Ikigabane ca 1
Kwubura Icotuma Umubano wo mu Rugo Ubamwo Agahimbare
1, 2. Ni ivyiza nyabaki vy’igitangaza bishobora kuzanwa n’umubano wo mu rugo umeze neza? Ni ibibazo ibihe umuntu yoca yibaza?
IBINTU bitari bike vyozana agahimbare umuntu arashobora kubironkera mu rugo. Turashobora kuharonkera ibi bintu mu bisanzwe twese twipfuza rwose: kwumva ko ufise ico umariye abandi, gushimwa n’abandi, no gukundwa. Ukubana mu rugo mushwashwanutse birashobora gutuma uronka ivyo bintu wipfuza, ukabironka bimwe bitangaje. Birashobora gutuma haba ukwizigiranira, ukwumvikana n’ukubabarana. Urugo ruca ruba ahantu heza h’ukuruhukira amakuba n’ugukubagurwa vyo mu gahinga. N’abana barashobora kwumva ko bari n’itekane, kamere zabo zigatsimbatara bimwe bishitse.
2 Umubano wo mu rugo ben’uwo ni wo turondera. Ariko muri ivyo vyose nta na kimwe gishobora kwizana. Twogira iki none kugira ivyo tubishikeko? Ni kuki muri iki gihe umubano wo mu rugo urimwo ingorane zikomeye mu ntara zitari nke zo kw isi? Ni igiki cotuma umubano w’abubatse utera agahimbare ntutere amaganya, cotuma umwe wese mu babana mu rugo ashwashwanukira abandi kandi bakagira n’ubumwe ntibabeho batababarana canke badashize hamwe?
3. Ivyabaye muri kahise vyerekana iki ku vyerekeye akamaro k’ivy’ukwubaka?
3 Ni waba wipfuza rwose kumererwa neza no gutunganirwa mu rugo, ivyo birumvikana. Hariho igitabu The World Book Encyclopedia (1973) gisigura ko ivy’ukwubaka bifise akamaro, giti:
“Ivy’ugushinga urugo vyatanguye kuva kera cane mu bantu. Biri n’akamaro rwose mu buryo bwinshi. Ni vyo shimikiro nyakuri ry’ukubaho kw’abantu. Ugukomera canke ukugoyagoya kw’ingo vyarigeze gutuma akaranga k’ibihugu gashinga imizi, canke kazimangana.”
4, 5. Ni ivyiyumviro ibihe bitabereye usanga mu ngo zitari nke?
4 Ariko none muri iki gihe, ingo zibamwo abantu bashize hamwe rwose bivuye ku rukundo rwo mugozi ukomeye wunga ubumwe ni zingahe? Ingo zibamwo abantu bafitaniye ca gishika kizanwa n’ukugiriranira ubuntu, ugukenguruka hamwe n’ukutaba ingumyi ni zingahe? Ni zingahe ababa muri zo bazi ko iyi mvugo ngo “Gutanga [bizana agahimbare, New World Translation] kuruta guhabwa,” ari iy’ukuri?
5 Muri iki gihe agatima kameze ukundi kaguma gakwira isi yose. Naho kibonekeje rwose mu bihugu vy’abazungu, kariko karinjira no mu bihugu vyo mu Buseruko hamwe no mu zindi ntara aho mu vy’imigenzo kama umubano wo mu rugo utanyiganyiga. Mu majambo akunda kuvugwa harimwo n’aya ngo: ‘Gira ivyo ugomba uheze ureke n’abandi bagire ivyo bagomba.’ ‘Ivy’ugutoza abana indero vyari kera; bareke bihitiremwo uburyo bakwiye kwigenza.’ ‘Ntuvuge ngo iki ni ciza canke ngo iki ni kibi.’ Mu bihugu vyinshi, kandi biguma bigwirirana, ukwahukana, ibibi bikorwa n’urwaruka, ugushurashura kw’abantu bakuze, biguma vyongerekana biteye ubwoba. Abahanga mu vyerekeye ivyiyumviro vy’abantu, abaganga b’indwara zo mu mutwe, abakuru b’amadini hamwe n’abandi bantu mpanuzwajambo, bahora batanga impanuro. Ariko abenshi muri abo bose batanga impanuro, ah’ugukomeza ubumwe bw’ababana mu rugo, barareka ivy’ugushurashura bikagirwa mbere bakanabwira abantu kubigira, ngo ni bwo buryo bw’ukwikinga umubabaro uterwa n’ukudahabwa ico umutima ushaka. Amakuba ivyo vyose bitera, aremeza ko aya majambo ari ay’ukuri: “Ico umuntu abiba cose [ni] co azokwimbura.”
INKURU MENYESHAKAHISE IRASHIGIKIYE IVY’INGO
6. Ivyabaye kera mu Bugiriki no mu gihugu c’Abaroma vyerekana gute ko urugo ruri n’akamaro?
6 Ivyo inkuru menyeshakahise itwigisha vyerekeye ukuntu urugo ruri n’akamaro, turakwiye kuvyitaho rwose. Mu gitabu kivuga ivy’akaranga k’abantu The Story of Civilization, Igihimba ca 2, umumenyeshakahise umwe Will Durant arigāna ivy’ugusenyuka kw’ingo mu Bugiriki, akabandanya ati: “Impamvu nkuru yatumye Abaroma batsinda Abagiriki bakabaganza, ni uko akaranga k’igihugu c’abo Bagiriki kari karononekaye.” Arabandanya akerekana yuko ubukomezi bw’Abaroma bwari bushimikiye ku ngo, ngo mugabo aho ivy’ingo bimariye gusenyuka kubera ugushurashura, iyo nganji yaciye igoyagoya.
7. Ni kuki mu karere kāganzwa n’Abaroma hāriho abo umubano wo mu rugo wari umeze neza abandi na bo bafise ingorane zikomeye?
7 Nta gukeka, inkuru menyeshakahise iremeza ko aya majambo yavuzwe kera ari amanyakuri: “Ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe.” Mugabo irerekana kandi ko hariho ahantu tworonderera ubuyobozi harengeye ubukerebutsi bw’abantu, ubumwe mu rugo bugaca busasagara. Abamenyeshakahise bavuga ko igihe ya Nganji y’Abaroma yariko irahomvagurika, “umubano w’Abayahudi mu ngo wari akarorero, kandi utugwi tw’abakirisu twatuma abapagani bāsaze mu vy’ukurondera ibibaryohera batagira umutekano, kubera ugukunda ivy’ugusenga Imana n’ukwirinda ubushegabo vy’abagize utwo tugwi.” (The Story of Civilization, Igihimba ca 3, rup. 366) Ni igiki catuma izo ngo zitamera nk’izindi? Zari zifise ahandi hantu zikura ubuyobozi, ni ukuvuga muri Bibiliya. Uko bākurikiza impanuro zo muri ico gitabu co Jambo ry’Imana, ni ko izo ngo zabo zaguma zimera neza, zikagira n’amahoro. Ivyo vyatuma abo Baroma bononekaye babona ko ari abanyavyaha.
8. Igihe havyutse ivy’ugutunganya ingorane mu rugo, ni kuki Bibiliya dukwiye kuyitega yompi? (Zaburi 119:100-105)
8 Na ya majambo yavuzwe n’abandi twerekanye muri ivyo bifungo turenganye, ni ayo muri Bibiliya. Ico gitabu turagisangamwo amajambo Yezu yavuze ngo gutanga bizana agahimbare kuruta guhabwa, ayo intumwa Paulo yavuze ahumekewe n’Imana, ngo ico tubivye ni co twimbura, hamwe n’amajambo y’umumenyeshakazoza Yeremiya ngo ntibiri mu muntu agenda kwitunganiriza intambuko ziwe. (Ivyakozwe n’intumwa 20:35; Ab’i Galatiya 6:7; Yeremiya 10:23) Vyaragaragaye ko izo ngingo zo muri Bibiliya ari iz’ukuri. Yezu yaravuze kandi ati: “[Ubukerebutsi, NW] burangwa ko [butunganye, NW] n’ibikorwa vyabwo.” (Matayo 11:19) Niba vy’ukuri impanuro ivuye muri Bibiliya ishobora gutunganya ingorane zo mu rugo, ntidukwiye none kuyitega yompi ntituyikengere?
9, 10. (a) Ni kuki impanuro zisa n’izodufasha hamwe n’igishika gisanzwe bidahagije kugira ngo umuntu agire umubano wo mu rugo urimwo agahimbare? (b) Ikindi gikenewe ni igiki? (Ivyahishuriwe Yohani 4:11)
9 Ubu hariho ibitabu ibihumbi n’ibihumbi bivuga ivy’ukwabirana n’ivy’umubano wo mu rugo. Ibitari bike birimwo ivyiyumviro bimwe bimwe bisa n’ivyodufasha. Ariko umubano wo mu ngo uguma wononekara. Harakenewe ikindi kintu, ikintu cotanga inkomezi z’ukurwanya ivy’ugukazwa n’ingorane muri iki gihe, bigeramiye ababana mu rugo. Igishika umugabo n’umugore basanzwe bagiriranira hamwe n’ico abavyeyi bafitaniye n’abana babo, kirabaha izo nkomezi. Ariko ivyo na vyo nyene mu ngo nyinshi ntibihagije ku buryo zoguma zishize hamwe igihe zishikiwe n’amagume. Ikindi gikenewe ni igiki none?
10 Ukwiyumvamwo ko hari ico utegerezwa kugirira uwo mwubakanye hamwe n’abana canke abavyeyi, kandi ko ukwiye kubīhebera, si vyo bikenewe vyonyene. Harakenewe n’ukwiyumvamwo rwose mbere gusumba, ko hari ico utegerezwa kugirira umwe Bibiliya ivuga ko ari we “Data wa twese, [ūtuma, NW] imiryango yose yo mw ijuru n’iyo mw isi [igira izina, NW].” Uno ni Imana Yehova, ni we ivy’ukwabirana be n’ivy’umubano wo mu rugo vyakomotseko, ni we Muremyi w’abantu iyo bava bakagera.—Abanyefeso 3:14, 15.
UKUNTU IMANA ISHIMISHWA N’IVY’INGO
11-13. Umugambi w’Imana werekeye iyi si n’abantu iyo bava bakagera ni uwuhe?
11 Imana Yehova irazi ivyo abantu iyo bava bakagera bakeneye kandi igomba yuko duhimbarwa, ni co gituma iduha impanuro mu vyerekeye umubano wo mu rugo. Mugabo ikigaragaza ko ifise umugambi uhambaye gusumba uwo, ni uburyo yitaho ivy’ingo. Bibiliya iratumenyesha uwo mugambi uwo ari wo. Irerekana ko iyi si itābayeho nk’icaduka. Na twebwe nyene ntitwabayeho nk’ivyaduka. Iyo Mana Yehova yaremye iyi si igomba ko yobaho ibihe bidashira, kandi ko ibiremwa vyoyibako ibihe bidashira. Umumenyeshakazoza Yesaya, yanditse ngo “yarayikomeje, ntiyayiremye ngo ibeko ubusa gusa, ariko . . . ngo ibeko abantu.”—Yesaya 45:18.
12 Kugira ngo Imana ishitse uyo mugambi wayo, yararemye abantu babiri ba mbere ibabwira gushinga urugo: “Irema abantu bari uburyo bubiri. Maze Imana irabahezagira, iti: ‘Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi.’ ” (Itanguriro 1:27, 28) Kandi yagomba yuko bo n’abazobakomokako bayumvira, nya si bakayibungabunga. Mw Itanguriro 2:15, havuga ngo “[Yehova Imana afata, NW] wa muntu, amushira muri iryo tongo ryo muri Edeni, ngo aririme, [aribungabunge, NW].” Amaherezo ibiri muri iryo tongo ryiza vyokwiye kuri uyu mubumbe wose. Ukubungabunga isi no gukoresha ivyo itunze, vyotumye abantu bagize umuryango munini ukwiye isi yose, nantaryo baguma bafise akaryo ko kumenya ibintu n’ak’ukunezerererwa gukoresha ubushobozi bafise.
13 Ubu kw isi haba abantu barenga 5 000 000 000 (imiliyaridi 5), mugabo abo bantu isinzi ntibarangūra umugambi wa Yehova werekeye iyi si. Abenshi ntibamwumvira, ntibabungabunga na nya si. Ah’ukuyibungabunga barayihonya, bagata umwanda mu kirere, mu mazi no hasi. Kubera umugambi Imana yari ifise ubwa mbere na mbere, ntiyavuze gusa ko izobuza ko ivyo bibandanya, ariko kandi ko ‘izohonya abahonya isi.’—Ivyahishuriwe Yohani 11:18.
IBIBAZO DUTEGEREZWA GUTORERA INYISHU
14. Ni kuki twokwizigira tudakekereza ko umugambi w’Imana werekeye umubano wo mu rugo utazobura kuranguka?
14 Umugambi w’Imana werekeye iyi si n’ivy’umubano wo mu rugo ntuzogenda utarangutse. “Ijambo ryanje riva mu kanwa kanje . . . ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba,” uko ni ko yavuze. (Yesaya 55:11) Imana yaratanguje ivy’ingo itanga n’impanuro z’ukuntu ivyazo bikwiye kugenda. Ingingo yashinze ziratanga inyishu ku bibazo bihambaye koko vyerekeye umubano wo mu rugo—bimwe bimwe muri ivyo ukaba wosanga bikwerekeye.
15-17. (a) Bimwe bimwe mu bibazo vyerekeye umubano wo mu rugo ubona ko bihambaye rwose ni ibihe? (b) Ni kuki vyoba vyiza ivyo bibazo bironkewe inyishu nyazo?
15 Akarorero: Umuntu yoronka gute uwo bubakana bakwiranye? Ni mu buryo ki abubakanye boteba bagashika aho bumvikana mu vyerekeye ingorane zikomeye? Imitwe ikora ikoranye, mugabo imaze gukorana, ni uwuhe wofata ingingo? Umugabo ashobora ate gutuma umukenyezi wiwe amwubaha, kandi ni kuki ivyo kuri we bihambaye? Ni kuki umukenyezi akeneye gukundwa n’umugabo wiwe, kandi yokora iki kugira ivyo bishoboke?
16 Abana ubabona gute? Hari ababona ko ari ikimenyetso c’uko bakwiye kwubahwa, ko ari abakozi badahembwa vyinshi canke ko ari ubwirukiro mu gihe c’ubusaza; abandi babona ko ari umutwaro. Bibiliya yo ibita umugisha. Ni igiki cotuma umenya ko bashobora kuzoba umugisha canke bakaba ukundi? Bisubiye, botangura kwigishwa ryari? Vyoba bikwiye ko batozwa indero? Niba ivyo bikwiye, vyogirwa ku rugero rungana iki kandi yoba indero nyabaki? Mu rugo hoba hategerezwa kuzoba bimwe bita umukokwe utandukanya abakuze n’abakiri bato? Ubwo uwo mukokwe woshobora kuvaho? Vyoba bishoboka ko mwirinda ngo uyo mukokwe ntuze wigere ubaho, ari na vyo vyoba bibaye vyiza gusumba?
17 Ivyo bibazo mubironkeye inyishu nyazo, vyobafasha rwose hakaba agahimbare muri uwo mubano wanyu wo mu rugo. Ikiruta ivyo ni uko bishobora gutuma wemera neza ko hariho ūfise ubushobozi, ubuntu n’ubukerebutsi bihebuje, uwo wokwirukira igihe cose bikenewe, akaba yoshobora kuyobora urwo rugo rwanyu gushika ruronse agahimbare katagira iherezo.
[Ifoto yuzuye urupapuro rwose ku rup. 4]