ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 1 rup. 6-8
  • Ivyahishuwe: Insozero ihimbaye!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyahishuwe: Insozero ihimbaye!
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kubera iki citwa Ivyahishuwe?
  • Gusesangura amabanga y’Imana
  • Igitabu c’Ivyahishuwe gisobanura iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
  • Nimube Abasomyi Bahimbawe b’Igitabu c’Ivyahishuriwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • “Amakuru y’Akamwemwe” yo mu Vyahishuriwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ivyahishuwe birakuraba
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
Ibindi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 1 rup. 6-8

Ikigabane ca 1

Ivyahishuwe: Insozero ihimbaye!

1. Tubwirwa n’iki ko Imana ishaka ko duhimbarwa?

IVYAHISHURIWE YOHANI. Ico gitabu ca Bibiliya gishimishije kirerekana ingene ivyo Imana yavumereye bizoshika ku nsozero ihimbaye. Kubera iki tuvuze ngo “ihimbaye”? Ni kubera ko Bibiliya ikomoka kuri “ya Mana ihimbawe” yajeje abayikunda “inkuru nziza y’ubuninahazwa.” Ishaka ko na twebwe duhimbarwa. Ni co gituma igitabu c’Ivyahishuwe gitangura kiduhumuriza giti: “Hahiriwe uwusoma . . . amajambo y’ubu buhanuzi.” Ikigabane caco ca nyuma kitubwira giti: “Hahiriwe uwo wese yubahiriza amajambo y’ubuhanuzi bwo muri uyu muzingo.”—1 Timoteyo 1:11; Ivyahishuwe 1:3; 22:7.

2. Dutegerezwa gukora iki kugira duhimbarwe n’igitabu c’Ivyahishuwe?

2 Twokora iki kugira duhimbarwe n’igitabu c’Ivyahishuwe? Tworondera insobanuro y’ibimenyetso bikomeye biri muri co kandi tugakora twisunga ibivugwamwo. Ibihe bidurumbanye umuryango w’abantu urimwo bigiye gushika kw’iherezo rikomeye Imana na Yezu Kristu nibacira urubanza iyi si mbi, bakayisubiriza “ijuru rishasha n’isi nshasha,” aho n’ “urupfu [ruta]zoba rukiriho.” (Ivyahishuwe 21:1, 4) None ga yemwe twese ntitwipfuza kuba muri iyo si nshasha mu mahoro n’umutekano nyakuri? Turashobora kubishikako dukomeje ukwizera kwacu mu kwiga Ijambo ry’Imana, harimwo n’ubuhanuzi bukabura bwo mu Vyahishuwe.

Kubera iki citwa Ivyahishuwe?

3. Abantu bamwebamwe biyumvira ko Harumagedoni ari iki?

3 Abantu benshi bumvise ijambo “Ivyahishuwe” baca bibuka izina “Harumagedoni” rivugwa muri ico gitabu. Abatari bake biyumvira ko iryo zina ryerekeza ku ntambara ruhonyanganda. Mu gisagara kimwe c’i Texas muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika cigeze kuba gikorerwamwo ibirwanisho ruhonyanganda vyinshi, abantu basenga cane wasanga bakunda kwivugira bati: “Ni twe tuzogenda ubwa mbere.” Indongozi z’idini zaho bivugwa ko “zari zarajijutse yuko Harumagedoni ibwirizwa kuba kandi yegereje, be n’uko intambara ya nyuma ihuza Imana na Shetani izoba ari agatikizo ruhonyanganda.”a

4. Kubera iki bibereye ko igitabu ca nyuma ca Bibiliya citwa “Ivyahishuwe”?

4 Ijambo “Ivyahishuwe” ryahinduwe rikuwe mw’ijambo ry’ikigiriki a·po·kaʹly·psis risobanura ngo “gushira ahabona” canke “gupfukura.” Birabereye rero ko igitabu ca nyuma ca Bibiliya citwa “Ivyahishuwe.” Ntitugisangamwo ahanini ubutumwa bw’ivyago bizoshikira isi, ahubwo gihishura ukuri kuva ku Mana gukwiye gutuma tugira icizigiro ceza umutima n’ukwizera kutanyiganyiga.

5. (a) Ni bande bazotikizwa kuri Harumagedoni, kandi ni bande bazorokoka? (b) Ni ivyiza ibihe birindiriye abazorokoka Harumagedoni?

5 Ni ivy’ukuri ko ico gitabu kivuga yuko Harumagedoni ari “intambara yo kuri wa musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose.” (Ivyahishuwe 16:14, 16) Ariko nta ho izoba ihuriye n’intambara ruhonyanganda! Intambara nk’iyo yotuma abantu bahona kw’isi. Ariko rero, Ijambo ry’Imana riradukura amazinda ko ababisha barwanya Imana ari bo bonyene bazotikizwa n’ingabo ziyobowe n’Imana. (Zaburi 37:9, 10; 145:20) Isinzi ry’abantu bo mu mahanga yose bazorokoka Imana niyashitsa urubanza rwayo kuri Harumagedoni. Kristu Yezu azoca abaragira, abayobore maze abaronse ubuzima budahera mw’isi y’iparadizo. Woba ushaka kuzoba uri muri bo? Emwe, igitabu c’Ivyahishuwe kirerekana ko ivyo bishoboka!—Ivyahishuwe 7:9, 14, 17.

Gusesangura amabanga y’Imana

6. Uko imyaka yagiye irarengana, ni ibitabu ibihe Ivyabona vya Yehova basohoye bisigura igitabu c’Ivyahishuwe?

6 Mu ntango za 1918, Ishirahamwe Watch Tower ryarasohoye igitabu Le mystère de Dieu accompli. Ico gitabu carasigura umurongo ku wundi ibitabu vya Ezekiyeli n’Ivyahishuwe. Uko ibiba mw’isi vyagenda birashitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya, harateguwe igitabu gishasha kigizwe na bibiri ciswe ngo Lumière, kikaba casohowe mu 1935. Ico gitabu caratanze insobanuro y’igitabu c’Ivyahishuwe ihuye n’igihe. Umuco warabandanije ‘kuravya ku bw’abagororotsi,’ ku buryo mu 1969, Ivyabona vya Yehova basohoye igitabu c’impapuro 704 cavuga ngo “ Babylone la Grande est tombée ! ” Le Royaume de Dieu a commencé son règne ! Ico gitabu carerekana neza na neza intango n’itemba rya Babiloni Akomeye, ni ukuvuga inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, kandi casozerwa n’insobanuro y’ibigabane icenda vya nyuma vy’igitabu c’Ivyahishuwe. Uko ‘umunyuro w’abagororotsi wagenda urushiriza gukayangana,’ canecane mu bijanye n’imirimo y’ishengero, mu 1972 harasohowe igitabu c’impapuro 384 cavuga ngo “ Alors sera consommé le mystère de Dieu ” casigura ibigabane 13 vya mbere vy’igitabu c’Ivyahishuwe.—Zaburi 97:11; Imigani 4:18.

7. (a) Kubera iki Ivyabona vya Yehova basohoye iki gitabu gisigura Ivyahishuwe? (b) Ni ibiki vyashizwe muri iki gitabu bifasha abasomyi kwiga?

7 None ni kubera iki hasohowe ikindi gitabu gisigura Ivyahishuwe? Menshi mu makuru amaze gusohorwa arimwo utuntu tw’ido n’ido twinshi cane kandi ntivyashobotse ko ahindurwa mu ndimi nyinshi. Twasanze rero vyoba vyiza duteguye igitabu kimwe gisigura Ivyahishuwe gishobora guhindurwa bitagoranye mu ndimi nyinshi. Vyongeye, twaciye tuboneraho akaryo ko gushira muri iki gitabu ibintu bizofasha abasomyi kwiga, nk’amashusho, ibicapo n’inzitiro z’incamake bizobafasha gutahura neza agaciro k’ubwo buhanuzi bwiza igitangaza.

8. Impamvu nyamukuru yatumye dusohora iki gitabu ni iyihe?

8 Impamvu nyamukuru yatumye dusohora iki gitabu ni ukugira tujane n’ukuri kugezweho. Yehova aguma arushiriza kuduhishurira insobanuro y’Ijambo ryiwe, kandi turashobora kwitega ko tuzorushiriza gutahura igitabu c’Ivyahishuwe n’ubundi buhanuzi, uko twegereza ya makuba akomeye. (Matayo 24:21; Ivyahishuwe 7:14) Birahambaye ko tumenya ayo makuru. Ku bijanye n’ijambo ry’ubuhanuzi riva ku Mana, intumwa Petero yanditse ati: “Muriko mugira neza kuryitwararika nk’itara rikayanganira ahantu h’umwiza, gushika umusi utamanzuye n’inyenyeri y’umutwenzi igaseruka, mu mitima yanyu.”—2 Petero 1:19.

9. (a) Nk’uko n’ubundi buhanuzi buvyerekana, igitabu c’Ivyahishuwe cerekana ko Imana izorema iki? (b) Isi nshasha ni iki, kandi wokora iki kugira uzoyibemwo?

9 Nk’uko n’ubundi buhanuzi bwo muri Bibiliya buvyerekana, igitabu c’Ivyahishuwe kiratanga ikimenyamenya c’uko Yehova Imana afise umugambi wo kurema amajuru mashasha n’isi nshasha. (Yesaya 65:17; 66:22; 2 Petero 3:13; Ivyahishuwe 21:1-5) Ubutumwa burimwo bwerekeye canecane abakirisu barobanuwe, abo Yezu yaguze amaraso yiwe kugira bazofadikanye na we gutegeka muri ayo majuru mashasha. (Ivyahishuwe 5:9, 10) Ariko rero, iyo nkuru nziza irakomeza kandi ukwizera kw’abantu amamiliyoni biteganye umushasharo kubaho ibihe bidahera batwarwa n’Ubwami bwa Kristu. Woba uri muri bo? Nimba urimwo, igitabu c’Ivyahishuwe kizokomeza icizigiro ufise c’ukubaho mw’Iparadizo uri mu bagize ya si nshasha, wifitiye amahoro menshi, amagara meza n’ibindi vyiza vyinshi Imana izokuronsa bitagira iherezo. (Zaburi 37:11, 29, 34; 72:1, 7, 8, 16) Nimba wipfuza kuzorokoka ukaba muri iyo si nshasha, birihutirwa, mbere ni ngombwa ko witwararika ukuntu igitabu c’Ivyahishuwe kidondora neza cane insozero idasanzwe yimirije y’ibivugwa muri co.—Zefaniya 2:3; Yohani 13:17.

[Akajambo k’epfo]

a Vyavuzwe n’ikinyamakuru kimwe (Süddeutsche Zeitung) co ku wa 24 Nzero 1987 c’i Munich mu Budagi.

[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 7]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika