ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 23 rup. 148-154
  • Amagorwa ya kabiri: Ingabo z’abarwanira ku mafarasi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amagorwa ya kabiri: Ingabo z’abarwanira ku mafarasi
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibihumbi mirongo ibiri vy’ibihumbi mirongo
  • Igitero c’abarwanira ku mafarasi ugiramwo uruhara
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Amagorwa ya mbere: Inzige
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Abavukanyi ibihumbi n’ibihumbi
    Turirimbire Yehova tunezerewe
  • Abavukanyi ibihumbi n’ibihumbi
    Turirimbire Yehova
Ibindi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 23 rup. 148-154

Ikigabane ca 23

Amagorwa ya kabiri: Ingabo z’abarwanira ku mafarasi

1. Naho abakuru b’amadini bagerageje guhagarika za nzige, ni ibiki vyabaye, kandi kuba hagira haze ayandi magorwa abiri vyerekana iki?

KUVA mu 1919, igitero c’inzige z’ikigereranyo zateye amadini y’abiyita abakirisu carabujije amahoro cane abakuru bayo. Baragerageje kuzihagarika ariko zagumye ziza zifise inkomezi nyinshi kuruta. (Ivyahishuwe 9:7) Si ivyo gusa! Yohani yandika ati: “Amagorwa amwe ararenganye. Ehe ayandi magorwa abiri agira aze inyuma y’ivyo.” (Ivyahishuwe 9:12) Amadini y’abiyita abakirisu agiye gushikirwa n’ibindi vyago bibabaza.

2. (a) Ni igiki kiba umumarayika wa gatandatu avugije urumbete rwiwe? (b) Iryo “jwi rimwe rivuye mu mahembe ya ca gicaniro c’inzahabu” rigereranya iki? (c) Kubera iki havugwa abamarayika bane?

2 None amagorwa agira kabiri aterwa na nde? Yohani yandika ati: “Umumarayika agira gatandatu na we avuza urumbete rwiwe. Maze numva ijwi rimwe rivuye mu mahembe ya ca gicaniro c’inzahabu kiri imbere y’Imana ribwira nya mumarayika agira gatandatu yari afise urumbete, riti: ‘Bohora ba bamarayika bane babohewe kuri rwa ruzi runini Efurate.’” (Ivyahishuwe 9:13, 14) Abo bamarayika barekurwa kubera iryo jwi rivuye mu mahembe y’ico gicaniro c’inzahabu. Ico ni ca gicaniro c’inzahabu c’imibavu, kandi vyamaze kuvugwa incuro zibiri ko amabakure y’inzahabu arimwo imibavu yo kuri ico gicaniro agereranya amasengesho y’aberanda. (Ivyahishuwe 5:8; 8:3, 4) Ku bw’ivyo, iryo jwi rimwe rigereranya amasengesho yose y’aberanda bo kw’isi. Batakamba basaba ko borekurwa kugira barushirize kurangurana umwete umurimo wa Yehova ari “intwarabutumwa,” kuko iyo ari yo nsobanuro nyamukuru y’ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ng’aho ngo “abamarayika.” None ni kubera iki abo bamarayika ari bane? Biboneka ko ico gitigiri c’ikigereranyo cerekana yuko bobaye batunganijwe neza kugira baheture isi yose.—Ivyahishuwe 7:1; 20:8.

3. Ni mu buryo ki ba bamarayika bane “babohewe kuri rwa ruzi runini Efurate”?

3 None ni mu buryo ki abo bamarayika “babohewe kuri rwa ruzi runini Efurate”? Kera uruzi Efurate ni rwo rwari urubibe rwo mu buraruko bushira ubuseruko rw’igihugu Yehova yari yarasezeraniye Aburahamu. (Itanguriro 15:18; Gusubira mu vyagezwe 11:24) Biboneka ko abo bamarayika bari bazibiriwe ku rubibe rw’igihugu Imana yabahaye, ni ukuvuga akarere ko kw’isi baranguriramwo igikorwa, kugira ntibinjire bimwe bishitse mu murimo Yehova yari yarabateguriye. Uruzi Efurate rwarakunda kandi gusanishwa n’igisagara ca Babiloni, kandi Yeruzalemu imaze gutemba mu 607 B.G.C., Abisirayeli baramazeyo imyaka 70 mu bunyagano “babohewe kuri rwa ruzi runini Efurate.” (Zaburi 137:1) Mu 1919 Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu na bo nyene bari baboshwe mu buryo nk’ubwo, batuntuye kandi baguma basaba Yehova ubuyobozi.

4. Ni igikorwa ikihe ba bamarayika bane bahawe, kandi caranguwe gute?

4 Igishimishije, Yohani yigana ati: “Nya bamarayika bane barabohorwa, bakaba ari abateguwe ku bw’iyo saha n’umusi n’ukwezi n’umwaka, ngo bice ica gatatu c’abantu.” (Ivyahishuwe 9:15) Yehova ni karuhariwe mu kwubahiriza umwanya. Arashinga ibihe akorerako ibintu kandi akavyubahiriza. Ku bw’ivyo, izo ntwarabutumwa zirekurwa neza na neza ku gihe cashinzwe kandi hageze ko zirangura igikorwa zahawe. Ibaze nawe umunezero bagize igihe barekurwa mu 1919, biteguriye igikorwa! Ubu ho ntibafise igikorwa co kubabaza abantu gusa, ahubwo babwirwa “ngo bice ica gatatu c’abantu.” Ivyo bifitaniye isano n’ivyago bitangazwa n’inzumbete zine za mbere, bino bikaba vyateye ica gatatu c’isi, c’ikiyaga, c’ibiremwa vyo mu kiyaga, c’amasôko y’amazi n’inzuzi be n’ic’ibitangamuco vyo mu kirere. (Ivyahishuwe 8:7-12) Abo bamarayika bane ntibagarukira aho. ‘Barica,’ ni ukuvuga ko bashira ahabona neza yuko amadini y’abiyita abakirisu yapfuye mu vy’impwemu. Ubutumwa bumeze nk’inzumbete bwatangajwe kuva mu 1922 gushika n’ubu, bwarashitse kuri ico kintu.

5. Ku bijanye n’abiyita abakirisu, ni mu buryo ki ijwi ry’urumbete rugira gatandatu ryasamiranye mu 1927?

5 Uribuka ko umumarayika wo mw’ijuru yari ahejeje kuvuza urumbete rwa gatandatu. Ivyo bibaye, Abatohoji ba Bibiliya baciye bagira ihwaniro mpuzamakungu rigira gatandatu ryabereye i Toronto (Ontario) muri Kanada. Porogarama yo ku musi w’iyinga igenekerezo rya 24 Mukakaro 1927, yaraciye ku maradiyo 53, ico gihe akaba ata yindi porogarama yari bwace ku maradiyo menshi nk’ayo. Birashoboka ko ubwo butumwa bwashikiriye abantu amamiliyoni n’ayandi. Kimwe coco, haragizwe umwiyemezo ukomeye washize ahabona yuko amadini y’abiyita abakirisu yapfuye mu buryo bw’impwemu maze utanga ubutumire bugira buti: “Muri iki gihe kigoye, Yehova Imana ariko arahimiriza abantu ngo bave mu ‘madini y’abiyita abakirisu’ kandi bavavanure na yo . . . ; abantu nibihebere n’umutima wabo wose Yehova Imana, Umwami wiwe n’ubwami bwiwe.” Haciye hakurikira insiguro y’icese yavuga ngo “Umwidegemvyo ku bantu.” Umuvukanyi J. F. Rutherford yayishikirije n’igishika cinshi nk’uko yari asanzwe abigira, mu buryo buhuye n’“umuriro n’umwotsi be n’amazuku” Yohani aca abona mw’iyerekwa.

6. Yohani adondora gute ingabo z’abarwanira ku mafarasi aca abona?

6 “Igitigiri ca za ngabo z’abarwanira ku mafarasi na co cari ibihumbi mirongo ibiri vy’ibihumbi mirongo: narumvise igitigiri cazo. Kandi uku ni ko nabonye nya mafarasi mw’iyerekwa, n’abayicayeko: bari bafise ibikingira igikiriza bitukura nk’umuriro, vy’ubururu nk’ubw’akabuye kitwa yasenti, n’umuhondo nk’uw’amazuku; kandi imitwe y’ayo mafarasi yari nk’iy’intambwe, mu minwa yayo na ho hakavamwo umuriro n’umwotsi n’amazuku. Ica gatatu c’abantu cicwa n’ivyo vyago bitatu, kubera umuriro n’umwotsi be n’amazuku vyava mu minwa yayo.”—Ivyahishuwe 9:16-18.

7, 8. (a) Izo ngabo zigenda ziravuza urwamo nk’urw’umuturagaro ziyobowe na nde? (b) Ni mu buryo butandukanye ubuhe izo ngabo zimeze nka za nzige zazitangira imbere?

7 Biboneka ko izo ngabo zigenda ziravuza urwamo nk’urw’umuturagaro ziyobowe na ba bamarayika bane. Mbega ikintu giteye ubwoba! Ibaze ukuntu wokwiyumva hamwe igitero nk’ico coza kikugana! Ugikubise ijisho honyene woca utekerwa n’ubwoba. Ariko none, wabonye isano izo ngabo zifitaniye na za nzige zaza imbere yazo? Za nzige zari zimeze nk’amafarasi; muri izo ngabo na ho harimwo amafarasi. Vyompi rero bigira uruhara mu ntambara yo mu buryo bw’impwemu. (Imigani 21:31) Za nzige zari zifise amenyo nk’ay’intambwe; ifarasi zo muri ico gitero na zo zifise imitwe nk’iy’intambwe. Vyompi rero birafitaniye isano na ya Ntambwe idatinya yo mu muryango wa Yuda ari yo Yezu Kristu, we Ndongozi yabo, Komanda wabo akaba na we Karorero kabo.—Ivyahishuwe 5:5; Imigani 28:1.

8 Izo nzige n’izo ngabo zirwanira ku mafarasi vyompi biragira uruhara mu gikorwa ca Yehova co guca imanza. Izo nzige zisokoroka ziva mu mwotsi ugereranya amagorwa n’umuriro utongora abiyita abakirisu; mu kanwa k’amafarasi na ho havamwo umuriro, umwotsi n’amazuku. Inzige zifise ibikingira igikiriza vy’icuma, bikaba vyerekana ko zikingira imitima yazo mu kwumira ku bugororotsi; ingabo z’abarwanira ku mafarasi na zo zambaye ibikingira igikiriza bifise ibara ritukura, iry’ubururu n’iry’umuhondo, bikaba bigereranya ubutumwa bw’urubanza rubi bumeze nk’umuriro, umwotsi n’amazuku biva mu kanwa k’ayo mafarasi. (Gereranya n’​Itanguriro 19:24, 28; Luka 17:29, 30.) Inzige zifise imirizo imeze nk’utumina kugira zibabaze abantu; amafarasi na yo afise imirizo imeze nk’inzoka kugira yice! Biboneka ko ico gitero c’abarwanira ku mafarasi kibandanya maze kigasozera igikorwa catanguwe n’izo nzige.

9. Izo ngabo z’abarwanira ku mafarasi zigereranya bande?

9 None izo ngabo zigereranya iki? Ko abarobanuwe bagize umugwi wa Yohani ari bo batanguye gutangaza nk’urumbete imanza za Yehova zijanye n’ukwihora amadini y’abiyita abakirisu, bakabigira bafise ububasha bwo ‘gukomora no kubabaza,’ twoshobora rero kwitega ko uwo mugwi nyene ari wo ukoreshwa mu ‘kwica,’ ni ukuvuga mu kumenyesha ko ayo madini n’abakuru bayo bapfuye mu buryo bw’impwemu, ko Yehova yabashibuye bakaba bagira batabwe mw’“itanure ry’umuriro” rigereranya ukurandurwa buhere. Emwe, Babiloni Akomeye uko yakabaye ategerezwa gutikizwa. (Ivyahishuwe 9:5, 10; 18:2, 8; Matayo 13:41-43) Ariko rero imbere y’uko atikizwa, abagize umugwi wa Yohani barakoresha “inkota y’impwemu, [ari] ryo jambo ry’Imana,” mu kwerekana ko amadini y’abiyita abakirisu asa n’ayapfuye. Ba bamarayika bane n’abagendera ku mafarasi baratanga ubuyobozi muri ico gikorwa c’ikigereranyo co kwica “ica gatatu c’abantu.” (Abanyefeso 6:17; Ivyahishuwe 9:15, 18) Ivyo vyerekana ko igihe uwo mugwi utangaje w’abamamaji b’Ubwami utonze urugamba, uba utunganijwe neza kandi ukaronswa ubuyobozi bwo mu vy’impwemu uhagarikiwe n’Umukama Yezu Kristu.

Ibihumbi mirongo ibiri vy’ibihumbi mirongo

10. Ni mu buryo ki ingabo z’abarwanira ku mafarasi zishika ibihumbi mirongo ibiri vy’ibihumbi mirongo?

10 Bishoboka gute ngo izo ngabo z’abarwanira ku mafarasi zibe zishika ibihumbi mirongo ibiri vy’ibihumbi mirongo? Ico gitigiri kingana n’imiliyoni 200.a Igishimishije, muri iki gihe hariho abamamaji b’Ubwami amamiliyoni, ariko ni bake cane ubagereranije n’ico gitigiri c’imiliyoni amajana! Mugabo rero, uribuka amajambo Musa yavuze mu Guharūra 10:36, ati: “Garuka, Yehova we, ku bihumbi mirongo vy’ibihumbi vya Isirayeli” (Gereranya n’​Itanguriro 24:60.) Ayo majambo tuyafashe ukwo nyene yoca asobanura ngo ‘garuka ku mamiliyoni mirongo ya Isirayeli.’ Ariko rero mu gihe ca Musa, Isirayeli yari igizwe n’abantu bari hagati y’imiliyoni zibiri na zitatu gusa. None Musa yashaka kuvuga iki? Nta gukeka ko yabona mu bwenge yuko Isirayeli yogwiriye ikangana n’“inyenyeri zo mu majuru, nk’udutete tw’umusenyi turi ku nkengera y’ikiyaga,” ku buryo idashobora guharurwa. (Itanguriro 22:17; 1 Ngoma 27:23) Yakoresheje rero iyo mvugo ngo “ibihumbi mirongo” ashaka kwerekeza ku gitigiri kinini mugabo kitazwi. Ku bw’ivyo, Bibiliya imwe (The New English Bible) ihindura uwo murongo iti: “Gumana MUKAMA n’ibihumbi bidaharurwa vya Isirayeli.” Ivyo birahuye n’insobanuro igira kabiri y’imvugo ngo “ibihumbi mirongo” dusanga muri kazinduzi y’ikigiriki n’iy’igiheburayo, ni ukuvuga “isinzi ridaharurwa” canke “isinzi.”—Dictionnaire grec-français ya Bailly; Lexique hébreu et anglais de l’Ancien Testament ya Gesenius, yahinduwe na Edward Robinson.

11. Kugira abo mu mugwi wa Yohani bashobore kuba ibihumbi mirongo, mbere no mu buryo bw’ikigereranyo, bokeneye iki?

11 Ariko ntiwumve, abo mu mugwi wa Yohani bakiri ng’aha kw’isi barenga gatoyi 10.000. None ni kubera iki bagereranywa n’ibihumbi bidaharurwa vy’ingabo z’abarwanira ku mafarasi? Kugira bashobore kuba ibihumbi mirongo, mbere no mu buryo bw’ikigereranyo, ubwo ntibobaye bakeneye ababashigikira? Emwe bari babakeneye nyene, kandi biciye ku buntu ata wari abukwiriye bwa Yehova barabaronse! None bavuye he?

12, 13. Ni ibiki vyagiye biraba kuva mu 1918 gushika mu 1935 vyerekanye aho abashigikira abarobanuwe bovuye?

12 Kuva mu 1918 gushika mu 1922, abagize umugwi wa Yohani baratanguye kumenyesha abo muri iyi si yuzuye imibabaro icizigiro ceza umutima c’uko “abantu amamiliyoni bariho ubu [bata]zokwigera bapfa.” Mu 1923 vyaramenyeshejwe kandi ko za ntama zivugwa muri Matayo 25:31-34 zotoranye ubuzima bwo kw’isi ziyobowe n’Ubwami bw’Imana. Icizigiro nk’ico nyene caramenyeshejwe mu gatabu Liberté pour les peuples, kasohowe kw’ihwaniro mpuzamakungu ryabaye mu 1927. Mu ntango y’imyaka ya 1930, vyarasiguwe ko za ntama zifise icizigiro co kuba kw’isi ari abagororotsi bagize umugwi wa Yehonadabu be n’“abantu baniha bakongera bakaboroga” kubera ukuntu amadini y’abiyita abakirisu ateye akagongwe mu vy’impwemu. (Ezekiyeli 9:4; 2 Abami 10:15, 16) Mu kubayobora ku “bisagara vy’ubuhungiro” vyo mu gihe ca none, Umunara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 15 Myandagaro 1934, wavuze uti: “Abagize umugwi wa Yehonadabu barumvise ijwi ry’urumbete rw’Imana maze barumvira imburi bahungira mw’ishirahamwe ry’Imana bifatanya n’abasavyi bayo, kandi aho ni ho bategerezwa kuguma.”—Guharūra 35:6.

13 Mu 1935, abagize uwo mugwi wa Yehonadabu ni bo canecane batumiwe ngo bitabe ihwaniro ry’Ivyabona vya Yehova ryabereye i Washington, D.C. muri Amerika. Kuri iryo hwaniro, ku wa gatanu igenekerezo rya 31 Rusama, umuvukanyi J. F. Rutherford yarashikirije ya nsiguro yiwe izwi cane yavuga ngo “Isinzi rinini.” Yarerekanye neza ko uwo mugwi uvugwa mu Vyahishuwe 7:9 ari za ntama zivugwa muri Matayo 25:33, bano bakaba ari abantu biyeguye bafise icizigiro co kuba kw’isi. Bwa kimenyetso c’ivyari inyuma, kuri iryo hwaniro harabatijwe abantu 840, benshi muri bo bakaba bari mu bagize rya sinzi rinini.b

14. Abo mw’isinzi rinini boba bogize uruhara muri ca gitero c’ikigereranyo c’ingabo z’abarwanira ku mafarasi, kandi ni umwiyemezo uwuhe wagizwe mu 1963?

14 None abagize iryo sinzi rinini boba baragize uruhara mu gitero ca za ngabo z’abarwanira ku mafarasi catanguye mu 1922 maze kikarushiriza gukomera bimwe bidasanzwe kw’ihwaniro ryabereye i Toronto mu 1927? Nta nkeka ko bakigizemwo uruhara bahagarikiwe na ba bamarayika bane, ni ukuvuga abarobanuwe bagize umugwi wa Yohani! Kw’iteraniro ryabereye hirya no hino kw’isi mu 1963 ryataziriwe ngo “Inkuru nziza y’ibihe bidahera,” barifatanije n’abagize umugwi wa Yohani mu kugira umwiyemezo ukomeye. Uwo mwiyemezo wavuga ko isi “igiye gushikirwa n’imidurumbanyo imeze nka nyamugigima itari bwigere ibaho be n’uko inzego zayo zose za politike n’amadini yayo agize Babiloni bizonyiganyizwa gushika mu mizi.” Wavuga kandi ko “tuzobandanya kubwira abantu bose ata kugira nkunzi ‘inkuru nziza y’ibihe bidahera’ yerekeye Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya be n’imanza zayo. Izo manza zimeze nk’ivyago ku bansi bayo, mugabo zizoshitswa kugira itabare abantu bose bipfuza gusenga Umuremyi mu buryo yemera, mu mpwemu no mu kuri.” Abantu 454.977 bitavye amateraniro 24 yabereye hirya no hino kw’isi baremeye n’urweze rwinshi uwo mwiyemezo, ibice birenga 95 kw’ijana vyabo bakaba bari abo muri rya sinzi rinini.

15. (a) Mu 2011, abo muri rya sinzi rinini Yehova yariko arakoresha mu ndimiro bari ibice bingahe kw’ijana? (b) Isengesho Yezu yatuye muri Yohani 17:20, 21 riserura gute ubumwe buri hagati ya rya sinzi rinini n’abagize umugwi wa Yohani?

15 Abo muri rya sinzi rinini bagumye bamenyesha ko bifatanije bimwe bishitse n’abagize umugwi wa Yohani mu gusuka ivyago ku biyita abakirisu. Mu 2011, abo muri iryo sinzi rinini bari bagize ibice birenga 99 kw’ijana vy’abo Yehova ariko arakoresha mu ndimiro. Abo muri iryo sinzi barifatanya n’umutima wabo wose n’abagize umugwi wa Yohani, abo Yezu yasabiye muri Yohani 17:20, 21, ati: “Sinsabira aba bonyene, ahubwo nsabira n’abanyizera biciye kw’ijambo ryabo; kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, wunze ubumwe nanje, nanje nkunga ubumwe nawe, ngo na bo nyene bunge ubumwe natwe, kugira ngo isi yemere yuko wantumye.” Uko abarobanuwe bagize umugwi wa Yohani baja imbere bahagarikiwe na Yezu, abo muri rya sinzi rinini b’abanyamwete barifatanya na bo mu gitero ca za ngabo z’abarwanira ku mafarasi gihonya kuruta ibindi vyose vyabayeho muri kahise k’abantu!c

16. (a) Yohani adondora gute iminwa n’imirizo y’ayo mafarasi y’ikigereranyo? (b) Iminwa y’abasavyi ba Yehova yateguwe gute ku bw’umurimo? (c) Kuba “imirizo yayo imeze nk’inzoka” bigereranya iki?

16 Izo ngabo zirakeneye ibirwanisho. Ese ukuntu rero bishimishije kubona Yehova yarabitanze! Yohani avuga ati: “Kuko ububasha bw’ayo mafarasi buri mu minwa yayo no mu mirizo yayo; kuko imirizo yayo imeze nk’inzoka ikagira n’imitwe, kandi ivyo ni vyo aryanisha.” (Ivyahishuwe 9:19) Yehova yaragenye abasuku biyeguye bakabatizwa ngo barangure ico gikorwa. Biciye kw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi no ku yandi makoraniro y’ishengero n’ayandi mashure, yarabigishije ingene bokwamamaza rya jambo, kugira bashobore kuvugana ububasha “ururimi rw’abigishijwe.” Yarashize amajambo yiwe mu kanwa kabo aca abarungika kumenyesha imanza ziwe “ku mugaragaro be n’inzu ku nzu.” (2 Timoteyo 4:2; Yesaya 50:4; 61:2; Yeremiya 1:9, 10; Ivyakozwe 20:20) Abagize umugwi wa Yohani n’abo muri rya sinzi rinini bagiye barasiga inyuma yabo ubutumwa bukomora bugereranywa na ya “mirizo,” mu bisohokayandikiro amamiliyoni ibihumbi bigizwe na Bibiliya, ibitabu, udutabu n’ibinyamakuru bagiye baratanga uko imyaka yarenganye. Ababarwanya bobo, abariko baramenyeshwa imibabaro Yehova agiye kubateza, babona umengo izo ngabo z’abarwanira ku mafarasi ni ibihumbi mirongo vy’ibihumbi mirongo.—Gereranya na Yoweli 2:4-6.

17. Ivyabona vya Yehova bo mu bihugu usanga badashobora gutanga ibisohokayandikiro kubera igikorwa cabo kibujijwe, boba bagira uruhara mu gitero ca za ngabo z’abarwanira ku mafarasi? Sigura.

17 Umugwi w’izo ngabo urangwa n’umwete kuruta abandi ugizwe n’abavukanyi bari mu bihugu usanga igikorwa c’Ivyabona vya Yehova kibujijwe. Nka kurya kw’intama hagati mu mabingira, babwirizwa ‘kwiyubara nk’inzoka yamara bakaba intungane nk’inuma.’ Kubera ko bagamburukira Yehova, ntibashobora kureka kuvuga ibintu babonye kandi bumvise. (Matayo 10:16; Ivyakozwe 4:19, 20; 5:28, 29, 32) Twoba dukwiye gushika ku ciyumviro c’uko batagira uruhara mu gitero ca za ngabo z’abarwanira ku mafarasi kubera yuko bafise ibitabu bike canke ata n’ivyo bafise? Habe namba! Barafise iminwa kandi Yehova arabaha ububasha bwo kuyikoresha kugira bavuge ukuri kwo muri Bibiliya. Ivyo barabikora akaryo kabonetse kandi babigiranye ubujijutsi, bagatanguza inyigisho za Bibiliya maze “[bak]azana benshi ku bugororotsi.” (Daniyeli 12:3) Naho batoba bakomora n’imirizo yabo mu gusiga ibisohokayandikiro bitarya umunwa, mu minwa yabo haravamwo umuriro, umwotsi n’amazuku vy’ikigereranyo igihe bashinga intahe babigiranye ubugenge n’ukwiyubara ku bijanye n’umusi uriko uregereza wo kwemeza ubusegaba bwa Yehova.

18. Za ngabo zatanze ubutumwa bw’ivyago buri mu bitabu bicapuwe mu ndimi zingahe no ku bitigiri bingana gute?

18 Mu bindi bihugu, ibisohokayandikiro vy’Ubwami birabandanya gushira ku kabarore inyigisho n’imigenzo vyo mu madini y’abiyita abakirisu bikomoka i Babiloni, bikayatera umubabaro abereye wo mu buryo bw’ikigereranyo. Muri iyi myaka 75 y’imbere ya 2012, ubuhinga bugezweho bwo gucapura bwarafashije izo ngabo nyinshi gutanga mu ndimi zirenga 600 ibisohokayandikiro amamiliyaridi bigizwe na Bibiliya, ibitabu, ibinyamakuru n’udutabu, ico gitigiri kikaba kiruta kure n’iyo vya bihumbi mirongo ibiri vy’ibihumbu mirongo. Mbega ukuntu iyo mirizo yakomoye!

19, 20. (a) Naho ubutumwa bw’ivyago bwerekeye canecane amadini y’abiyita abakirisu, abantu bamwebamwe bo mu bihugu bitari ivy’abiyita abakirisu babwakiriye gute? (b) Yohani adondora gute ingene abantu bavyakira muri rusangi?

19 Yehova afise umugambi w’uko ubwo butumwa bw’ivyago “[b]wica ica gatatu c’abantu.” Ku bw’ivyo, bwerekeye canecane amadini y’abiyita abakirisu. Ariko bwarashitse no mu bihugu bitari ivy’abiyita abakirisu, harimwo n’ahantu henshi usanga uburyarya bw’amadini y’abiyita abakirisu buzwi cane. None abantu bo muri ivyo bihugu boba baciye biyegereza Yehova kubera babonye ivyo vyago bishikiye ayo madini yononekaye? Abenshi barabigize! Abantu bifata ruto kandi b’igikundiro bataba mu turere abiyita abakirisu bagizeko akosho kagaragara baciye bagira ico bakoze. Ariko ku bijanye n’abantu muri rusangi, Yohani aradondora uko bavyakiriye, ati: “Mugabo abantu basigaye batari bishwe n’ivyo vyago ntibigaya ibikorwa vy’amaboko yabo, ngo ntibasenge amadayimoni be n’ibigirwamana vy’inzahabu n’ifeza n’umujumpu n’amabuye n’ibiti, ibidashobora kubona canke ngo vyumve canke ngo bigendagende; kandi ntibigaye ubwicanyi bwabo canke ubupfumu bwabo canke ubusambanyi bwabo canke ubusuma bwabo.” (Ivyahishuwe 9:20, 21) Nta kwigaya kw’ikivunga kuzobaho kuri abo bantu. Abo bose baguma mu nzira zabo mbi bazobwirizwa gucirwa rubi na Yehova ku musi uhambaye wo kwemeza ubusegaba bwiwe. Mugabo “umuntu wese yambaza izina rya Yehova azokira.”—Yoweli 2:32; Zaburi 145:20; Ivyakozwe 2:20, 21.

20 Ivyo duhejeje kubona ni igice gusa ca ya magorwa agira kabiri. Ayo magorwa aracabandanya, nk’uko tuza kubibona mu kigabane gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Ku vyerekeye ico gitigiri “ibihumbi mirongo ibiri vy’ibihumbi mirongo,” igitabu kimwe (Commentary on Revelation) c’uwitwa Henry Barclay Swete, kivuga giti: “Ico gitigiri amahero gituma tubona ko tudakwiye kwitega ko ivyo bintu biranguka nk’uko vyavuzwe, kandi ibica bikurikira birashigikira ico ciyumviro.”

b Raba urupapuro rwa 119-126; raba kandi igitabu Justification (Igitabu ca gatatu) ku rupapuro rwa 83-84, kikaba casohowe n’Ivyabona vya Yehova mu congereza mu 1932.

c Mu buryo butandukanye na za nzige, ingabo z’abarwanira ku mafarasi Yohani yabonye ntizari zambaye “ibimeze nk’ingori zisa n’inzahabu.” (Ivyahishuwe 9:7) Ivyo birumvikana kuko abo muri rya sinzi rinini, muri iki gihe bakaba ari bo bagize igice kinini c’izo ngabo z’abarwanira ku mafarasi, badafise icizigiro co kuganza mu Bwami bw’Imana mw’ijuru.

[Ifoto ku rup. 149]

Urumbete rwa gatandatu ruvugijwe, haca haba amagorwa agira kabiri

[Amafoto ku rup. 150, 151]

Ba bamarayika bane barayobora igitero c’ingabo z’abarwanira ku mafarasi gikomeye kuruta ibindi vyose vyabayeho

[Amafoto ku rup. 153]

Za ngabo zidaharurwa z’abarwanira ku mafarasi zaratanze ibisohokayandikiro amamiliyoni n’ayandi bishingiye kuri Bibiliya

[Amafoto ku rup. 154]

Abantu basigaye ntibigaye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika