Ururirimbo rwa 172
Guma ubanza kurondera Ubwami
1. Har’ikintu gihimbara
Yehov’Imana rwose,
Na co n’Ubwami bwa Yezu
Buzotunganya vyose.
Abahanuzi ba kera
Bari babwizigiye.
N’ubu Yez’atubwira ko
Twobaho tubwizeye.
(Icitabirizo)
2. Gukorera iyo Mana
Ni ryo teka ntangere.
Ko twahaw’ico gikorwa,
Muze tucihatire.
Mbeg’uraganya ku vy’ejo,
Ku nzara no ku nyota?
Nitwashir’Ubwam’imbere
Imana ntizoduta.
(Icitabirizo)
3. Iyi s’igiye guhera
Haze ya Paradizo.
Imana yayishizeho
Izohabw’ishemezo.
Tuvug’iyo nkuru nziza
Maz’intama zibone
Ko zokwizera Yehova
z’intwaro yiwe nyene.
(ICITABIRIZO)
Gum’urondera bwa Bwami
Be n’ukugororoka.
Banz’uvugire Yehova,
Ukor’udahemuka.