ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 15 rup. 82-89
  • “Ni nde abereye kuzingurura uwo muzingo?”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Ni nde abereye kuzingurura uwo muzingo?”
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Uwubibereye
  • ‘Wa mwagazi w’intama wari warishwe’
  • Indirimbo z’amashemezo
  • Ururirimbo rushasha
  • Umugwi w’abaririmvyi bo mw’ijuru
  • Ururirimbo ruguma rwongerekana
  • Baririmba ururirimbo rushasha rw’intsinzi
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Ubwiza bw’intebe y’ubwami ya Yehova yo mw’ijuru
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Ubutumwa busosa kandi burura
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Ivyiza bizozanwa n’Umusi w’urubanza w’Imana!
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
Ibindi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 15 rup. 82-89

Ikigabane ca 15

“Ni nde abereye kuzingurura uwo muzingo?”

1. Ubu na ho ni ibiki Yohani yerekwa?

NI AGAHORE! BIRATEYE AKOBA! Ukwo ni ko twodondora ibintu bitangaje Yohani yabonye igihe yerekwa intebe y’ubwami ya Yehova ikikujwe na ya matara y’umuriro, ba bakerubi, ba bakurambere 24 na ca kiyaga c’ikiyo. None ubu na ho abona iki? Yohani aca ahanga amaso hagati na hagati y’ivyo bintu biriko biraba mw’ijuru, akatwiganira ati: “Kandi mbona mu kuboko kw’ukuryo kw’Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami umuzingo wanditsweko imbere n’inyuma, uhomeshejwe rwose udushashara indwi tudomweko ikidodo. Maze mbona umumarayika w’inkomezi atangaza n’ijwi rirenga ati: ‘Ni nde abereye kuzingurura uwo muzingo no kumatura udushashara twawo?’ Mugabo haba mw’ijuru canke kw’isi canke munsi y’isi ntihagira n’umwe ashobora kuzingurura nya muzingo canke kuraba muri wo. Nanje nca ndarira cane kuko hatabonetse n’umwe abereye kuzingurura nya muzingo canke kuraba muri wo.”—Ivyahishuwe 5:1-4.

2, 3. (a) Ni kubera iki Yohani ashashaye cane ko hoboneka umuntu azingurura wa muzingo, ariko bisa n’uko biza kugenda gute? (b) Ni igiki abasavyi b’Imana barobanuwe bamye barindiranye umushasharo muri iki gihe cacu?

2 Yehova wa Mukama Segaba w’ivyaremwe vyose ni we ubwiwe agira atange uwo muzingo. Utegerezwa kuba wuzuyemwo amakuru ahambaye, kuko wanditsweko imbere n’inyuma. Mbega yemwe uwo muzingo urimwo ibiki? Turibuka ubutumire Yehova yahaye Yohani ati: “Duga hano, nkwereke ibintu bitegerezwa kuba.” (Ivyahishuwe 4:1) Twumva dushashaye cane kumenya ivyo bintu. Ariko ikibabaje, uwo muzingo urugaye cane, uhomeshejwe udushashara indwi tudomweko ikidodo!

3 None uwo mumarayika w’inkomezi yoba aza kuronka umuntu abereye kuzingurura uwo muzingo? Bibiliya imwe (Kingdom Interlinear) ivuga ko uwo muzingo uri “ku kuboko kw’ukuryo” kwa Yehova. Ivyo bishaka kwerekana ko aramvuye ukuboko awufise mu kiganza ciwe cuguruye. Ariko bisa n’uko ata muntu n’umwe mw’ijuru canke kw’isi abereye kwakira uwo muzingo no kuwuzingurura. Mbere no munsi y’isi mu basavyi b’Imana b’abizigirwa bapfuye, nta n’umwe abereye iryo teka ridasanzwe. Ntibitangaje kubona Yohani ababara! Kumbure yibwira ko ataza kumenya vya “bintu bitegerezwa kuba.” No muri iki gihe cacu, abasavyi b’Imana barobanuwe bamye barindiranye umushasharo ko Yehova yobamurikira bagatahura ibiri mu gitabu c’Ivyahishuwe. Ivyo yobigize intambwe ku yindi igihe c’uko ubwo buhanuzi buranguka kigeze, kugira ngo ayobore abasavyi biwe mu nzira ibashikana ku ‘bukiriro buhambaye.’—Zaburi 43:3, 5.

Uwubibereye

4. (a) Ni nde basanga abereye kuzingurura wa muzingo no kumatura udushashara twawo? (b) Ni impera iyihe n’agateka akahe abagize umugwi wa Yohani na bagenzi babo bafise muri iki gihe?

4 Emwe, hariho umuntu ashoboye kuzingurura uwo muzingo! Yohani yigana ati: “Mugabo umwe muri ba bakurambere ambwira ati: ‘Reka kurira. Ehe ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda, wa muzi wa Dawidi, yaratsinze kugira ngo azingurure uwo muzingo amature n’udushashara indwi twawo.’” (Ivyahishuwe 5:5) Yohani rero aca yihanagura ayo mosozi! Abagize umugwi wa Yohani na bagenzi babo b’abizigirwa na bo nyene baramaze imyaka mirongo mu ruhamo rukaze mu gihe barindiriye bihanganye ko Yehova abamurikira. Ese ukuntu twironkeye impera nziza kuko dutahura ibiri muri iryo yerekwa! Vyongeye, ese ingene ari agateka kugira uruhara mw’iranguka ryaryo mu kubwira abandi ubutumwa buri muri ryo!

5. (a) Ni ubuhanuzi ubuhe bwari bwaravuzwe ku bijanye na Yuda, kandi abakomoka kuri Yuda batwara hehe? (b) Shilo ni nde?

5 Uti “ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda”? Yohani arazi ubuhanuzi Yakobo sekuruza w’Abayuda yavuze ku bijanye n’umuhungu wiwe agira kane ari we Yuda, ati: “Yuda ni icana c’intambwe. Uzoduga, mwananje, uvuye ku cacakiwe. Yarunamye, yarigoroye nk’intambwe, kandi vyongeye, nka kurya kw’intambwe, ni nde yokwubahuka kumuvyura? Agakoni k’ubutware ntikazova kuri Yuda, eka n’inkoni ya kizigenza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, gushika Shilo aje; ni we ibisata vy’abantu bizogamburukira.” (Itanguriro 49:9, 10) Umuryango wa cami wo mu basavyi b’Imana wakomotse kuri Yuda. Uhereye kuri Dawidi, abami bose batwaye i Yeruzalemu gushika Abanyababiloni batikije ico gisagara, bakomoka kuri Yuda. Ariko nta n’umwe muri bo yari umwe Shilo yari yaravuzwe na Yakobo. Shilo bisobanura ngo ‘Nyenevyo abifitiye uburenganzira.’ Mu buryo bw’ubuhanuzi, iryo zina ryerekeza kuri Yezu, uwo Ubwami bwa Dawidi ubu bwegukira ibihe vyose.—Ezekiyeli 21:25-27; Luka 1:32, 33; Ivyahishuwe 19:16.

6. Ni mu buryo ki Yezu yari “agashami” ka Yese n’“umuzi wa Dawidi”?

6 Yohani ntibimugora kumenya uwo “muzi wa Dawidi” uwo ari we. Mu buhanuzi, Mesiya yasezeranywe yitwa ‘agashami ko ku gishitsi ca Yese’ se w’Umwami Dawidi, akitwa kandi “umunago” be n’“umuzi wa Yese uzohagarara nk’ikimenyetso ku bisata vy’abantu.” (Yesaya 11:1, 10) Yezu yari agashami ka Yese, kuko yakomotse mu muryango wa cami wa Dawidi umuhungu wa Yese. Vyongeye, yari umuzi wa Yese kuko ari we yatumye ubwami bwa Dawidi busubira kunaga, arabuvyura buratsimbatara gushika ibihe bidahera.—2 Samweli 7:16.

7. Ni igiki gituma Yezu aba uwubereye kwakira umuzingo uri mu minwe y’umwe yicaye ku ntebe y’ubwami?

7 Yezu ni we muntu atagira agasembwa yakoreye Yehova adahemuka kuruta abandi bose, mbere no mu bigeragezo biremereye cane. Yaratanze inyishu ruhasha ku gacokoro ka Shetani. (Imigani 27:11) Ni co gituma yashoboye kuvuga muri rya joro buca apfa yitanzeko inkuka, ati: “Jewe naratsinze isi.” (Yohani 16:33) Ku bw’ivyo, Yezu amaze kuzuka, Yehova yaramuhaye “ububasha bwose . . . mw’ijuru no kw’isi.” Mu basavyi b’Imana bose, ni we wenyene akwije ibisabwa kugira yakire uwo muzingo, ngo amenyekanishe ubutumwa buhambaye cane buri muri wo.—Matayo 28:18.

8. (a) Ni amakuru ayahe ajanye n’Ubwami yerekana ko Yezu abereye kuzingurura wa muzingo? (b) Kubera iki bibereye ko umwe muri ba bakurambere 24 amenyesha Yohani umuntu abereye kuzingurura uwo muzingo?

8 Ego cane, birabereye ko Yezu azingurura uwo muzingo. Kuva mu 1914, yarimitswe aba Umwami w’Ubwami bw’Imana arongoye ari Mesiya, kandi uwo muzingo urimwo amakuru menshi yerekeye ubwo Bwami n’ico buzorangura. Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarashingiye intahe ukuri kw’Ubwami adahemuka. (Yohani 18:36, 37) Yarigishije abayoboke biwe gusenga basaba ko ubwo Bwami bwoza. (Matayo 6:9, 10) Yaratanguje igikorwa co kwamamaza inkuru nziza y’ubwo Bwami mu ntango y’ubukirisu yongera aravuga ko ico gikorwa cokwiragiye hose mu gihe c’iherezo. (Matayo 4:23; Mariko 13:10) Birabereye kandi kubona umwe muri ba bakurambere 24 amenyesha Yohani ko Yezu ari we agira amature udushashara tw’uwo muzingo. Uti kubera iki? Kubera ko abo bakurambere bicaye ku ntebe z’ubwami kandi bambaye ingori, bakaba ari abaraganwa na Kristu mu Bwami bwiwe.—Abaroma 8:17; Ivyahishuwe 4:4.

‘Wa mwagazi w’intama wari warishwe’

9. Aho kubona intambwe, ni igiki Yohani abona gihagaze “hagati ya ya ntebe,” kandi akidondora gute?

9 Yohani areraguza ngo arabe “ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda.” Ese ukuntu atangara! Abona haserutse ikintu atari yiteze na gato. Avuga ati: “Maze mbona hagati ya ya ntebe no hagati ya vya binyabuzima bine no hagati ya ba bakurambere hahagaze umwagazi w’intama nk’aho wari warishwe, ufise amahembe indwi n’amaso indwi, ayo maso akaba agereranya za mpwemu indwi z’Imana zatumwe mw’isi yose.”—Ivyahishuwe 5:6.

10. “Umwagazi w’intama” Yohani yabonye ni nde, kandi ni kubera iki iryo zina rimubereye?

10 Hagati na hagati, iruhande ya ya ntebe y’ubwami, hagati y’imizingi igizwe na vya binyabuzima bine be na ba bakurambere 24, hahagaze umwagazi w’intama! Ata gukeka, Yohani ubwo nyene aca abona ko uwo mwagazi w’intama ari “ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda” na “wa muzi wa Dawidi.” Arazi ko haciye imyaka irenga 60 Yohani Umubatizi amenyesheje Abayuda ko Yezu ari “Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho igicumuro c’isi.” (Yohani 1:29) Igihe cose Yezu yabayeho kw’isi yagumye atandujwe n’isi, nka kurya nyene kw’umwagazi w’intama utagira ikirabagu, ku buryo yashoboye gutanga ubuzima bwiwe butagira akanenge ngo bubere abantu incungu.—1 Abakorinto 5:7; Abaheburayo 7:26.

11. Ni kubera iki kuvuga ko Yezu uwaninahajwe ari “umwagazi w’intama . . . wari warishwe” atari ukumusuzugura?

11 None kwoba ari ugutesha agaciro canke gusuzugura Yezu uwaninahajwe tuvuze ko ari “umwagazi w’intama . . . wari warishwe”? Habe namba! Mu kuguma ari intahemuka gushika ku rupfu, Yezu yaratsinze Shetani bimwe bikomeye yongera atuma Yehova Imana atahukana intsinzi ihambaye. Kugereranya Yezu muri ubwo buryo birerekana neza ko yatsinze isi ya Shetani kandi biratwibutsa urukundo rugera kure Yehova na Yezu bakunda abantu. (Yohani 3:16; 15:13; gereranya n’Abakolosayi 2:15.) Ivyo rero birerekana ko Yezu ari rwa Ruvyaro rwari rwarasezeranywe, akaba akwije neza ibisabwa kugira azingurure uwo muzingo.—Itanguriro 3:15.

12. Amahembe indwi ya wa Mwagazi w’intama agereranya iki?

12 Ni igiki kandi gituma turushiriza guha agaciro uwo “mwagazi w’intama”? Afise amahembe indwi. Muri Bibiliya akenshi amahembe agereranya ububasha canke ubukuru, igitigiri indwi na co kikaba cerekana ikintu cuzuye. (Gereranya na 1 Samweli 2:1, 10; Zaburi 112:9; 148:14.) Ku bw’ivyo, amahembe indwi y’uwo Mwagazi w’intama agereranya ububasha bwuzuye Yehova yahaye Yezu. Ari “hejuru cane y’intwaro zose n’ububasha bwose n’ubushobozi bwose n’ubutware bwose n’amazina yose avugwa, atari muri iki gihe gusa, ariko no mu kizoza.” (Abanyefeso 1:20-23; 1 Petero 3:22) Yezu yarakoresheje ububasha, ni ukuvuga ububasha bwo gutegeka, na canecane guhera mu 1914 igihe Yehova yamwimika akaba Umwami mw’ijuru.—Zaburi 2:6.

13. (a) Amaso indwi ya wa Mwagazi w’intama agereranya iki? (b) Wa Mwagazi w’intama aca akora iki?

13 Vyongeye, Yezu yarujujwe impwemu nyeranda, kuko uwo Mwagazi w’intama ufise amaso indwi, na yo akaba “agereranya za mpwemu indwi z’Imana.” Yezu ni we muhora Yehova akoresha kugira aronse abasavyi biwe bo kw’isi inguvu ziwe ku rugero rwuzuye. (Tito 3:6) Biboneka ko iyo mpwemu nyene ari yo ituma abona ibibera kw’isi ari mw’ijuru. Cokimwe na Se wiwe, Yezu arafise ugutahura kutagira akanenge. Nta kimuca mu ryahumye. (Gereranya na Zaburi 11:4; Zekariya 4:10.) Uwo Mwana rero, umwe yagumana ugutungana agatsinda isi; ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda; wa muzi wa Dawidi; umwe yigura abantu; umwe Yehova Imana yaha ubukuru bwose, impwemu nyeranda yuzuye n’ugutahura kutagira akanenge, emwe, biratomoye ko uwo nyene ari we abereye koko gutora wa muzingo mu kiganza ca Yehova. None yoba agonanwa kwemera iryo banga ashinzwe mw’ishirahamwe rya Yehova rikomeye? Oya! Ahubwo ‘aca agenda, buno nyene agatora wa muzingo mu kuboko kw’ukuryo kw’Umwe yicaye kuri ya ntebe.’ (Ivyahishuwe 5:7) Mbega akarorero keza ko kugamburuka n’umutima ukunze!

Indirimbo z’amashemezo

14. (a) Vya binyabuzima bine na ba bakurambere 24 baca bakora iki Yezu atoye wa muzingo? (b) Amakuru Yohani ahabwa ku bijanye na ba bakurambere 24 adufasha gute kumenya neza abo ari bo n’ibanga ryabo?

14 None abo bandi bari imbere y’intebe y’ubwami ya Yehova baca bakora iki? Yohani avuga ati: “Maze atoye nya muzingo, vya binyabuzima bine na ba bakurambere mirongo ibiri na bane bikubita hasi imbere ya wa Mwagazi w’intama, umwe wese muri bo afise inanga n’amabakure y’inzahabu yuzuye imibavu, nya mibavu ikaba igereranya amasengesho y’aberanda.” (Ivyahishuwe 5:8) Nk’uko kw’abo bakerubi bane bari imbere y’intebe y’ubwami y’Imana, ba bakurambere 24 barunamira Yezu mu kwerekana ko bubaha ubukuru bwiwe. Mugabo abo bakurambere ni bo bonyene bafise inanga n’amabakure arimwo imibavu, kandi ni bo bonyene baca baririmba ururirimbo rushasha. (Ivyahishuwe 5:9) Bameze rero cokimwe na bamwe 144.000 bagize ‘Isirayeli nyeranda y’Imana,’ na bo nyene bakaba bafise inanga kandi bakaba baririmba ururirimbo rushasha. (Abagalatiya 6:16; Abakolosayi 1:12; Ivyahishuwe 7:3-8; 14:1-4) Vyongeye, abo bakurambere 24 baboneka bariko barangura igikorwa c’ubuherezi mw’ijuru kigereranywa n’ico abaherezi bo muri Isirayeli ya kera bakora mu guturirira Yehova imibavu mw’itaberenakulo, ico gikorwa kikaba carahagaze kw’isi igihe Imana yakuraho Itegeko rya Musa irikomereye imisumari ku giti Yezu yababarijweko. (Abakolosayi 2:14) None ivyo vyose bitwereka iki? Bitwereka ko abo barobanuwe batahukana intsinzi bariko barangura ibanga bazokwegurirwa ryo kuba ‘abaherezi b’Imana n’aba Kristu, bakaganzanya na we imyaka igihumbi.’—Ivyahishuwe 20:6.

15. (a) Muri Isirayeli, ni nde gusa yari afise agateka ko kwinjira Aheranda Rwose h’itaberenakulo? (b) Ni kubera iki umuherezi mukuru yategerezwa guturira imibavu imbere yo kwinjira Aheranda Rwose?

15 Muri Isirayeli ya kera, umuherezi mukuru ni we wenyene yari yemerewe kwinjira Aheranda Rwose hagereranya aho Yehova ari. Kujanayo imibavu nticari ikintu co gufata minenegwe. Itegeko Yehova yatanze ryagira riti: “[Aroni] aze atore ikijamwo umuriro cuzuye amakara yaka umuriro akuye ku gicaniro imbere ya Yehova, ibiganza vyiwe vyompi vyuzuye imibavu inoze imota neza, abizane inyuma y’irido. Aheze ashire nya mibavu ku muriro imbere ya Yehova, igicu ca nya mibavu kize gitwikire wa murumyo w’Isandugu uri kuri ca Gishingantahe, kugira ntapfe.” (Abalewi 16:12, 13) Umuherezi mukuru aramutse yinjiye Aheranda Rwose ataturiye imibavu ntiyahakura agatwe.

16. (a) Mw’ishengero rya gikirisu, ni nde yinjira Aheranda Rwose h’ikigereranyo? (b) Kubera iki abakirisu barobanuwe babwirizwa ‘guturira imibavu’?

16 Mw’ishengero rya gikirisu, Yezu Kristu uwugereranywa n’umuherezi mukuru wa kera, si we wenyene yinjira Aheranda Rwose h’ikigereranyo, aho Yehova ari mw’ijuru, ariko na ba baherezi batobato 144.000 barahinjira. (Abaheburayo 10:19-23) Abo baherezi, abagereranywa ng’aha na ba bakurambere 24, ntibashobora kwinjira aho Heranda Rwose batabanje ‘guturira imibavu,’ ni ukuvuga gutura Yehova amasengesho n’intakambo badahengeshanya.—Abaheburayo 5:7; Yuda 20, 21; gereranya na Zaburi 141:2.

