ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g18 no. 2 rup. 6
  • 3 Kwubahana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 3 Kwubahana
  • Be maso!—2018
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO BISOBANURA
  • IGITUMA BIHAMBAYE
  • ICO WOKORA
  • Kwubaha uwo mwubakanye
    Be maso!—2016
  • Twokwirinda gute kwahukana mu busaza?
    Icofasha umuryango
  • Gufata ingingo mu mwumvikano
    Be maso!—2014
  • Igihe ubugenzi burenze urugero
    Be maso!—2013
Ibindi
Be maso!—2018
g18 no. 2 rup. 6
Umugabo n’umugore bariko barubaka bakoresheje isima

Imvugo iranga icubahiro ni nk’isima ifatanya umubano wanyu

ABUBATSE

3 Kwubahana

ICO BISOBANURA

Umugabo n’umugore bubahana baritwararikana, mbere n’igihe hari ivyo badahurizako. Igitabu kimwe c’ivy’imibano kigira giti: “Umwe wese ntabambira aho yashize, ahubwo baguma baganira ku bibatandukanya. Umwe wese arumviriza ivyiyumviro vya mugenziwe abigiranye icubahiro, maze bakarondera ivyo bahurizako.”

ICO BIBILIYA IVUGA: “Urukundo . . . ntirurondera inyungu zarwo bwite.”​—1 Abakorinto 13:4, 5.

“Nubaha umukenyezi wanje mu kumwereka ko ari uw’agaciro be n’uko ntipfuza gukora icomugirira nabi canke icohungabanya umubano wacu.”​—Micah.

IGITUMA BIHAMBAYE

Igihe abubakanye batubahana, mu biyago vyabo barashobora kwama batorana amahinyu, batukana, canke mbere bagasuzugurana. Abahinga bavuga ko ivyo ari ibimenyetso vyerekana ko abo bantu bashobora kuzokwahukana.

“Gutora amahinyu umugore wawe, kumwigenzako canke kumutetereza nta co bifasha uretse ugutuma yumva ko ata co amaze, ntabe akikwizigira, maze umubano wanyu ukahabonera.”​—Brian.

ICO WOKORA

NIWISUZUME

Mara indwi yose ugendereza ivyo ukorera uwo mwubakanye be n’ingene umuyagisha, uce wibaza uti:

  • ‘Namutoye amahinyu kangahe? Namukeje kangahe?’

  • ‘Ni ibiki namukoreye vyerekana ko ndamwubaha?’

GANIRA N’UWO MWUBAKANYE

  • Ni ibiki mwovuga canke mwokora kugira ngo umwe wese yumve ko yubashwe?

  • Ni ibiki muvuga canke mukora bigatuma umwe wese yumva ko atubashwe?

IVYOGUFASHA

  • Andika uburyo butatu woshima ko uwo mwubakanye akugaragariza icubahiro. Na we nabigenze gutyo nyene. Nimuhane utwo mwanditse maze uce wihatira kumugaragariza icubahiro mu vyo yakweretse.

  • Andika urutonde rw’ibintu ushima ku wo mwubakanye. Nuce umubwira yuko ubimukundira cane.

“Nubaha umugabo wanje mu gukora ibintu bimwereka ko afise agaciro kandi ko nipfuza ko amererwa neza. Si ngombwa ngo ndamukorere ikintu kidasanzwe. Akenshi utuntu dutoduto mvuga canke nkora ni two tumwereka ko ndamwubaha vy’ukuri.”​—Megan.

Igihambaye si ukwiyumvira nimba wubaha uwo mwubakanye canke utamwubaha, ahubwo ni ukumenya nimba uwo mwubakanye yiyumvamwo ko umwubaha.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Nimwambare ikibabarwe cuzuye impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya.”​—Abakolosayi 3:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika