ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • fl ikig. 5 rup. 54-69
  • Umunarugo Yokundwa Cane Uwo Ari We

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Umunarugo Yokundwa Cane Uwo Ari We
  • Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UBWO URAMUSHIGIKIRA?
  • “UMUGORE ARORANYE”
  • UKUNTU UBONA IVY’UKUMARANA INAMBU Y’UMUBIRI BIRI N’ICO BIVUZE
  • ABIYUHA IRYOSOZI, IMVUZI ZA CANE
  • “IGIHE CO GUCEREZA N’IGIHE CO KUVUGA”
  • ‘BARESHWE ATA JAMBO RIVUZWE’
  • Umunega Yihesha Icubahiro vy’Ukuri
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Ingene mwohimbarwa mu rugo
    Bibiliya itwigisha iki?
  • Impfunguzo Zibiri Zituma Umubano w’Ababiranye Urama
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • ‘Umutwe w’umugore ni umugabo’
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
fl ikig. 5 rup. 54-69

Ikigabane ca 5

Umunarugo Yokundwa Cane Uwo Ari We

1-4. Abakenyezi bahora rimwe rimwe bidoga bavuga ngo iki ku vyerekeye ukuntu abanega babo bokwemeza ko babakunda?

HARI umukenyezi yidoze imbere ya mugenziwe, ngo ‘ndazi yuko umugabo wanje ankunda, mugabo ntarigera avyatura. Hewe, hari igihe avyatura iyo ndinze kubimubaza, mugabo vyoba vyiza gusumba avyivugiye ntabimusavye.’

2 Uyo mukenyezi wundi yamwishuye, ati ‘ndabizi. Uko ni ko abagabo bameze. Igihe kimwe narabajije umugabo wanje ko yoba ankunda, ambwira ngo “sinakwabiriye? Ndagusumira, turabana; ivyo sinobikugirira ntagukunda.”’

3 Yaranumye akanya gato, hanyuma arabandanya ati: ‘Ariko ejo ku mugoroba harabaye ikintu kinshika ku mutima. Ku murango nariko ndakubura mu cumba asomeramwo ibitabu, hanyuma mbona ifoto mu kabati kamwe k’imeza asomerako. Ni iyo nari naramweretse iri mu gitabu nari mfise c’udufuko tubikwamwo amafoto, carimwo ay’abo mu rugo iwacu. Yari jewe nambaye ikaleso, igihe nari mfise imyaka indwi y’amavuka. Yari yayisokoye ayikura muri ico gitabu c’udufuko tubikwamwo amafoto, ayibika mu kabati k’imeza asomerako.’

4 Yaciye amwenyura aho avyibukiye, hanyuma arāba mugenziwe. ‘Narayimweretse kuri uwo mugoroba nyene aho atahukiye avuye ku kazi. Yarafashe nya foto mu minwe aramwenyura, aca avuga ngo “ndakunda cane aka kigeme.” Yaciye ayishira hasi, amfata mu maso n’amaboko yose, ati “ndakunda cane n’ukuntu kahindutse.” Yaransomye n’ikibabarwe cinshi. Vyarankoroje amosozi.’

5. Umunarugo akwiye kwifata gute kugira akundwe cane n’umunega wiwe?

5 Umunarugo azi ko akundwa cane n’umunega wiwe, yumva ashwashwanutse kandi yumva ko ata nkomanzi. Ijambo ry’Imana rihanūra abagabo gukunda abagore babo gutyo. ‘Abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite. Ūkunda umugore wiwe, aba yikunda, kuko ata muntu yigeze kwanka umubiri wiwe, ariko arawugaburira, akawubungabunga; bose bazoba umubiri umwe.’ (Abanyefeso 5:28, 29, 31) Nk’uko twamaze kubivuga, umugore ategerezwa guha icubahiro nyakuri umugabo wiwe, ariko n’umugabo ategerezwa kugira ivyotuma aca ico cubahiro. No mu vyerekeye iyo mpanuro y’uko umugabo wawe yogukunda kandi mugashikirana rwose ni co kimwe, gira ivyotuma agukunda bivuye ku mutima.

UBWO URAMUSHIGIKIRA?

6, 7. (a) Dusomye mw Itanguriro 2:18, Yehova avuga ko yaremye umunarugo ngo arangūre uruhara nyabaki? (b) Ni igiki gisabwa ku munarugo kugira abe umufasha w’umunega wiwe vy’ukuri?

6 Icotuma umunarugo akundwa cane si ukworohera ubutegetsi bw’umugabo wiwe vyonyene. Umugabo yoshobora kuba afise ifarasi canke imbwa yamenyerejwe neza kandi imworohera. Adamu yarabāna n’ibikōko mw itongo ry’i Edeni, kandi vyaramwumvira. Mugabo ku vyerekeye umuntu ameze nka we, yari akiri wenyene. Yari akeneye umugenzi-muntu afise ubwenge yosanze bakwiranye kandi yomufashije ibikorwa: “Si vyiza ko uyu muntu yibana wenyene,” ivyo vyavuzwe n’Imana Yehova. “Hinge ndamuronderere umufasha bikwiranye.”—Itanguriro 2:18.

7 Ico umugabo akeneye si umugore amukunda kandi amwubaha vyonyene, ahubwo akeneye kandi ūmufasha vy’ukuri, akamushigikira iyo afashe ingingo. Ivyo biroroshe iyo izo ngingo zifashwe mwabanje kubija inama mukumvikana. Mugabo ntivyokworoha cane iyo ataguhanuje canke iyo utavyemeye. Iyo bimeze gutyo, woshobora none gushigikira umunega wawe ntumuhemukire—ugakora uko ushoboye kugira ngo ingingo yafashe ziranguke, zigapfa gusa kuba zidateye kubiri n’amategeko canke n’Ivyanditswe? Canke wokwerekana ko ufise akagame ukanka kumushigikira kugira ngo ntiziranguke, uce uvuga ngo ‘sinakubariye’? Aramutse abonye ko ukora ugatama kugira ngo nya mugambi wiwe uranguke naho woba ufise amakenga, ntiwibaza yuko ukwo kumushigikira ntumuhemukire vyotuma arushiriza kugukunda?

8. Umunarugo ashobora gute kuremesha umunega wiwe ngo ategeke nk’uko bitegerejwe?

8 Cane cane ntugerageze kumurengera! Ubigenjeje gutyo ntiwoba ukimukunze; kandi na we ntiyogukunda canke ngo ubwiwe yikunde. Hari aho yoba adategeka nk’uko bitegerejwe. Woba ushobora kumuremesha ngo ivyo abishitse? Woba werekana ko ukengurutse uburyo yigora kugira ategeke? Woba umufasha canke umuremesha iyo yerekanye ko hari ico ashaka kugira, canke woba umubwira ko yihenze, ko uwo mugambi utazoshoboka? Rimwe rimwe umunarugo na we nyene asanga bomunegura iyo umunega wiwe adategeka—akarorero nk’igihe akengera ivyiyumviro umugabo asohoye, ivyo agerageje kurangūra akavyankiriza canke akavuga ngo sinari nakubwiye ko ivyo bitazoshoboka, iyo umugambi nya mugabo yashinze utarangutse neza. Ivyo bishobora gutuma umugabo aguma yijijanya imitima mu vy’ugushinga imigambi. Ariko iyo umushigikiye ntumuhemukire, kubera ko umwizigiye kandi umwemera, bituma arema kandi bigafasha kugira ngo atunganirwe.

“UMUGORE ARORANYE”

9. Mu Migani 31:10 havuga iki ku vyerekeye umugore aroranye?

9 Kugira ngo ube umunarugo akundwa cane, ukwiye kandi kurangūra neza amabanga ujejwe mu rugo. Ku vyerekeye umunarugo mwen’uyo Bibiliya ivuga ibi bikurikira: ‘Ni uw’igiciro kurusha utubuyenge twitwa marijani.’ (Imigani 31:10) Ubwo uri umunarugo mwen’uyo? Woba wipfuza kumera gutyo?

10, 11. Umunarugo yoshobora ate kwerekana ko ashitsa ibivugwa mu Migani 31:15?

10 Igitabu citwa Imigani mu kuyāga ivyerekeye ibikorwa vy’“umugore aroranye,” kivuga giti: “Avyuka hakiri mw ijoro, kandi abo mu rugo rwabo akabagaburira.” (Imigani 31:15) Abakenyezi benshi bakiri bato, bashinga urwabo hari intambamyi kubera ko banyina batabigishije gukinjika; mugabo barashobora kuvyiga. Kandi umunarugo w’inkerebutsi aravyiga akabimenya neza! Gukinjika ni ubuhinga. Iyo imfungurwa zitetswe neza, ntizija mu nda gusa zirashika no ku mutima.

11 Ivy’ukwiga ni vyinshi mu vyerekeye ugukinjika. Wogira ico wunguka utohoje ivyerekeye imfungurwa z’indemamubiri, ku buryo abo mu rugo boguma bafise amagara meza. Mugabo ukugaburira umunega wawe imfungurwa z’indemamubiri si ngombwa ngo bice bituma agushimagiza. Bibiliya itubwira ko Rebeka wa mugore wa Isaka yari azi gukinjika imfungurwa ‘zikīcumba’ nk’izo umugabo wiwe asanzwe akunda. (Itanguriro 27:14) Abakenyezi benshi boshobora kugira ico bungukira kuri ako karorero kiwe.

12. Ni ibiki kandi vyorangūrwa n’umunarugo bivugwa mu Migani 31:14?

12 Mu ntara zimwe zimwe kw isi, abakenyezi nantaryo bama baja kw isoko uko bukeye, bagiye kugura ivyo bakeneye kuri uyo musi. Ahandi na ho, bashobora kubigura rimwe mu ndwi, ivyononekara bakabibika muri firigo. Uko ibintu vyoba biri kwose, umugabo ashima umunarugo adasesagura, akurikiza ukuntu amahera bafise y’ugutunga urugo angana. Arondeye kumenya uburyo bw’ugutahura imfungurwa n’imyambaro vyiza vyiza, akamenya n’akamaro kavyo, ntiyopfa kuja aragura ico abonye cose. Ni nk’uko mu Migani 31:14 havuga, hati: “Ameze nk’amāto y’abadandaza, ivyokurya naho vyoba kure abikūrayo.”

13. Turāvye ivyanditswe mu Migani 31:27, twokwitega ko umugore aroranye akora iki mu vy’ugusukura inzu?

13 Ukwo kwitwararika igikorwa ciwe akagikorana umutima, bikwiye kandi kubonekera ku buryo inzu babamwo yifashe. Mu Migani 31:27 harongerako ibindi biranga umugore aroranye, hati: “Agendeza ingeso z’abo mu rugo rwabo, kandi ntarya ivyokurya vy’ukwamikara.” Kumenyera kuryamīra, kumara igihe kirekire birenze urugero ari mu babanyi gutera inkuru—ivyo nta vyo azi. Naho hari igihe yorwara canke agashikirwa n’ingorane atari yiteze bigatuma adashobora gukora mu nzu, mu bisanzwe usanga iyo nzu isa neza kandi isukuye. Umunega wiwe arazi neza ko nk’igihe abagenzi bomugendera atoterwa isoni n’ukuntu inzu babamwo isa.

14, 15. Bibiliya ihanura abakenyezi ngo iki ku vyerekeye ivyambarwa n’ibisharizo?

14 Abakenyezi nka bose ntibarinda kubwirwa ko ivy’ukwitwararika ubwiza bwabo na vyo nyene ari nkenerwa, mugabo hari abakeneye ko babibibutsa. Ntivyoroshe gukunda cane umuntu aboneka ko atibabaye rwose. Bibiliya isaba ko abakenyezi “bambara bakikwiza, bakishariza mu kwifata ruto no mu kugira ivyiyumviro biroranye.” Ariko kandi ibahanūra kutarenza urugero mu vy’uguhingura imishatsi, mu vy’ibisharizo no mu vy’imyambaro bituma ūvyambaye abantu bamutamarira bimeze nabi.—1 Timoteyo 2:9, NW.

15 Igifise agaciro gusumba ivyo vyambarwa, ni agatima nyen’ukuvyambara afise. Intumwa Petero abwira abakenyezi-bakirisu ko ‘agatima gatekanye kagenjeje buhoro ari ak’igiciro kinini mu nyonga z’Imana.’ (1 Petero 3:3, 4) No mu Migani igihe hadondagura kamere z’umugore aroranye, harabandanya hakavuga ko “aha ikiganza umworo,” kandi ngo “Icagezwe c’[ubuntu-mvarukundo, NW] kiri ku rurimi rwiwe.” Ntiyikunda kandi nta ‘nzigo’ agira, ahubwo aratanga akagira ubuntu. (Imigani 31:20, 26) “Akazuru gusa karahendana,” uko ni ko habandanya kuvuga, “ariko umugore [yibanga Yehova, NW] ni we ashimwa.”—Imigani 31:30.

