Ikigabane ca 13
Nugure inzahabu ityorojwe umuriro
LAWODISEYA
1, 2. Ishengero rya nyuma muri ya mashengero indwi Yezu arungikira ubutumwa riherereye he, kandi ni ibiki biranga ico gisagara?
LAWODISEYA ni ryo rya nyuma muri ya mashengero indwi Yezu uwazuwe arungikira ubutumwa. Ese ingene ari ubutumwa bwigisha kandi bukabura!
2 Muri iki gihe, woshobora kubona ibisigarira vya Lawodiseya hafi y’igisagara Denizli, nko ku bilometero 90 mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Alasehir. Mu kinjana ca mbere, Lawodiseya cari igisagara gitunze. Kubera ko cari kw’ihuriro ry’amabarabara makuru, cari ikibanza kigwiriyemwo amabanki n’ubudandaji. Mu vyongereza ubutunzi bw’ico gisagara harimwo urudandaza rw’umuti w’amaso wari uzwi cane, kandi cari kizwi kubera impuzu nziza cane zahingurwa mu bwoya bwiza bwirabura. Ico gisagara cari gifise ingorane nyamukuru yo kubura amazi ariko yari yaratorewe umuti mu gukwega amazi bayakuye mu mbizi zishushe zari hakurya yaco. Ku bw’ivyo, ayo mazi yashika mu gisagara ari akazuyazi.
3. Yezu atangura gute ubutumwa arungikira ishengero ry’i Lawodiseya?
3 Igisagara ca Lawodiseya cari hafi ya Kolosayi. Igihe intumwa Paulo yandikira Abakolosayi, yaravuze ibijanye n’ikete yari yarungikiye Abanyalawodiseya. (Abakolosayi 4:15, 16) Ntituzi ivyo Paulo yari yanditse muri ryo, ariko ubutumwa Yezu arungikira Abanyalawodiseya burerekana ko bari bageze habi mu vy’impwemu. Ariko rero nk’uko bisanzwe, Yezu abanza kwidondora ati: “Andikira umumarayika w’ishengero ry’i Lawodiseya na we uti: Ibi ni vyo Amen avuga, ca cabona cizigirwa kandi c’ukuri, intango y’ivyaremwe n’Imana.”—Ivyahishuwe 3:14.
4. Ni mu buryo ki Yezu ari “Amen”?
4 Kubera iki Yezu yiyita “Amen”? Iryo zina ryerekana ko ubutumwa bwiwe bwemewe n’amategeko. Ijambo “amen” rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo “nta nkeka” canke ngo “bibe ukwo nyene,” kandi rirakoreshwa mu gusozera amasengesho mu kwerekana ko wemeje ivyiyumviro vyashikirijwe. (1 Abakorinto 14:16) Yezu ni “Amen” kubera ko ukudahemuka kwiwe kutagira akanenge n’urupfu rwiwe rwo kwitangako incungu bituma imihango myiza igitangaza yose Yehova yatanze iranguka ata nkeka. (2 Abakorinto 1:20) Ku bw’ivyo, birabereye ko amasengesho yose aturwa Yehova biciye kuri Yezu.—Yohani 15:16; 16:23, 24.
5. Ni mu buryo ki Yezu ari “ca cabona cizigirwa kandi c’ukuri”?
5 Yezu kandi ni “ca cabona cizigirwa kandi c’ukuri.” Mu buhanuzi, akenshi adondorwa ko ari intahemuka, umunyakuri n’umugororotsi, kubera ko ari umusavyi wa Yehova Imana w’umwizigirwa bimwe vyuzuye. (Zaburi 45:4; Yesaya 11:4, 5; Ivyahishuwe 1:5; 19:11) Ni we Cabona ca Yehova aruta abandi bose. Nkako, kubera ko ari we “ntango y’ivyaremwe n’Imana,” yaratangaje ubuninahazwa bw’Imana kuva mu ntango. (Imigani 8:22-30) Igihe yari ng’aha kw’isi, yarashingiye intahe ukuri. (Yohani 18:36, 37; 1 Timoteyo 6:13) Amaze kuzuka, yarasezeraniye abigishwa biwe impwemu nyeranda, aca ababwira ati: “Muzombera ivyabona i Yeruzalemu n’i Yudaya hose n’i Samariya, no gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” Kuva kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., Yezu yarayoboye abo bakirisu barobanuwe kugira barangure igikorwa co kwamamaza inkuru nziza “mu vyaremwe vyose biri munsi y’ijuru.” (Ivyakozwe 1:6-8; Abakolosayi 1:23) Emwe, Yezu arabereye kwitwa icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri. Abakirisu barobanuwe b’i Lawodiseya bohungukiye mu kumutega amatwi.
6. (a) Yezu avuga ko ishengero ry’i Lawodiseya rimerewe gute mu vy’impwemu? (b) Ni akarorero keza akahe Yezu yatanze abakirisu b’i Lawodiseya batakurikije?
6 None Yezu abwira iki Abanyalawodiseya? Ntabakeza, ahubwo ababwira atarya umunwa ati: “Ndazi ibikorwa vyawe, yuko udakanye canke ngo ushuhe. Icompa ugakanya canke ugashuha. Ko rero uri akazuyazi, ntube ushushe canke ngo ukanye, ngira nkudahwe umve mu kanwa.” (Ivyahishuwe 3:15, 16) Wokora iki Umukama Yezu Kristu akubwiye amajambo nk’ayo? Ubwo ntiwoca wikubita agashi ukisuzuma? Ego cane, abo Banyalawodiseya barakeneye gukura amaboko mu mpuzu kuko bacitse ibinebwe mu vy’impwemu, bikaba biboneka ko bafatira mu rwara ibintu vyinshi. (Gereranya na 2 Abakorinto 6:1.) Yezu, ari na we bari bakwiye kwigana kubera ari abakirisu, yamye afitiye umwete mwinshi Yehova n’umurimo wiwe. (Yohani 2:17) Vyongeye, abantu bifata ruto bariboneye ko yama yengenga kandi yitonda, akaruhura nka kurya kw’igikombe c’amazi akanye igihe hashushe cane. (Matayo 11:28, 29) Abo bakirisu b’i Lawodiseya bobo ntibashushe canke ngo bakanye. Nka kumwe kwa ya mazi yo mu gisagara cabo, barabaye akazuyazi. Birabereye ko Yezu abiyamiriza, ari kwo ‘kubadahwa bakamuva mu kanwa’! Ese twokwama twihata n’umwete nka kumwe kwa Yezu, kugira turuhurire abandi mu vy’impwemu.—Matayo 9:35-38.
“Uvuga ngo: ‘Ndi umutunzi’”
7. (a) Yezu yerekana gute umuzi w’ingorane y’abakirisu b’i Lawodiseya? (b) Kubera iki Yezu avuga ko abakirisu b’i Lawodiseya ari “impumyi be n’uko [ba]ri gusa”?
7 None vy’ukuri umuzi w’ingorane y’Abanyalawodiseya ni uwuhe? Amajambo Yezu aca avuga aradufasha kuwubona. Agira ati: “Kuko uvuga ngo: ‘Ndi umutunzi kandi narironkeye ubutunzi kandi nta co nkenye,’ mugabo ntumenye ko uri umugorwa, ko uteye ikigongwe, ko uri umworo, ko uri impumyi be n’uko uri gusa.” (Ivyahishuwe 3:17; gereranya na Luka 12:16-21.) Kubera baba mu gisagara gitunze, bumva batekanye bivuye ku butunzi bafise. Bashobora kuba baragizweko akosho n’ikibuga c’inkino, amazu yaho y’ibirori hamwe n’ayo kwinonoreramwo imitsi, ku buryo bacika “abakunda ibinezereza aho gukunda Imana.”a (2 Timoteyo 3:4) Ariko naho batunze mu vy’umubiri ni aboro mu vy’impwemu. ‘Amatunga birundanirije mw’ijuru’ ni make abaho, nimba na yo nyene bayafise. (Matayo 6:19-21) Ntibagumanye ijisho riremuruye ngo bagumize Ubwami bw’Imana mu kibanza ca mbere mu buzima bwabo. Vy’ukuri, bari mu mwiza kandi ni impumyi mu buryo bw’impwemu. (Matayo 6:22, 23, 33) Vyongeye, naho bashobora kuba bafise impuzu nzizanziza kubera batunze, mu maso ya Yezu bari gusa. Nta mwambaro wo mu buryo bw’impwemu bafise ugaragaza ko ari abakirisu.—Gereranya n’Ivyahishuwe 16:15.
8. (a) Ni mu buryo ki uko ibintu vyari vyifashe i Lawodiseya ari ko vyifashe no muri iki gihe? (b) Abakirisu bamwebamwe bihenze gute muri iyi si y’umwina?
8 Ese ingene basinzikaye! Ariko none, ntitwama twabonye ibintu nk’ivyo muri iki igihe? None biterwa n’iki? Biterwa n’uko abantu biyizigira kubera bishimira ubutunzi. Nka kumwe kw’abanywanyi b’amadini y’abiyita abakirisu, hari abasavyi ba Yehova biyumvira yuko bashobora guhimbara Imana mu kuza gusa baritaba amakoraniro rimwe na rimwe. “[Bashira] mu ngiro rya jambo” mu buryo bwo kwikurayo gusa. (Yakobo 1:22) Naho abagize umugwi wa Yohani badasiba gusemerera, abo bantu usanga baratwawe umutima n’impuzu, imiduga n’amazu bigezweho, bakishinga kwisamaza no kwiryohera. (1 Timoteyo 6:9, 10; 1 Yohani 2:15-17) Ivyo vyose bituma batabona kure mu vy’impwemu. (Abaheburayo 5:11, 12) Aho kwigumira ari akazuyazi, bakwiye gukabura “umuriro w’impwemu” kandi bakerekana ko bashashaye kuruhurira abandi mu ‘kwamamaza rya jambo.’—1 Abatesalonika 5:19; 2 Timoteyo 4:2, 5.
9. (a) Ni amajambo ayahe ya Yezu akwiye gukangura abakirisu b’akazuyazi, kandi kubera iki? (b) Ishengero ryofasha gute “intama” zazimiye?
9 Yezu abona gute abakirisu b’akazuyazi? Amajambo ababwira atarya umunwa akwiye kubakangura. Avuga ati: “Ntu[zi] ko uri umugorwa, ko uteye ikigongwe, ko uri umworo, ko uri impumyi be n’uko uri gusa.” Amajwi yabo yo mu mutima yaratimvye ku buryo batabona ko ivyabo biteye agahinda. (Gereranya n’Imigani 16:2; 21:2.) Ico kintu gikomeye ntigikwiye kurenzwako uruho rw’amazi mw’ishengero. Igihe abakurambere n’abandi bagenywe na bo batanze akarorero keza mu kugira umwete kandi bakaragira intama babigiranye urukundo, boshobora gukangura izo “ntama” ziba zazimiye maze zigasubira kugira umunezero wo gukorera Imana n’umutima wazo wose.—Luka 15:3-7.
Impanuro yo ‘kuba abatunzi’
10. Yezu asaba Abanyalawodiseya kumugurako “inzahabu” nyabaki?
10 None abo bakirisu b’i Lawodiseya boba bashobora gukira? Egome, hamwe bokwemera impanuro Yezu abaha ati: “Nkugiriye inama ngo ungureko inzahabu ityorojwe umuriro kugira ngo ube umutunzi.” (Ivyahishuwe 3:18a) “Inzahabu” nyayo ya gikirisu ityorojwe umuriro igakurwamwo inkamba zose izobagira “[aba]tunzi ku Mana.” (Luka 12:21) None boyigurira hehe? Ntiboyironka ku banyebanki bo ng’aho, ahubwo boyigura kuri Yezu! Intumwa Paulo yarasiguye iyo nzahabu ico ari co igihe yasaba Timoteyo ngo ategeke abakirisu batunze “gukora ivyiza, kuba abatunzi mu bikorwa vyiza, gutanga batitangira, bagabirije gusangira n’abandi, bibikire nk’ubutunzi ahatagira inkomanzi umushinge mwiza ku bwa kazoza.” Bitanze muri ubwo buryo ni ho gusa ‘bocakiye ubuzima nyakuri.’ (1 Timoteyo 6:17-19) Abo Banyalawodiseya b’abatunzi bari bakwiye gukurikiza impanuro ya Paulo, maze bakaba abatunzi mu vy’impwemu.—Raba kandi Imigani 3:13-18.
11. Mu bihe vya none, ni bande bagura “inzahabu ityorojwe umuriro”?
11 Mu bihe vya none, hoba hariho abantu bagura “inzahabu ityorojwe umuriro”? Bariho nyene! Mbere n’igihe umusi w’Umukama wari hafi, hari umugwi mutoyi w’abatohoji ba Bibiliya wari maso urabona ko inyigisho nyinshi zituruka i Babiloni zo mu madini y’abiyita abakirisu atari iz’ukuri, aho hakaba harimwo Ubutatu, inyigisho ivuga yuko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa, umuriro udahera, ukubatiza inzoya be n’ugusenga ibishushanyo (nk’umusaraba n’ibishusho vya Mariya). Mu kuburanira ukuri kwo muri Bibiliya, abo bakirisu baratangaje ko Ubwami bwa Yehova ari wo muti rudende w’ingorane z’abantu be n’uko incungu ya Yezu ari yo izotuma turokoka. Hagisigaye nk’imyaka 40, baramenyesheje ko ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekana ko Ibihe vy’abanyamahanga vyorangiye mu 1914, hagaca haba ibintu bikomeye kw’isi.—Ivyahishuwe 1:10.
12. Umwe mu baja imbere abo bakirisu bari maso yari nde, kandi ni gute yasize akarorero gakomeye ko kwirundaniriza amatunga mw’ijuru?
12 Uwaja imbere abo bakirisu bari maso yari Charles Taze Russell, uwashinze umugwi w’abatohoji ba Bibiliya mu ntango z’imyaka ya 1870 i Allegheny (ubu hakaba ari muri Pittsburgh) i Pennsylvanie muri Amerika. Igihe Russell yatangura kurondera ukuri, yakorana urudandaza na se kandi yari mu kuba umutunzi karuhariwe. Ariko rero, yaragurishije imitahe yari afise mu mamangazini yiwe maze akoresha ubutunzi bwiwe mu gushigikira igikorwa co kwamamaza Ubwami bw’Imana kw’isi yose. Mu 1884 yarabaye perezida wa mbere w’ishirahamwe ubu ryitwa Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania. Yapfiriye mw’igariyamoshi mu 1916 hafi y’ahitwa Pampa i Texas, ariko aja i New York, arushe cane kubera urugendo rwa nyuma rwo kwamamaza yari yagize mu burengero bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Yarasize akarorero gakomeye ko kwirundaniriza amatunga mw’ijuru, abatsimvyi ibihumbi amajana bitanga batiziganya bakaba bakigana muri iki gihe.—Abaheburayo 13:7; Luka 12:33, 34; gereranya na 1 Abakorinto 9:16; 11:1.
Gukoresha umuti w’amaso wo mu buryo bw’impwemu
13. (a) Umuti w’amaso wo mu buryo bw’impwemu wofasha gute Abanyalawodiseya? (b) Yezu abahimiriza kwambara impuzu bwoko ki, kandi kubera iki?
13 Yezu kandi ahimiriza abo Banyalawodiseya ashimitse, ati: “[Gura] . . . impuzu zo hejuru zera kugira ngo wambare no kugira ngo isoni z’ubwambure bwawe ntizerekanwe, n’umuti wo gusiga mu maso yawe kugira ngo ubone.” (Ivyahishuwe 3:18b) Bakwiye kwivuza urwo ruhumyi rwo mu buryo bw’impwemu mu kugura umuti w’amaso, atari uw’abavuzi bo ng’aho, ahubwo uwo Yezu wenyene atanga. Ivyo vyobafasha kubona kure mu vy’impwemu, bigatuma baca mu “munyuro w’abagororotsi” batumbereje amaso yabo aca ibibatsi ku gukora ivyo Imana igomba. (Imigani 4:18, 25-27) Gutyo, boshobora kwambara “impuzu zo hejuru zera” nziza zerekana ko bafise agateka ko kuba abayoboke ba Yezu Kristu, aho kwambara za mpuzu zizimvye zo mu bwoya bwirabura zihingurirwa aho i Lawodiseya.—Gereranya na 1 Timoteyo 2:9, 10; 1 Petero 3:3-5.
14. (a) Ni umuti w’amaso wo mu buryo bw’impwemu uwuhe wabonetse kuva mu 1879? (b) Amahera Ivyabona vya Yehova bakoresha bayakesha nde canecane? (c) Ivyabona vya Yehova batandukaniye he n’abandi mu kuntu bakoresha intererano?
14 None umuti w’amaso wo mu buryo bw’impwemu woba uboneka mu bihe vya none? Neza cane! Mu 1879, Pasitori Russell, akaba ari ko bamutazira, yaratanguye gusohora ikinyamakuru ubu kw’isi yose kizwi ko citwa Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova kugira aburanire ukuri. Mu nomero yaco igira kabiri, yavuze ati: “[Iki kinyamakuru], nk’uko tubizi, YEHOVA ni we agifashe mu mugongo, kandi bikimeze gutyo ntikizokwigera gisegerereza canke ngo cambambire abantu kugira bagifashe. Igihe umwe avuga ati: ‘Amazahabu n’amafeza yose yo ku misozi ni ayanje’ azoba atakituronsa amahera akenewe, tuzoca tubona yuko hageze ko duhagarika gusohora ico kinyamakuru.” Abavugabutumwa bamwebamwe bo ku mateleviziyo barirundanirije ubutunzi bwinshi kandi usanga babayeho mu bihinda vy’agaterasoni, rimwe na rimwe hakabamwo n’ubuhumbu. (Ivyahishuwe 18:3) Abatohoji ba Bibiliya bobo, ari bo Vyabona vya Yehova muri iki gihe, intererano zose baronka zitangwa n’abavyishakiye bazikoresha mu gutunganya no mu guteza imbere igikorwa co kwamamaza kw’isi yose Ubwami bwa Yehova bwimirije. Gushika n’ubu, abagize umugwi wa Yohani ni bo bahagarikiye isohorwa ry’Umunara w’Inderetsi na Be maso!, mu 2013 hakaba hasohorwa amakopi arenga imiliyoni 88 y’ivyo binyamakuru bifatiwe hamwe. Umunara w’Inderetsi uboneka mu ndimi 205. Ni co kinyamakuru cemewe gikoreshwa n’ishengero ry’abakirisu barenga imiliyoni indwi bakoresha uwo muti w’amaso wo mu buryo bw’impwemu kugira ubahumure ntibazimizwe n’idini ry’ikinyoma kandi babone ko igikorwa co kwamamaza inkuru nziza mu mahanga yose cihutirwa.—Mariko 13:10.
Ivyiza biva ku gukangirwa no gutozwa indero
15. Kubera iki Yezu aha impanuro ikomeye abakirisu b’i Lawodiseya, kandi ishengero rikwiye kuyakira gute?
15 Reka tugaruke ku Banyalawodiseya. None baza kwakira gute impanuro ikomeye Yezu abaha? Boba bakwiye kuvunika umutima bakabona ko Yezu atakibakeneye mu bayoboke biwe? Oya namba si ko biri. Yezu abandanya kubabwira ati: “Abo niyumvamwo bose ndabakangira kandi nkabatoza indero. Nugire umwete rero, wigaye.” (Ivyahishuwe 3:19) Nk’uko bimeze no ku ndero Yehova atanga, indero Yezu atanga ni ikimenyamenya c’urukundo rwiwe. (Abaheburayo 12:4-7) Ishengero ry’i Lawodiseya rikwiye kwungukira kuri ubwo bwitwararitsi bwiwe maze rigakurikiza impanuro ariha. Bakwiye kwigaya, bakemera ko ukuba akazuyazi kwabo ari cokimwe n’ugucumura. (Abaheburayo 3:12, 13; Yakobo 4:17) Abakurambere b’iryo shengero bakwiye kureka guhahamira amaronko maze ‘bagakabura nk’umuriro’ ingabirano bahawe n’Imana. Ese uwo muti w’amaso wo mu buryo bw’impemu wofasha abagize ishengero bose kwumva baruhuriwe nka kurya kw’uwunyoye amazi yo mw’iriba ripfutse!—2 Timoteyo 1:6; Imigani 3:5-8; Luka 21:34.
16. (a) Yezu yerekana gute urukundo n’igishika adufitiye muri iki gihe? (b) Dukwiye kuvyakira gute bishitse tugahabwa impanuro ikomeye?
16 Tweho bite muri iki gihe? Yezu ‘aracakunda abiwe bari mw’isi.’ Azoguma abakunda “imisi yose gushika ku nsozero y’ivy’isi.” (Yohani 13:1; Matayo 28:20) Urukundo n’igishika abafitiye birabonekera mu bagize umugwi wa Yohani muri iki gihe hamwe na za nyenyeri ari bo bakurambere bo mw’ishengero rya gikirisu. (Ivyahishuwe 1:20) Muri ibi bihe bitoroshe, abakurambere baritwararika cane kudufasha twese abato n’abakuze, kugira tugume mu ruhongore rwa gikirisu, twirinde agatima ko kwigenga, uguhahamira amaronko be n’umucafu w’ubuhumbu bwo muri iyi si. Bishitse tugahabwa impanuro canke indero ikomeye, turibuka ko “ibikangiro vy’indero [ari] vyo nzira y’ubuzima.” (Imigani 6:23) Twese turi abanyagasembwa kandi dukwiye kugira umwete wo kwigaya igihe bikenewe kugira tubogorwe maze tugume mu rukundo rw’Imana.—2 Abakorinto 13:11.
17. Ubutunzi bushobora gute kutubera intambamyi mu vy’impwemu?
17 Ntidukwiye kureka ubukene, amatunga canke uguhahamira amaronko ngo bitume tuba akazuyazi. Ubutunzi burashobora kuturonsa uturyo two kwagura umurimo, ariko kandi burashobora kuba intambamyi. (Matayo 19:24) Umuntu yifise yoshobora kubona ko adakeneye kugira umwete nk’abandi mu gikorwa co kwamamaza kubera ko rimwe na rimwe atanga intererano zifadika. Canke na ho yoshobora kwiyumvira ko adakwiye gufatwa nk’abandi kubera atunze. Vyongeye, umuntu atunze usanga afise ibintu vyinshi vyo kwiryohera no kwisamaza abandi badashobora kuronka. Ariko rero, ivyo bintu biratwara umwanya kandi umuntu atabaye maso birashobora kumubuza kurangura ubusuku bwa gikirisu, maze akaba akazuyazi. Ese twokwirinda mwene iyo mitego yose, tukabandanya ‘dukora cane kandi twihata’ n’umutima wacu wose, twiteze ubuzima budahera.—1 Timoteyo 4:8-10; 6:9-12.
Kwihereza “imfungurwa zo ku mugoroba”
18. Ni akaryo akahe Yezu aha abakirisu b’i Lawodiseya?
18 Yezu abandanya ati: “Ehe mpagaze ku muryango ndodora. Nihagira uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, nzokwinjira mu nzu yiwe nsangire na we imfungurwa zo ku mugoroba, na we asangire nanje.” (Ivyahishuwe 3:20) Hamwe abakirisu b’i Lawodiseya boha ikaze Yezu mw’ishengero ryabo, yobafasha bakareka kuba akazuyazi!—Matayo 18:20.
19. Yezu ashaka kuvuga iki igihe asezerana ko azosangira n’ishengero ry’i Lawodiseya imfungurwa zo ku mugoroba?
19 Igihe Yezu avuga ibijanye n’imfungurwa zo ku mugoroba, nta gukeka ko vyibutsa Abanyalawodiseya ibihe yagiye arasangira n’abigishwa biwe. (Yohani 12:1-8) Muri ivyo bihe vyose, ababa bahari barironkera imihezagiro y’ivy’impwemu. N’inyuma y’aho Yezu azukiye, yarasangiye imfungurwa n’abigishwa biwe nka kangahe, muri ivyo bihe bakaba barakomejwe cane. (Luka 24:28-32; Yohani 21:9-19) Ku bw’ivyo, umuhango atanga wo kuza mw’ishengero ry’i Lawodiseya agasangira na bo imfungurwa zo ku mugoroba usobanura ko azobazanira imihezagiro myinshi yo mu vy’impwemu nibamuha ikaze.
20. (a) Igihe umusi w’Umukama watangura, ukuba akazuyazi kw’abiyita abakirisu kwatumye bakora iki? (b) Abiyita abakirisu bamerewe gute kubera urubanza Yezu yabaciriye?
20 Impanuro iranga urukundo Yezu aha Abanyalawodiseya irahambaye cane ku masigarira y’abakirisu barobanuwe muri iki gihe. Bamwe muri bo baribuka ko abanywanyi b’amadini y’abiyita abakirisu bari akazuyazi bimwe biteye agahinda igihe umusi w’Umukama watangura. Aho guha ikaze Umukama wacu igihe yagaruka mu 1914, abakuru b’ayo madini barisutse mu bwicanyi bwo mu Ntambara ya mbere y’isi yose, ibihugu 24 kuri 28 vyariko birarwana bikaba vyavuga ko ari ivy’abakirisu. Ese ukuntu bagirwa n’amaraso menshi! Mu Ntambara ya kabiri y’isi yose, na yo nyene ikaba ahanini yarwanywe n’ibihugu vyiyita ko ari ivy’abakirisu, ibicumuro vy’idini ry’ikinyoma vyarongeye “[kurundana] gushika mw’ijuru.” (Ivyahishuwe 18:5) Vyongeye, abakuru b’ayo madini barateye umugongo Ubwami bwa Yehova bwimirije mu gushigikira wa Muhari w’amahanga, Ishirahamwe mpuzamakungu ONU be n’imihari yo kwishimira igihugu no guharanira amahinduka kandi ata na kimwe muri vyo gishobora gutorera umuti ingorane z’abantu. Kuva ico gihe, Yezu yarateye ivyatsi abakuru b’ayo madini, abacira rubi maze arabashibura nka kurya umurovyi ata ifi mbi zafashwe mu rusenga rwiwe. Uravye ukuntu amadini y’abiyita abakirisu ateye akagongwe muri iki gihe, uca ubona yuko yaciriwe rubi koko. Ese ibigiye kuyashikira vyotubera imburi!—Matayo 13:47-50.
21. Kuva mu 1919, abakirisu bo mw’ishengero ry’ukuri bakiriye gute amajambo Yezu yabwiye abakirisu b’i Lawodiseya?
21 No mw’ishengero ry’ukuri, hariho abantu b’akazuyazi bameze nk’ikinyobwa kidasusurutsa kubera kidashushe kandi ntikimare inyota kubera kidakanye. Ariko Yezu aracakunda cane ishengero ryiwe. Ariyegereza abakirisu bamwakira neza, kandi benshi baramuhaye ikaze nk’aho boba bamwakiriye ku mfungurwa zo ku mugoroba. Ku bw’ivyo, kuva mu 1919 amaso yabo yarahumuwe baratahura insobanuro y’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya. Bariboneye ikiringo c’ukumurikirwa bimwe bikomeye.—Zaburi 97:11; 2 Petero 1:19.
22. Ni imfungurwa zo ku mugoroba zo muri kazoza izihe Yezu ashobora kuba yari afise mu bwenge, kandi ni bande bazozisangira?
22 Igihe Yezu yabwira Abanyalawodiseya ko yosangiye na bo, ashobora kuba yari afise mu bwenge n’izindi mfungurwa zo ku mugoroba. Mu nyuma, dusoma mu Vyahishuwe duti: “Hahiriwe abatumiwe ku mfungurwa zo ku mugoroba z’ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama.” Zizoba ari inzimano zihambaye zo kwigina intsinzi mu gushemeza Yehova niyamara gushitsa urubanza kw’idini ry’ikinyoma, Kristu akaba azozisangirira mw’ijuru n’umugeni wiwe agizwe na bamwe 144.000. (Ivyahishuwe 19:1-9) Abo mw’ishengero ry’i Lawodiseya rya kera bakiriye neza iyo mpanuro, eka mbere n’abavukanyi ba Kristu Yezu b’abizigirwa muri iki gihe bambaye impuzu zisukuye zerekana ko ari abakirisu barobanuwe b’ukuri, bose bazosangira izo mfungurwa zo ku mugoroba n’uwo Mukwe. (Matayo 22:2-13) Emwe, ico ni ikintu gikomeye kibahimiriza kugira umwete no kwigaya!
Intebe y’ubwami y’abatahukana intsinzi
23, 24. (a) Ni iyindi mpera iyihe Yezu avuga? (b) Ni ryari Yezu yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami, kandi ni ryari yatanguye gucira urubanza abavuga ko ari abakirisu? (c) Ni isezerano ryiza cane irihe Yezu yagiraniye n’abigishwa biwe igihe yatanguza Icibutso c’urupfu rwiwe?
23 Yezu aravuga iyindi mpera bazoronka, ati: “Uwutsinda nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’ubwami yanje, nk’uko nanje nyene natsinze nkicarana na Data ku ntebe y’ubwami yiwe.” (Ivyahishuwe 3:21) Nk’uko Dawidi yari yarabivuze muri Zaburi 110:1, 2, Yezu uwagumanye ugutungana kwiwe, aho amariye gutsinda isi yarazuwe mu 33 G.C. maze arashirwa hejuru ngo yicarane na Se ku ntebe y’ubwami yiwe yo mw’ijuru. (Ivyakozwe 2:32, 33) Mu wundi mwaka w’intibagirwa, ni ukuvuga mu 1914, Yezu yaricaye ku ntebe y’ubwami yiwe bwite ari Umwami Mesiya akaba n’Umucamanza. Biboneka ko abavuga ko ari abakirisu ari bo yatanguye gucira urubanza mu 1918. Abarobanuwe batahukanye intsinzi bapfuye imbere y’ico gihe bociye bazurwa bagahamvya Yezu mu Bwami bwiwe. (1 Petero 4:17) Yari yarasezeraniye abigishwa biwe ico kintu igihe yatanguza Icibutso c’urupfu rwiwe, mu kubabwira ati: “Ngiraniye isezerano namwe, nk’uko Dawe yagiraniye isezerano nanje, ku bw’ubwami, kugira ngo murire kandi munywere ku meza yanje mu bwami bwanje, mwongere mwicare ku ntebe z’ubwami kugira mucire imanza ya miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli.”—Luka 22:28-30.
24 Ese ukuntu kazoba ari agateka kwicarana n’uwo Mwami azoba aganza mu gihe ca “kwa kurema busha” maze bagafashanya na we gutuma abantu bagamburuka basubira kuba abatunganye nk’uko vyari muri Edeni, bishimikije incungu yiwe itagira akanenge! (Matayo 19:28; 20:28) Nk’uko Yohani abitubwira, Yezu atuma abatahukana intsinzi baba “ubwami, abaherezi ku Mana yiwe ikaba na Data,” kugira bicare ku ntebe z’ubwami zikikuje intebe y’ubwami nziza igitangaza ya Yehova yo mw’ijuru. (Ivyahishuwe 1:6; 4:4) Nimuze twese, twaba abarobanuwe canke abazoba bagize isi nshasha bazogira uruhara mu gutuma isi isubira kuba Iparadizo, dufate nkama amajambo Yezu abwira Abanyalawodiseya!—2 Petero 3:13; Ivyakozwe 3:19-21.
25. (a) Nk’uko Yezu yari yabigize ku bundi butumwa, asozera gute ubutumwa arungika i Lawodiseya? (b) Umukirisu wese muri iki gihe akwiye kwakira gute amajambo Yezu abwira ishengero ry’i Lawodiseya?
25 Nk’uko Yezu yari yabigize ku bundi butumwa, asozera abahimiriza ati: “Uwuri n’ugutwi niyumve ico impwemu ibwira amashengero.” (Ivyahishuwe 3:22) Igihe c’iherezo kigeze kure. Ibimenyamenya vy’uko urukundo rw’abiyita abakirisu rwatimvye ni vyinshi cane. Ese twebwe abakirisu b’ukuri twoshira mu ngiro n’umwete ubutumwa Umukama wacu Yezu yarungikiye ishengero ry’i Lawodiseya, mbere bumwe indwi bwose yarungikira amashengero! Ivyo twobishikako mu kugira uruhara n’umwete mw’iranguka ry’ubuhanuzi buhambaye Yezu yavuze bwerekeye kino gihe cacu, ati: “Kandi iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.”—Matayo 24:12-14.
26. Ni ryari Yezu asubira kuvugana na Yohani, mugabo ni ibiki agiramwo uruhara?
26 Impanuro Yezu aha ya mashengero indwi zirarangiye. Mu gitabu c’Ivyahishuwe, asubira kuvugana na Yohani mu kigabane ca nyuma, mugabo aragira uruhara mu bintu vyinshi Yohani yerekwa, nko mu gushitsa imanza za Yehova. Reka ubu na ho twifatanye n’abagize umugwi wa Yohani mu gusuzuma iyerekwa rihambaye rigira kabiri rihishurwa n’Umukama Yezu Kristu.
[Akajambo k’epfo]
a Ivyo bibanza vyarubuwe biciye ku bucukuzi bw’ivya kera bwagizwe ahahoze Lawodiseya.
[Uruzitiro ku rup. 73]
Ubukerebutsi buraruta amaronko
Mu 1956, hari umumenyeshamakuru yanditse ati: “Bivugwa ko mu myaka ijana iheze umuntu asanzwe wasanga yipfuza ibintu 72, ariko 16 muri vyo bikaba ari vyo akeneye koko. Muri iki gihe, bivugwa ko yipfuza ibintu 474, ariko 94 bikaba ari vyo akeneye koko. Mu myaka ijana iheze, ibidandazwa 200 ni vyo abadandaza bahimiriza abantu kugura, ariko ubu bigeze ku 32.000. Ivyo umuntu akeneye koko si vyinshi, ariko ivyo yipfuza ntibigira igitigiri.” Muri kino gihe, abantu baguma babwirwa ko ubutunzi ari co kintu gihambaye mu buzima. Ni co gituma benshi birengagiza impanuro iranga ubukerebutsi iri mu Musiguzi 7:12 igira iti: “Ubukerebutsi bu[ra]kingira umuntu nk’uko amahera akingira umuntu; mugabo akarusho k’ubumenyi ni uko ubukerebutsi buzigamira ubuzima benebwo.”
[Ifoto ku rup. 67]
Amazi yashika i Lawodiseya yaba abishe kuko yari akazuyazi. Abakirisu b’i Lawodiseya bari bafise agatima kadashimishije ko kuba akazuyazi