ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g16 no. 6 rup. 10-11
  • Érasme

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Érasme
  • Be maso!—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IVYO YIZE N’IVYO YEMERA
  • ISEZERANO RISHASHA MU KIGIRIKI
  • Ya mpinduro yitwa la Bible polyglotte Complutensis ni igikoresho kidasanzwe cafashije mu vy’ubuhinduzi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Bibiliya—Yarakundwa Maze Irabuzwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ibirimwo
    Be maso!—2016
  • Wessel Gansfort—“Uwaharaniye amahinduka mu vy’idini imbere y’uko aba”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Be maso!—2016
g16 no. 6 rup. 10-11

KAHISE KATWIGISHA IKI?

Érasme

Érasme

ÉRASME (Desiderius Erasmus) yabayeho nko mu 1469-1536. Mu ntango, yaremerwa cane nk’incabwenge iruta izindi zose z’i Buraya, ariko mu nyuma hari abamucafuje bamwita umunyabwoba n’umuhakanyi. Mu gihe ciwe hariho ibihari bikaze bijanye n’amadini. Yasanze na we yabigizemwo uruhara igihe yubahuka agashira ahabona amakosa n’amabi yakorerwa muri Gatolika no mu bavuga ko bagomba kuyisubiza ku murongo. Muri iki gihe afatwa ko ari umwe mu bantu bakomeye batumye ivy’idini i Buraya bihinduka. Uti gute?

IVYO YIZE N’IVYO YEMERA

Kubera ko Érasme yari yaranonosoye ikigiriki n’ikilatini vyatumye afata Bibiliya zimwezimwe zo mu kilatini, nk’iyitwa Vulgate, azigereranya n’Isezerano rishasha ryari mu vyandikano vy’iminwe vya kera vyo mu kigiriki. Yaciye abona ko bihambaye cane ko abantu batahura Bibiliya. Ni co gituma yavuze ko Ivyanditswe Vyeranda bikwiye guhindurwa mu ndimi zavugwa n’abantu benshi mu gihe ciwe.

Érasme yarashaka ko haba amahinduka muri Ekleziya kubera ko yemera yuko kuba umukirisu bikwiye kubonekera ku kuntu umuntu abayeho, atari mu gukora gusa imigenzo kanaka. Ni co gituma igihe abaharanira amahinduka batangura gusaba ko hagira ibihinduka muri Gatolika y’i Roma, Ekleziya yaciye itangura kumwikeka.

Érasme yarubahutse gushira ahabona amakosa n’amabi yakorerwa muri Gatolika no mu bagomba kuyisubiza ku murongo

Mu vyo Érasme yanditse, yaraneguye cane amabi yakorwa n’abakuru b’idini, ukuntu bibera mu bihinda n’ukuntu abapapa bakunda ubutegetsi bagashigikira indwano. Ntiyahuza n’abakuru b’idini bari barononekaye bifatira abantu bakoresheje imigenzo y’idini nk’ukwirega, gusenga aberanda, kwisonzesha no kugendera ibibanza vyeranda. Yararwanya kandi imigenzo y’idini nko kugurisha ikigongwe ca Ekleziya (indulujensiya) no kubuza abihebeye Imana kwubaka.

ISEZERANO RISHASHA MU KIGIRIKI

Mu 1516, Érasme yarasohoye integuro y’Isezerano rishasha mu kigiriki, izindi zasohowe zikaba zaje inyuma yayo. Iyo nteguro yarimwo utujambo two ku mpera n’igisomwa c’Isezerano rishasha Érasme ubwiwe yahinduye mu kilatini, kikaba cari gitandukanye n’ikilatini co muri Bibiliya yitwa Vulgate. Yarabandanije gusubiramwo iyo nteguro yiwe, amaherezo iratandukana cane n’iyo yitwa Vulgate.

Isezerano rishasha mu kigiriki ryasohowe na Érasme

Isezerano rishasha mu kigiriki ryasohowe na Érasme

Itandukaniro rimwe ryari muri 1 Yohani 5:7. Muri iyo Bibiliya yitwa Vulgate hari amajambo yongewemwo ku bwo gushigikira inyigisho y’Ubutatu idashingiye ku Vyanditswe. Avuga ati: “Mw’ijuru, Data, Jambo na Mutima Mweranda: kandi abo batatu bagize umwe.” Ariko Érasme yarayakuyemwo mu nteguro zibiri za mbere z’Isezerano rishasha kubera ko mu vyandikano vy’iminwe vyo mu kigiriki yaravye ata na hamwe yayasanze. Mu nyuma, Ekleziya yaramuhase ngo ayashiremwo mu nteguro yiwe igira gatatu.

Integuro zo mu kigiriki z’Isezerano rishasha Érasme yaryohoye zarafashije cane mu guhindura neza Bibiliya mu ndimi z’i Buraya. Martin Luther, William Tyndale, Antonio Brucioli na Francisco de Enzinas barazikoresheje mu guhindura Ivyanditswe vy’ikigiriki mu kidagi, mu congereza, mu gitaliyano no mu gisupanyoli.

Érasme yabayeho mu gihe c’amahinduka akomeye mu vy’idini, kandi abaporoti baharanira amahinduka babona ko integuro yiwe yo mu kigiriki ari kirumara cane. Hari ababona ko yari mu bayobora abaharanira amahinduka, ariko ukuri kwahavuye kuja ahabona igihe nya mahinduka yatangura. Yaranse kugira uwo ashigikiye mu bihari bikomeye bijanye n’idini vyakurikiye. Ntibitangaje kubona haciye imyaka irenga 100 umuhinga yitwa David Schaff yanditse ko Érasme “yapfuye ata dini ashigikiye. Abagatolika ntibamwemera, n’abaporoti kwari ukwo.”

MURI MAKE

  • Mu 1516 Érasme yarasohoye Isezerano rishasha mu kigiriki. Ku ruhande rumwe hari ikigiriki, ku rundi hakaba igisomwa bihuye yahinduye mu kilatini. Yarimwo n’utujambo two ku mpera twinshi.

  • Mu ntangamarara y’iryo Sezerano rishasha, Érasme yanditse ati: “Ndarwanije nivuye inyuma abankira abantu basanzwe gusoma Ivyanditswe Vyeranda canke banka ko bihindurwa mu ndimi z’abantu basanzwe.”

  • Mu bice bimwebimwe vy’i Buraya, ibitabu vyiwe vyaraturiwe n’abamurwanya kandi vyaramaze imyaka biri ku rutonde rw’ibibujijwe n’abapapa b’i Roma.

Yari rurangiranwa kw’isi yose

Érasme yari incabwenge yagenze amahanga. Yarabaye mu bihugu vyinshi vy’i Buraya yongera arahakorera, kandi aho hose yaraharonse abagenzi bakomeye mu birimba no muri za kaminuza. Incabwenge zo mu bihugu bitandukanye zamwitura. Ivyo yanditse vyatumye amenyekana cane kandi abantu barakunda kubisoma cane. Yaramaze ikiringo kinaka aho agiye hose yakirwa n’abaganwa, abasenyeri n’izindi ncabwenge, akakirwa nk’umuntu akomeye cane. Umwanditsi umwe wo mu bihe vya none amwita “umuntu wa kera yamenyekanye cane nk’abantu rurangiranwa kw’isi yose bo muri iki gihe.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika