Ururirimbo rwa 162
‘Kwiririza rya Jambo’!
1. ‘Kwiza rya Jambo’ Rugira
Ni we abitegeka.
Duhaw’umwanya kugira
Duce tugamburuka.
‘Kwiza rya Jambo’ wigisha,
Abitonda bonyurwa.
Ntutinye kubavugisha
Mu nzira no mu murwa.
2. ‘Kwiza rya Jambo’ nturuhe,
Niwame witeguye.
Ubaz’impamvu yimuhe,
Iy’ico wizigiye.
‘Kwiza rya Jambo’ wigisha,
Mu gih’atari ciza.
Shits’iryo banga uhabwa;
’Man’iragukomeza.
3. ‘Kwiza rya Jambo’ ’dasiba,
Hunguk’abumviriza!
Ububi bugwira vuba
’Muher’urik’uraza.
‘Kwiza rya Jambo’ rokora
Abandi hamwe nawe.
‘Kwiza rya Jambo’, rwanira
Yehov’izina ryiwe.