Ururirimbo rwa 55
Tugendane na Yehova ku musi ku musi
(Mika 6:8)
1. Tugendane na Yehova
Ku musi no ku musi.
Es’ubuntu tudakwiye
Aduha twe bo hasi.
Ko bisaba ko tugenwa,
Kugira ngw’atwemere,
Duhēra ku kwiyegura,
Kuri we twigumire.
2. Tugendane na ya Ndavyi,
Ni vyo birang’ubwenge.
Turugarijwe n’abansi,
Ngw’imper’izodusige.
Shetani na dayimoni,
’Mubiri be n’ivy’isi,
Ivyo vyose ni ’mitego
Yo kudutura hasi!
3. Yehova adufashisha
Impwemu na rya Jambo.
Ishengero turafise,
Dusenze nta ruhombo.
Tugendane na Yehova
Dukor’ibiroranye,
’Mbabazi, guca bugufi,
Be n’ingeso bijanye.