ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g21 no. 1 rup. 10-11
  • Kuki dushikirwa n’ingorane, tugasaza kandi tugapfa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kuki dushikirwa n’ingorane, tugasaza kandi tugapfa?
  • Be maso!—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abavyeyi bacu ba mbere ni bo badukwegeye ingorane
  • Abamarayika babi na bo nyene baratuma dushikirwa n’ingorane
  • Hari igihe twikwegera ingorane
  • Turi mu “misi ya nyuma”
  • Kubera iki hariho ibibi n’imibabaro?
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Impumurizo ku Bacumukura
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Kubera iki hari imibabaro myinshi?
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Bibiliya ibivugako iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
Ibindi
Be maso!—2021
g21 no. 1 rup. 10-11

Kuki dushikirwa n’ingorane, tugasaza kandi tugapfa?

Umuremyi wacu adufata nk’abana biwe. Ntashaka rero ko dushikirwa n’ingorane. Naho ari ukwo, dukikujwe n’ingorane nyinshi. None biva kuki?

Abavyeyi bacu ba mbere ni bo badukwegeye ingorane

‘Igicumuro cinjiye mw’isi biciye ku muntu umwe urupfu na rwo ruzanwa n’igicumuro, gutyo urupfu rukwira ku bantu bose.’​—ABAROMA 5:12.

Imana yaremye abavyeyi bacu ba mbere Adamu na Eva bafise ubwenge butagira agahaze n’imibiri itunganye. N’ikindi kandi, yabashize mw’iparadizo yo ng’aha kw’isi, hakaba hari ahantu heza cane hitwa Edeni. Yababwiye ko bashobora kurya ku biti vyose vyari aho hantu, kiretse kimwe gusa. Ariko Adamu na Eva bahisemwo kurya ku vyamwa vy’ico giti Imana yababujije, baba baracumuye. (Itanguriro 2:15-17; 3:1-19) Bamaze gucumura, Imana yaciye ibirukana aho hantu, ubuzima buca butangura kubagora. Bahavuye bavyara abana, na bo nyene babaho mu buryo butoroshe. Bose barashaje hama barapfa. (Itanguriro 3:23; 5:5) Rero turarwara, tugasaza tukongera tugapfa kubera ko dukomoka kuri Adamu na Eva.

Abamarayika babi na bo nyene baratuma dushikirwa n’ingorane

“Isi yose iri mu bubasha bwa wa mubisha.”​—1 YOHANI 5:19.

Uwo “mubisha” ni Shetani. Ni umumarayika yagararije Imana. (Yohani 8:44; Ivyahishuwe 12:9) Mu nyuma abandi bamarayika barifatanije na we, bakaba bitwa amadayimoni. Abo bamarayika babi barakoresha ububasha bafise mu guhenda abantu no mu gutuma bagambararira Umuremyi. Barosha abantu benshi gukora ibintu bibi. (Zaburi 106:35-38; 1 Timoteyo 4:1) Shetani n’amadayimoni bararyoherwa no guteza abantu ingorane n’imibabaro.

Hari igihe twikwegera ingorane

“Ico umuntu abiba cose [ni] co nyene azokwimbura.”​—ABAGALATIYA 6:7.

Ni ivy’ukuri ko kenshi dushikirwa n’ingorane kubera igicumuro twarazwe be n’akosho Shetani agira ku bantu. Ariko birashika abantu bakikwegera ingorane. Uti gute? Igihe bakoze ibintu bibi canke bagafata ingingo zitabereye, akenshi bimbura ingaruka mbi. Ariko iyo abantu bakoze ibintu vyiza, bimbura ivyiza. Nk’akarorero, serugo w’imvugakuri, akora cane kandi akunda umuryango wiwe yimbura ivyiza vyinshi kandi agatuma umuryango wiwe uhimbarwa. Ariko uwukina akamari, akanywa inzoga nyinshi canke akaba umunebwe, arashobora kwikwegera ubukene, akabukwegera n’umuryango wiwe. Ni vyiza rero ko tugamburukira Umuremyi wacu. Yipfuza ko twimbura ivyiza vyinshi, harimwo n’“amahoro menshi.”​—Zaburi 119:165.

Turi mu “misi ya nyuma”

“Mu misi ya nyuma . . . abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, . . . abagambararira abavyeyi, . . . batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza.”​—2 TIMOTEYO 3:1-5.

Ubu abantu benshi bigenza nk’uko bivugwa muri ico canditswe. Inyifato yabo ni kimwe mu bimenyamenya vy’uko tubayeho mu “misi ya nyuma.” Ivyanditswe vyari vyaravuze kandi ko kino kiringo cacu coranzwe n’intambara, ubukene bw’ibifungurwa, vya nyamugigima n’indwara z’ibiza. (Matayo 24:3, 7, 8; Luka 21:10, 11) Ivyo bintu vyose na vyo nyene biratuma dushikirwa n’ingorane hamwe n’urupfu.

Nararonse amahoro yo mu mutima

“Nabaye paralize mfise imyaka 19 kandi bambwira ko ari ingaruka z’ibibi nakoze ntaravuka. Ivyo vyarambabaza cane bikongera bigatuma nihebura. Banyigisha ko Imana ari yo iteza abantu ingorane. Nabona ntokwubahuka gukunda iyo Mana y’inkozi y’ikibi gutyo. Ariko igihe niga Bibiliya, naramenye ko Umuremyi atwitwararika be n’uko umumarayika mubi yitwa Shetani ari we ahanini ateza abantu ingorane. Naramenye kandi ko vuba Imana izokuraho Shetani n’ingorane zose yateje. Ivyo vyaratumye nkunda cane iyo Mana nziza igitangaza. Vyongeye, nararonse amahoro yo mu mutima.”​—Sanjay.

Menya n’ibindi:

Wipfuza ayandi makuru ngirakamaro ku bijanye n’ingorane be n’ukuntu twozihanganira, nuje kuri jw.org urabe ahavuga ngo INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA > INYISHU Z’IBIBAZO BISHINGIYE KURI BIBILIYA > IMIBABARO.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika