ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • uw ikig. 11 rup. 87-94
  • ‘Ubwa Mbere Nimubandanye Kurondera Ivy’Ubwami’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Ubwa Mbere Nimubandanye Kurondera Ivy’Ubwami’
  • Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ntureke ngo Ukuri Kw’Ivy’Ubwami Kunyohwe
  • Abayoboke ba Mbere ni bo Karorero
  • Guma Ushize Imbere Ivy’Ubwami mu Buzima Bwawe
  • ‘Banza Witwararike Ubwami’
    Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Ukwizigira Imana kwawe gukomeye ukungana iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Ubutumwa Dutegerezwa Kumenyekanisha
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Nurondere Ubwami, aho kurondera ibintu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
Ibindi
Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
uw ikig. 11 rup. 87-94

Ikigabane ca 11

‘Ubwa Mbere Nimubandanye Kurondera Ivy’Ubwami’

1. Haheze imyaka irenga 1 900 Yezu avuze kurondera ivy’Ubwami imbere ya vyose kubera iki? (b) Ni ikibazo ikihe twokwibaza?

HARAHEZE imyaka irenga 1 900, mu Nsiguro Yezu yatangiye i Galilaya, yarasavye abariko baramwumviriza kugira ibi bikurikira: “[Nuko rero ubwa mbere nimubandanye kurondera ivy’[Ubwami bw’Imana [n’ugutungana kwayo].” Ni kubera iki none? Igihe c’uko Kirisitu yimikwa nticari kigishigaje ibinjana bitari bike? Egome. Ariko ubwo Bwami bwa Mesiya ni bwo Yehova yakoresheje mu gukūra iceyi kw izina ryiwe ryera mu gushitsa umugambi wiwe uhambaye werekeye iyi si. Uwo wese atahura vy’ukuri akamaro k’ivyo, ubwo Bwami aca abushira imbere ya vyose mu buzima bwiwe. Uko ni ko vyari biri mu kinjana ca mbere, kandi nta gukeka n’ubu Ubwami bwatanguye kuganza, ni ko biri. Uburyo wigenza mu buzima vyoba vyerekana ko ubwa mbere uriko urarondera ivy’Ubwami bw’Imana?—Matayo 6:33

2. Ni ibintu ki mu bisanzwe abantu baronderana umwina?

2 Abantu nka bose barafise ibindi bintu bibahimbara. Bahahamiye amaronko, ivyambarwa, ibifungurwa hamwe n’ibindi bintu vyinshi vyo gutunga, batibagiye ivy’ukwinezereza bigirwa ku mahera. (Matayo 6:31, 32) Uburyo babayeho buranga ubwikunzi no kurondera ibinezereza. Mu buzima bwabo ivy’Imana nta co bivuze—niba banayemera ho.

3. (a) Ni ubutunzi bumeze gute Yezu yahanuye abayoboke biwe kurondera, kubera iki? (b) Ni kuki atari ngombwa ngo umuntu ahagarike umutima kubera ivy’umubiri ukenera?

3 Ariko yezu yarahaye abayoboke biwe iyi mpanuro: “[Nimureke kwirundaniriza] ubutunzi mw isi,” kubera ko ata butunzi ben’ubwo bushobora kwamaho imyaka yose. Yavuze ati: “Mwirundanirize ubutunzi mw ijuru,” mu gukorera Yehova, Yarasavye abagendanyi biwe ashimitse kugira ijisho “ryiza,” ivyiyumviro vyabo bakavyerekeza ku kintu kimwe gusa, gukora ivyo Imana igomba. “Ntimushobora gusaba Imana n’itunga,” uko ni ko yababwiye. Bite none ku vyerekeye ibintu vy’umubiri vya nkenerwa—ibifungurwa, ivyambarwa hamwe n’inzu? “Nimureke guhagarika umutima,” (NW) uko ni ko Yezu yabahanuye. Ivyiyumviro vyabo yavyerekeje ku nyoni—Imana irazigaburira. Yararemesheje abagendanyi biwe kwigira ku mashurwe—Imana irayambika biteye igomwe. None abasavyi ba Yehova bo bantu bafise ubwenge, ntibarusha agaciro ishurwe ivyo ari ryo ryose muri ayo? “[Nuko rero ubwa mbere nimubandanye kurondera ivy’ubwami bw’Imana [n’ugutungana kwayo],” uko ni ko Yezu yavuze, “ni ho ivyo vyose (ivyo mukeneye) muzovyongerwa.” (Matayo 6:19-34) Ivyo woba uvyemera? Ivyo ukora vyoba vyerekana ko uvyemera?

Ntureke ngo Ukuri Kw’Ivy’Ubwami Kunyohwe

4. Igihe umuntu yitwararitse rwose ibintu vy’umubiri, bizana ingaruka ki? Tanga akarorero.

4 Igihe umuntu yitwararika birenze urugero ivy’umubiri, inkurikizi yavyo irashobora kuba mbi rwose. Naho yoba avuga ko ashimishwa n’ivy’Ubwami, igihe yoshira rwose umutima ku bindi bintu, ukuri kw’ivy’Ubwami kwonyohwa. (Matayo 13:18, 19, 22) Akarorero, igihe kimwe hari musore w’umutunzi yabajije Yezu ati: “Nkore iki ngo nze ndagwe [ubuzima] budashira?” Ukuntu yasubijeyo Yezu amaze kumwishura vyerekana ko yīgenza runtu kandi ko yagirira ineza abandi. Naho ari uko, ubutunzi bw’ivy’umubiri bwari bwaramutwaye umutima. Ntiyari gushobora kubuheba kugira ngo abe umugendanyi wa Kirisitu. Yaragishije rero akaryo yari aronse ko kuzoganza ari kumwe na Kirisitu mu Bwami bw’ijuru. Nk’uko Yezu yaciye avuga ico gihe, “Biragoye ko aba vyinshi binjira mu Bwami bw’Imana!”—Mariko 10:17-23.

5. (a) Paulo yaremesheje Timoteyo ngo agerageze kubumbwa n’ibiki, kubera iki? (b) Ivyerekeye “gukunda amahera” Shetani ibikoresha gute nk’umutego wica?

5 Hāshize imyaka itari mike, intumwa Paulo yandikira Timoteyo ico gihe ari muri Efeso, ahāri ubutunzi koko kubera ubudandaji. Yamwibukije ibi: ‘Ntaco twazanye mw isi kandi ntaco dushobora kuyivanamwo. Ariko iyo dufise ivyo turya n’ivyo twambara biba bitubumvye.’ Birakwiye ko umuntu akora kugira ngo aronke ‘ivyo arya n’ivyo yambara’ bimukwiriye we n’abiwe. Ariko Paulo yaratanze iyi mburizi: “Abagomba kuba abatunzi bagwa mu nyosha no mu mitego no mu kwifuza kwinshi kw’ubupfu gusinzikaza, kudobeza abantu mu bibonona bikabarandura.” Shetani iri n’urwenge koko. Mu ntango irashobora kwosha umuntu mu tuntu duto duto. Ivyo bikunda gukurikirwa n’ugukazwa vyeruye gusumba—kumbure nk’akaryo ko kuduzwa mu kazi n’umushahara ukongerekana, ariko bikagutwara umwanya wahora uziganya kubera ivy’umutima. Tutabaye maso, “gukunda amahera” birashobora kunyoha ivy’Ubwami kandi ari vyo bihambaye rwose. Nk’uko Paulo yabivuze, ‘hari abakunze ayo mahera barazimira, bata ukwizera, bitobekeranisha imibabaro myinshi.’—1 Timoteyo 6:7-10.

6. (a) Dikwiye kugira iki kugira ngo ntidufatwe muri uyo mutego? (b) Turavye ukuntu ivy’ukuronka amahera vyifashe kw isi yose muri iki gihe, ivyo birashoboka?

6 Paulo yasavye Timoteyo abitumwe n’urukundo nyakuri afitiye uyo muvukanyi wiwe, ati: “Wame uhunga ivyo,” yavuze kandi ati: “Wame urwana intambara nziza yo kwizera.” (1 Timoteyo 6:11, 12) Ukwigora rwose kurakenewe, ni twaba tutagomba gutwarwa n’ivy’uguhahamira amaronko mu buzima vyo muri iyi si idukikije. Ariko twihase tukagumana ukwizera dufise, Yehova ntazokwigera aduheba. Naho ibiciro biduga, ubushomeri bukaba bukwiye hose, azotunganya ibintu ku buryo turonka ivyo dukeneye koko.—Abaheburayo 13:5, 6.

Abayoboke ba Mbere ni bo Karorero

7. Igihe Yezu yatuma intumwa ziwe kwigisha mu Bisirayeli, ni ibiki yababwirije kugira, kandi ni kuki vyari bikwiriye kugirwa?

7 Igihe Yezu yari amaze kumenyereza bikwiye intumwa ziwe ivy’akazi, yarabatumye kwamamaza inkuru nziza mu gihugu c’Isirayeli. “Ubwami bwo mw ijuru buri hafi.” Ubwo ni ubutumwa bushwangamura umutima koko! Yezu Kirisitu Umwami kandi ari we Mesiya, yari hagati yabo. Kubera ko izo ntumwa zari zihebeye ivy’ugukorera Imana, Yezu yarabasavye ashimitse kwizigira ko Imana yobabungabunze. Yaciye avuga ati: “Ntimugire ico mujana ku nzira, ari inkoni canke isaho, canke impamba, canke amahera; kandi ntimugire [imyambaro ibiri]. Kandi [aho hose muzokwinjira mu nzu], abe ari [ho muguma, hanyuma muhave].” (Matayo 10:5-10; Luka 9:1-6; 10:4-7) Yehova yotunganije ibintu ku buryo bohawe ivyo bakeneye n’abisirayeli nka bo, abari basanzwe mu migenzo yabo bakīra abashitsi.

8. (a) Ni kuki Yezu yababwirije ivyo bogira bimeze ukundi asigaje igihe gito ngo yicwe? (b) Naho ari uko, ni igiki categerezwa gushirwa imbere mu buzima bwabo?

8 Mu nyuma ata gihe kinini kigisigaye ngo uyo Yezu yicwe, yaraburiye intumwa ziwe ko ibintu bizoba vyahindutse igihe bobaye bari mu gikorwa bashinzwe. Kubera uguhamwa n’abakuru b’intwaro, hari aho ivy’ukwakirwa bitokworoshe mu Bisirayeli. Bisubiye, ntibotevye gutwara ubutumwa bw’ivy’Ubwami mu bihugu vy’Abanyamahanga. Ico gihe rero vyari bikenewe ko batwara “isaho” hamwe n’“impamba.” Naho ari uko, bātegerezwa ubwa mbere kurondera ivy’Ubwami bwa Yehova n’ugutungana kwiwe, bizigiye ko Imana ihezagira ukuntu bigora kugira ngo baronke ibibatunga n’ivyo bambara.—Luka 22:35-37.

9. (a) Ivy’Ubwami Paulo yabishize imbere y’ibindi vyose gute? (b) Ivy’umubiri yari akeneye yabironka gute? (c) Ni impanuro iyihe yatanze muri ivyo?

9 Iyo ntumwa yaratanze akarorero keza rwose k’uburyo bw’ugukurikiza iyo mpanuro ya Yezu. Paulo ubuzima bwiwe yabuhariye igikorwa-ngenerwa. (Ivyakozwe n’intumwa 20:24, 25) Igihe yaja kwamamaza inkuru nziza mu karere kamwe, yarironkeye ivy’umubiri yari akeneye mu gukora akazi k’ugushona amahema. Ntiyarindīra gutungwa n’abandi. (Ivyakozwe n’intumwa 18:1-4; 1 Ab’i Tesalonike 2:9; 1 Ab’i Korinto 9:18) Ariko yaremera kwakīrwa no kugabirwa kandi agashima, igihe hari abashatse kwerekana muri ubwo buryo urukundo bafise hamwe n’ugukenguruka kwabo. (Ivyakozwe n’intumwa 16:15, 34; Ab’i Filipi 4:15-17) Ntiyoheje abakirisu b’abagabo n’ab’abakenyezi gufata minenegwe amabanga bategerezwa kurangūra mu ngo zabo kubera ukwamamaza inkuru nziza, ahubwo yababwiye kurangūra amabanga menshi bashinzwe, mu buryo buri ku rugero rwiza. Yabahanūye gukoresha amaboko yabo, gukunda abo mu ngo zabo, hamwe no gusabikanya n’abandi n’umutima ukunze. (Abanyefeso 4:28; 2 Ab’i Tesalonike 3:7-12; Tito 2:3-5) Yabasavye kandi ngo ntibishimire itunga, ariko bishimire Imana bateko berekane mu buryo babayeho ko bategera neza ikiruta ikindi mu buzima ico ari co. Dukurikije inyigisho za Yezu, ivyo bishaka kuvuga ko ari ukurondera ubwa mbere ivy’Ubwami bw’Imana hamwe n’ugutungana kwayo.—Ab’i Filipi 1:9-11.

Guma Ushize Imbere Ivy’Ubwami mu Buzima Bwawe

10. (a) ‘Ukurondera ubwa mbere na mbere ivy’Ubwami’ ni ukuvuga iki? (b) Ariko ni ibiki bitofatwa minenegwe?

10 Twebwe ubwacu dusangira n’abandi inkuru nziza y’ivy’Ubwami mu rugero rungana iki? Ku ruhande rumwe, ivyo vyova ku kuntu ivyacu vyifashe, ariko cane cane ku kuntu ivyo bidushimisha. Uramenya ko Yezu atavuze ngo ‘rondera ivy’Ubwami igihe ata kindi ufise wokora.’ Kandi ntiyavuze ngo ‘ugiye urayaga ivy’Ubwami rimwe rimwe gusa uzoba urangūye ibikwiye kugirwa vyose.’ Ntiyavuze kandi ngo ‘ivy’Ubwami ubitangurane ubwira, hanyuma ubonye isi nshasha itevye kuza ugume ukorera Imana ariko urushiriza kubaho nk’abandi bantu bose.’ Kubera ko yari azi neza ko ubwo Bwami buhambaye, yarerekanye ivyo Se agomba muri ivyo, ati: “[Nimurondere ubudahengeshanya ivy’]Ubwami bwiwe.” Canke nk’uko Matayo yavyanditse, ngo “[nuko rero ubwa mbere nimubandanye kurondera ivy’]ubwami bw’Imana [n’ugutungana kwayo].” (Luka 12:31; Matayo 6:33) Naho benshi muri twebwe bategerezwa gukora akazi kugira ngo baronke ivy’umubiri bakeneye ubwabo hamwe n’ababo mu ngo zabo, ni twaba dufise ukwizera, uburyo tubayeho buzoshimikira ku gikorwa Imana yadushinze cerekeye Ubwami bwayo. Ivyo twobishitsa ariko tudafashe minenegwe amabanga twashinzwe mu muryango—1 Timoteyo 5:8; Imigani 9:15.

11. (a) Ni ikigereranirizo ikihe Yezu yatanze cerekana ko bose badashobora kunganya gukora mu gukwiza hose ubutumwa bw’ivy’Ubwami? (b) Ivyo vyova kuki?

11 Muri twebwe hari abashobora guhebera igikorwa-ngenerwa co mu ndimiro umwanya munini kurusha abandi. Ariko mu mugani Yezu yaciye werekeye ivu ritameze kumwe, yarerekanye ko abo bose bafise imitima igereranywa na rya vu ryiza bazokwama imbuto. Zingana iki? Abantu bose ivyabo ntivyifashe kumwe. Imyaka y’amavuka, amagara hamwe n’amabanga mu muryango ivyo vyose biraharūrwa. Ariko igihe hari ugukenguruka vy’ukuri, woshobora gukora cane.—Matayo 13:19, 23.

12. Abakiri bato cane cane baremeshejwe gushinga imigambi iyihe myiza y’ivy’umutima?

12 Ni vyiza gushinga imigambi yodufasha kurushiriza rwose gufadikanya n’abandi igikorwa-ngenerwa c’ivy’Ubwami. Abakiri bato bakwiye kuzirikana rwose akarorero keza ka wa mukirisu yari akiri umukangara Timoteyo. (Ab’i Filipi 2:19-22) Kuri bo ni igiki coza kiruta gutangura igikorwa-ngenerwa c’igihe cose bamaze kurangiza amashure? Abakuze na bo nyene boharonkera akunguko bishingiye imigambi ngirakamaro y’ivy’umutima.

13. (a) Ni nde afata ingingo y’ivyo wewe ubwawe woshobora kurangūra mu gikorwa c’ivy’Ubwami? (b) Igihe vy’ukuri turondeye ubwa mbere na mbere ivy’Ubwami, ivyo bigaragaza iki?

13 Ah’ukunegura abo tubona ko boshobora gukora cane kuruta, dukwiye nyabuna kurushirizaho gutunganya neza ukuntu dukora, tubitumwe n’ukwizera, kugira ngo dushobore gukorera Imana nk’uko ukuntu ivyacu vyifashe kuduhaye uburyo. (Abaroma 14:10-12; Ab’i Galatiya 6:4) Nk’uko ivyashikiye Yobu bivyerekana, Shetani iharira ivuga ngo twebwe uvyo twitwararitse cane cane ni amatungo, ukworoherwa mu buzima hamwe n’amagara meza; kandi ngo ukwikunda ni kwo gutuma dukorera Imana. Ariko igihe ubwa mbere na mbere turondeye ivy’Ubwami koko, tuba dutērereye agacumu k’ubumwe mu vy’ukwemeza ko uyo Mucokoranyi ari umubeshi kātwa koko. Tuba tugaragaje ko ikiri imbere mu buzima bwacu atari amatungo canke ukumererwa neza, ahubwo ko ari ugukorera Imana. Mu mvugo no mu ngiro, tuba twerekanye urwo dukunda Yehova, uburyo dushigikiye ivy’uko agaba akaganza, hamwe n’urwo dukunda abandi bantu.—Imigani 27:11; Yobu 1:9-11; 2:4, 5.