Ururirimbo rushasha

17. (a) Ni ururirimbo rushasha nyabaki ba bakurambere 24 baririmba? (b) Imvugo ngo “ururirimbo rushasha” akenshi ikoreshwa gute muri Bibiliya?

17 Ubu na ho haca hasamirana ururirimbo ruryoheye ugutwi rushemeza wa Mwagazi w’intama. Aruririmbirwa na ba bakurambere 24 basangiye na we ibanga ry’ubuherezi. Yohani agira ati: “Kandi baririmba ururirimbo rushasha, bati: ‘Urabereye gutora uwo muzingo no kumatura udushashara twawo, kuko wishwe, kandi ukoresheje amaraso yawe ukaba waguriye Imana abantu bo mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose.’” (Ivyahishuwe 5:9) Imvugo ngo “ururirimbo rushasha” iraboneka incuro nyinshi muri Bibiliya, akenshi ikaba ikoreshwa mu bijanye n’ugushemeza Yehova igihe aba yakoze igikorwa gikomeye co kurokora abantu. (Zaburi 96:1; 98:1; 144:9) Iyo ndirimbo rero ni nshasha kubera ko uwuyiririmba ubu ashobora kumenyekanisha ibindi bikorwa bitangaje vya Yehova, akanarushiriza guha icubahiro izina ryiwe rininahaye.

18. Kubera iki ba bakurambere 24 bashemeza Yezu n’ururirimbo rushasha?

18 Ariko rero, ng’aha abo bakurambere 24 baririmbira ururirimbo rushasha imbere ya Yezu, si imbere ya Yehova. Mugabo iciyumviro ni ca kindi nyene. Bashemeza Yezu Umwana w’Imana kubera ibindi bikorwa yabakoreye. Biciye ku maraso yiwe, yarabaye umuhuza w’isezerano rishasha bituma haboneka ihanga rishasha ryegukira Yehova. (Abaroma 2:28, 29; 1 Abakorinto 11:25; Abaheburayo 7:18-25) Abagize iryo hanga rishasha ryo mu buryo bw’impwemu bava mu mahanga menshi, ariko Yezu yarabahurije mw’ishengero rimwe baba ihanga rimwe.—Yesaya 26:2; 1 Petero 2:9, 10.

19. (a) Ni umuhezagiro uwuhe Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri yahomvye kubera yahemutse? (b) Ni umuhezagiro uwuhe ihanga rishasha rya Yehova rizokwironkera?

19 Igihe Yehova yatunganya Abisirayeli bakaba ihanga mu gihe ca Musa, yaragiraniye na bo isezerano abemerera ko baryubahirije bomubereye ubwami bw’abaherezi. (Kuvayo 19:5, 6) Abisirayeli bararirenze, akaba ari co gituma batabonye iranguka ry’uwo muhango. Ariko rero iryo hanga rishasha, iryavutse biciye kw’isezerano rishasha Yezu yabereye umuhuza, ryagumye ari intahemuka. Ni co gituma abarigize bazoganza isi ari abami, bakazoba n’abaherezi bazofasha abantu b’umutima ugororotse gusubiza hamwe na Yehova. (Abakolosayi 1:20) Ni na vyo urwo ruririmbo rushasha ruvuga, ruti: “Kandi wabagize ubwami n’abaherezi ku Mana yacu, kandi bazoganza isi.” (Ivyahishuwe 5:10) Mbega umunezero abo bakurambere 24 baririmbana urwo ruririmbo rushasha rwo gushemeza Yezu uwaninahajwe!

Umugwi w’abaririmvyi bo mw’ijuru

20. Ni ururirimbo uruhe rwo gushemeza wa Mwagazi w’intama ruca rusamirana?

20 None abandi mu masinzi n’amasinzi yo mw’ijuru agize ishirahamwe rya Yehova bakira gute urwo ruririmbo rushasha? Yohani arakorwa ku mutima cane yumvise ukuntu bahuriza amajwi hamwe. Avuga ati: “Hanyuma ndabona, maze numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikuje ya ntebe na vya binyabuzima na ba bakurambere, kandi igitigiri cabo cari ibihumbi mirongo vy’ibihumbi mirongo n’ibihumbi vy’ibihumbi, bavuga n’ijwi rirenga bati: ‘Wa Mwagazi w’intama wishwe urabereye guhabwa ububasha n’ubutunzi n’ubukerebutsi n’inkomezi n’iteka n’ubuninahazwa n’umuhezagiro.’” (Ivyahishuwe 5:11, 12) Mbega ururirimbo rw’ishemezo rukora ku mutima!

21. Gushemeza wa Mwagazi w’intama vyoba bigira ico bihinduye ku busegaba bwa Yehova n’ikibanza ciwe? Sigura.

21 Ivyo none vyoba bisobanura ko Yezu yoba yasubiriye Yehova Imana be n’uko ibiremwa vyose ubu bisigaye bishemeza we aho gushemeza Se? Ntibikabe! Ahubwo riho urwo ruririmbo rw’ishemezo rurahuye n’ivyo intumwa Paulo yanditse ku biraba Yezu, ati: “Imana [yaramudugije imushira] mu kibanza co hejuru cane, [imuha] n’umutima ukunze izina riri hejuru y’ayandi mazina yose, kugira ngo mw’izina rya Yezu ivi ryose ripfunywe, ry’abari mw’ijuru n’abari kw’isi n’abari munsi y’ivu, no kugira ngo ururimi rwose rwemange icese yuko Yezu Kristu ari Umukama ku bw’ubuninahazwa bw’Imana ari yo Data.” (Abafilipi 2:9-11) Yezu ng’aha ashemezwa kubera uruhara yaranguye imbere y’ivyaremwe vyose mu kwishura ca kibazo nyamukuru kijanye n’iyemezwa ry’ubusegaba bwa Yehova. Emwe, ivyo vyaratumye Se wiwe aninahazwa pe!

Ururirimbo ruguma rwongerekana

22. Ni ururirimbo uruhe ababa kw’isi biyungako?

22 Mu vyo Yohani adondora, abona amasinzi y’ababa mw’ijuru ariko aririmbira Yezu ururirimbo ruryoheye ugutwi mu kwikugura ubwizigirwa bwiwe n’ubukuru afise mw’ijuru. Amajwi y’ababa mw’isi aca abiyungako kuko na bo nyene bagira uruhara mu gushemeza Data n’Umwana. Nka kurya nyene umwana atera iteka abavyeyi biwe igihe akoze ibintu vyiza, ukudahemuka kwa Yezu kuratuma ivyaremwe vyose ‘bininahaza Imana ari yo Data.’ Yohani rero abandanya kutwiganira ati: “Maze ikiremwa cose kiri mw’ijuru no kw’isi no munsi y’isi no ku kiyaga, be n’ibintu vyose biri muri vyo, numva bivuga biti: ‘Umuhezagiro n’iteka n’ubuninahazwa n’ubushobozi bibe ivy’Uwicaye kuri irya ntebe y’ubwami n’ivy’urya Mwagazi w’intama ibihe bitazoshira.’”—Ivyahishuwe 5:13.

23, 24. (a) Ni igiki cerekana igihe urwo ruririmbo rwotanguye mw’ijuru be n’igihe rwotanguye kw’isi? (b) Urwo ruririmbo rwagiye rurongerekana gute uko imyaka yarengana?

23 Urwo ruririmbo ruryoshe cane rusamirana ryari? Rwatanguye mu ntango z’umusi w’Umukama. Inyuma y’aho Shetani n’amadayimoni yiwe birukaniwe mw’ijuru, “ikiremwa cose kiri mw’ijuru” caciye ciyunga muri urwo ruririmbo rw’ishemezo. Nk’uko n’amaraporo avyerekana, kuva mu 1919, isinzi ry’abantu baguma biyongera kw’isi barahurije amajwi hamwe mu gushemeza Yehova, bava ku bihumbi bikeyi bashika ku miliyoni zirenga indwi mu 2011.a Isi ya Shetani niyamara gukurwaho, “ikiremwa cose kiri . . . kw’isi” kizoshemeza Yehova n’Umwana wiwe. Igihe Yehova yashinze kigeze, abantu amamiliyoni n’ayandi bapfuye bazotangura kuzuka, maze “ikiremwa cose” Imana yibuka “munsi y’isi” kizoronka akaryo ko kwiyunga ku bindi biremwa mu kuririmba urwo ruririmbo.

24 Mbere n’ubu, uhereye ‘ku mpera y’isi, ku kiyaga no mu mazinga,’ abantu amamiliyoni bariko bararirimba ururirimbo rushasha bifatanije n’ishirahamwe rya Yehova rikwiye kw’isi yose. (Yesaya 42:10; Zaburi 150:1-6) Urwo ruririmbo ruteye umunezero ruzorushiriza gukomera mu mpera za ya myaka igihumbi, abantu nibamara kuba abatagira akanenge. Ya nzoka ya kera, ni ukuvuga Shetani wa munyaruyeri karuhariwe, izoca irandurwa kugira ngo ubuhanuzi buri mw’⁠Itanguriro 3:15 buranguke bimwe bishitse. Maze ibiremwa vyose, baba abamarayika canke abantu, bizoca bihuriza amajwi hamwe vyigina intsinzi biti: “Umuhezagiro n’iteka n’ubuninahazwa n’ubushobozi bibe ivy’Uwicaye kuri irya ntebe y’ubwami n’ivy’urya Mwagazi w’intama ibihe bitazoshira.” Nta jwi ritandukanye n’ayo rizosubira kwumvikana kw’isi canke mw’ijuru.

25. (a) Gusoma iyo nkuru ya Yohani ijanye n’ururirimbo ruririmbwa n’ivyaremwe vyose bituvyurira umutima wo gukora iki? (b) Ni akarorero keza akahe vya binyabuzima bine na ba bakurambere 24 badusigira mu mpera z’iryo yerekwa?

25 Ese ukuntu ico gihe kizoba giteye umunezero! Ata gukeka, ivyo Yohani adondora bituma imitima yacu yuzura akanyamuneza kandi biratuvyurira umutima wo kwifatanya n’ibiremwa indiri vyo mw’ijuru mu gushemeza Yehova Imana na Yezu Kristu tubikuye ku mutima. None ivyo ntibituma turushiriza kwumira kw’ibanga mu gukora ibikorwa vyiza? Tubigenjeje gutyo, turashobora kwitega ko Yehova azodufasha tugashika muri ico gihe gihimbaye, maze ubwacu tukifatanya n’ibindi biremwa vyose muri urwo ruririmbo rwo kumushemeza. Nta makenga yuko abo bakerubi bane bavuga rumwe n’abo bakirisu barobanuwe bamaze kuzuka, kuko iryo yerekwa risozera riti: “Hanyuma vya binyabuzima bine bivuga biti: ‘Amen!’, ba bakurambere baca bikubita hasi, barasenga.”—Ivyahishuwe 5:14.

26. Dukwiye kwizera iki, kandi ni igiki wa Mwagazi w’intama agira akore?

26 Musomyi mukundwa, ese wokwizera incungu ya wa Mwagazi w’intama, umwe ‘abibereye,’ maze ukironkera imihezagiro uko winanata wicishije bugufi ngo usenge Yehova “Umwe yicaye kuri ya ntebe y’ubwami” wongere umukorere. Niwemere abagize umugwi wa Yohani bagufashe mu kukuronsa ‘ku gihe kibereye ingero y’ibifungurwa’ vy’impwemu ukeneye. (Luka 12:42) Ubu na ho, wa Mwagazi w’intama agira amature twa dushashara indwi. None ni ibintu bishimishije ibihe tuja kuhamenyera?

[Akajambo k’epfo]

a Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 64.

[Ifoto yuzuye urupapuro rwose, rup. 86]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika