Ururirimbo rwa 192
Tumenyekanishe kwa kuri kw’Ubwami
1. Har’igihe twayoberwa
Aho twoca tukererwa,
Yehov’ac’aturasira
Umuc’utumurikira.
2. Gukorera nya Mutware
Vyatubereye ntangere:
Kuninahaza Yehova
Tumuvuga, bakavyumva.
3. Ku nzu n’inzu, mu mayira,
Ku nyigisho turongora
Turigish’ukuri, ni vyo,
Guh’abant’umwidegemvyo.
4. Turihata kugira ngo
Hose hashike ya nsengo.
Dukorane twunz’ubumwe
Ku Man’ivyo bizoshimwe.