Ururirimbo rwa 96
Tuninahaze Dawe wa twese Yehova
1. Yehov’ibiremwa vyawe
Ni vyo bikuririmba.
Ur’Imana y’ububasha,
Vyaje kuk’ubigomba.
Utang’ingabire nziza
Be n’imigisha myinshi.
Ivyo wavuze vyashitse,
Wewe komerw’amashi.
Igihe Yezu yavuka
Bararirimvye cane.
Ni yo ncungu waduhaye,
Bitugir’intungane.
2. Umwana wawe yakoze
Ivyo yari yasabwe.
Kw’isi yaratsinze rwose
Ng’ubuzima duhabwe.
Ku nteb’ah’ubu yicaye
Akor’ivy’utegeka.
Izina ryaw’amenyesha
Kuger’ah’is’ishika.
Abawe turahimbawe
Akamwemwe ni kose:
‘Yehova vuba agiye
Gukur’intuntu yose’.
3. None ntitwokuririmba
Tukanaguhimbaza?
Twakwihaye ngo dukore
Ata kidusamaza.
Dutegerezwa gushitsa
Igikorwa washinze.
Urukundo ntirutimbe,
Aho twoba twihenze.
N’umutima wacu wose
Reka tugukorere.
Kuyaga rya zina ryawe
Reka tuvyihatire.