Ururirimbo rwa 112
Ni ho bazomenya
1.’Zina ryawe barahumanije,
Aheranda na ho baranduje.
Vuba wa Mwam’azokwubahisha,
Na Shetani azoc’amuhasha.
(Icitabirizo)
2. Shetani yaranse kukwemera
Vuba nta kw’azob’akibigira.
’Ngabo zo kw’isi z’uwo Shetani
Zizohonywa na Har’magedoni.
(Icitabirizo)
3. Abibona nta mpuhwe bagira
Uwitonda baramukarira.
Ububasha bwawe buzokura
Ab’uburake bwawe bavyura.
(ICITABIRIZO)
Bazomenya kw’ari wewe Yehova;
Bazomenya kw’atah’uhinduka.
Bazomenya mu vyo waremye vyose
Kw’ivyo washinze bizoranguka.