ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • my ink. 100
  • Yezu Ari mw Itongo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yezu Ari mw Itongo
  • Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Kristu agaburwa akongera agafatwa
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu Agurwa Hanyuma Agafatwa
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Yezu afatwa
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Icodufasha gutsinda ubwoba
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
Ibindi
Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
my ink. 100

INKURU YA 100

Yezu Ari mw Itongo

YEZU n’intumwa ziwe bavuye mu nzu yo hejuru, bāgiye mw itongo ry’i Getsemani. Bāri bamaze kuhāza kenshi. Bashitseyo, Yezu ababwira ngo ntibasinzire bagume basenga. Yegera imbere gato, yubika amaso hasi arasenga.

Ahejeje agaruka aho bari. Wibaza ko bāriko barakora iki? Bāri basinziriye! Ababwira gatatu kose ngo bagume bari maso, ariko aho hose yaza aragaruka yasanga basinziriye. Agarutse ubwa nyuma ababwira ati: ‘Bishoboka bite ko musinzira mu gihe nk’iki? Harageze ko ntabwa mu minwe y’abansi.’

Muri ako kanya nyene bumva induru z’abantu benshi. Ehe rāba bazanye inkota n’amahiri! Bafise n’ibimuri bibamurikira. Bashitse, umwe muri bo aja iyo Yezu ari aramusoma nk’uko ubibona ngaha. Nya muntu ni Yuda Isikariyoti! Ni kuki yamusomye?

Yezu ati: ‘Uranguze mu kunsoma?’ Uko gusoma cari ikimenyetso, cereka abo vyari kumwe ko uwo ari we Yezu bāshaka. Abansi biwe rero baca baramufata. Ariko imbere y’uko bamujana, Petero abanza kurwana. Asokorora inkonta yari afise, ayikubita umugabo yari amwegereye, ihusha umutwe imuca ugutwi kw’iburyo. Yezu amukora kuri nya gutwi aragukiza.

Yezu abwira Petero ati: ‘Subiza inkota yawe mu rwubati. Ntuzi ko nshobora gusaba Data abamarayika isinzi bakantabara?’ Vyari gushoboka! Ariko nta mumarayika n’umwe yasavye, kuko yari azi ko hageze ko abansi biwe bamufata. Aca arareka baramujana. Reka turabe ibiza kumushikira.

Matayo 26:36-53; Yohani 18:1-12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika