ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 25
  • Bose Bimukira mu Misiri

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bose Bimukira mu Misiri
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yehova ntiyigeze yibagira Yozefu
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • “Mbega jewe mbaye mu kibanza c’Imana?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Yozefu Yankwa na Benese
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • “Ndabinginze mwumvirize iyi ndoto”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 25

INKURU YA 25

Bose Bimukira mu Misiri

YOZEFU ntagishobora kwiyumanganya. Abwira abasuku biwe bose ngo basohoke. Asigarana na benese, atangura kurira. Iyumvīre ukuntu benese bātangaye bamubonye ariko ararira, kandi batazi ikimuriza. Arateba aravuga ati: ‘Ni jewe Yozefu. Data aracariho?’

Benewabo barumirwa barabura ico bavuga, baca baratinya. Yozefu ati: ‘Ni mwegere ino.’ Bamwegereye ababwira ati: ‘Ni jewe Yozefu umwe mwagurisha aja i Misiri.’

Avugana ikigongwe cinshi ati: ‘Ntimubabazwe n’uko mwangurishije. Imana ni yo yanzanye ino kugira ngo ndokore abantu. Farawo yangize umukuru w’iki gihugu cose. Nyaragasa rero kwa data mubimumenyeshe, kandi mumubwire aze ino.’

Yozefu abagwa mu nda arabagumbira, kandi arabasoma bose. Farawo yumvise ko benewabo na Yozefu baje, amubwira ati: ‘Bahe imikogote baje kuzana se n’imiryango yabo yose, bace bagaruka ino. Nzobaha ahantu heza cane ho kuba mu Misiri.’

Babigira gutyo nyene. Raba Yozefu ahoberanye na se, amaze gushika mu Misiri hamwe n’abiwe bose.

Umuryango wa Yakobo wari wabaye munini cane. Dushizemwo Yakobo, abana biwe n’abuzukuru, abimukiye mu Misiri, bose hamwe bari 70. Hārimwo n’abagore, ngira ngo n’abasuku batari bake. Bābīta Abisirayeli, kubera ko Imana yari yahinduye izina rya Yakobo riba Isirayeli. Abisirayeli bahavuye baba igihugu Imana yitoranirije, nk’uko tuza kubibona.

Itanguriro 45:1-28, 46:1-27.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika