Ururirimbo rwa 220
Iparadizo yacu y’ubu be n’iyo muri kazoza
1. Turaguhaya Yehova we,
Watanz’iparadizo,
Aho twibera, tukigishwa,
Tukaguh’ishemezo.
Shimirwa wa Mana
Ihezagira;
Turahimbarwa no
Kugukorera!
Urukundo we tugukunda
Be na bagenzi bacu,
Ruraduhuza mu murimo
Wawe, we Mana yacu.
2. Ubutungane wabushinze
Umwe Kristu wimika.
Iburyo bwawe ni ho ari,
Vyos’akabitegeka.
Shemezwa Yehova
Ko twe twamenye
Yuk’uzokoranya
Abo washimye.
Ese twokwama tugendera
Ya nkuru twamamaza,
Kugira barya twe twigisha
Twoye kubatsitaza.
3. Ya ndwano yawe irangiye
Shetani be n’abiwe
Bazotererwa bidatevye
Mu cobo babikiwe.
Ni h’abawe Mana
Bazova mu mva
Bagusukurire.
Kand’uzobumva.
Biciye kuri Kristu Yezu,
Kw’isi hazokwamaho
Umunezero mwinshi cane
Utaziger’uvaho.