ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g19 no. 2 rup. 12-13
  • Kwifatanya n’abakuze

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwifatanya n’abakuze
  • Be maso!—2019
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ABANA BOFASHWA NA NDE?
  • KUBERA IKI KWIFATANYA N’ABAKUZE BIHAMBAYE?
  • INGENE WOYOBORA UMWANA WAWE
  • Ivyogufasha kuyobora neza abana bawe
    Icofasha umuryango
  • Ubuyabaga—Kwitegurira kuba umuntu ageze mu bigero
    Be maso!—2011
  • Impanuro zo kwizigirwa zofasha abavyeyi kurera abana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Inyongera ibibazo abavyeyi bibaza
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
Ibindi
Be maso!—2019
g19 no. 2 rup. 12-13
Umukenyezi ariko yereka agakobwa amafoto yiwe ya kera

ICIGWA CA 5

Kwifatanya n’abakuze

ABANA BOFASHWA NA NDE?

Abana barakeneye kuyoborwa n’abantu bakuze hamwe no guhanurwa na bo. Iryo banga ahanini ryega abavyeyi. Ariko rero n’abandi barashobora kugira ico bafashije.

KUBERA IKI KWIFATANYA N’ABAKUZE BIHAMBAYE?

Mu bihugu vyinshi, usanga abana ari gake baba bari kumwe n’abantu bakuze. Zirikana kuri ibi:

  • Abana bamara umwanya munini kw’ishure aho usanga abanyeshure ari bo benshi gusumba abigisha be n’abandi bantu bakuze.

  • Abana bamwebamwe bavuye kw’ishure, basanga i muhira ata muvyeyi n’umwe ahari, bose bari ku kazi.

  • Icigwa kimwe cagizwe, cerekanye ko muri Amerika abana bafise imyaka iri hagati ya 8 na 12 bamara nk’amasaha atandatu ku musi bariko barinezereza bakoresheje utwuma tw’ubuhinga bwa none.a

Igitabu kimwe kivuga yuko urwaruka usanga rwitura abo mu runganwe rwabo, aho kuronderera impanuro ku bavyeyi babo, ku bigisha babo canke ku bandi bantu bakuze.

INGENE WOYOBORA UMWANA WAWE

Numarane umwanya na we.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Rera umwana wisunze inzira imubereye; mbere n’igihe azosaza ntazokevya ngo ayivemwo.”​—Imigani 22:6.

Muri rusangi, abana bipfuza kuyoborwa n’abavyeyi babo. Abahinga mbere bavuga ko n’abana b’imiyabaga bashima guhanurwa n’abavyeyi babo aho guhanurwa n’imiyabaga nka bo. Umuganga yitwa Laurence Steinberg yanditse mu gitabu kimwe ati: “Abavyeyi ni bo bafise uruhara nyamukuru mu bijanye n’inyifato y’umwana wabo, kuva mu buyabaga gushika ageze mu bigero.” Yongerako ati: “Abana b’imiyabaga barakeneye kumenya ingene mubona ibintu, mbere naho akenshi usanga batemera ivyo muvuga vyose.”

Bavyeyi, ko abana banyu basanzwe bipfuza kuyoborwa namwe, ntimugishe ako karyo. Nimumarane umwanya na bo, mubabwire uko mubona ibintu n’ivyo mubona ko bihambaye, mubiganire n’ivyo mwaciyemwo mu buzima.

Muronderere uwomufasha.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.”​—Imigani 13:20.

Woba uzi umuntu akuze yoshobora gufasha umwana wawe no kumuhanura? Ubona gute urondeye ingene yomarana umwanya na we? Ego ni ko ntukwiye guca umuhebera ibanga ryawe rya kivyeyi. Ariko rero umuntu uzi ko atogirira nabi umwana wawe, arashobora kukwunganira. Bibiliya irerekana ko naho Timoteyo yari amaze gukura, yungukiye cane ku kwifatanya n’intumwa Paulo, kandi ko Paulo na we nyene yavyungukiyeko.​—Abafilipi 2:20, 22.

Muri iki gihe, imiryango myinshi ntibana hafi na hafi. Usanga ba nyokuru na ba sokuru, ba muyomba na ba senge be n’izindi ncuti baba mu mihingo itandukanye. Nimba iwanyu ari ukwo vyifashe, gerageza guhuza abana bawe b’imiyabaga n’abantu bakuze, bigenza mu buryo ushima.

a Ico cigwa cerekanye ko abana b’imiyabaga bamara hafi amasaha icenda ku musi bariko barinezereza bakoresheje utwuma tw’ubuhinga bwa none. Ivyo bitigiri ntibishiramwo umwanya abana batoyi be n’imiyabaga bamara bakoresha utwo twuma kw’ishure canke mu dukorwa two kw’ishure bakorera i muhira.

Umukenyezi ariko yereka agakobwa amafoto yiwe ya kera

MUMENYEREZE HAKIRI KARE

Umwana aronderera impanuro ku bantu bakuze, usanga akura aciye ubwenge kandi abona kure

Bigishe biciye ku karorero

  • Noba mpa abana banje akarorero keza?

  • Abana banje boba babona ko nanje nsaba impanuro abazi utuntu n’utundi?

  • Noba nereka abana banje ko bari n’agaciro mu kumarana umwanya na bo?

Ivyo twakoze . . .

“Hari igihe mba mfatiriwe n’ikintu, umukobwa wanje akansaba ngo tuganire. Mbanza kumwumviriza n’igihe nyene biba bisaba ko ndamubwira ngo andindire gato kugira tuganire ata kinsamaza. Twe n’umugore wanje kandi turihatira kumuha akarorero keza kugira abone ko dukurikiza ivyo tumwigisha.”​—David.

“Igihe umukobwa wacu yavuka, twe n’umugabo wanje twumvikanye ko nohagarika akazi kugira ngume muhira ndamwitwararika. Sinicuza kuri iyo ngingo twafashe. Birahambaye cane ko umuvyeyi akora ibishoboka vyose akamarana umwanya munini n’umwana wiwe kugira amuronse indero ibereye. N’igihambaye kuruta, kumarana umwanya na we biramwereka ko umwitwararika.”​—Lisa.

KUMARANA UMWANYA N’ABANTU BAKUZE

“Abana banje bakuze bifatanya n’abantu b’imyaka itandukanye, kandi ivyo vyarabafashije kwigira ku vyo abandi baciyemwo mu buzima. Nk’akarorero, baratangaye nyokuru ababwiye ko igihe yari akiri muto, umuryango wabo ari wo watanguye kuronka umuyagankuba. Yababwiye ko ababanyi baguma baza mu gikoni iwabo kugira gusa barabe ingene batsa amatara n’ingene bayazimya. Iyo nkuru yatumye abana banje babona ko ubuzima bw’aho ha mbere bwari butandukanye n’ubw’ubu. Inkuru nyokuru yabatera zaratumye bamwubaha cane, zituma bubaha n’abandi bageze mu zabukuru. Igihe abana bamarana umwanya munini n’abakuze kuruta uwo bamarana n’urunganwe rwabo, barabigirako ibintu vyinshi.”​—Maranda.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika