ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 89
  • Yezu Ahumānura Urusengero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Ahumānura Urusengero
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yezu ahumanura urusengero
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ishaka ry’Ugusengwa kwa Yehova
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu yerekana umwete afitiye ugusenga kw’ukuri
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Ibikoko
    Be maso!—2015
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 89

INKURU YA 89

Yezu Ahumānura Urusengero

AHA YEZU asa n’uko ashavuye, si ko? Urazi ikimushavuje none? Ni uko abo bantu bari mu rusengero rw’Imana i Yeruzalemu bakunda amahera cane. Bāshaka gutungishwa n’abaje ngaha gusenga Imana.

Urabona ayo mashuri n’izo ntama bo n’izo numa? Bariko babigurishiriza ngaha mu rusengero. Urazi igituma? Ni uko Abisirayeli bari bakeneye ibitungwa n’inuma vyo gushikanira Imana.

Itegeko ry’Imana ryavuga ngo igihe umwisirayeli akoze nabi, atange ishikanwa ku mana. Hariho n’ibindi bihe yatanga ayo mashikanwa. Ivyo bitungwa n’izo numa vyo gushikanira Imana yobikuye he?

Abisirayeli bamwe bamwe bari babitunze. Abo bo bāca babitanga. Ariko benshi nta na kimwe bari batunze, abandi na bo bāba kure y’i Yeruzalemu, ntibari gushobora kubizana ku rusengero. Abantu rero bāza kubigurira ngaha. Ariko aba ubona aha bārabizimbako, kandi ni ikosa kubigurishiriza mu rusengero.

Ico ni co cashavuje Yezu. Imeza zabo arazitembagaza, ibiceri arabisanzaza. Atsiba inkoni mu migozi, ayikubitisha ibitungwa abisohora mu rusengero. Abwira abariko bagurisha inuma ati: ‘Kura ibi ngaha! Inzu ya Data ni mureke kuyigira ahantu ho kudandariza.’

Bamwe mu bigishwa biwe bari kumwe na we. Bāratangaye babonye ivyo ariko aragira. Baca bibuka ahavuga ivyerekeye Umwana w’Imana muri Bibiliya ngo: ‘Urukundo afitiye inzu y’Imana ruzomwakamwo nk’umuriro.’

Igihe yari ngaha i Yeruzalemu arindiriye Pasika, yakoze ibitangaro vyinshi. Ivyo biheze ava i Yudaya asubira i Galilaya. Yategerezwa guca mu ntara y’i Samariya. Reka turābe ivyahabaye.

Yohani 2:13-25; 4:3, 4.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika