Ikigabane ca 11
Izina ryawe ryoba riri mu gitabu c’ubuzima?
SARUDI
1. Ishengero ry’i Sarudi ryifashe gute mu vy’impwemu, kandi Yezu atangura gute ubutumwa bwiwe?
NKO ku bilometero 50 mu bumanuko bw’igisagara c’ubu ca Akhisar (Tiyatira) ni ho hari ishengero Yezu uwaninahajwe arungikira ubutumwa bukurikira, ni ukuvuga Sarudi. Mu kinjana ca gatandatu imbere y’igihe cacu, ico gisagara ni co cari umurwa mukuru wirata w’ubwami bwa Lidiya bwa kera kikaba n’icicaro c’Umwami Crésus yari umutunzi karuhariwe. Mu gihe ca Yohani, ico gisagara cari kigeze habi kandi n’ubwiza cari gifise ku ngoma ya Crésus bwari bwarakamanganye. Ishengero rya gikirisu ryaho na ryo nyene ryari rigeze habi mu vy’impwemu. Ni bwo bwa mbere Yezu atangura ubutumwa bwiwe ata kajambo ko gukeza avuze. Ahubwo nyabuna avuga ati: “Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi na we uti: Ibi ni vyo avuga uwufise za mpwemu indwi z’Imana be na za nyenyeri indwi: ‘Ndazi ibikorwa vyawe, yuko ufise izina ry’uko uri muzima, mugabo uri umupfu.’”—Ivyahishuwe 3:1.
2. (a) Kuba Yezu afise “za mpwemu indwi” bisobanura iki ku bakirisu b’i Sarudi? (b) Ishengero ry’i Sarudi ryaboneka gute, ariko ryari ryifashe gute vy’ukuri?
2 Kubera iki Yezu avuga ko ari umwe “[a]fise za mpwemu indwi”? Ni kubera ko izo mpwemu zigereranya impwemu nyeranda ya Yehova ikora mu buryo bwuzuye. Mu nyuma, Yohani avuga kandi ko izo mpwemu ari “amaso indwi,” bikaba bigereranya ubushobozi bwo kubona kure impwemu nyeranda y’Imana yahaye Yezu. (Ivyahishuwe 5:6) Ku bw’ivyo, arashobora gushira ahabona no gutunganya ingorane iyo ari yo yose. (Matayo 10:26; 1 Abakorinto 4:5) Ishengero ry’i Sarudi riboneka ko ari rizima, ko riri n’umwete, ariko Yezu we abona ko ryapfuye mu buryo bw’impwemu. Bigaragara ko benshi mu barigize badebukiwe basubira kutanegwa ibintu nk’uko bahoze imbere y’uko baba abakirisu.—Gereranya n’Abanyefeso 2:1-3; Abaheburayo 5:11-14.
3. (a) Ni kubera iki “umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi” akwiye kwitwararika cane ivy’uko Yezu afise “za nyenyeri indwi”? (b) Ni impanuro ikomeye iyihe Yezu aha ishengero ry’i Sarudi?
3 Yezu kandi aributsa “umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi” ko ari umwe afise “za nyenyeri indwi.” Abo bakurambere b’ishengero bari mu kuboko kwiwe kw’ukuryo, akaba afise ububasha bwo kubayobora mu gikorwa barangura co kuragira. Bakwiye kwitwararika ‘kumenya ingene umukuku umeze.’ (Imigani 27:23) Ni co gituma ari vyiza ko batega yompi ivyo Yezu aca avuga, ati: “Ba maso kandi ukomeze ibisigaye vyagira bipfe, kuko ibikorwa vyawe ntasanze birangutse bimwe bishitse imbere y’Imana yanje. Guma wibuka rero ingene wahawe n’ingene wumvise, maze ubandanye kubigumya, uheze wigaye. Vy’ukuri utikanguye, nzoza nk’igisuma, kandi ntuzogenda umenye isaha nzozira kuri wewe.”—Ivyahishuwe 3:2, 3.
4. Amajambo ya Petero yofashije gute ishengero ry’i Sarudi ‘gukomeza ivyari bisigaye’?
4 Abakurambere b’i Sarudi barakeneye kwibuka umunezero bagize igihe bamenya ukuri be n’imihezagiro baronse. Mugabo ubu ho barapfuye mu bikorwa vy’impwemu. Itara ry’ishengero ryabo ririko rirayama kuko ata bikorwa biranga ukwizera bafise. Imyaka nk’ingahe imbere y’aho, intumwa Petero yari yandikiye amashengero yo muri Aziya (kumbure harimwo n’iry’i Sarudi) ayaremesha guha agaciro inkuru nziza ininahaye abakirisu bakiriye. Iyo nkuru nziza yamamajwe biciye ku “mpwemu nyeranda yarungitswe ivuye mw’ijuru,” nya mpwemu ikaba igereranywa na za mpwemu indwi Yohani yerekwa. Petero kandi yaribukije abo bakirisu bo muri Aziya yuko bari “ubwoko bwatowe, ubuherezi bwa cami, ihanga ryeranda, igisata c’inyegu yiharijwe, kugira ngo [ba]menyeshe hose kamere z’agahebuza z’umwe yabahamagara abakuye mu mwiza akabinjiza mu muco [wiwe] w’agatangaza.” (1 Petero 1:12, 25; 2:9) Kuzirikana kuri ukwo kuri kwo mu vy’impwemu vyofashije ishengero ry’i Sarudi kwigaya no ‘gukomeza ivyari bisigaye.’—Gereranya na 2 Petero 3:9.
5. (a) Abakirisu b’i Sarudi basigaye bobona gute ukuri? (b) Vyogenze gute abakirisu b’i Sarudi batumviye impanuro ya Yezu?
5 Aho ibintu bigeze, agaciro baha ukuri be n’urukundo bagufitiye bimeze nk’umuriro ugira udegere. Udusate dukeyi gusa ni two tucaka. Yezu abaremesha guhuha adukara dusigaye bagakabura umuriro, bakigaya ivyaha baguyemwo kubera ukutitaho ibintu, maze bagasubira kuba ishengero rizima mu vy’impwemu. (Gereranya na 2 Timoteyo 1:6, 7.) Ahandiho, Yezu niyashika giturumbuka “nk’igisuma” aje gushitsa urubanza, azosanga ishengero ry’i Sarudi rititeguye.—Matayo 24:43, 44.
Araje “nk’igisuma”
6. Ni gute Yezu yaje “nk’igisuma” mu 1918, kandi yasanze ibintu vyifashe gute mu bavuga ko ari abayoboke biwe?
6 Ingabisho Yezu atanga y’uko yoje “nk’igisuma” iratwerekeye no muri iki gihe. Irerekeye canecane abakirisu bariho mu kiringo c’umusi w’Umukama. Inyuma gato y’umwaka wa 1914, harabaye iranguka ry’ubuhanuzi bwa Malaki bugira buti: “‘Bukwi na bukwi wa Mukama w’ukuri azoza ku rusengero rwiwe, uwo mwebwe murondera, be na ya ntumwa y’isezerano, iyo muhimbarirwa. Ehe azoza koko,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze.” (Malaki 3:1; Ivyahishuwe 1:10) Bwa “ntumwa y’isezerano,” Yezu yaraje gusuzuma no gucira urubanza abavuga ko ari abayoboke biwe. (1 Petero 4:17) Ico gihe mu mwaka wa 1918, abiyita abakirisu bari bisutse mu vyo gusesa amaraso mu Ntambara ya mbere y’isi yose, gutyo bakaba bari barapfuye mu vy’impwemu. Mbere n’abakirisu b’ukuri bari baramamaje n’umwete mwinshi imbere y’iyo ntambara, baramaze igihe bahunikiye mu vy’impwemu. Bamwebamwe mu bakurambere baja imbere abandi baratawe mw’ibohero, igikorwa co kwamamaza na co gihakwa guhagarara. Igihe impwemu ya Yehova yakangura abo bakirisu mu mwaka wakurikiye, si bose bari biteguye. Nka kumwe kwa ba bigeme b’ibijuju bo mu mugani wa Yezu, bamwebamwe ntibari biteguye mu buryo bw’impwemu kugira baterwe agateka ko gusukurira Yehova. Ariko ikinezereje, nka kumwe kwa ba bigeme b’ubwenge, hari abandi benshi bari barumviye ingabisho ya Yezu igira iti: “Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi canke isaha.”—Matayo 25:1-13.
7. Ni kubera iki abakirisu bakwiye kuguma bari maso muri iki gihe?
7 Ivy’uko umukirisu akeneye kuguma ari maso ntivyarangiye igihe umusi w’Umukama watangura. Mu buhanuzi buhambaye Yezu yashikirije bujanye n’“ikimenyetso [cerekana] igihe ivyo bintu vyose bizoba bigira bishike ku nsozero,” yaragabishije mu buryo bukomeye ati: “Nayo ivy’uwo musi canke isaha, nta n’umwe abizi . . . Mugume mureretse, mugume murikanuye, kuko mutazi aho igihe cashinzwe kizogerera. Mugabo ico ndababwiye, ndakibwiye bose: Mugume muri maso.” (Mariko 13:4, 32, 33, 37) Emwe, gushika no kuri iyi saha, umwe wese muri twebwe, yaba uwo mu barobanuwe canke muri rya sinzi rinini, arakeneye kuguma agavye akirinda gusinzira mu buryo bw’impwemu. Umusi wa Yehova niwashika “nk’igisuma mw’ijoro,” ese wodusanga turi maso kugira ntiducirwe rubi!—1 Abatesalonika 5:2, 3; Luka 21:34-36; Ivyahishuwe 7:9.
8. Muri iki gihe, ni gute abagize umugwi wa Yohani bakabuye abasavyi b’Imana kugira bagume barikanuye mu vy’impwemu?
8 Muri iki gihe, abagize umugwi wa Yohani ubwabo bari maso. Baratahura ko bakeneye gukabura abasavyi b’Imana kugira bagume barikanuye mu vy’impwemu. Ku bw’ivyo, haratunganywa amateraniro adasanzwe hirya no hino kw’isi mu bihe bitandukanye vy’umwaka. Mu mwaka wa vuba umwe, abitavye amahwaniro y’intara 2.981 bose hamwe bari 10.953.744, habatizwa abashasha 122.701. Abagize umugwi wa Yohani baramaze imyaka irenga ijana bakoresha ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi mu gutangaza izina rya Yehova n’umugambi wiwe. Kugira ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi gifashe Ivyabona vya Yehova kwihanganira uruhamo rukaze rwo muri za ntambara zibiri z’isi yose, harasohowe ibiganiro (mu gifaransa) bibaremesha kuvyura umwete, nk’ibivuga ngo “Hahiriwe abarindutsi” (1920), “Akamo” (1926) be n’ikivuga ngo “Uruhamo rurananirwa” (1942, mu congereza).
9. (a) Ni ibibazo ibihe abakirisu bose bakwiye kwibaza? (b) Ni indemesho izihe Umunara w’Inderetsi watanze?
9 Cokimwe n’ishengero ry’i Sarudi, birakenewe cane ko abakirisu bose bo mu mashengero yo muri iki gihe baguma bisuzuma. Twese turakwiye kuguma twibaza duti: Ibikorwa vyacu vyoba “birangutse bimwe bishitse” imbere y’Imana yacu? Tutarinze gucira urubanza abandi, ubwacu twoba dutsimbataza agatima ko kwitanga kandi tukihata kugira dukorere Imana n’ubuzima bwacu bwose? Ku bijanye n’ivyo, ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi caratanze indemesho mu kiganiro kivuga ngo “Gume mwerekana ico mwebwe ubwanyu muri” n’ikivuga ngo “Tubeho tutacinezereza.”a Ko dufise imfashanyo nk’iyo ishingiye ku Vyanditswe, nimuze dusuzume ico turi ibwina mu mutima wacu uko tugerageza kugendera mu gutungana kwacu imbere ya Yehova twicishije bugufi kandi tubijanisha n’isengesho.—Zaburi 26:1-3; 139:23, 24.
“Amazina makeyi”
10. Ni ikintu kiremesha ikihe Yezu yabonye mw’ishengero ry’i Sarudi, kandi ivyo bishobora gute kudufasha?
10 Amajambo Yezu aca abwira ishengero ry’i Sarudi araremesha cane. Avuga ati: “Yamara rero, urafise amazina makeyi i Sarudi atahumanije impuzu zayo zo hejuru, kandi bazogendana nanje bambaye impuzu zo hejuru zera, kuko babibereye. Uwutsinda azokwambikwa rero impuzu zo hejuru zera; kandi sinzogenda mpanaguye izina ryiwe mu gitabu c’ubuzima, mugabo nzokwemanga izina ryiwe imbere ya Data n’imbere y’abamarayika biwe.” (Ivyahishuwe 3:4, 5) None ayo majambo ntaturemesha akongera agakomeze umwiyemezo dufise wo kuba intahemuka? Igihe inama y’abakurambere ititaho ibintu, ishengero ryose ryoshobora gusinzira cane mu vy’impwemu. Ariko rero, urashobora gusanga harimwo abantu bamwebamwe bihata n’umwete kugira bagume ari abakirisu badahumanye kandi batagirako ikirabagu, gutyo bakagumana izina ryiza kuri Yehova.—Imigani 22:1.
11, 12. (a) No muri ca gihe c’ubuhuni bukomeye, ni gute bamwebamwe babaye nka ya “mazina makeyi” y’intahemuka y’i Sarudi? (b) Mu kiringo c’umusi w’Umukama, abakirisu bameze nk’ingano babohowe gute?
11 Ego cane, izo “mpuzu zo hejuru” ni ikimenyetso c’uko umuntu ari umukirisu agororotse. (Gereranya n’Ivyahishuwe 16:15; 19:8.) Yezu ategerezwa kuba yezwa umutima no kubona ko naho abenshi batitaho ibintu, hariho “amazina makeyi,” ni ukuvuga abakirisu barobanuwe bakeyi b’i Sarudi bacihatira kugumana ico kimenyetso. Muri ubwo buryo nyene, igihe abiyita abakirisu batwarwa n’akosho ka Babiloni Akomeye ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma mu binjana n’ibindi bwa buhuni bukomeye bwamaze, hategerezwa kuba hamye hariho abantu bakeyi binanata ngo bakore ivyo Yehova agomba naho vyasaba kwiheba. Abo bagororotsi bari bameze nk’ingano ziri mu tudumbi twinshi tw’amadini tumeze nk’ivyatsi bibi.—Ivyahishuwe 17:3-6; Matayo 13:24-29.
12 Yezu yasezeranye ko yobaye kumwe n’abo bakirisu bameze nk’ingano “imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” Arabazi kandi arazi n’amazina meza bihesheje. (Matayo 28:20; Umusiguzi 7:1) Mbega umunezero abo bantu ‘bakeyi’ b’abizigirwa bari bakiriho igihe umusi w’Umukama watangura bagize! Baratandukanijwe n’amadini y’abiyita abakirisu yapfuye mu vy’impwemu maze begeranirizwa mw’ishengero rigororotse rimeze nka rimwe ry’i Simuruna.—Matayo 13:40-43.
13. Ni imihezagiro iyihe irindiriye abakirisu barobanuwe ‘badahumanya impuzu zabo zo hejuru’?
13 Mu bakirisu b’i Sarudi, abaguma ari abizigirwa gushika kw’iherezo kandi ntibacafuze akaranga kabo ka gikirisu, baribonera iranguka ry’icizigiro c’agahore. Kuva Ubwami bwa Mesiya bushinzwe mu 1914, barazurwa bakaja kuba mw’ijuru maze kubera yuko batsinze, bakambikwa impuzu zo hejuru zera zerekana ko ari abagororotsi batagirako ikirabagu canke agatosi. Kubera ko baciye muri ya nzira ipfunganye ijana ku buzima, bazokwironkera impera y’ibihe bidahera.—Matayo 7:14; raba kandi Ivyahishuwe 6:9-11.
Bazoguma banditswe mu gitabu c’ubuzima!
14. “Igitabu c’ubuzima” ni iki, kandi ni amazina ya bande yanditswe muri co?
14 “Igitabu c’ubuzima” ni iki, kandi ni amazina ya bande azoguma yanditswe muri co? Ico gitabu canke umuzingo w’umuzima cerekeza ku rutonde rw’abasavyi ba Yehova bazoronka ingabirano y’ubuzima budahera. (Malaki 3:16) Aho mu gitabu c’Ivyahishuwe hariko havugwa canecane amazina y’abakirisu barobanuwe. Ariko n’amazina y’abazoronka ubuzima budahera ng’aha kw’isi no yo nyene arandikwa muri ico gitabu. Vyongeye, amazina arashobora ‘guhanagurwa’ muri ico gitabu. (Kuvayo 32:32, 33) Naho ari ukwo, igihe izina ry’uwo mu bagize umugwi wa Yohani rigumye muri ico gitabu gushika apfuye, aca aronka ubuzima budapfa mw’ijuru. (Ivyahishuwe 2:10) Ayo ni yo mazina Yezu yemanga imbere ya Se n’abamarayika biwe. Mbega impembo nziza!
15. Bizogenda bite ngo amazina y’abagize rya sinzi rinini yandikwe mu gitabu c’ubuzima ubutagihanagurwa?
15 Abagize rya sinzi rinini, na bo nyene amazina yabo akaba yanditswe mu gitabu c’ubuzima, bazorokoka ya makuba akomeye. Nibagumana ukwizera mu kiringo cose c’Ingoma ya Yezu y’imyaka igihumbi no muri ca kigeragezo ca nyuma kizokurikira, bazoronka impera y’ubuzima budahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi. (Daniyeli 12:1; Ivyahishuwe 7:9, 14; 20:15; 21:4) Amazina yabo rero azoca aguma yanditse mu gitabu c’ubuzima ubutagihanagurwa. None kumenya ivyo bintu bishikirijwe biciye ku mpwemu nyeranda, ntibituma wumva wokwitabirana urweze aka kamo Yezu atera yisubiriza ati: “Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero”?—Ivyahishuwe 3:6.
[Akajambo k’epfo]
a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Mukakaro 2005 n’uwo ku wa 15 Ntwarante 2005.
[Ifoto ku rup. 57]
Ese izina ryawe ryoguma mu gitabu c’ubuzima