16. Umunega ashima, umunarugo mwen’uyo amubona gute?

16 Vyemere, umunarugo mwen’uyo yokundwa cane n’umunega wese abona ibintu nk’uko Umuremyi abibona. Nya mugore wiwe yomubona nk’uko umwanditsi w’Imigani avuga, ati: “Hari abagore benshi bakora ivyiza, ariko weho ubarusha bose.” (Imigani 31:28, 29) Kandi yokwereka uyo munarugo wiwe ko ari uko amubona, ata wubimusavye na buhoro buhoro.

UKUNTU UBONA IVY’UKUMARANA INAMBU Y’UMUBIRI BIRI N’ICO BIVUZE

17, 18. Ukuntu umunarugo abona ivy’ukumarana inambu y’umubiri bishobora kugira iki ku vyerekeye ukuntu umunega wiwe amubona?

17 Ukudahera akanyota mu vy’ukumarana inambu y’umubiri bihora bituma haba ingorane mu bubakanye batari bake. Rimwe rimwe biva ku bagabo batibaza kandi badatahura ivyo abakenyezi babo bakeneye vyerekeye imibiri yabo hamwe n’akanyengetera ko mu mutima, ahandi na ho usanga ari abakenyezi badashaka kumera nk’uko abagabo babo bumva bamerewe mu mubiri no mu kanyengetera, ku vyerekeye ukumarana inambu. Iyo umunega n’umunarugo bamaranye inambu y’umubiri babishaka kandi bashwashwanutse, birashobora kugaragaza urukundo bafitaniye.

18 Ukutiyumvamwo inambu y’ukuryamana n’umugabo, hari aho biva ku mugabo ata kibabarwe afise ku munarugo wiwe; ariko n’umugore nyene atavyitaho aragirira nabi umugabo wiwe, kandi iyo umugore bitamuhimbara hari aho yonona umugabo ntabe akibasha, canke mbere bigatuma yumva ashatse abandi bagore. Nk’igihe umugore yopfa kumwemerera ariko bikaboneka ko atabibabaye, hari aho umugabo yoca yiyumvīra ko vyerekana yuko nya mugore wiwe atamwitaho. Ikivyura inambu y’umubiri ni akanyengetera ko mu mutima; iyo rero umunarugo inambu y’umubiri itavyuka, kumbure akwiye kwihweza ukuntu ivy’ukumarana iyo nambu abibona.

19. (a) Bibiliya yerekana gute ko ari amakosa kumara igihe kirekire wanka kumara inambu y’umubiri uwo mwubakanye? (b) Ni kuki guhanuza umuntu wo hanze mu vy’ukuntu mwebwe abubakanye mwomarana inambu y’umubiri nk’uko bibereye atari ngombwa ngo bibe nkenerwa?

