ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g20 no. 3 rup. 10-11
  • Niwaguke mu guhitamwo abagenzi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwaguke mu guhitamwo abagenzi
  • Be maso!—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingorane
  • Ico Bibiliya ivuga
  • Ingene kwaguka bidufasha
  • Ico wokora
  • Baratsinze ukwinubana
    Be maso!—2020
  • Nugaragaze urukundo
    Be maso!—2020
  • Noba nkwiye kurondera abagenzi bashasha?
    Urwaruka ruribaza
  • Nuhitemwo neza abagenzi
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Ibindi
Be maso!—2020
g20 no. 3 rup. 10-11
Abagore bane bo mu moko atandukanye bariko barayaga bongera batwenga, abana babo na bo bakaba bariko barakina.

Niwaguke mu guhitamwo abagenzi

Ingorane

Iyo tutiyegereje abo twiyumvira nabi biratuma turushiriza kubinuma. Vyongeye, igihe abagenzi bacu ari abo tumeze kumwe gusa, turashobora kwibwira ko ivyo twiyumvira, ukuntu twiyumva be n’ingene dukora ibintu ari vyo vyonyene bibereye.

Ico Bibiliya ivuga

“Nimwaguke.”​—2 ABAKORINTO 6:13.

Bisobanura iki? Ukwo “kwaguka” ni ukwaguka mu mutima, ni ukuvuga mu kuntu twiyumvamwo abandi. Nimba twiyumvamwo abo tumeze kumwe gusa, umutima wacu uca waga canke ugatimba. Kugira twirinde iyo ngorane, dukwiye kwama twiteguriye kugiranira ubugenzi n’abafise ivyo dutandukaniyeko.

Ingene kwaguka bidufasha

Igihe turondeye kumenya neza ivyerekeye abandi turatahura igituma badakora ibintu cokimwe natwe. Uko turushiriza kubiyumvamwo, turagera aho twibagira ko batandukanye natwe. Turarushiriza kubaha agaciro maze tugasangira ibibanezera n’ibibabaza.

Rimbura ivyashikiye Nazaré, uwigeze kuba yinuba abimukira. Arasigura icamufashije gutsinda ako gatima ati: “Naramarana umwanya nabo, ngakorana nabo. Nariboneye abantu muri bo bari batandukanye cane n’ingene bavugwa mu kibano. Iyo ugiraniye ubugenzi n’abantu mudasangiye imico kama uririnda kubona ko bose bameze kumwe maze ukarushiriza kubakunda no kubaha agaciro umwumwe wese ukwiwe.”

Uriyubara

Abantu bamwebamwe barahitamwo kubaho bafise ingeso zibagirira nabi, zikagirira nabi n’abandi. Turakwiye rero kwiyubara igihe duhitamwo abotubera abagenzi. Iyo twirinze kugiranira ubugenzi n’abantu b’indyarya kandi batigenza runtu, ntikuba ari ukwinubana na gato. Naho tutarondera kugirira nabi abantu batigenza runtu canke ngo turondere kubaka uburenganzira bwabo, biraba vyiza twirinze kubagira abagenzi bacu.​—Imigani 13:20.

Ico wokora

Nurondere uturyo two kuyaga n’abantu mudasangiye igihugu, ubwoko canke ururimi. Woshobora

  • Kubasaba ngo bagire ivyo bakubwiye ku biberekeye.

  • Kubatumira kugira musangire ibifungurwa.

  • Kubatega yompi igihe bakuyagira ibijanye n’ubuzima bwabo, uce urondera kumenya ivyo babona ko bihambaye.

Niwagerageza gutahura ivyo baciyemwo be n’ingene vyagize ico bikoze ku kuntu bameze, woshobora kubakunda ugakunda n’ab’iwabo.

Akarorero k’ivyabaye koko: Kandasamy na Sookammah (muri Kanada)

“Twakuriye muri Afrika y’epfo mu gihe ca ya ntwaro karyanishamiryango. Carazira kikaziririzwa ko abantu badasangiye ibara ry’urukoba baba hamwe, bica bituma ukwinubana gukomera cane hagati y’abantu bo mu moko atandukanye. Kubera ko tutari abazungu, twarabanka kuko bamwebamwe muri bo bari baradusuzuguye. Ico gihe ntitwiyumvira ko twinubana. Ahubwo twabona ko abandi ari bo batwinuba.

“Kugira duhindure agatima twari dufise, twafashe umugambi wo kwaguka turarondera abagenzi bo mu moko atandukanye. Tumaze gutangura kuza turifatanya n’abazungu, twarabonye ko ata kintu kinini twari dutandukaniyeko. Ivyo twese ducamwo be n’ingorane zidushikira ni bimwe.

“Twararonse akaryo ko guha indaro umugabo n’umugore b’abazungu, turabana igihe kitari gito. Vyaradufashije kubamenya neza. Ntitwatevye gucika abagenzi no kubona ko tumeze kumwe. Ivyo vyatumye dutangura kubona ko abazungu ari abantu beza muri rusangi.”

Abavukanyi nyakuri

Johny na Gideon bariko baramutsa abana ku Ngoro y’Ivyabona vya Yehova.

Naho Johny na Gideon batari basangiye ibara ry’urukoba n’ivyiyumviro vya politike, bahavuye baba abagenzi somambike.

Raba ividewo ivuga ngo Johny na Gideon bahoze badacana uwaka none ubu ni abavukanyi. Rondera iyo videwo kuri jw.org.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika