Ururirimbo rwa 133
Dutere imbuto z’Ubwami
1. Nimuze mwe bashumba ba Yehova
Mwe mwihebey’iyo Mana.
Nimuze ku gikorwa yabashinze,
Shobuja ni we mwigana.
Za mbuto z’ukuri muteragire
Ha handi mw’ivu rimera,
Ryimbuk’ivyiza bishemez’Imana
Nimwakora nk’abikorera.
2. Har’izizogwa hambavu y’inzira,
Zinobagurwe n’“inyoni”;
Izindi kuri rya vu ry’urutare
Zikuma ku bwa Shetani.
’Myitwarariko ni nk’amahw’anyoha
Imivyaro y’urubatu.
Yamara har’izigwa kw’ivu ryiza,
Rimera rikavamw’ikintu.
3. Izogwa mw’ivu ryiz’uko zongana
Kenshi vyovana na wewe.
Wihanganye za “nyoni” na kwa kwuma
Uc’usanga binaniwe.
Ba maso ya mahwa ntac’azokora,
Witonze kand’ushikamye
Wokwimbura nka mirongo, kibure
Ijana nk’uko biba vyamye.