Ururirimbo rwa 20
Ririmba ururirimbo rw’akamwemwe k’Ubwami
1. Ka kamwemwe k’Ubwam’ingo
Twese turirimbe.
Ririmbe murangurura;
’Kayego karembe.
Menyesh’Ubwami bwashinzwe
’Birenge ni vyiza;
Vy’abajana ya nkuru ngo:
‘ ’Mana ni y’ikiza’.
2. Mu kuririmba Yehova
Ni we twe dukeza.
Tumusenga tumutinya
’Zina tukaryeza.
’Bimana ’bantu basaba
Nta kintu bimaze;
Imana twe ntiduheba
’Kuri yaratanze.
3. Jamwo nawe turirimbe,
Na rwo ruvuga ngo:
‘Ya ni w’aganza, mw’ijuru
Bagakom’irango.
Yehov’acir’imanz’isi
Na kwa kuri kwiwe.
Ahezagir’abo bose
Bizerwa kuri we.