Ni icizigiro nyabaki dufise ku bacu basandavye?
“Umuntu ni yapfa, mbega azosubira kubaho?”, uko ni ko Yobu yabajije kera. (Yobu 14:14) Hari aho na wewe woba umaze kwibaza ico kibazo. Wokwumva umerewe gute wumvise ko ushobora kuzosubira kubona abakunzi bawe, kandi mukabaho mumererwe neza kw isi?
Ngibi ivyo Bibiliya itwemerera: “Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba . . . izozuka.” Irongera ikavuga iti: “[Intungane zizokwiganzira] isi, [kandi zizoyibako] ibihe bidashira.”—Yesaya 26:19; Zaburi 37:29, NW.
Kugira ngo dushobore kwizera umuhango nk’uyo, dukwiye kwishura ibibazo bimwe bimwe bikuru bikuru nk’ibi: Ni kuki umuntu apfa? Abapfuye bari he? Umuntu yokwemezwa n’iki ko bashobora kuzosubira kuba bazima?
Urupfu, n’ukuntu bigenda iyo umuntu apfuye
Bibiliya irerekana neza ko mu mamuko Imana itari ifise umugambi w’uko umuntu yopfa. Yaremye umugabo n’umugore ba mbere Adamu na Eva, ibagerēra mw iparadizo yo ngaha kw isi, muri Edeni, ibabwiriza kuvyara abana no kwagura iyo paradizao babamwo kugira ngo ikwire isi yose. Uyo mugabo n’umugore ntibopfuye atari igihe badakurikije amategeko y’Imana.—Itanguriro 1:28; 2:15-17.
Adamu na Eva baragambaraye, ntibibuka ubuntu bw’Imana, baca bahabwa igihano bari babariwe. ‘Uzosubira mw ivu’, uko ni ko Imana yabwiye Adamu, “kuko ari ryo wakūwemwo; uri umukungugu kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo”. (Itanguriro 3:19) Adamu ntiyariho Imana itaramurema; yari umukungugu. Kubera ubugambarazi bwiwe ari bwo caha, yahawe igihano co gusubira mu mukungugu, aba ūdafise ubuzima.
Urupfu rero ni ukutagira ubuzima. Bibiliya irerekana neza ico gihushane iti: Ingero y’iciha ni urupfu; ariko ingabire y’Imana ni [ubuzima] budashira.” (Abaroma 6:23, ni twe dushimitse.) Bibiliya mu kwerekana ko ugupfa ari ukuba umuntu atakigira ubwenge na gato, ivuga iti: “Erega abariho baba bazi ko bazopfa; ariko abapfuye ntaco baba bakizi.” (Umusiguzi 9:5, ni twe dushimitse.) Bibiliya ivuga ko iyo umuntu apfuye, “[impemu] ziwe zimuvamwo akisubirira mw ivu ryiwe; uwo musi nye imigabo yiwe igashira”.—Zaburi 146:3, 4, ni twe dushimitse.
Ariko ko Adamu na Eva ari bo bonyene barenze itegeko ryatanzwe muri Edeni, ni kuki twese dupfa? Ni kubera ko twese twavutse Adamu amaze kugambarara; yaturaze rero icaha n’urupfu. Nguku uko Bibiliya ibisigura: “Nk’uko icaha cazanywe mw isi n’umuntu umwe (Adamu), urupfu rukazanwa n’icaha, niko urupfu rushika ku bantu bose.”—Abaroma 5:12; Jobu 14:4.
Ariko hari uwovuga ati” ‘None abantu ntibafise ubugingo budapfa busigara iyo umuntu apfuye?’ Kukaba nkako iyo ni inyigisho ikwiye henshi, mbere bamwe bavuga ko urupfu ruba rwuguruye inzira ijana umuntu mu bundi buzima. Ariko ico ciyumviro si ico muri Bibiliya. Ahubwo Ijambo ry’Imana ryigisha ko wewe uri ubugingo (âme), ko ubugingo (âme) bwawe ari bwo wewe, ubushobozi bwawe bw’ukwiyumvira n’ubw’umubiri tubishizemwo. (Itanguriro 2:7; Yeremiya 2:34; Imigani 2:10) Bibiliya ivuga kandi iti: “[Ubugingo bukora] icaha ni [bwo buzopfa].” (Ezekiyeri 18:4, NW) Nta na hamwe Bibiliya yigisha ko umuntu afise ubugingo (âme) budashobora gupfa busigara iyo umubiri upfuye.
Umuntu ashobora ate gusubira kuba muzima
Aho icaha n’urupfu bishikiye mw isi, Imana yaciye iserura umugambi wayo w’ukusubiza abapfuye ubuzima ikoresheje izuka. Ni co gituma Bibiliya ivuga iti: “Aburahamu. . . yishimiye yuko Imana ishobora no kuzura abapfuye.” (Abaheburayo 11:17-19) Ukwizigira Imana kw’uyo sekuruza w’abantu kwari gufise ishimikiro, kuko Bibiliya ivuga ivyerekeye Mushoboravyose iti: “Erega Imana si iy’abapfuye, ariko ni iy’abariho: kuko kuri yo bose bariho.”—Luka 20:37, 38.
Egome, Imana Mushoboravyose ntifise ububasha gusa, irashaka no kuzozura uwo wese yitoranirije. Yezu Kirisitu ubwiwe yivugiye ati: “Ntimutangazwe n’ico; kuko igihe kija kuza aho abari mu mva [z’icibutso] bose [bazokwumva] ijwi ryiwe, bakazivamwo.”—Yohani 5:28, 29; Ivyakozwe n’intumwa 24:15.
Igihe Yezu yari ahejeje kuvuga ayo majambo, yahuye n’abatwaye umupfu, ariko yegereza igisagara c’i Nayini. Uyo musore yari yapfuye nyina yari umupfakazi, kandi yari amufise ari umwe. Abonye ukuntu uyo mukenyezi ababaye, bimutera ikigongwe, ategeka ico kiziga ati: “Muhungu, ndakubariye nti vyuka.” Nya musore aravyuka, Yezu aca amuhereza nyina.—Luka 7:11-17.
Nk’uko uyo mupfakazi yagize akamwemwe kenshi, ni ko vyagenze aho Yezu yaja i muhira kwa Yayiro umukuru w’isinagogi y’abayahudi, yari ahejeje kubura umukobwa w’imyaka 12. Aho Yezu ashikiye kwa Yayiro, yagiye aho uyo mwana yapfuye ari, avuga ati: “Mukobwa, vyuka.” Aca aravyuka!—Luka 8:40-56.
Mu nyuma, Lazaro umukunzi wa Yezu arapfa. Igihe Yezu yashika mu nzu yabamwo, yari amaze imisi ine apfuye. Naho Marita mushiki wa Lazaro yari ababaye rwose, yarerekanye icizigiro afise avuga ati: “Ndazi ko azozuka mw izuka ryo ku musi w’iherezo.” Ariko Yezu aja ku mva, ategeka ko bakura ikibuye hanyuma arahamagara, ati: “Lazaro, ngwino, sohoka.” Lazaro aca arasohoka!—Yohani 11:11-44.
Twibaze gatoyi. Lazare yari ameze ate muri iyo misi ine yamaze yapfuye? Ntiyavuze ko yari mu buhirwe bw’ijuru canke ko yariko ababarira mu muriro udahera, akaba atari kureka kubivuga iyo biba ari ko vyari bimeze. Lazaro nta kintu na kimwe yumva, kandi yari kuguma ameze gutyo gushika ‘kw izuka ryo ku musi w’iherezo’, iyo Yezu atamusubiza muzima.
Birunvikana ko ivyo bitangaro Yezu yakoze vyagize akamaro k’igihe gito, kuko abo yazuye bongeye gupfa. Naho ari uko, imyaka 1 900 iraheze habonetse icemeza ko abantu bashobora gusubira kuba bazima bivuye ku bubasha bw’Imana. Yezu rero yakoze ivyo bitangaro kugira ngo yerekana agace gatoyi k’ibizoba kw isi igihe Ubwami bw’Imana ari bwo buzoba buganza
Iyo umukunzi apfuye
Iyo urupfu ari rwo mwansi rushitse, umuntu arashobora kwumva ikigumbagumba naho yoba afise icizigiro c’ivy’izuka. Aburahamu yari azi ko umugore wiwe yosubiye kuba muzima, ariko dusoma ko uyo sekuruza w’abantu yaciye ‘aririra Sara aramuborogera’. (Itanguriro 23:2) Yezu we vyamugendeye gute? Igihe Lazaro yapfa, ‘yaragize ikigumbagumba mu mutima arawuhagarika’, hanyuma “ararira”. (Yohani 11:33, 35) Kubogoza rero umuntu yabuze uwo akunda, ntibiranga umutima woroshe.
Cane cane umuvyeyi arababara iyo abuze umwana. Na Bibiiya iravuga ivy’umuvyeyi yababaye rwose aho aburiye umwana wiwe. (2 Abami 4:27) Birumvikana ko na se w’umwana ababara iyo ashikiwe n’icago nk’ico. “Iyo mpfuma ari jewe mpfa mu gishingo ciwe”, uko ni ko Dawidi yavuga ariko araboroga, igihe umwana wiwe Abusalomu yapfa.—2 Samweli 18:33.
Ariko kubera ukwizera ivy’izuka, ntiturira ngo tunanirane guhozwa. Bibiliya ivuga ngo ‘ntimubabare nka ba bandi badafise ivyizigiro’. (1 Ab’i Tesalonike 4:13) Ahubwo twitura Imana mu gusenga, Bibiliya na yo itwemerera ko iyo Mana ‘izoturamira’.—Zaburi 55:22.
Kiretse aho vyerekanywe ukundi, ivyanditswe vyose vya Bibiliya vyasubiwemwo mu majambo vyakuwe muri Bibiliya Yera. NW ni impfunyapfunyo ya Bibiliya yitwa New World Translation of the Holy Scriptures.