ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g21 no. 3 rup. 14-15
  • Igituma bihambaye kumenya nimba Umuremyi abaho

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Igituma bihambaye kumenya nimba Umuremyi abaho
  • Be maso!—2021
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Urarushiriza kubaho uhimbawe
  • Uraronka impanuro zikugirira akamaro
  • Uraronka inyishu z’ibibazo ufise
  • Uraronka icizigiro ca kazoza
  • Imana yoba ibaho? Kubimenya vyokumarira iki?
    Be maso!—2015
  • Ukuri kwerekeye Imana ni ukuhe?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
  • Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
  • Bibiliya iratanga icizigiro ca kazoza
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Raba ico Bibiliya ibivugako
Ibindi
Be maso!—2021
g21 no. 3 rup. 14-15
A group of friends admiring animals in a tree.

Igituma bihambaye kumenya nimba Umuremyi abaho

Kubera iki bihambaye kumenya ko hariho Umuremyi? Nimba ufise ibimenyamenya bikujijura ko hariho Imana Mushoboravyose, ushobora guca wipfuza kuronka n’ivyokujijura ko Bibiliya ikomoka kuri yo. Umaze kwizigira ivyo Bibiliya ivuga na ho, vyokugirira akamaro mu buryo bukurikira:

Urarushiriza kubaho uhimbawe

IVYO BIBILIYA IVUGA: ‘Imana yarakoze ivyiza, ibaha imvura iva mw’ijuru n’ibiringo vyimbuka, inengesereza imitima yanyu ibifungurwa be n’urweze.’​—Ivyakozwe 14:17.

ICO BISOBANURA: Ibintu vyose biri mu bidukikije uhora uhimbarirwa ni ingabire yavuye ku Muremyi wacu. Uzorushiriza gukenguruka izo ngabire niwibonera ukuntu uwaziguhaye akwitwararika.

Uraronka impanuro zikugirira akamaro

IVYO BIBILIYA IVUGA: “Uzotahura ubugororotsi n’urubanza n’ukugororoka, inzira yose y’iciza.”​—Imigani 2:9.

ICO BISOBANURA: Kubera ko Imana ari Umuremyi wawe, irazi ivyotuma uhimbarwa. Wize Bibiliya, womenya ibintu vyinshi vyokugirira akamaro.

Uraronka inyishu z’ibibazo ufise

IVYO BIBILIYA IVUGA: “Uzoronka ukumenya Imana.”​—Imigani 2:5.

ICO BISOBANURA: Kumenya ko hariho Umuremyi vyogufasha kuronka inyishu z’ibibazo bihambaye nk’ibi: Intumbero y’ubuzima ni iyihe? Kubera iki hari ingorane nyinshi? Bigenda gute iyo umuntu apfuye? Urashobora kuronka inyishu muri Bibiliya.

Uraronka icizigiro ca kazoza

IVYO BIBILIYA IVUGA: “‘[Ndazi] neza ivyiyumviro ndabiyumvirako,’ ni ko Yehova avuze, ‘ivyiyumviro vy’amahoro, atari ivy’ivyago, kugira ngo ndabahe kazoza n’icizigiro.’”​—Yeremiya 29:11.

Raba ividewo ivuga ngo Ni ibiki bitwemeza ko Bibiliya ikomoka ku Mana? n’iyivuga ngo Bibiliya ikomoka kuri nde? kuri jw.org. Urashobora kuzirondera mu kurondeza amajambo “Bibiliya ikomoka ku Mana” na “Bibiliya ikomoka.

ICO BISOBANURA: Imana isezerana ko izokuraho ubukozi bw’ikibi, ingorane, mbere n’urupfu. Niwizigira ivyo Imana isezerana, bizogufasha kwihanganira ingorane zigushikira ubigiranye umutima rugabo.

Ingene bamwebamwe bungukiye ku kwemera ko hariho Umuremyi

Cyndi.

“Kwibonera ingene Imana idufasha mu mice myinshi y’ubuzima vyama binkora ku mutima. Biradufasha kumenya ivyo twoshira imbere y’ibindi, kwumvikana n’abandi no kuba abagenzi bayo.”​—Cyndi, Amerika.

Elise.

“Kwemera ko hariho Umuremyi bituma mbaho mpimbawe. Nama ndiko ndiga ibintu bishasha kubera ko hari ibintu vyiza vyinshi cane vyo kwiga ku vyerekeye Imana, ivyo yaremye n’Ijambo ryayo.”​—Elise, Ubufaransa.

Peter.

“Gushira mu ngiro ivyo Umuremyi wacu atwigisha muri Bibiliya biratuma ndushiriza kubaho mpimbawe. Biratuma nirinda gutora amahinyu abandi, nkabatega ugutwi, nkongera nkarya bike nkaryama kare. Vyaramfashije no kurushiriza kuba sebibondo mwiza.”​—Peter, Ubuholande.

Liz.

“Kera ubuzima bwanje bwari bugizwe gusa no kurya, kuryama, no kwiruka kugira nshike ku kazi ku gihe. Nari nteye ikigongwe! Ubu mbona ko ubuzima ari ingabire nziza cane nkeneye guhimbarirwa no guha agaciro.”​—Liz, Estoniya.

Adrien.

“Namana amaganya. Ariko kumenya ko ubukozi bw’ikibi, akarenganyo, n’ingorane bizohera biramfasha kwihangana.”​—Adrien, Ubufaransa.

Raba ingene Bibiliya yishura ibibazo bihambaye mu buzima. Raba ividewo ivuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya?​—Ndende.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika