ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g21 no. 2 rup. 13-15
  • Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku kuntu wiyumvira?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku kuntu wiyumvira?
  • Be maso!—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ICO UKWIYE KUMENYA
  • ICO WOKORA
  • Vyoba ari vyiza gukora ibintu vyinshi icarimwe?
    Urwaruka ruribaza
  • Ingene twokwiyemeza ko utwuma two mu buhinga bwa none tutatwaye ikibanza gihambaye mu buzima bwacu
    Icofasha umuryango
  • Nokwiga gute kwitunira ku vyo nkora?
    Urwaruka ruribaza
  • Ibirimwo
    Be maso!—2021
Ibindi
Be maso!—2021
g21 no. 2 rup. 13-15

Ubuhinga bwa none bugira ingaruka izihe ku kuntu wiyumvira?

Abantu barakeneye kuguma biga, haba kw’ishure, ku kazi canke kubera izindi mvo. Ubuhinga bwa none burafasha. Ubu biroroshe kuruta ikindi gihe cose gushikira amakuru menshi cane utiriwe urava muhira, canke mbere utiriwe urava aho wicaye.

Ariko rero benshi mu bakoresha cane ubuhinga bwa none bahura n’ingorane zikurikira:

  • Birabagora kugumiza ubwenge ku vyo bariko barasoma.

  • Birabagora cane kwitunira ku gikorwa kimwe.

  • Barambirwa ningoga igihe ata we bari kumwe.

ICO UKWIYE KUMENYA

GUSOMA

Abantu bamwebamwe iyo bariko basomera ku twuma two mu buhinga bwa none usanga bacishacishako, aho kwitonda ngo basome ikiganiro cose.

Gusoma ucishacishako birafasha igihe uba wipfuza inyishu yihuta. Ariko rero, ubwo si uburyo bwiza bwo gusoma igihe vy’ukuri uba wipfuza gutahura neza iciyumviro kanaka.

ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Woba ushobora gusoma ibiganiro birebire? Kubigenza gutyo vyoba vyogufasha kumenya ibintu vyinshi?​—IMIGANI 18:15.

IGIKORWA KIMWE

Hari abavuga ko ubuhinga bwa none butuma bashobora gukora ibikorwa bibiri icarimwe, nko kwiga bongera bandika amamesaje. Ariko igihe batituniye ku gikorwa kimwe, nta na kimwe muri ivyo bibiri bakora neza, na canecane igihe vyompi bisaba gukoresha ubwenge.

Naho kwitunira ku gikorwa kimwe bitoroshe, biravamwo ivyiza. Umuyabaga yitwa Grace avuga ati: “Bituma ugabanya amakosa kandi ntuhagarika umutima cane. Nasanze ari vyiza kwitunira ku gikorwa kimwe, aho gukorera ibikorwa vyinshi icarimwe.”

ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Gukora ibintu vyinshi icarimwe vyoba bigabanya ubushobozi bwawe bwo gutahura no kwibuka?​—IMIGANI 17:24.

KURAMBIRWA NINGOGA

Abantu benshi usanga barambirwa ningoga igihe ari bonyene ahantu hatekanye, bagaca bikora ku buhinga bwa none kugira babe barimara irungu. Umugore umwe yitwa Olivia yiyemerera ati: “Maze iminuta 15 gusa ntari kuri telefone, tablette canke televiziyo, nca numva ndambiwe.”

Yamara rero, kuba umuntu ari wenyene biramuha akaryo keza ko kuzirikana yitonze. Ivyo birahambaye cane igihe turiko turiga, twaba turi bato canke dukuze.

ZIRIKANA KURI IKI KINTU: Igihe uri wenyene woba uca ukoresha ako karyo kugira uzirikane?​—1 TIMOTEYO 4:15.

ICO WOKORA

NUSUZUME UKUNTU UKORESHA UBUHINGA BWA NONE

Wokoresha gute ubuhinga bwa none kugira urushirize kwiga neza? Ni gute wobukoresha bigatuma utiyumvira neza canke ngo wige neza?

ICO BIBILIYA IVUGA: “Zigama ubukerebutsi ngirakamaro n’ubushobozi bwo kwiyumvira.”​—IMIGANI 3:21.

NIWIBAZE UTI:

  • Vyoba bingora gukoresha cane ubwenge igihe ndiko nsoma igisomwa kirekire ku buhinga bwa none? Nimba bingora, bitumwa n’iki?

  • Ni ibiki nokora kugira ngabanye canke mbere nkureho ibinsamaza?

Impanuro: Niwimenyereze uhereye ku kuza urasoma agace gatoyi k’igisomwa hanyuma ugende urongereza. Nusome n’ijwi ritoyi kugira ugumize ubwenge ku vyo uriko urasoma.

  • Noba mfata umwanya wo kuzirikana nitonze ku vyo nsoma?

Impanuro: Uhejeje kwiga, nufate nk’iminuta cumi usubiremwo ivyo wize.

  • Ni mu bihe ibihe nsanga nakoreye ibintu vyinshi icarimwe?

  • Ni ibiki nohindura kugira nze nditunira ku gikorwa kimwe?

Impanuro: Igihe uriko uriga, niwigize kure ibintu vyose vyogusamaza kugira witunire ku vyo wiga.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Niwironse ubukerebutsi, wironse ugutegera.”​—IMIGANI 4:5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika