umuziki n’amaboko yompi nongera nsoma amanota yawo yo mu ndome z’impumyi. Igihe mvugije umuziki ari bwo bwa mbere, ndasoma amanota yawo nkoresheje ukuryo nkaca ndawuvuza kuri piyano nkoresheje ukubamfu. Nca nza ndabisubiramwo nguza amaboko. Maze gufata uwo muziki ku mutwe, nca ndawuvuza n’amaboko yompi.

Hoba hari ingorane zidasanzwe zagushikiye?

Nkiri umwana, abavyeyi banje n’abo tuvukana baranyitwararika bakamfata nk’umuntu abona. Ego ni ko vyarashika nkiseka ku bintu canke ngatemba, ariko naramenyereye gukora ibintu nka vyose nk’umuntu abona. Maze gukura, ikintu conyene cambabaza cane ni uko ntashobora gutwara umuduga.

Ubu ndafise umugore n’umwana bankunda kandi dushigikirana. David umuhungu wanje nikundira, na we nyene yavutse ari impumyi. Ariko ndagerageza kumuha akarorero keza. Nipfuza ko atahura yuko yihanganye kandi ntacike intege ashobora gushika ku bintu vyinshi.

Kubera iki washimye kurondera imbwa ikuyobora?

Imbwa yanje yitwa Dante iramfasha kunyaruka no kwirinda amasanganya. Kubera ko umukenyezi wanje Loli we abona, igihe ngiye ahantu ari bwo bwa mbere araduherekeza kugira ngo twe na Dante tumenye iyo nzira. Mvugishije ukuri, mu ntango vyarangora kwizigira ko imbwa ari yo yomfasha kwirinda amasanganya. Mugabo Dante irakora bigashimwa. Ntisamazwa n’ibiriko biraba hirya no hino. Ariko iyo ndayirekuye umugozi ica imera nk’izindi mbwa.

Ko uri Icabona ca Yehova, ubigenza gute mu kwiga Bibiliya?

Ubuhinga butaratera imbere, Loli yaransomera Bibiliya n’ibitabu bifasha kuyiga. Yaramfashije cane. Vyatumye nshobora no gutanga insiguro ku makoraniro ajanye no gusenga. Ariko ubu ndashobora kwisomera Bibiliya n’ibitabu bimfasha kuyiga kuko biboneka mu ndome z’impumyi. Ndashobora kandi kuja ku muhora w’Ivyabona vya Yehova ari wo jw.org nkavoma ibintu vyafashwe amajwi. Orodinateri yanje irafise ubuhinga bumfasha gusoma ibirimwo mu ndome z’impumyi. Ubwo buhinga buratangaje cane!

Ndashima cane agateka mfise ko gufasha mu bijanye no guhingura ibitabu vyo mu ndome z’impumyi ku biro bikuru vy’Ivyabona vya Yehova vyo muri Espanye biri i Madrid. Kugira ngo abategura ivyo bitabu babitunganye neza, barashima ivyiyumviro bahabwa n’abantu bahumye. Ndashobora rero kuvuga ko abo dusangiye ukwemera bankunda kandi ko bampa agaciro.

Woba uhimbarwa no kwifatanya n’abandi?

Ego, canecane abo mu muryango wanje n’abo dusangiye ukwemera. Turajana na bo kwamamaza inzu ku nzu. Abo dusangiye ukwemera bamfata cokimwe n’abandi bose. Hari n’igihe bibagira ko ntabona.

Ikindi na co, igikorwa co kwamamaza kiratuma mbwira abandi icizigiro ceza umutima dusanga muri Bibiliya. Nk’akarorero, muri Yesaya 35:5 havuga ko igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza, “amaso y’impumyi azohumuka.” Igihe Yezu Kristu yari kw’isi, yarahumuye impumyi aba aduhaye imponjo y’ico gihe twimirije. (Matayo 15:30, 31) Ku bw’ivyo rero, nk’uko biri ku bundi bumuga bwose, uguhuma ni ingorane itazokwamaho. Mw’Iparadizo yimirije yo kw’isi, nta n’umwe azovuga ati: ‘Ndarwaye canke ngo ndafise ubumuga.’​—Yesaya 33:24; Luka 23:43.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika