ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g20 no. 3 rup. 12-13
  • Nugaragaze urukundo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nugaragaze urukundo
  • Be maso!—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingorane
  • Ico Bibiliya ivuga
  • Ico wokora
  • Baratsinze ukwinubana
    Be maso!—2020
  • Ukwinubana​—Woba umaze kwandukirwa?
    Be maso!—2020
  • Naripfuza kurwanya akarenganyo
    Bibiliya irahindura ubuzima
  • Kwishiramwo nabi abandi bizohera ryari?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Be maso!—2020
g20 no. 3 rup. 12-13
Udufoto: 1. Umuhindikazi ariko arafasha umugore yitereye mu myaka wo muri Caucase kuduga mw’igorofa, amutwaje ivyo yasumye. 2. Wa mugore yitereye mu myaka wo muri Caucase azaniye udukate umubanyi wiwe, wa mugabo w’Umuhindi twavuga

Nugaragaze urukundo

Ingorane

Ivyo kwinuba abandi ntibihera bukwi na bukwi. Kurya nyene bifata umwanya n’akigoro kugira dukire umugera, ni ko bisaba umwanya n’akigoro kugira ukwinubana kuduheremwo. None wokora iki kugira wikuremwo ukwinubana?

Ico Bibiliya ivuga

Udufoto: 1. Umugabo wo muri Aziya yugururiye umuryango umugabo w’umwirabure afise ikawa mu minwe. 2. Wa mwirabure ahaye ikawa abo bakorana harimwo na wa Muhindikazi twamaze kuvuga.

“Mwambare urukundo, kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge wunga ubumwe.”​—ABAKOLOSAYI 3:14.

Bisobanura iki? Gukorera abandi ibikorwa biranga ubuntu bituma mwunga ubumwe. Uko urushiriza gukunda abandi ni ko ugenda urareka kubinuba. Uko urwo ukunda abandi rubandanya gukomera ni ko urwanko rubura ikibanza mu mutima wawe.

Ico wokora

Udufoto: 1. Umugabo wo muri Aziya yugururiye umuryango umugabo w’umwirabure afise ikawa mu minwe. 2. Wa mwirabure ahaye ikawa abo bakorana harimwo na wa Muhindikazi twamaze kuvuga.

Niwiyumvire ibintu bitandukanye wokora kugira ugaragaze ko ukunda abo mu mugwi ushobora kuba warigeze kwishiramwo nabi. Si ngombwa ngo ukore ibintu bihanitse. Nugerageze kimwe canke ibirenga muri ibi bikurikira:

Akantu kose ukora ubitumwe n’urukundo kazotuma ugenda uraheba kwinubana

  • Nugaragarize imico myiza abo muri uyo murwi mu kubugururira umuryango canke mu guhebera ikibanza umwe muri bo igihe mwipakije muri bisi.

  • Nugerageze kubayagisha gatoyi naho nyene batoba bazi neza ururimi uvuga.

  • Niwihangane igihe bakoze ibintu mu buryo udatahura.

  • Niwerekane ko ubitayeho iyo bariko baravuga ibijanye n’ingorane zabo.

Akarorero k’ivyabaye koko: Nazaré (muri Guinée-Bissau)

“Narigeze kuba ninuba abimukira. Nari narumvise ko abantu benshi b’abimukira batunzwe no kubesha kugira baronke imfashanyo be n’uko benshi muri bo bakora ivy’ububisha. Ivyo rero vyatuma ntoroherwa no kubemera. Yamara sinabona ko ukwo ari ukubinuba kubera ko abantu nka bose babona abimukira muri ubwo buryo.

“Ariko nahavuye mbona ko kubona abimukira muri ubwo buryo ari ukwinubana. Impanuro ziranga ubukerebutsi zo muri Bibiliya zaramfashije kurushiriza kubakunda. Ubu aho kubaca kure, ndabaramutsa nkabaganiriza. Ndihatira kumenya umwe wese muri bo ku giti ciwe. Nsigaye ndababona neza kandi ndumva nisanze ndi kumwe na bo.”

“Naripfuza kurwanya akarenganyo”

Rafika Morris.

Rafika yarinjiye mu muhari waharanira kurwanya akarenganyo gafatiye kw’ibara ry’urukoba. Ariko amaze kwitaba igikorane c’Ivyabona vya Yehova ni ho yahavuye abona ubumwe yamye arondera.

Raba ividewo ivuga ngo Rafika Morris: Naripfuza kurwanya akarenganyo. Nurondere iyo videwo kuri jw.org.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika