ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 10 rup. 47-54
  • Nuzinukwe “ibintu vyimbitse vya Shetani”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuzinukwe “ibintu vyimbitse vya Shetani”
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Urya mugore Yezebeli”
  • “Mugumye ico mufise”
  • Nugume uri intahemuka
  • Niwumve ico Impwemu ivuga!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Yezebeli—Umwamikazi Mubi
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
  • Umwamikazi mubi
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyahishuwe bisobanura iki kuri wewe muri iki gihe?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
Ibindi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 10 rup. 47-54

Ikigabane ca 10

Nuzinukwe “ibintu vyimbitse vya Shetani”

TIYATIRA

1. Ishengero ry’i Tiyatira ryari he ugereranije n’ayandi mashengero, kandi ivyo gusenga vyari vyifashe gute muri ico gisagara?

NKO ku bilometero 65 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Bergama (Perugamo) tuhasanga igisagara giteye imbere co muri Tirkiya citwa Akhisar. Aho ni ho hahoze igisagara ca Tiyatira, hakaba haciye nk’imyaka 1.900. Vyari vyoroshe ko umucungezi w’ingenzi ashika i Tiyatira aciye mw’ibarabara riva i Perugamo, agaca agendera ayandi mashengero avugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 3, ari yo Sarudi, Filadelufiya na Lawodiseya. Bisa n’uko ivyo gusenga umwami w’abami bitari bitsimbataye i Tiyatira nk’uko vyari i Perugamo, ariko hariho utunyabugoro n’insengero vy’imana z’abapagani. Tiyatira cari igisagara gikomeye c’ivy’ubudandaji.

2, 3. (a) Ivyanditswe bivuga iki ku bijanye n’umugore w’i Tiyatira yabaye umukirisu? (b) Kuba Yezu ari “Umwana w’Imana” no kuba afise “amaso ameze nk’urubeya rw’umuriro” bisobanura iki ku bakirisu b’i Tiyatira?

2 Igihe Paulo yariko aramamaza i Makedoniya, yarabonanye n’umugore w’i Tiyatira yitwa Lidiya yadandaza impuzu z’umuyugubwe. Lidiya n’abo mu rugo rwiwe bose bakiranye urweze ubutumwa Paulo yariko aramamaza bongera baragaragaza ubwakiranyi budasanzwe. (Ivyakozwe 16:14, 15) Ni we muntu wa mbere w’i Tiyatira yabaye umukirisu. Ico gisagara cahavuye kibonekamwo ishengero ry’abakirisu. Iryo shengero ni ryo Yezu ashikiriza ubutumwa burebure kuruta ubundi. Avuga ati: “Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Tiyatira na we uti: Ibi ni vyo Umwana w’Imana avuga, umwe afise amaso ameze nk’urubeya rw’umuriro, ibirenge vyiwe na vyo bikaba bimeze nk’umujumpu uramuye.”—Ivyahishuwe 2:18.

3 Aho ni ho honyene imvugo “Umwana w’Imana” iboneka mu Vyahishuwe, naho hariho ahandi Yezu yita Yehova ngo “Data.” (Ivyahishuwe 2:27; 3:5, 21) Iyo mvugo ishobora kuba yibutsa abakirisu b’i Tiyatira ubucuti somambike buri hagati ya Yezu na Yehova. Uwo Mwana “afise amaso ameze nk’urubeya rw’umuriro,” ivyo bikaba bigabisha abakirisu b’i Tiyatira ko atazokwihanganira ikintu cose abona ko gihumanye mw’ishengero. Mu gusubira kuvuga ibijanye n’ibirenge vyiwe bimeze nk’umujumpu bica ibibatsi, ariko arashimika ku karorero kibonekeje yatanze mu kuba umwizigirwa igihe yari kw’isi. Nta gukeka ko abakirisu b’i Tiyatira bakurikije impanuro yabahaye, kandi na twebwe dukwiye kubigira!—1 Petero 2:21.

4, 5. (a) Ni kubera iki Yezu yakeje abakirisu b’i Tiyatira? (b) Ishengero ry’i Tiyatira rihuriye ku ki n’amashengero y’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe?

4 Igishimishije, Yezu arakeza abakirisu b’i Tiyatira. Avuga ati: “Ndazi ibikorwa vyawe, n’urukundo rwawe, n’ukwizera kwawe, n’ubusuku bwawe, n’ukwihangana kwawe, be n’uko ibikorwa vyawe vyo hanyuma biruta ivyo hambere.” (Ivyahishuwe 2:19) Abo bakirisu barobanuwe ntibatakaje urukundo bakunda Yehova ubwa mbere nk’abakirisu b’i Efeso. Bafise ukwizera gukomeye. Vyongeye, ibikorwa vyabo vyo hanyuma biraruta ivyo hambere, kandi barumirako nka kumwe kwa ya mashengero atatu amaze kuvugwa. Emwe, ukwo nyene ni ko bimeze mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova arenga 100.000 ari hirya no hino kw’isi! Urukundo bakunda Yehova rurabonekera ku kuntu abato n’abakuze bari mw’ishirahamwe barurumba umwete mu busuku. Igitigiri c’abakora ubutsimvyi kiguma ciyongera, gutyo bagakoresha neza umwanya usigaye mu kuronsa abantu icizigiro ceza umutima c’uko Ubwami bw’Imana bugiye kuza!—Matayo 24:14; Mariko 13:10.

5 Abantu b’abizigirwa benshi, baba abo mu masigarira y’abarobanuwe canke abo muri rya sinzi rinini, baramaze imyaka mirongo batanga akarorero ko kwumirako mu murimo w’Imana, mu gihe ababakikuje baguma barushiriza gutakaza icizigiro. Ariko ntiducike intege! Igitabu c’Ivyahishuwe kiremeza ko ivyo abahanuzi b’Imana ba kera bavuze ari ukuri. “Umusi uhambaye wa Yehova uri hafi. Uri hafi, kandi urihuta cane.”—Zefaniya 1:14; Yoweli 2:1; Habakuki 2:3; Ivyahishuwe 7:9; 22:12, 13.

“Urya mugore Yezebeli”

6. (a) Naho Yezu akeza ishengero ry’i Tiyatira, ni ingorane iyihe abona mw’ishengero ikeneye kwitwararikwa ningoga? (b) Yezebeli yari nde? Yoba yari abereye kwitwa umuhanuzikazi?

6 Amaso ya Yezu ameze nk’urubeya arashika kure, akabona ikintu gikeneye kwitwararikwa ningoga. Abwira abakirisu b’i Tiyatira ati: “Yamara rero, mfise iki kintu nkugaya: ni uko urekerana urya mugore Yezebeli yiyita umuhanuzikazi, akigisha akongera akazimiza abashumba banje ngo bakore ubusambanyi bongere barye ivyashikaniwe ibigirwamana.” (Ivyahishuwe 2:20) Mu kinjana c’icumi B.G.C., Umwamikazi Yezebeli yasenga Bayali akaba n’umugore w’Umwami Ahabu wa Isirayeli, yari yarimonogoje mu bwicanyi, mu busambanyi no mu kwiganza. Yehu uwarobanuwe na Yehova yaramwishe. (1 Abami 16:31; 18:4; 21:1-16; 2 Abami 9:1-7, 22, 30, 33) Yezebeli ntiyari abereye kwitwa umuhanuzikazi kuko yasenga ibigirwamana. Ntaho yari ahuriye na Miriyamu canke Debora, ababaye abahanuzikazi b’abizigirwa muri Isirayeli. (Kuvayo 15:20, 21; Abacamanza 4:4; 5:1-31) Vyongeye, impwemu ya Yehova si yo yatumye avuga ubuhanuzi nk’uko yabigize kuri Ana canke ba bakobwa bane ba Filipo umwamamaji w’injili.—Luka 2:36-38; Ivyakozwe 21:9.

7. (a) Mu kuvuga “urya mugore Yezebeli,” biboneka ko Yezu yashaka kuvuga akosho akahe? (b) Abagore bamwebamwe bashobora kuba bisigura gute ku nyifato yabo y’akagagazo?

7 Biratomoye rero ko “urya mugore Yezebeli” yigira umuhanuzikazi i Tiyatira ari umubeshi. Ntashigikiwe n’impwemu y’Imana. None uwo mugore ni nde? Bisa n’uko ari umugore canke umugwi w’abagore b’inshirasoni bosha abandi nabi mw’ishengero. Bamwebamwe muri bo bashobora kuba barosha abagize ishengero kwisuka mu buhumbu, bakisigura ku nyifato yabo y’akagagazo mu kugoreka ivyanditswe. Bari abahanuzikazi b’ikinyoma koko! Barosha abandi kugendera mu nzira zabo z’“ubusambanyi, ubuhumane, inambu y’umubiri, ivyipfuzo vyonona, n’umwina ari kwo gusenga ibigirwamana.” (Abakolosayi 3:5) Bashaka ko abo mw’ishengero bisuka mu ngeso y’ubuhumbu n’ubwikunzi, ari na yo amadini menshi y’abiyita abakirisu usanga arenzako uruho rw’amazi.

8. (a) Yezu agabisha gute “Yezebeli” w’i Tiyatira? (b) Muri iki gihe, abagore bagize akosho kabi akahe?

8 Yezu abandanya kubwira abakurambere b’i Tiyatira ati: “Kandi naramuhaye umwanya wo kwigaya, mugabo ntagomba kwigaya ubusambanyi bwiwe. Ehe ngira ndamute ku buriri bw’umurwayi, n’abarengana ibigo na we ndabate mu makuba akomeye, kiretse bigaye ibikorwa vyiwe.” (Ivyahishuwe 2:21, 22) Nk’uko nyene biboneka ko Yezebeli wa kera yaganza Ahabu mu nyuma na ho agahangara Yehu uwo Imana yari yashinze gushitsa urubanza rwayo, abo bagore bashobora kuba bariko baragerageza kwifatira abagabo babo n’abakurambere. Bisa n’uko abakurambere b’i Tiyatira barenza uruho rw’amazi ku kosho kabi k’uwo mugore Yezebeli. Yezu rero aragabisha ata gufyina abo bakurambere n’ishengero ryose ry’abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe. Mu bihe vya none, bamwebamwe muri abo bagore b’intagondwa baroheje abagabo babo ngo babe abahuni, baranitwarira mu masentare abasavyi ba Yehova b’intahemuka.—Gereranya na Yuda 5-8.

9. (a) Ni kubera iki ivyo Yezu avuga kuri Yezebeli bidatesha agaciro abakenyezi bose bo mw’ishengero? (b) Ni ryari akosho nk’aka Yezebeli kaduka?

9 Ivyo ntibitesha agaciro abakenyezi b’abizigirwa bo mw’ishengero rya gikirisu. Muri iki gihe, igice kinini c’igikorwa co gushinga intahe kiriko kirangurwa na bashiki bacu b’abizigirwa. Biciye ku nyigisho za Bibiliya bayobora, bariko barazana abashasha benshi mw’ishengero. Imana ubwayo irahezagira iyo ntunganyo nk’uko vyerekanwa muri Zaburi 68:11, ahagira hati: “Yehova ubwiwe aravuga ijambo; abagore batangaza inkuru nziza ni ingabo nyinshi.” Abagabo boshobora kureshwa n’umutima w’ubwitonzi n’ukwubaha abagore babo bagaragaza, “ari wo w’agaciro kanini mu maso y’Imana.” (1 Petero 3:1-4) Umwami Lemuweli arashimagiza umugore abishoboye kandi akora cane. (Imigani 31:10-31) Igihe abagore batanguye kuryosharyosha abagabo no kurwanya canke kwirengagiza ubukuru, ni ho akosho nk’aka Yezebeli gaca kaduka.—Abanyefeso 5:22, 23; 1 Abakorinto 11:3.

10. (a) Kubera iki Yezebeli n’abana biwe bacirwa rubi? (b) Abana ba Yezebeli bamerewe gute, kandi bakwiye gukora iki?

10 Ku vyerekeye “urya mugore Yezebeli,” Yezu abandanya ati: “Kandi abana biwe nzobicisha ikiza cica, ku buryo amashengero yose azomenya yuko ndi umwe asesangura amafyigo n’imitima, kandi namwe nzobaha umwumwe ibihuye n’ibikorwa vyanyu.” (Ivyahishuwe 2:23) Yezu yarahaye Yezebeli n’abana biwe umwanya wo kwigaya, ariko babandanya gukora ubuhumbu bakaba rero bategerezwa gucirwa rubi. Ubwo butumwa burahambaye ku bakirisu bo muri iki gihe. Abana ba Yezebeli, ni ukuvuga abagabo canke abagore bamwigana mu kurenga ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya zerekeye ubukuru n’ukwigenza runtu canke mu kuba intabarirwa bakirengagiza urutonde rwa gitewokarasi, ni indembe mu vy’impwemu. Ego ni ko, igihe umuntu nk’uyo ahamagaye abakurambere b’ishengero ngo baze kumusengera, “isengesho ry’ukwizera rizotuma uyo amerewe nabi akira, kandi Yehova azomuhagurutsa,” akire gusa gukora ahuza n’ayo masengesho. Mugabo ntihagire uwibaza ko ashobora guhuma amaso Imana na Kristu mu kugerageza kunyegeza ubuhumbu bwiwe canke mu kwiyerekana ko afise umwete mu murimo.—Yakobo 5:14, 15.

11. Muri iki gihe amashengero afashwa gute kuguma ari maso ku kosho katabereye k’abagore?

11 Igihimbaye, amashengero nka yose y’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe ari maso ku bijanye n’ako kaga. Abakurambere baguma barikanuye bakamirira kure agatima ko kutisunga urutonde rwa gitewokarasi no kugaragaza inyifato mbi. Baragerageza gufasha abagabo n’abagore bari ahanyerera kugira basubirane mu vy’impwemu maze bagorore ibintu amazi atararenga inkombe. (Abagalatiya 5:16; 6:1) Babigiranye urukundo n’ugushikama, abo bacungezi bakirisu baratangira utwigoro twose abagore bogira two kurema utugwi nka tumwe duharanira ukwigenga kw’abakenyezi. Vyongeye, ibisohokayandikiro vyacu vyama vyatanze impanuro ziza hageze.a

12. Muri iki gihe, ni mu buryo ki abagize umugwi wa Yohani bagaragaza umwete nk’uwa Yehu?

12 Ariko rero, igihe hakozwe ubuhumbu bukomeye, canecane igihe vyabaye ingeso, abacumuzi batigaya bategerezwa gucibwa. Turibuka umwete Yehu yari afise mu kurandurana n’imizi akosho ka Yezebeli muri Isirayeli. No muri iki gihe, abagize umugwi wa Yohani barafata ingingo ruhasha, bakaba bahaye akarorero bagenzi babo bagereranywa na Yehonadabu, bakaba kandi berekanye ko batandukanye cane n’abakuru b’amadini y’abiyita abakirisu barekerana ibintu.—2 Abami 9:22, 30-37; 10:12-17.

13. Ni ibiki bizoshikira abatwarwa n’akosho k’abagore bameze nka Yezebeli?

13 Kubera ko Umwana w’Imana ari we Ntumwa n’Umucamanza wa Yehova, arafise uburenganzira bwo gushira ahabona uwo wese agereranywa na Yezebeli muri iki gihe no kumuterera ku buriri bw’umurwayi, kuko aba arwaye indwara idakira yo mu vy’impwemu. (Malaki 3:1, 5) Abamaze gutwarwa n’akosho k’abagore bameze nka Yezebeli na bo nyene bazoshikirwa n’amakuba akomeye, ni ukuvuga umubabaro wo gucibwa, ari kwo gukurwa mw’ishengero rya gikirisu bagafatwa nk’abapfuye. Batigaye, bagahindukira maze bakagarukanwa mw’ishengero, bazohitanwa n’“ikiza cica,” n’imiburiburi mu gihe ca ya makuba akomeye. Mu gihe ivyo bitaraba, barashobora gukosora ibintu mu kwigaya amakosa yabo.—Matayo 24:21, 22; 2 Abakorinto 7:10.

14. (a) Yezu akoresha gute abakurambere mu gutunganya ingorane zimwezimwe, nk’akosho ako ari ko kose kameze nk’aka Yezebeli? (b) Ishengero ryoshigikira gute abakurambere batunganya mwene izo ngorane?

14 “Amashengero yose” akwiye kumenya ko Yezu asesangura “amafyigo,” ni ukuvuga inyiyumvo zigera ibwina, be n’‘umutima,’ ni ukuvuga umuntu w’imbere, harimwo n’imvo dukorana ibintu. Ku bw’ivyo, arakoresha inyenyeri yizigiye ari bo bakurambere mu gutunganya ingorane zimwezimwe, nk’akosho ako ari ko kose kadutse kameze nk’aka Yezebeli. (Ivyahishuwe 1:20) Igihe abo bakurambere bamaze kwihweza neza ikibazo nk’ico maze bagafata ingingo, ntidukwiye kuvyura amakenga ku ngingo baba bafashe. Twese turakwiye kwicisha bugufi tukemera ingingo abakurambere bafashe, tukabandanya gushigikira izo nyenyeri z’ishengero. Nitwaba intahemuka kuri Yehova no ku ndinganizo yashizeho, tuzokwironkera ivyiza. (Zaburi 37:27-29; Abaheburayo 13:7, 17) Ese na wewe wokwironkera imihezagiro Yezu niyaza guha umwumwe wese muri twebwe ibihuye n’ibikorwa vyiwe!—Abagalatiya 5:19-24; 6:7-9.

“Mugumye ico mufise”

15. (a) Yezu yabwiye iki abatari baratwawe n’akosho ka Yezebeli? (b) Ni igiki cerekana ko mu 1918 atari abavuga ko ari abakirisu bose bari barandujwe n’ubuhuni?

15 Yezu aca avuga amajambo ahumuriza ati: “Ariko rero, mbwira abasigaye bo muri mwebwe bari i Tiyatira, abo bose badafise iyo nyigisho, barya nyene batamenye ‘ibintu vyimbitse vya Shetani,’ nk’uko bavuga, nti: Nta wundi muzigo ndabikoreje. Kimwe gusa, mugumye ico mufise gushika nje.” (Ivyahishuwe 2:24, 25) I Tiyatira hariho abantu b’abizigirwa batatwawe n’akosho ka Yezebeli. Muri ubwo buryo nyene, mu myaka 40 imbere ya 1918 no kuva muri uwo mwaka, si abavuga ko ari abakirisu bose barengeje uruho rw’amazi ku buhumbu no ku zindi ngeso mbi zirangwa mu biyita abakirisu. Umugwi mutoyi w’Abatohoji ba Bibiliya, ari bo bitwa Ivyabona vya Yehova muri iki gihe, waragerageje gufasha abantu kubona ko inyigisho nyinshi z’amadini y’abiyita abakirisu zikomoka mu bapagani. Uwo mugwi waravavanuye n’inyigisho zose n’imigenzo yose vyo mu madini y’abiyita abakirisu bikomoka muri Babiloni ha kera. Aho harimwo n’ingeso yo kurekerana ibintu ya wa “mugore Yezebeli.”

16. Naho Yezu n’inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere ata we bongeyeko uwundi muzigo, ni ibiki dutegerezwa kwirinda?

16 Abagize umugwi wa Yohani muri iki gihe na bo nyene bararemesha bagenzi babo bo muri rya sinzi rinini ngo babe maso ku bintu vyobosha kuja mu buhumbu, nka birya dusanga mu buryo bwo kwinezereza bwononekaye. Si ngombwa ngo umuntu arabe canke akore ibintu bibi kubera urusaku canke kugira amenye ivyo yokwirinda. Ni vyiza ko twamirira kure “ibintu vyimbitse vya Shetani.” Yezu avuga ati: “Nta wundi muzigo ndabikoreje.” Ivyo biratwibutsa ingingo yafashwe n’inama nyobozi y’ishengero rya gikirisu yo mu kinjana ca mbere, igira iti: “Impwemu nyeranda na twebwe ubwacu dushimye kutabongerako uwundi muzigo, kiretse ibi bintu vya nkenerwa: kuguma mwirinze ivyashikaniwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, n’ubusambanyi. Nimwaguma mwitandukanije neza n’ivyo bintu, muzotunganirwa.” (Ivyakozwe 15:28, 29) Kugira utunganirwe mu vy’impwemu, niwirinde idini ry’ikinyoma, gukoresha nabi amaraso (nko kuyaterwa) be n’ubuhumbu. Amagara yawe na yo nyene azoba akingiwe.

17. (a) Muri iki gihe Shetani agerageza gute abantu akoresheje “ibintu vyimbitse”? (b) Dukwiye kubona gute “ibintu vyimbitse” vy’iyi si ya Shetani y’urusobangane?

17 Shetani arafise n’ibindi “bintu vyimbitse” muri iki gihe, nka vya vyiyumviro n’inyigisho bihanitse bivuruga ubwenge abantu. Uretse agatima ko kurekerana ibintu be n’ivyiyumviro vy’ubuhumbu, ivyo bintu vyimbitse birimwo ubupfumu na ya nyigisho y’ivy’ihindagurika. None wa Muremyi nyen’ubukerebutsi bwose abona gute ivyo “bintu vyimbitse”? Intumwa Paulo arandika ivyo uwo Muremyi yavuze ati: “Nzohonya ubukerebutsi bw’inkerebutsi.” Ariko “ibintu vyimbitse vy’Imana” vyovyo biroroshe gutahura, biratomoye kandi bireza umutima. Abakirisu b’inkerebutsi baraca kure “ibintu vyimbitse” vy’iyi si ya Shetani y’urusobangane. Uribuka iki kintu: “Isi iriko irahita, n’icipfuzo cayo ni ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.”—1 Abakorinto 1:19; 2:10; 1 Yohani 2:17.

18. Ni imihezagiro iyihe Yezu yasezeraniye abakirisu barobanuwe baguma ari abizigirwa gushika kw’iherezo, kandi ni agateka akahe bazoronka kuri Harumagedoni bamaze kuzuka?

18 Yezu aca abwira abo bakirisu b’i Tiyatira amajambo yeza umutima kandi aremesha abakirisu barobanuwe muri iki gihe, ati: “Kandi uwutsinda akongera akisunga ibikorwa vyanje gushika kw’iherezo nzomuha ububasha ku mahanga, nk’uko nanje nabuhawe na Data, kandi azoragiza abantu inkoni y’icuma ku buryo bazomenagurwa nk’ivyombo vy’ibumba.” (Ivyahishuwe 2:26, 27) Mbega agateka! Ubwo bubasha abarobanuwe batahukana intsinzi baronka igihe bazutse ni ukwifatanya na Yezu mu gukubita “inkoni y’icuma” amahanga agarariza maze bakayatikiza kuri Harumagedoni. Kristu niyasavya abansi biwe nk’ikibumbano, ibirwanisho ruhonyanganda vy’ayo mahanga nta co bizomara atari uguturagurika nk’ibikinisho vy’abana.—Zaburi 2:8, 9; Ivyahishuwe 16:14, 16; 19:11-13, 15.

19. (a) Ya “nyenyeri y’agatondo” ni nde, kandi abatsinda bazoyihabwa gute? (b) Ni igiki kiremesha abagize rya sinzi rinini?

19 Yezu yongerako ati: “Kandi nzomuha inyenyeri y’agatondo.” (Ivyahishuwe 2:28) Yezu ubwiwe mu nyuma arasigura iyo “nyenyeri” ico ari co, ati: “Ni jewe muzi n’uruvyaro rwa Dawidi, nkaba n’inyenyeri y’agatondo yakaka.” (Ivyahishuwe 22:16) Ego cane, Yezu ni we ashitsa ubuhanuzi Balamu yavuze agoberewe na Yehova, bugira buti: “Inyenyeri izova muri Yakobo koko, kandi agakoni k’ubutware kazohaguruka koko kavuye muri Isirayeli.” (Guharūra 24:17) None ni mu buryo ki Yezu azoha “inyenyeri y’agatondo” abatsinda? Biboneka ko ari mu kwiha abo bantu, akagiranira na bo ubucuti somambike. (Yohani 14:2, 3) Emwe, ico ni ikintu gikomeye kibaremesha kwihangana! Abagize rya sinzi rinini na bo nyene bararemeshwa no kumenya ko ya “nyenyeri y’agatondo yakaka” igiye gukoresha ububasha bwa cami ifise mu guhindura isi ikaba Iparadizo!

Nugume uri intahemuka

20. Ni ibiki biba mu madini y’abiyita abakirisu bitwibutsa ubugoyagoye bumwebumwe bwari mw’ishengero ry’i Tiyatira?

20 Ubwo butumwa butegerezwa kuba bwararemesheje cane abakirisu b’i Tiyatira. Ibaze nawe: Umwana w’Imana yaninahajwe mw’ijuru ubwiwe ni we yabwiye abakirisu b’i Tiyatira zimwezimwe mu ngorane bari bafise! Nta gukeka ko n’imiburiburi bamwebamwe mu bagize ishengero bakiriye neza impanuro yabahaye zirangwa urukundo. Ubwo butumwa burebure kuruta ubundi muri bumwe indwi na twebwe buradufasha kumenya ishengero rya gikirisu ry’ukuri muri iki gihe. Mu 1918 igihe Yezu yaza mu rusengero rwa Yehova guca urubanza, menshi mu madini y’abiyita abakirisu yari yarandujwe n’ugusenga ibigirwamana be n’ubuhumbu bwo mu vy’impwemu. (Yakobo 4:4) Amwamwe yashingira ivyo yemera ku nyigisho z’abagore b’ingare bo mu kinjana ca 19 nk’uwitwa Ellen White wo mw’idini ry’Abaventisi b’umusi w’indwi na Mary Baker Eddy wo mw’idini rishingira ukwizera kwaryo ku bitangaro vya Yezu vy’ugukiza (science chrétienne); eka no muri ibi bihe abagore benshi basigaye bigisha mu nsengero imbere y’abantu. (Gereranya na 1 Timoteyo 2:11, 12.) Muri Gatolika no mu madini atandukanye afitaniye isano na yo, akenshi Mariya ahabwa icubahiro kiruta ic’Imana na Kristu. Yezu ntiyamuha icubahiro nk’ico. (Yohani 2:4; 19:26) None amadini yemera akosho k’abagore nk’ako yoba vy’ukuri yovuga ko ari aya gikirisu?

21. Ni ivyigwa ibihe umwe wese muri twebwe ashobora gukura mu butumwa Yezu yahaye ishengero ry’i Tiyatira?

21 Umukirisu wese, yaba ari mu bagize umugwi wa Yohani canke mu zindi ntama, arakwiye kurimbura ubwo butumwa. (Yohani 10:16) Hari abokwumva bashaka kwiyorohereza nka kumwe kw’abayoboke ba Yezebeli w’i Tiyatira. Abandi na bo boshobora kwoshwa ngo bahemuke. Muri iki gihe, dutegerezwa guhangana n’ibibazo bijanye no kurya ibintu birimwo amaraso canke kwemera kuyaterwa. Hari abokwiyumvira ko kugira umwete mu murimo wo kwamamaza canke kuba batanga insiguro bibaha uburenganzira bwo kwirekerana mu yindi mice nko kurorera amasenema y’ubukazi canke y’ubuhumbu canke kunywa inzoga zirenze urugero. Ingabisho Yezu yahaye abakirisu b’i Tiyatira iratwereka ko tudakwiye kubona ibintu gutyo. Yehova ashaka ko tuba abadahumanye, tukamukorera n’umutima wacu wose, tutabangikanije nk’uko abakirisu benshi b’i Tiyatira bari bameze.

22. Yezu yerekana gute yuko bihambaye ko tugira amatwi yumva?

22 Mu gusozera, Yezu avuga ati: “Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero.” (Ivyahishuwe 2:29) Ubugira kane, Yezu arasubiramwo ayo majambo akabura, kandi ni yo aza gusozera ubutumwa butatu busigaye. Woba ufise amatwi yumva? Nugume rero wumviriza witonze igihe Imana ibandanya gutanga impanuro ikoresheje impwemu yayo biciye ku muhora ikoresha.

[Akajambo k’epfo]

a Raba nk’akarorero ikiganiro kivuga ngo “Abagore bakirisu b’abizerwa ni abasavyi b’Imana b’agaciro” kiri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2003.

[Amafoto ku rup. 51]

Muri iki gihe, igice kinini c’igikorwa co gushinga intahe kiriko kirangurwa na bashiki bacu b’abizigirwa bashigikira urutonde rwa gitewokarasi bicishije bugufi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika