Ururirimbo rwa 219
Intebe y’Ubwami ya Yehova yo mw’ijuru
1. Yehova ni wewe Mukuru
Uvyagiye ku ntebe yo mw’ijuru.
Usharijwe n’umunywamazi;
Kuko we ntur’Imana y’ubukazi.
2. ’Bakuru ibiri na bane
N’abami baherezi b’intungane.
Vya biremwa bine vyigana:
’Bwenge, ’nguvu, ’rukundo, gutungana.
3. ’Miravyo n’imituragaro
N’ibiranga kwa kuri kw’akamaro.
Ca kiyaga gisa n’isare
Kirang’ugutyoroka; tukugire.
4. Iryo yerekwa riratuma
Tukuyaga Mweranda, nyen’ingoma.
Yez’ubu ni we Mwam’aganza.
Ni we nzira ituma, tugukeza.