19 Bose uko ari babiri umugabo n’umugore, Bibiliya ibahanura ngo “ntimukimane.” Ijambo ry’Imana ntirirekura ivy’uko ukumarana inambu y’umubiri vyogirwa uburyo bw’uguha igihano uwo mwubakanye canke ubw’ukwerekana ko umufitiye inzigo, nk’akarorero umunarugo yima umunega wiwe akamara imishamvu canke mbere n’amezi. Nk’uko umugabo ategerezwa ‘guha umugore wiwe ivyo akwiye,’ n’umunarugo nyene ategerezwa ‘kubigenza atyo’ ku mugabo wiwe. (1 Ab’i Korinto 7:3-5) Ivyo si ukuvuga ko umugabo yokwitega ko umunarugo wiwe yemera ko amugirako ibintu bidasanzwe abona ko bishisha akurikije ivy’ukwigenza runtu, kandi umunega akunda umugore wiwe akamuha n’icubahiro, ntiyomusaba ko bagira ibintu nk’ivyo. “Urukundo . . . ntirukora ibiteye isoni.” (1 Ab’i Korinto 13:4, 5) Si ngombwa ngo bibe nkenerwa ko muhanuza umuntu wo hanze, kugira abereke ivyo mwebwe mwubakanye mubereye canke mutabereye kugira. Muri Bibiliya, mw ikete rya 1 ku b’i Korinto 6:9-11, haradondagura neza ingeso zibujijwe ku basenga Imana Yehova: ubusambanyi, ukurenga ibigo, ukumarana inambu y’umubiri umugabo canke umugore ku wundi. (Gereranya kandi no mu Balewi 18:1-23.) Bamwe bamwe mu bantu ba none baharanira umwidegemvyo mu vy’uburyo umuntu yokwigenza, bamwe bakurikiza bwa ‘buryo bushasha bw’ukwigenza runtu’—mu vy’ukuri ukwo kukaba ari ukwigenza nabi—bavuga ko bimwe bimwe mu vy’ukwo kumarana inambu y’umubiri kubujijwe bikwiye kwemerwa, kandi abandi muri bamwe batava ku migenzo kama na buhoro buhoro bashaka yuko ivyo bintu bibujijwe vyongerekana. Bibiliya iratanga ivyiyumviro biri ku rugero. Mu bisanzwe, iyo ugushikirana mu bundi buryo bwose kwo mu mubano w’abubatse kumeze neza; iyo hari urukundo, ugusoneranira, uguseruriranira akari ku mutima hamwe n’ugutahura uko umugenzi amerewe, ivy’ingorane zitewe n’ukumarana inambu y’umubiri ntibihuta birashika.

20. Iyo umunarugo ivy’ukumarana inambu y’umubiri abikāvye n’ikindi kintu bigenda gute mu nyuma?

20 Umunarugo akundwa cane ivy’ukumarana inambu y’umubiri ntiyobikāba n’ikindi kintu. Ego ni ko si abakenyezi bose babikāba n’ikindi kintu, mugabo hari ababigira. Ivy’ukwo kumarana inambu barabikoresha nko ku rwenge kugira abagabo babo bemere kubagirira ivyo bagomba. Mu nyuma bigenda gute? Erega ntawoshobora kwumva agiriye igishika uwo aguriyeko umwambaro, si ko? N’umugabo ntiyokwumva agiriye igishika umunarugo adandaje umubiri ashaka ko yemera kumugirira ico arondera. Abakenyezi bagira ivyo barashobora kwunguka mu vy’umubiri, mugabo barahomba mu vy’akanyengetera no mu vy’umutima.

ABIYUHA IRYOSOZI, IMVUZI ZA CANE

21-23. Nk’uko vyerekanwa n’ivyashikiye Samusoni, ukwiyuha iryosozi kw’umunarugo n’ukuba imvuzi ya cane bishobora bite guheza umunezero?

21 Samusoni yari umuntu akomeye, mugabo ntiyashoboye kunanira abakenyezi bāmukaza biyuha iryosozi kandi bamuvuzako induru kugira baronke ivyo bipfuza. Hari igihe uwari guhava aba umunarugo wiwe yiyuha iryosozi imbere yiwe. Nk’uko mu Bacamanza 14:16, 17 habivuga, “amuririra imbere, aramubarira, ati erega uranyanka gusa, ntunkunda; ko wasōkōje ab’iwacu igisōkōranyo, ntukimbarire. Aramwishura, ati erega na data na mama sinakibabariye, none nokibarira wewe?” Samusoni yavuze ibintu vyumvikana, mugabo nta co vyamaze. Ivyo ntibihuta birakora iyo akanyengetera ko mu mutima kavyutse. “Arangiza iyo misi ndwi [bamaze ku mazimano, NW] amuririra imbere, maze ku musi ugira indwi arakimubarira, kuko yamujigirije, na we aca abarira ab’iwabo ico gisōkōranyo.”

22 Ntugire ngo umunega wawe ntagukunda kubera gusa ko atama aguha ivyo wipfuza. Uwari kuba muka Samusoni yavuze ko Samusoni atamukunda, kandi mu vy’ukuri ari nya mukenyezi atamukunda. Yaramutunye gushika aho ataba agishobora kuvyihanganira. Aho amariye kumubwira nya gisōkōranyo, yaciye ubwo nyene yerekana ukuntu ameze, arirukanga aja kumumenera ibanga ku bansi biwe. Amaherezo yabiriwe n’uwundi muntu.

23 Mu nyuma Samusoni abona uwundi mukobwa aramugomwa, izina ryiwe yari Delila. Hari aho yari umwigeme w’akaranga, ariko ubwo yari umukobwa Samusoni akwiye gukunda? Uyo Delila kugira amenye ibintu vyomugirira akamaro we nyene ubwiwe, yagiye mu vy’ukumuvugirizako induru. Iyo nkuru ivuga iti: “Maze akomeje kumuzigiriza imisi yose, amukubakuba, [biraheza biranka ko ubugingo bwiwe bwiyumanganya kugeza n’aho yopfa, NW].” Ukuntu vyagenze mu nyuma ni agahomerabunwa.—Abacamanza 16:16.

24-27. (a) Igitabu citwa Imigani kivuga iki ku vyerekeye ingaruka zihaba iyo umunarugo ari imvuzi ya cane? (b) Ni kuki abakenyezi ari bo gusa gitoye ku vyerekeye iyo mpanuro? (c) Ni igiki cane cane gisa n’icotuma umunega afata umunarugo wiwe neza?

24 Ukwiyuha iryosozi n’ukuba imvuzi ya cane ntibiranga ubukerebutsi. Birica umubano w’abubatse. Birirukana umugabo. Bibiliya iratubūrira ku vyerekeye izo ngeso, akarorero nk’ibi Vyanditswe vyo muri Bibiliya y’icongereza The New English Bible: “Uwamiza ikintu mu kanwa atandukanya abagenzi.” “Umugore w’imvuzi ya cane ameze nk’amazi adahera gutonyanga.” “Ni vyiza kuruta, umuntu yibanye wenyene mu bugaragwa, hako abana n’umugore w’imvuzi ya cane kandi ameze nabi.” “Ugutonyanga kudahera kwo ku musi w’imvura—ni ko umugore w’imvuzi ya cane ameze. Kumubuza ni co kimwe n’ukugerageza kubuza umuyaga! Ni co kimwe n’ukugerageza gutoza amavuta iminwe!”—Imigani 17:9; 19:13; 21:19; 27:15, 16.

25 Ni kuki Ivyanditswe bitoye abakenyezi gusa ku vyerekeye iyo mpanuro? Hari aho ari uko mu bisanzwe abakenyezi ari bo batwarwa n’akanyengetera ko mu mutima gusumba bakaba kandi bakunda kuvyerekana kuruta, cane cane iyo habaye ikintu kibabangamiye. Kandi bashobora kwumva ata bundi buryo bw’ukwirwanira bafise atari ubwo. Kubera ko umunega ari we mutwe mu nzu, hari aho akoresha igikenye kugira aronke ivyo yipfuza, umugore rero hari aho yumva ko ari ngombwa ngo amutunire imbere mu mutima. Ewe munarugo, si vyiza kugira ibintu nk’ivyo; si vyiza ko n’umunega wawe agira ivyotuma wumva ko ari ngombwa ngo ubigire.

26 Ego birashoboka ko haba igihe wumva utamerewe neza, ugasanga kumbure uriko urakorora amosozi kandi utabishaka. Mugabo ivyo biratandukanye rwose n’ugutāta ukerekana rwose ko ubabaye kugira uronke ico wipfuza.

27 Abagabo nka bose iyo bakunda abagore babo, bashima kugira ibinezereza abo bagore babo ubwabo ntibībabare, igihe habaye ivy’uguhitamwo ibishimisha umuntu. Nezereza umunega wawe, na we hari aho yorondera akaryo ko kukunezereza.

“IGIHE CO GUCEREZA N’IGIHE CO KUVUGA”

28-35. (a) Nuvuge akamenyero ko mu vy’ukuyāga kotuma umunega atoroherwa n’ukuganira n’umunarugo wiwe. (b) Hogirwa iki kugira ngo ukuyāga kw’umunega n’umunarugo wiwe birushirize kugenda neza?

28 Abakenyezi benshi baridoga ngo ‘umugabo wanje ntiyigera anganiriza.’ Hari aho ari we aba ari mw ikosa. Mugabo birakunda gushika ko umugabo ashaka kuganiriza umugore wiwe, ariko nya mugore ntabimworohereze. Gute? Abakenyezi bose ntibameze kumwe. Mugabo niwibaze ko woba umeze nk’umwe muri aba bakurikira twerekanye:

29 Uwa mbere ni umugore yoroherwa rwose n’ukuyāga n’abandi bakenyezi bo mu kibano. Yamara ni ukuyāga nyabaki? Igihe mugenziwe aretse kuvuga kugira amire amate, nguyo yaduze kw ijambo. Arashobora kwungikanya ibibazo bitari bike, canke agatandukira iyindi nkuru. Bidatevye, umwe bacira mw ijambo aramuzibiranya, agasubira ku kiyago ciwe mu kanya gato. Nta n’umwe muri bo asa n’uko ivy’ukwo kuyāga basakiranya amajambo hari ico bimubwiye.

30 Ubu na ho umugabo wiwe aratahutse, ari n’amakuru ashaka kumumenyesha. Ashitse mu rwinjiriro agatangura akavuga, ati ‘ntiworāba ivyabaye ku kazi . . . ’ Nta rindi jambo ashobora kugerekako. Nya mugore aca amuzibiranya, ngo ‘mbega iyo shati wayanduje gute? Urābe neza aho uhonyora mpejeje gukubura inzu.’ Nya mugabo arashobora kwijijanya imitima ko yobandanya kumutera iyo nkuru.

31 Canke hari aho yoba ariko araganira n’abagenzi abīganira ibintu vyabaye, ntabivuge ido n’ido canke akabibiganira ukutari ko. Nya mugore aramuzibiranya, agatangura akagorōra ahagoramye, hanyuma akongerako ibitāvuzwe. Haheze akanya umugabo ariruhutsa, ati ‘ni kuki none utobibiganira?’

32 Uwundi mugore, ni uwurondera ko umunega wiwe amurokera amajambo. Arihāta ngo aboneke ko ari umuyāzi ariko yuzuye urusaku, akamubaza ati: ‘Wari he?’ ‘Wari kumwe na nde?’ ‘Ni igiki cahabaye?’ Ico ashaka si ibintu bisanzwe vyo mu buzima, ahubwo arondera ibisa n’uko ari amabanga gusumba. Arungikanya uduceduce tw’inkuru ashoboye gutorora, ahabuze ikintu akahuzuriza we nyene ubwiwe mu vyiyumviro. Hari aho bimwe bimwe biba ari ivyo umugabo adakwiye gukwiza agahinga. Ibindi na vyo ni ibintu kumbure bibereye ko abiyāgira uwo munarugo wiwe, mugabo bikaba amabanga. Aramutse rero abibwiye abandi, ibanga riba rimenyekanye. “Ntumenere ibanga uwundi,” uko ni ko mu Migani 25:9 hatubūrira. Ariko yoramuka amenye iryo banga, vyoshobora gukwega ingorane. Vyoshoboka gute none ko uwo mugabo yumva ko ata comubuza kuzoja arayāgira uwo mugore?

33 Umugore wa gatatu na we, ni uwudakunda kuvuga. Arazi gukora ibikorwa vyo mu nzu vya nkenerwa, mugabo ukuyāga akavuga n’amajambo makeyi, ntibihuta birashika. Uwugerageza kumuyāgisha wese ni we aguma yivugana. Kumbure ni umunyasoni, canke hari aho ataronse akaryo ko kumenya ibintu vyinshi igihe yari akiri umwana. Icoba kibimutera ico ari co cose, kugerageza kumuyāgisha ni ivy’ubusa.

34 Mugabo ivyo vyoshobora guhinduka. Kuyāga umuntu arashobora kuvyiga. Iyo umunarugo adakora akazi ko mu nzu vyonyene, ariko akaja arasoma n’ibitabu vyiza agatako akagirira abandi ibikorwa biranga ubuntu, araronka ibintu yoyāga biri n’ico vyunguye uwo bubakanye. Kandi ukuyāga nyakuri bisaba guhana amajambo. Bisaba kandi kwubahana—ukwubahana bihagije, umugore akareka umugabo akarangiza ivyo ariko aravuga, akamureka akabivuga uko abizi, kandi akamenya amabanga akwiye kuzigama. Nk’uko mu Musiguzi 3:7 habivuga, hari “igihe co gucereza n’igihe co kuvuga.”

35 Ah’ukwidoga rero ngo umunega wawe akuyāgisha gake cane, ni kuki utogerageza gutuma ahimbarwa n’ukukuyāgisha? Shimishwa n’ibimushimisha. Mutege yompi igihe ariko aravuga. Niwerekane ko umukunda kandi umwubaha rwose, mu buryo umwishura. Raba neza ko ivyo ukunda kumuyāgira vyoba ari vyiza, ko biri n’ico bimwunguye. Hari aho bidatevye wosanga ukuyāga bibahimbara mwempi uko muri babiri.

‘BARESHWE ATA JAMBO RIVUZWE’

36-38. Ni uburyo bumwe bumwe ubuhe bwotuma umunarugo ashikīra umutima w’uwo bubakanye adasangiye natwe ivy’ukwizera?

36 Rimwe rimwe ibikorwa biravuga kurusha amajambo, cane cane iyo abanega badasangiye natwe ivy’ukwizera Ijambo ry’Imana. Intumwa Petero ivyabo yarabivuze, ati: “Bareshwe n’ingeso nziza z’abagore babo batagize ijambo bavuze, ni babona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’[icubahiro nyakuri, NW].” (1 Petero 3:1, 2) Hari abagabo batizeye benshi bidoga ngo abagore babo bama ‘babigisha,’ ivyo bakaba bavyanka rwose. Mugabo hari abandi bahavuye bizera kubera ko babonye ukuntu Ijambo ry’Imana rihinduye abakenyezi babo. Abantu bakunda kwikugura ivyo babonye kurusha ivyo bumvise.

37 Iyo uriko uravugana n’uwo mwubakanye atizeye, ‘imvugo yawe ni yame iranga ubugwaneza,’ iryoheye ugutwi, ‘irunzwe umunyu’ nk’uko Ivyanditswe bibivuga. Hari igihe c’ukuvuga. “Ijambo rivuzwe mu [gihe kibereye, NW] ni nk’amacungwa y’izahabu ari mu tujishano tw’ifeza,” uko ni ko Bibiliya ivuga. Umugabo wawe hoba hari icamuciye intege? Kumbure vyoba bitagenze neza ku kazi. Amajambo makeyi yerekana ko ivyo ubitegēra, hari aho muri ako kanya nyene yobona ko hari ico amumariye. “Amajambo aryoshe . . . asōsera [ubugingo, NW] anonora amagufa.” (Ab’i Kolosayi 4:6; Imigani 25:11; 16:24) Canke urāvye ukuntu ibintu vyifashe ukamufata ukuboko hari aho woba uvuze vyinshi, uti ivyo ndabitahura, ndi kumwe nawe, nzogufasha niba ndabishobora.

38 Naho yoba atari kumwe nawe mu vy’ukwizera kwawe, Ijambo ry’Imana ryerekana ko utegerezwa kuguma umworohera. Ingeso zawe nziza hari aho mu nyuma zomuresha, ku buryo na we yokwizera. Iyumvīre ukuntu uwo musi hoba agahimbare! Kandi nk’igihe ivyo vyoshika, yobona ko afise impamvu nyinshi zotuma agukunda atari azi namba. Vyoba bitewe n’uko ukwitanga kwawe gufatanije n’ugukomera mu vyo uzi ko ari vyo bitunganye, vyamufashije agacakira “[ubuzima, NW] nyakuri.”—1 Ab’i Korinto 7:13-16; 1 Timoteyo 6:19.

39, 40. Ni ingeso nziza izihe zidondaguwe muri Tito 2:4, 5 zituma umunarugo ataba uw’igiciro imbere y’umunega wiwe gusa, ariko n’imbere ya Yehova?

39 Ivyanditswe bisaba ko abakenyezi-bakirisu ‘bakunda abagabo babo’ bāba abizeye canke abatizeye, ko ‘bakunda n’abana babo, bagira ivyiyumviro biroranye, birinda ubushakanyi, bakora ivyo mu rugo, bakora ineza, borohera abagabo babo, kugira ngo ijambo ry’Imana ntiritukwe.’—Tito 2:4, 5.

40 Wewe munarugo ni waba ivyo ubishitsa nk’uko ubishoboye, ntiwokundwa cane n’umunega wawe gusa, ariko kandi wokundwa n’Imana Yehova.

[Ifoto ku rup. 57]

‘Umugore aroranye ni uw’igiciro kurusha utubuyenge twitwa marijani.’—Imigani 31:10

[Ifoto ku rup. 64]

Abakenyezi mu buzima bwa Samusoni

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika