Ikigabane ca 3
Guma Wumiye Rwose kw Ijambo ry’Imana
1. (a) Abisirayeli ba kera biboneye gute ukuntu Ijambo ry’Imana ari iry’ukuri? (b) Ni kuki ivyo na twebwe bitwerekeye?
“NAMWE mu mitima yanyu no mu vyiyumviro vyanyu murazi neza mwese yuko ata kintu na kimwe mu vyiza vyose [Yehova] Imana yanyu yabasezeraniye kitashitse; vyose vyarasohoye.” Uko ni ko Yosuwa yibukije abashingantahe bo mu Bisirayeli, bamaze kugerera muri ca Gihugu c’Isezerano. Ariko mu myaka yakurikiye, ntibagumije Ijambo ry’Imana ku muzirikanyi ngo barikurikize. Mu nyuma vyagenze gute? Bibiliya irabisigura neza, ngo nk’uko imigisha Yehova yasezeranye yashitse, ni ko yashikije n’ivyo yari yavuze ko vyobaye inkurikizi y’ubugarariji. (Yosuwa 23:14-16) Iyo nkuru hamwe n’ibindi bintu vyanditswe muri Bibiliya, vyarabungabunzwe kugira ngo bitwigishe—“biduhe kwizigira ibizoba,” kandi kugira ngo ntidukore icodutera kuzeruka.—Abaroma 15:4.
2. (a) Ni mu buryo ki Bibiliya ‘yahumetswe n’Imana’? (b) Kubera ko ivyo tubizi dutegerezwa kugira iki?
2 Naho abantu b’“abanditsi” bashika nka 40 bakoreshejwe mu kwandika Bibiliya, ni iya Yehova we nyene ubwiwe. Ivyo vyoba bishaka kuvuga ko ari we yarongōye iyandikwa ry’ibiri muri yo vyose? Egome. Nk’uko intumwa Paulo yabivuze kandi si ivy’imbeshere, “ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana.” Kubera ko ata gukēka kuri muri ivyo, tubwira abantu aho baba hose kwitwararika ivyanditswe muri yo hanyuma babikurikize mu buzima bwabo, nk’uko na twebwe nyene twihāta kugira ngo tubigenze gutyo nyene.—2 Timoteyo 3:16; 1 Ab’i Tesalonike 2:13.
Ni Igiki Cofasha Abandi Kurikunda?
3. Ni uburyo bwiza ubuhe bw’ugufasha abatari bake mu batarashwiruka ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana?
3 Si ivy’ugukēka ko benshi mu bo tuyaga batemera ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana koko, nka twebwe. Twobafasha gute none? Kenshi na kenshi, uburyo bwiza rwose usanga ari ukuzingurura Bibiliya tukabereka ibiri muri yo. “Kuko ijambo ry’Imana ari rizima, rifise ubukuba, [rirakarishe kurusha] inkota [iyo ari yo yose ifise ubugi habiri] . . . [kandi rirashobora gutahura neza ivyiyumviro n’imigambi y’umutima].” (Abaheburayo 4:12) Iryo ‘jambo ry’Imana’ ni ijambo ryerekeye umuhango yatanze dusanga muri Bibiliya. Si inkuru y’ivyabaye kera ata co ikimaze, ariko n’ubu rirakora rikaguma ribangirije rija imbere mu vy’ukuranguka kwaryo. Uko ritera rija imbere, ni ko abantu bafise umutima mwiza rishikīra bamenyekana, igihe bashitsa ibisabwa. Ububasha rifise ku bantu twebwe nta ko twobuvuga.
4. Ni uburyo ubuhe bworoshe bw’ugusigura ukuri kwa Bibiliya bwatumye abantu bahindura ivyiyumviro bari bafise ku vyerekeye Bibiliya? Kubera iki?
4 Ukwubura izina ry’Imana muri Bibiliya, vyaragaruye abantu batari bake. Hariho n’abandi bafashe ingingo y’ukwiga Bibiliya, aho bamariye kwerekwa ivyo ivuga vyerekeye icatumye ubuzima bubaho, impamvu zatumye Imana ireka ububi bukabandanya, ibishika ubu kw isi ico bisobanura, canke kubera ivyizigiro atari umugani bishimikiye ku Bwami bw’Imana. Mu bihugu ivy’ugusenga mw idini bituma abantu baterwa n’amashetani, ukuntu Bibiliya isigura ivy’uko guterwa n’amashetani ico bivako n’uburyo bobikira, vyaratumye ibashimisha. Ni kuki ivyo vyabahimbaye rwose? Ni uko Bibiliya ari yo yonyene itanga insiguro zitabesha kuri ivyo bintu bihambaye koko.—Zaburi 119:130.
5. Igihe umuntu avuze ko atemera Bibiliya hari aho yoba abitewe n’iki? Twoshobora dute kumufasha?
5 Bite none nk’igihe umuntu we nyene ubwiwe atwibaririye ko atemera Bibiliya? Ikiyago coca kigarukira aho? Oyaye, cobandanya igihe arondera gutohoza. Dutegerezwa kwiyumvamwo ko twashinzwe igikorwa c’ugushingira intahe Ijambo ry’Imana nk’abantu nyene banyuzwe. Hari aho Bibiliya yoba ayibona nk’igitabu ca bamwe biyita abakirisu. Uburyarya bwabo; ukwisuka mu vy’intwaro hamwe no gukoba abantu amahera, hari aho ari vyo vyoba vyatumye Bibiliya ayibona nabi. Ni kuki none utobimubaza? Ukuntu Bibiliya inegura ivy’uko abiyita abakirisu bagendera mu nzira z’iyi si hamwe n’ukuntu yerekana itandukaniro ry’abiyita abakirisu n’abakirisu nyakuri, kumbure vyotuma imushimisha.—Gereranya no muri Matayo 15:7-9; Yakobo 4:4; Mika 3:11, 12.
6. (a) Wewe ubwawe wemezwa n’iki ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana? (b) Ni ivyiyumviro bindi ibihe twokoresha kugira ngo dufashe abantu kwemera ko Bibiliya iva ku Mana koko?
6 Hariho abandi boshobora gufashwa n’uko ubayagiye ibigaragaza ko Bibiliya yarongōwe n’impwemu y’Imana, udakikiriza. Ni ibiki bikwereka neza ko Bibiliya iva ku Mana? Kwoba ari uko yo nyene ubwayo yerekana inkomoko yayo? (2 Timoteyo 3:16, 17; Ivyahishuriwe Yohani 1:1) Kwoba ari uko Bibiliya irimwo amajambo menyeshakazoza avuga atomoye neza ibizoba muri kazoza, ari na co cerekana ko itegerezwa kuba ikomoka ku wurengeye rwose abantu? (2 Petero 1:20, 21; Yesaya 42:9) Kumbure woba uvyemezwa n’uko yanditswe n’abantu benshi mu myaka irenga 1 610, ariko bakaba banama rimwe? Canke kwoba ari uko ivuga itomoye rwose ivy’ubuhanga ikarusha ibindi bitabu vyanditswe muri ico kiringo? Kwoba ari uko abayanditse ata buryarya bwari muri bo? Kwoba ari uko yabungabunzwe ikarokoka abāgerageza kuyizimanganya? Ico ubona cose ko ari co cagushitse ku nyota koko, coshobora gukoreshwa no mu gufasha abandi.
Ukwisomera Bibiliya Twebwe Ubwacu
7, 8. (a) Twebwe ubwacu Bibiliya dukwiye kuyikoresha iki? (b) Turetse ukwiyigisha Bibiliya twebwe ubwacu, ni igiki kindi dukeneye, kandi ivyo Bibiliya ubwayo ivyerekana gute? (c) Vyagenze gute kugira ngo wewe ubwawe utahure imigambi ya Yehova?
7 Turetse ivy’ugufasha abandi kwemera Bibiliya, dukwiye twebwe ubwacu gufata umwanya w’ukuyisoma tudahorereza. Ubwo uhora uyisoma none? Mu bitabu vyose bimaze kwandikwa, ni yo ifise akamaro kuruta. Birumvikana ko ukuyisoma vyonyene bidahagije. Ivyanditswe biratubūrira ngo ntitwikure mu bandi, twibaza ko dushobora gutegera ibiri muri yo vyose igihe tubitohoje ata we twisunze. Ukwiyigisha twenyene hamwe no gushika ku makoraniro birakenewe, nimba dushaka kuba abakirisu bafise ivyiyumviro biroranye.—Imigani 18:1; Abaheburayo 10:24, 25.
8 Kugira ngo turonke akunguko, Bibiliya iratwiganira umuntu mukuru w’umunyetiyopiya, uwo Filipo umukirisu w’umumenyeshanjili yagiye kuraba arongōwe n’umumarayika, igihe nya munyetiyopiya yariko arasoma amajambo menyeshakazoza ari muri Yesaya. Filipo yaramubajije ati: “Ivyo usoma urabitahuye?” Na we aca aricisha bugufi ati: “Nobishobora nte ntabonye ūbindongōramwo?” Yarasavye Filipo ngo amusigurire ico Canditswe. Filipo ntiyari umuntu asoma Bibiliya ata we yisunze, bikaba vyari gutuma asigura Ivyanditswe nk’uko avyiyumvamwo. Iyo nkuru yerekana ko atāvirīra intumwa ziri mw Ishengero ry’i Yeruzalemu, kandi ko na we nyene yari uwo mw Ishirahamwe rya Yehova riboneka. Yarashobora rero gufasha uwo munyetiyopiya kuronkera akunguko ku nyigisho Yehova yategekanije abicishije kuri iryo Shirahamwe ryiwe. (Ivyakozwe n’intumwa 6:5, 6; 8:5, 14, 15, 26-35) No muri iki gihe ni uko nyene. Muri twebwe ni nde yategereye neza imigambi ya Yehova ata wumufashije? Twese twafashijwe na Yehova abitumwe n’urukundo kandi turacakeneye ko adufasha, biciye kw Ishirahamwe ryiwe riboneka.
9. Ivyatunganijwe vyerekeye ugusoma Bibiliya dushobora kuronkerako akunguko ni ibihe?
9 Kugira ngo Ishirahamwe rya Yehova ridufashe gutegera Bibiliya, riratwandikira mu Munara w’Inderetsi hamwe no mu bindi bitabu, Ibiganiro bishimikiye ku Vyanditswe. Bitayeko, rirategura urutonde rw’ivy’ugusoma Bibiliya kugirwa mw Ishure y’Igikorwa c’Ivy’Inganji y’Imana, mw Ishengero ry’Ivyabona vya Yehova. Turetse ivy’urwo rutonde, Ivyabona vya Yehova bamwe bamwe barayisoma bikurikiranya. Umuntu arashobora kuronkera rwose akunguko ku mwanya amara ariko atohoza Ivyanditswe vyera. (Zaburi 1:1-3; 19:7, 8) Woba umaze gusoma Bibiliya yose? Ni waba utarayisoma, nubigerageze koko. Naho utotegera neza ibiri muri yo vyose, kugira iciyumviro c’ivyanditswe muri yo vyokugirira akamaro kanini. Naho woja urasoma impapuro na zine canke zitanu buri musi, woyirangiza hashize nk’umwaka.
10. (a) Ugusoma Bibiliya wewe ubwawe uhora ubigira ryari? (b) Ni kuki kuyisoma udahorereza bifise akamaro?
10 Ni umwanya uwuhe wokwitegekaniriza kugira ngo uje urayisoma? Ni waba imisi yose ushobora gutegekanya iminuta 10 canke 15, ese ingene vyokugirira akamaro! Ivyo ni vyaba bidashoboka, tegekanya umwanya ntabanduka mu ndwi, kandi ugerageze kuwubahiriza. Gusoma Bibiliya ukwiye kubigira akamenyero mu buzima nk’ugufungura. Nk’uko ubizi, umuntu ahorereje ivy’ugufungura, amagara arayangara. N’ivy’umutima ni uko biri. Tubeshwaho n’ukuguma dufungura “ijambo ryose riva mu kanwa [ka Yehova].”—Matayo 4:4.
11. Igihe dusoma Bibiliya ni igiki tworondera gushikīra?
11 Ni igiki dukwiye kurondera gushikīra igihe dusoma Bibiliya? Nk’igihe twoba dushaka kurangiza impapuro zategekanijwe canke mbere kurondera ubuzima budashira gusa, twoba twihenze. Kugira ngo bitugirire akamaro kamaho, dukwiye kubitumwa n’ibintu bihambaye gusumba—gukunda Imana, kwipfuza kuyimenya neza, gutahura ivyo igomba hamwe no kuyisenga mu buryo buyishimisha. (Yohani 5:39-42) Ivyo dukwiye kubibona nk’umwanditsi wa Bibiliya umwe yavuze ati: “[Yehova], nyereka inzira zawe, nyigisha amarango yawe.”—Zaburi 25:4.
12. (a) Ni kuki kugira ‘ubumenyi nyakuri’ bikenewe, kandi igihe dusoma hari aho twosanga dukwiye kwigora gute kugira ngo turonke ubwo bumenyi? (b) Nk’uko vyerekanywe ku rupapuro rwa 27, ni uburyo ubuhe bw’ukwiyumvīra budasa twokoresha bukatugirira akunguko mu kwihweza ivyo dusoma muri Bibiliya? (c) Tanga akarorero kamwe kamwe k’ubwo buryo butanu bw’ukwiyumvira, mu kwishura ibibazo bisozera iki gifungo. Koresha Bibiliya.
12 Uko turonka iyo nyigisho, ni ko dukwiye kwipfuza kugira ‘ubumenyi nyakuri.’ None bitabaye gutyo, twoshobora dute kwitondera Ijambo ry’Imana mu buzima bwacu canke kurisigurira abandi neza? (Ab’i Kolosayi 3:10, NW; 2 Timoteyo 2:15) Kuronka ubumenyi nyakuri bisaba ko dusoma twitonze, kandi nk’igihe ivyo turiko turasoma bishika ibwina kure, hari aho twosanga bikwiye ko tubisoma dusubiramwo, kugira ngo tubitahure neza. Twoshobora kandi kuronka akunguko igihe dufashe umwanya w’ukubizirikana, tukiyumvīra ukuntu bishoboka kubisigura mu buryo budasa. Uburyo butanu bw’ingirakamaro twokoresha bwerekeye ukwiyumvīra, tubusanga ku rupapuro rwa 27 muri iki gitabu. Ibihimba bitari bike vyo muri Bibiliya, umuntu yoshobora kubitohoza akaharonkera akunguko akoresheje uburyo bumwe canke bwinshi muri ubwo twerekanye. Uko wishura ibibazo biri ku mpapuro zikurikira, ni ko uja kubona ko ivyo ari uko biri.
(1) Kenshi na kenshi usanga igihimba ca Bibiliya uriko urasoma cerekana ukuntu Yehova ameze.
Igihe tuzirikana ukuntu Bibiliya itwereka ivyo Yehova yaremye bikadushimisha, bihora bituma tumubona gute? (Zaburi 139:13, 14; ku kigabane ca 38-42 mu gitabu citwa Yobu, raba cane cane 38:1, 2 hamwe na 40:2, 8, hanyuma urabe 42:1-6.)
Turavye ivyo Yezu yavuze muri Yohani 14:9, 10, twovuga ko Yehova ameze gute dusomye inkuru zimwe zimwe zabaye, nk’iyanditswe muri Luka 5:12, 13?
(2) Raba ukuntu iyo nkuru na yo nyene ituma ivyiyumviro vyerekeye umutwe-shimikiro wa Bibiliya vyongerekana, ari wo kugarukana agateka k’izina rya Yehova biciye ku Bwami burongōwe na Yezu Kirisitu rwa ruvyaro rwatangwako umuhango.
Vya bihano Abanyamisiri baronka bifitaniye isano ki n’uyo mutwe-shimikiro? (Raba muri Kuvayo 5:2; 9:16; 12:12.)
Bite none ya nkuru y’akezamutima yerekeye Rusi umunyamowabukazi? (Rusi 4:13-17; Matayo 1:1, 5)
Amajambo Gaburiyeli yamenyesheje Mariya y’uko Yezu yovutse afitaniye isano ki n’uwo mutwe-shimikiro? (Luka 1:26-33)
Ni kuki ugusīgwa impwemu yera kw’abayoboke ba Yezu ku musi wa Pentekote biri n’ico bivuze? (Ivyakozwe n’intumwa 2:1-4; 1 Petero 2:4, 5, 9; 2 Petero 1:10, 11)
(3) Urufatane rw’ikiyago uko kingana kirimwo ico Canditswe, rurashobora gutuma nya Canditswe cumvikana neza.
Amajambo ari mu Baroma 5:1 hamwe na 8:16 yerekeye bande? (Raba mu Baroma 1:7.)
Urufatane rw’ikiyago uko kingana kirimwo amajambo dusanga mw ikete rya 1 ku b’i Korinto 2:9, rwoba ruvuga ivyerekeye ubuzima bwo mw isi nshasha y’Imana? Nk’uko vyerekanwa ku murongo wa 6-8, amaso n’amatwi atātahuye ivyo Paulo yanditse ni aya bande?
(4) Ibaze ukuntu woshobora kwiyerekezako ivyo usoma.
Inkuru y’ingene Kayini yishe Abeli ikwiye kubonwa nk’inkuru y’ivyabaye gusa canke yoba irimwo impanuro kuri twebwe? (Itanguriro 4:3-12; 1 Yohani 3:10-15; Abaheburayo 11:4)
Igihe dusomye (muri Kuvayo gushika muri Gusubira mu Vyagezwe) ivyashikiye Abisirayeli mu bugaragwa, twovyiyerekezako gute twebwe ubwacu? (1 Ab’i Korinto 10:6-11)
Impanuro yandikiwe abakirisu basīzwe y’ivy’ukuntu bakwiye kwigenza, yoba yerekeye n’abafise icizigiro c’ukuzoronkera ubuzima budahera ngaha kw isi? (Gereranya no muri Guharūra 15:16; Yohani 10:16.)
Naho Ishengero ryoba ata co ryotugayako, vyoba bikenewe ko turondera uburyo tworushiriza gukurikiza bimwe bishitse impanuro za Bibiliya tumaze gutahura? (2 Ab’i Korinto 13:5; 1 Ab’i Tesalonike 4:1)
(5) Zirikana ukuntu wokoresha ivyo usoma mu gufasha abandi.
Ni abantu ki wofasha ukoresheje inkuru y’izurwa rya wa mukobwa wa Yayiro? (Luka 8:41, 42, 49-56)
13. Tugumye dusoma kandi twiga Bibiliya nk’uko vyatunganijwe n’Ishirahamwe rya Yehova, twokwitega ko mu nyuma bitugendera gute?
13 Ese ingene ugusoma Bibiliya bizana imigisha koko igihe umuntu ayisomye muri ubwo buryo! Mu vy’ukuri, gusoma Bibiliya si ikintu coroshe—ni umugambi urimwo akunguko ushobora kurangūrwa mu buzima bw’umuntu bwose. Ariko uko tuyisoma ni ko turushiriza gukomera mu vy’umutima. Bituma ducudika rwose na Data wa twese yuzuye urukundo Yehova, hamwe n’abakirisu bagenzi bacu. Biradufasha gukurikiza iyi mpanuro y’ukuguma ‘twumiye rwose kw ijambo ry’ubuzima.’—Ab’i Filipi 2:16, NW.
Ikiyago c’Ugusubiramwo
● Ni kuki Bibiliya yanditswe hanyuma ikabungabungwa gushika n’ubu?
● Dushobora dute gufasha abandi kuyikunda?
● Ni kuki gusoma Bibiliya udahorereza birimwo akunguko? Ni uburyo ubuhe bw’ukwiyumvīra butanu twokoresha bukatugirira akunguko mu kwihweza ivyo dusoma?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 27]
Igihe Usoma Bibiliya Iyumvire—
Ivyo igihimba usomye cose kikumenyesha ku vyerekeye ukuntu Yehova ameze
Isano gifitaniye n’umutwe-shimikiro wo muri Bibiliya
Ukuntu Icanditswe gisigurwa n’urufatane rw’ikiyago cose uko kingana
Ukuntu iyo nkuru yerekeye ubuzima bwawe wewe ubwawe
Ukuntu woyikoresha mu gufasha abandi