14. (a) Ni kuki gushira ivyo ukenura ku rutonde ari ingirakamaro ku vyerekeye igikorwa co mu ndimiro? (b) Ivyabona vya Yehova batari bake barangūra igikorwa-ngenerwa co mu ndimiro ku rugero rungana iki, kubera iki?

14 Ivyo dukenura tubishize ku rutonde, vyodufasha kurangūra vyinshi kurusha ivyo tworangūra tutabigize. Yehova ubwiwe ari n’‘ibihe yashinze’ vy’ugushitsa umugambi wiwe, vyoba vyiza tumwiganye. (Kuvayo 9:5; Mariko 1:15; Ab’i Galatiya 4:4) Niba bishoboka, vyoba vyiza na twebwe tugiye mu ndimiro mu bihe vyashinzwe, uko indwi itashe. Kw isi yose, Ivyabona vya Yehova ibihumbi imirongo barasavye ubupayiniya bw’ugufasha, kandi barahimbarwa no guhebera ivy’ukwamamaza inkuru nziza amasaha abiri canke arenga ugize incahagati, ku musi. Hari ababigenza gutyo badahorereza, abandi na bo bakabukora mu bihe bimwe bimwe buri mwaka. Abandi ibihumbi vyinshi kuruta, ni abapayiniya basanzwe bamara amasaha ashika atatu ku musi, ugize incahagati, bariko bamenyekanisha ubutumwa bw’ivy’Ubwami. Abandi ni abapayiniya b’imenamushike canke abamisiyonari, bamara igihe kirekire bari ku gikorwa c’ivy’ubwami. Kandi naho mu vy’ukuri twoba turi mu ndimiro canke atariyo turi, turashobora kurondera akaryo ko gusangira icizigiro c’ivy’Ubwami n’uwo wese yotwumviriza, igihe cose biduhaye uburyo. (Gereranya no muri Yohani 4:7-15.) Twese dukwiye kuzirikana rwose ico aya majambo menyeshakazoza ya Yezu ashaka kuvuga: “[Iyi nkuru nziza y’]ubwami [izovugwa] mw isi yose, ngo [ibe] ikimenyetso kibera icabona amahanga yose, maze umuhero uzoca uza”. Icipfuzo cacu gikwiye kuba ic’ugufadikanya n’abandi ico gikorwa bimwe bishitse, dukurikije ukuntu ivyacu biduhaye uburyo.—Matayo 24:14; Abanyefeso 5:15-17.

15. Ku vyerekeye igikorwa-ngenerwa cacu, ni kuki wiyumvamwo ko impanuro dusanga mw ikete rya 1 ku b’i Korinto 15:58 ibereye rwose muri iki gihe?

15 Kw isi yose, Ivyabona vya Yehova bahurikiye hamwe mu gufadikanya n’umwete ivy’iryo teka rihambaye batewe ry’ugukora, ata kuraba igihugu umwe umwe abamwo ico ari co. Iyi mpanuro ya Bibiliya barayiyerekezako: “Mukomere ntimunyiganyige, [mwame mufise ivyo mukora vyinshi mu gikorwa c’Umukama], kuko muzi yuko ubutame bwanyu atari ubw’ubusa mu [Mukama]”.—1 Ab’i Korinto 15:58.

Ikiyago c’Ugusubiramwo

● Igihe Yezu yavuga ngo turondere ubwa mbere na mbere ivy’Ubwami, ni ibiki yavuze ko bikwiye kwitwararikwa mu nyuma?

● Ivyerekeye kurondera ivy’umubiri twebwe ubwacu canke abacu bakeneye dukwiye kubibona gute? Ivyo Imana ibidufashamwo gute?

● Igihe tumara turi ku gikorwa c’ivy’Ubwami hari ico kivuze ni twaba dufadikanya n’abandi ico gikorwa na gatoyi? Kubera iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika