ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 36 rup. 258-266
  • Ca gisagara gikomeye gitikizwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ca gisagara gikomeye gitikizwa
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Babiloni Akomeye asenyuka
  • Babiloni Akomeye atakaza ububasha
  • Umuvinyu ukabura inambu
  • Abadandaza b’ingenzi
  • “Nimuve iwe, bantu banje”
  • Umubabaro n’umunezero bitewe n’ikurwaho rya Babiloni
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Babiloni Akomeye ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 36 rup. 258-266

Ikigabane ca 36

Ca gisagara gikomeye gitikizwa

Iyerekwa rya 12​—Ivyahishuwe 18:1–19:10

Ibivugwamwo: Ugutemba n’ugutikizwa kwa Babiloni Akomeye; ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama buratangazwa

Igihe birangukirako: Kuva mu 1919 gushika inyuma ya ya makuba akomeye

1. Ni igiki kizoranga intango ya ya makuba akomeye?

ITEMBA rya Babiloni Akomeye rizoba bukwi na bukwi, riteye ubwoba kandi ari simusiga! Rizoba ari kimwe mu vyago bikomeye kuruta ibindi vyose vyabaye muri kahise k’abantu, rikaba rizoranga intango ya ya “makuba akomeye atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, kandi atazokwongera kubaho.”—Matayo 24:21.

2. Naho inganji za politike zagiye zirashingwa zongera zitemba, ni inganji iyihe yagumyeho?

2 Idini ry’ikinyoma riramaze igihe kirekire. Ryabayeho kuva mu misi ya ca kinywamaraso Nimurodi, uwarwanije Yehova yongera atuma abantu bubaka wa Munara w’i Babeli. Igihe Yehova yayoberanya indimi z’abo bagarariji maze akabashwiragiza hirya no hino kw’isi, bagiye bajanye idini ry’ikinyoma ry’i Babiloni. (Itanguriro 10:8-10; 11:4-9) Kuva ico gihe, inganji za politike zagiye zirashingwa zongera zitemba, ariko idini rikomoka i Babiloni ryoryo ryagumyeho. Ryagiye rirafata isura n’imero zitandukanye, riraba inganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, iryo ubuhanuzi bwari bwavuze ko ari Babiloni Akomeye. Igihimba caryo nyamukuru ni amadini y’abiyita abakirisu, ayakomotse mu ruvange rw’inyigisho z’i Babiloni ha kera n’iz’abiyita abakirisu b’abahuni. Kubera yuko Babiloni Akomeye yabayeho kuva kera cane, abantu benshi birabagora kwemera ko azotikizwa.

3. Igitabu c’Ivyahishuwe cemeza gute ivyago bigiye gushikira idini ry’ikinyoma?

3 Birabereye rero kubona igitabu c’Ivyahishuwe cemeza ivyago bigiye gushikira idini ry’ikinyoma mu kutudondorera neza mu buryo bubiri ukuntu rizotemba be n’ibizoca biba bigashikana ku gutikizwa kwaryo. Turamaze kubona ko ari “wa mumaraya akomeye” ateba agatikizwa n’abanyapolitike bahoze ari abahabara biwe. (Ivyahishuwe 17:1, 15, 16) Ubu na ho mu rindi yerekwa, tugira tumubone ari igisagara co mu vy’idini kigereranya Babiloni ya kera.

Babiloni Akomeye asenyuka

4. (a) Ni ibiki Yohani aca yerekwa? (b) Twomenya gute uwo mumarayika uwo ari we, kandi ni kubera iki bibereye ko ari we atangaza itemba rya Babiloni Akomeye?

4 Yohani abandanya atwiganira ati: “Inyuma y’ivyo mbona uwundi mumarayika amanuka ava mw’ijuru, ari n’ububasha bwinshi; kandi isi ibonesherezwa n’ubuninahazwa bwiwe. Maze asemerera n’ijwi rikomeye, ati: ‘Yatemvye! Babiloni Akomeye yatemvye.’” (Ivyahishuwe 18:1, 2a) Ni ubugira kabiri Yohani yumva iryo tangazo ry’umumarayika. (Raba Ivyahishuwe 14:8.) Ariko ubu hoho, ubwiza bw’uwo mumarayika wo mw’ijuru burerekana ko iryo tangazo rihambaye, kuko ubuninahazwa bwiwe buboneshereza isi yose! Uwo mumarayika yoba ari nde? Ibinjana n’ibindi imbere y’aho, igihe umuhanuzi Ezekiyeli yariko aravuga ivyo yeretswe mw’ijuru, yagize ati: “Isi irākāka kubera ubuninahazwa [bwa Yehova].” (Ezekiyeli 43:2) Umumarayika ashobora gukayangana ubuninahazwa busa n’ubwa Yehova ni Umukama Yezu wenyene, “we gukayangana kw’ubuninahazwa [bw’Imana] n’ishusho nyayo y’akamere nyene kayo.” (Abaheburayo 1:3) Mu 1914, Yezu yarabaye Umwami mw’ijuru, kandi guhera ico gihe arategeka isi ari Umwami n’Umucamanza akorana na Yehova. Birabereye rero ko atangaza itemba rya Babiloni Akomeye.

5. (a) Umumarayika akoresha nde mu kumenyesha itemba rya Babiloni Akomeye? (b) Igihe urubanza rwatangurira ku bavuga ko ari abo mu “nzu y’Imana,” abiyita abakirisu vyabagendeye gute?

5 Uwo mumarayika w’ububasha bukomeye akoresha nde mu kumenyesha abantu iyo nkuru itangaje? Akoresha ba bantu nyene baca barekurwa Babiloni itemvye, ni ukuvuga amasigarira y’abarobanuwe bari kw’isi ari bo bagize umugwi wa Yohani. Kuva mu 1914 gushika mu 1918, barababajwe cane na Babiloni Akomeye, ariko mu 1918, Umukama Yehova be n’“intumwa [yiwe] y’isezerano” yagiraniye na Aburahamu, ari we Yezu Kristu, baratanguye guca urubanza bahereye ku “nzu y’Imana,” ni ukuvuga abemera ko ari abakirisu. Abiyita abakirisu b’abahuni rero baciye bakubitwa intahe mu gahanga. (Malaki 3:1; 1 Petero 4:17) Amaraso menshi basheshe mu Ntambara ya mbere y’isi yose, uruhara bagize mu guhama Ivyabona vya Yehova b’abizigirwa be n’inyigisho zabo zikomoka i Babiloni ni vyo vyatumye bacirwa rubi; mbere nta gice na kimwe ca Babiloni Akomeye cashimwe n’Imana.—Gereranya na Yesaya 13:1-9.

6. Ni kubera iki twovuga ko Babiloni Akomeye yatemvye mu 1919?

6 Mu 1919 rero, Babiloni Akomeye yari yatemvye, bituma abasavyi b’Imana barekurwa maze basubizwa mu gihugu cabo kigereranya ugusagamba mu vy’impwemu, nk’aho vyoba bibaye mu musi umwe. (Yesaya 66:8) Muri uwo mwaka, Yehova Imana na Yezu Kristu, ari bo Dariyo Mukuru na Kuro Mukuru, barayoboye ibintu ku buryo idini ry’ikinyoma ritari rigishoboye kwifatira mu rwara abasavyi ba Yehova. Ntiryari rigishoboye kubabuza gukorera Yehova no kumenyesha abantu bose bokwumvirije yuko Babiloni Akomeye, uwumeze nk’umumaraya, agiye gushikirwa n’ivyago be n’uko ubusegaba bwa Yehova buri hafi kwemezwa!—Yesaya 45:1-4; Daniyeli 5:30, 31.

7. (a) Naho Babiloni Akomeye atatikijwe mu 1919, Yehova yamubona gute? (b) Igihe Babiloni Akomeye yatemba mu 1919, vyavuyemwo iki ku basavyi ba Yehova?

7 Ego ni ko, Babiloni Akomeye ntiyatikijwe mu 1919, nk’uko nyene Babiloni ya kera itatikijwe mu 539 B.G.C. igihe yatsindwa n’ingabo za Kuro Umuperesi. Ariko twisunze uko Yehova abona ibintu, iryo shirahamwe ryari ryatemvye. Ryari ryakubiswe intahe mu gahanga, ririndiriye ko urubanza rushirwa mu ngiro, akaba ari co gituma idini ry’ikinyoma ritari rigishoboye kugumiza abasavyi ba Yehova mu buja. (Gereranya na Luka 9:59, 60.) Bararekuwe kugira ngo babe umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge akorera Shebuja mu gutanga imfungurwa zo mu buryo bw’impwemu ku gihe kibereye. Bari barabwiwe ngo “Wakoze neza” maze basabwa gusubira kugira umwete mu gikorwa ca Yehova.—Matayo 24:45-47; 25:21, 23; Ivyakozwe 1:8.

8. Ni ibiki bitangazwa n’inderetsi ivugwa muri Yesaya 21:8, 9, kandi iyo nderetsi igereranye bande muri iki gihe?

8 Imyaka ibihumbi imbere y’aho, Yehova yari yarakoresheje abandi bahanuzi kugira bamenyeshe ico kintu c’intibagirwa. Yesaya yaravuze ibijanye n’umuntu w’inderetsi “asemerera nk’intambwe ati: ‘Ku munara w’inderetsi, ewe Yehova, ni ho nama mpagaze ku murango, kandi ku kirindiro canje ni ho nshibama amajoro yose.’” None ni ibiki iyo nderetsi ibona igaca ibitangaza n’uburindutsi nk’ubw’intambwe? Ivuga iti: “Yatemvye! Babiloni yatemvye, kandi ibishusho bibajwe vyose vy’imana ziwe [Yehova] yabimenaguriye hasi!” (Yesaya 21:8, 9) Iyo nderetsi igereranya neza abagize umugwi wa Yohani barikanuye muri iki gihe, uko bakoresha ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi n’ibindi bisohokayandikiro vya gitewokarasi kugira batangaze inkuru y’uko Babiloni yatemvye.

Babiloni Akomeye atakaza ububasha

9, 10. (a) Akosho k’amadini akomoka i Babiloni kagabanutse gute kuva mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose? (b) Wa mumarayika w’inkomezi adondora gute ukuntu Babiloni Akomeye amera inyuma y’ugutemba?

9 Igihe Babiloni ya kera yatemba mu 539 B.G.C. yari itanguye ikiringo kirekire co gutakaza ububasha cayishikanye ku gutikira. Muri ubwo buryo nyene, kuva mu gihe c’Intambara ya mbere y’isi yose, akosho k’amadini akomoka i Babiloni karagabanutse bimwe biboneka kw’isi yose. Mu Buyapani, ivy’ugusenga umwami w’abami w’umushinto vyarabujijwe inyuma y’Intambara ya kabiri y’isi yose. Mu Bushinwa, leta y’Abakomunisita ni yo ihagarikira ivyo gushinga abantu amabanga mu madini n’ibikorwa vyayo vyose. Mu bihugu vyo mu Buraya bw’uburaruko bigwiriyemwo abaporoti, abantu benshi ntibacitaho ivy’idini. Ekleziya Gatolika y’i Roma na yo isigaye igoyagoya kubera ukwicamwo ibice n’ukutumvikana kuyirangwamwo kw’isi yose.—Gereranya na Mariko 3:24-26.

10 Ivyo vyose nta gukeka ko biri mu bigize kwa ‘gukama kw’uruzi Efurate,’ bikaba bitegura igitero ca gisirikare kigiye kugabwa kuri Babiloni Akomeye. Ukwo ‘gukama’ kurabonekera kandi mw’itangazo papa yashikirije muri Gitugutu 1986 ry’uko Ekleziya ibwirizwa “gusubira gusegerereza” kubera isigaye ironka amahera make cane. (Ivyahishuwe 16:12) Canecane kuva mu 1919, Babiloni Akomeye yarashizwe ku mugaragaro yuko ari umusaka mu vy’impwemu, nk’uko wa mumarayika w’inkomezi abitangaza ati: “Yacitse uburaro bw’amadayimoni n’ikirimbiro ry’impemu zose zihumanye be n’ikirimbiro ry’inyoni yose ihumanye kandi yankwa!” (Ivyahishuwe 18:2b) Vuba azoba umusaka nyamusaka, amere nk’ibisigarira vya Babiloni biri muri Iraki ya kino gihe.—Raba kandi Yeremiya 50:25-28.

11. Ni mu buryo ki Babiloni Akomeye yacitse “uburaro bw’amadayimoni” n’‘ikirimbiro ry’impemu zihumanye be n’ikirimbiro ry’inyoni zihumanye’?

11 Ijambo “amadayimoni” ryakoreshejwe ng’aho rishobora kuba ryerekeza ku mvugo “amadayimoni asa n’impene” (se‘i·rimʹ) riboneka mu majambo Yesaya yakoresheje mu kudondora Babiloni yari yatemvye, ati: “Emwe, ingenzi zama mu turere tugadutse zizohivyagirira, n’amazu yabo yuzure ibihuna vy’ubwoko bw’inkona. Aho ni ho ibinyoni vyitwa imbuni bizokwibera, n’amadayimoni asa n’impene ni ho azokwikinira amatavu.” (Yesaya 13:21) Rishobora kuba riterekeza ku madayimoni vy’ukuri, ahubwo ryerekeza ku bikoko vyo mu bugaragwa vyuzuye ubwoya bigatuma abavyitegereza baca babona amadayimoni kubera ukuntu bimeze. Kuba mu bisigarira vya Babiloni Akomeye hariyo mu buryo bw’ikigereranyo ivyo bikoko hamwe n’umwuka mubi w’ubumara (‘impemu zihumanye’) be n’inyoni zihumanye, bisobanura ko yapfuye mu buryo bw’impwemu. Nta cizigiro c’ubuzima na kimwe aha abantu.—Gereranya n’Abanyefeso 2:1, 2.

12. Ukuntu Babiloni Akomeye amerewe guhuye gute n’ubuhanuzi bwa Yeremiya buri mu kigabane ca 50?

12 Ukuntu amerewe kurahuye kandi n’ubuhanuzi bwa Yeremiya bugira buti: “‘Hari inkota yo kurwanya Abakaludaya,’ ni ko Yehova avuze, ‘n’ababa muri Babiloni n’abaganwa biwe n’inkerebutsi ziwe. . . . Hari agatikizo ku mazi yiwe; bazoyakamya ata kabuza. Kuko ari igihugu c’ibishusho bibajwe, kandi kubera ivyo berekwa vy’agacavutu, baguma bakora nk’abasazi. Ku bw’ivyo, ingenzi zo mu turere tugadutse zizobana n’ibikoko biboroga; ibinyoni vyitwa imbuni bizoba muri we koko; kandi nta wuzokwongera kuba muri we, eka kandi ntazogira aho kuba uko iyaruka rizokurikira irindi.’” Ugusenga ibigirwamana n’amasengesho aza arasubirwamwo ntibishobora gukingira Babiloni Akomeye igihano gisa na kimwe Imana yaha Sodomu na Gomora mu kuhubika.—Yeremiya 50:35-40.

Umuvinyu ukabura inambu

13. (a) Wa mumarayika w’inkomezi yerekana gute ukuntu ubusambanyi bwa Babiloni Akomeye ari bwinshi? (b) Ni ubuhumbu ubuhe bwari bwiraye muri Babiloni ya kera dusanga no muri Babiloni Akomeye?

13 Wa mumarayika w’inkomezi aca avuga ukuntu ubusambanyi bwa Babiloni Akomeye ari bwinshi, ati: “Kuko amahanga yose yaguye mu mutego kubera umuvinyu w’ishavu ry’ubusambanyi bwiwe, kandi abami b’isi bakoranye na we ubusambanyi, kandi abadandaza b’ingenzi bo kw’isi batungishijwe n’ububasha bw’ibihinda vyiwe vy’agaterasoni.” (Ivyahishuwe 18:3) Yararoze amahanga yose akoresheje imigenzo yiwe ihumanye yo mu vy’idini. Nk’uko umuhinga mu vya kahise w’Umugiriki yitwa Herodote abivuga, muri Babiloni ya kera umugore wese yarasabwa kuja gukora ubumaraya ku rusengero rimwe mu buzima bwiwe. Muri kino gihe, ubusambanyi bw’agahomerabunwa burerekanwa ku bishusho vyononywe n’intambara biri mu rusengero rwitwa Angkor Vat muri Kamboje no mu nsengero ziri i Khajuraho mu Buhindi vyerekana Vishnu imana y’abahindu ikikujwe n’abantu bariko bakora ubushegabo bushisha. Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ishirwa ahabona ry’ubuhumbu bwakozwe n’abavugabutumwa bo ku mboneshakure mu 1987 no mu 1988, tutibagiye ukumenyekana ko abigisha b’amadini bisuka cane mu vyo kuryamana n’abo basangiye igitsina, birerekana ko n’amadini y’abiyita abakirisu arenza uruho rw’amazi ku busambanyi bw’agahomerabunwa. Yamara rero, amahanga yose yaraguye mu mutego w’ubundi busambanyi bukomeye kuruta.

14-16. (a) Ni ubucuti butabereye mu vy’impwemu ubuhe hagati y’abanyamadini n’abanyapolitike bwatsimbataye mu Butaliyano bw’Abafashisiti? (b) Igihe Ubutaliyano bwatera Etiyopiya, ni amajambo ayahe abasenyeri ba Ekleziya Gatolika y’i Roma bavuze?

14 Twamaze kubona ubucuti butabereye bwari hagati y’abanyamadini n’abanyapolitike bugatuma Hitler aja ku butegetsi mu Budagi bw’Abanazi. N’ayandi mahanga yarahaboneye kubera ko amadini yisuka mu vy’isi. Nk’akarorero, ku wa 11 Ruhuhuma 1929 mu Butaliyano bw’Abafashisiti, Mussolini na Karidinali Gasparri barateye umukono ku masezerano y’i Latran yavuga ko Vatikano icitse leta yigenga. Papa Piyo wa 11 yavuze ko yari “yarasubije Ubutaliyano Imana, Imana na yo ayisubiza Ubutaliyano.” None ukwo kwari ukuri? Rimbura ivyabaye haciye imyaka itandatu. Ku wa 3 Gitugutu 1935, Ubutaliyano bwarateye Etiyopiya, bwitwaje ngo ni “igihugu c’ababisha kitaraheba kugira abantu abaja.” None vy’ukuri ni bande bari ababisha? Ekleziya Gatolika yoba yariyamirije ubwo bubisha bwa Mussolini? Mu gihe papa yavuze ibintu bidatomora aho ahagaze, abasenyeri biwe bobo barahezagiye ku mugaragaro ingabo “z’igihugu cabo c’amavukiro,” ni ukuvuga Ubutaliyano. Mu gitabu kimwe (The Vatican in the Age of the Dictators), uwitwa Anthony Rhodes avuga ati:

15 “Mw’ikete musenyeri w’i Udine [mu Butaliyano] yanditse ku wa 19 Gitugutu [1935], yavuze ati: ‘Ntiharagera kandi ntibibereye ko tuvuga nimba ico kintu ari kibi canke ciza. Ico twebwe Abataliyano tujejwe, na canecane twebwe abakirisu, ni ukugira ico duterereye kugira ingabo zacu ziroranirwe.’ Ku wa 21 Gitugutu, musenyeri w’i Padoue yanditse ati: ‘Muri ibi bihe bigoye turimwo, tubasavye kwizera abategetsi bacu n’intwaramiheto zacu.’ Ku wa 24 Gitugutu, musenyeri w’i Crémone yarahezagiye amabendera y’imigwi itari mike y’abasoda maze avuga ati: ‘Ese Imana yohezagira abasirikare bari ku butaka bwa Afrika kugira bigarurire uturere dushasha kandi tumera ku bw’igihugu c’Ubutaliyano c’incabwenge, gutyo bahashikane imico y’Uburoma n’iya gikirisu. Ese Ubutaliyano bwosubira kubera isi yose imboneza mu vya gikirisu.’”

16 Etiyopiya yaratewe, abakuru ba Gatolika y’i Roma na bo barahezagira. Hoba hari n’umwe muri bo yari gushobora kuvuga nka kumwe kw’intumwa Paulo ko “[a]cuna ku maraso y’abantu bose”?—Ivyakozwe 20:26.

17. Ni gute Espanye yahaboneye kubera abakuru b’amadini bananiwe ‘gucura inkota zabo ngo zivemwo ibirimisho’?

17 Uretse Ubudagi, Ubutaliyano na Etiyopiya, ikindi gihugu caguye mu mutego w’ubusambanyi bwa Babiloni Akomeye ni Espanye. Kimwe mu vyandurukije intambara y’abanyagihugu yabaye mu 1936-1939 muri ico gihugu ni uko leta yaharanira demokarasi yafashe ingingo zo kugabanya ububasha bukomeye Ekleziya Gatolika y’i Roma yari ifise. Iyo ntambara imaze kwaduka, umutegetsi w’Umufashisiti w’umugatolika yari ayoboye ingabo zari zagumutse ari we Franco, yiyise “igihangange c’Umujenerali w’umukirisu arwana intambara nyeranda,” mu nyuma akaba yahavuye aheba iryo zina. Abanyespanye ibihumbi amajana barasize ubuzima muri iyo ntambara. Uretse ivyo, hari abagereranije ko ingabo za Franco zishe n’imiburiburi abanywanyi 40.000 b’umugambwe wari ku butegetsi, bano na bo bakaba bari bishe abihebeye Imana 8.000, harimwo abapatiri, ababikira n’abariko baritegurira ayo mabanga. Ayo ni yo mabi yakwezwe n’iyo ntambara y’abanyagihugu, ivyo bikaba vyerekana ko biranga ubukerebutsi kwumvira impanuro ya Yezu igira iti: “Subiza inkota yawe mu kibanza cayo, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota.” (Matayo 26:52) Ese ingene biteye isoni kubona amadini y’abiyita abakirisu yaragize uruhara mu gusesa amaraso menshi gutyo! Emwe, abakuru bayo barananiwe bimwe bibi ‘gucura inkota zabo ngo zivemwo ibirimisho’!—Yesaya 2:4.

Abadandaza b’ingenzi

18. “Abadandaza b’ingenzi bo kw’isi” ni bande?

18 Abo “badandaza b’ingenzi bo kw’isi” ni bande? Muri iki gihe twovuga ko ari abagwizatunga canke abadandaza b’ibihangange. Ivyo ntibisobanura ko ari bibi kugira urudandaza rwemewe n’amategeko. Bibiliya iraha impanuro ngirakamaro abadandaza, ikabagabisha ku bijanye n’ubugunge, umwina n’ibindi nk’ivyo. (Imigani 11:1; Zekariya 7:9, 10; Yakobo 5:1-5) Inyungu ihambaye kuruta izindi ni “ukwihebera Imana, kuri kumwe n’ukwikwira.” (1 Timoteyo 6:6, 17-19) Ariko rero, isi ya Shetani ntiyisunga ingingo ngenderwako zigororotse. Ibiturire vyariraye. Ubisanga mu madini, muri politike no mu rudandaza rukomeye. Rimwe na rimwe ibimenyeshamakuru biravuga amakuru y’agacavutu, nk’ayajanye n’abategetsi bakomakomeye basahura ubutunzi bw’igihugu be n’abantu badandaza ibirwanisho mu kinyegero.

19. Ni ibintu ibihe bijanye n’ubutunzi bw’isi bidufasha gutahura igituma abadandaza bo kw’isi bavugwa nabi mu gitabu c’Ivyahishuwe?

19 Amahera isi ikoresha mu birwanisho buri mwaka ararenga imiliyaridi 1.000 z’amadolari, mu gihe abantu amamiliyoni amajana bataronka ivyankenerwa mu buzima. Ako ni akamaramaza. Ariko rero, biboneka ko urudandaza rw’ibirwanisho ari rwo ahanini rushigikiye ubutunzi bw’isi. Ku wa 11 Ndamukiza 1987, ikinyamakuru kimwe (Spectator) c’i Londres cavuze giti: “Uharuye gusa amahinguriro akora mu vy’ibirwanisho, usanga aha akazi abantu bashika 400.000 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika n’abashika 750.000 i Buraya. Mugabo rero igitangaje, naho ivyo guhingura ibirwanisho bigira ico vyunguye mu kibano no mu vy’ubutunzi, ikibazo nyamukuru co kumenya niba ibihugu bibihingura vyoba bikingiwe neza cariyobagijwe.” Ivyo bihugu biraronkera inyungu nyinshi mu mabombe n’ibindi birwanisho bidandaza hirya no hino kw’isi, mbere no ku bashobora kuba abansi bavyo. Hari igihe ivyo bibombe vyohindukira bigatikiza bene kubigurisha. Mbega amayobera! Uretse ivyo, urudandaza rw’ibirwanisho rwuzuyemwo ba kaboko. Ufashe muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika honyene, ca kinyamakuru kivuga ko “buri mwaka ibiro bikuru vya gisirikare bitamenya aho ibirwanisho n’ibindi bikoresho vya gisirikare biciye amadolari imiliyoni 900 vyakamanganiye.” Ntibitangaje kubona abadandaza bo kw’isi bavugwa nabi mu gitabu c’Ivyahishuwe!

20. Ni akarorero akahe kerekana ko idini rigira uruhara mu rudandaza rubi?

20 Nk’uko wa mumarayika w’ubuninahazwa yabivuze, idini ryaragize uruhara runini muri urwo rudandaza rubi. Nk’akarorero, Vatikano yaragize uruhara mw’itemba ry’ibanki yo mu Butaliyano yitwa Ambrosiano mu 1982. Urwo rubanza rwaradindiye muri sentare gushika mu myaka ya 1980, ikibazo cari gikeneye inyishu kikaba kwari ukumenya iyo amahera yagiye. Muri Ruhuhuma 1987, abacamanza b’i Milan barasohoye imitahe yo gufata abakuru b’idini batatu b’i Vatikano, harimwo n’umusenyeri mukuru w’Umunyamerika kubera bagirizwa ko bagize uruhara muri urwo ruhombo ruteye amakenga, mugabo Vatikano yaranse kurungika abo bakuru b’idini ngo bacirwe urubanza. Muri Mukakaro 1987, harinze kuba umugumuko ukomeye, Sentare nkuru isubiramwo imanza yo mu Butaliyano yarafuse iyo mitahe yisunze amasezerano ya kera yari hagati ya Vatikano na leta y’Ubutaliyano.

21. Tuzi gute ko Yezu ataja mu rudandaza ruteye amakenga rwo mu gihe ciwe, ariko ni ibiki tubona muri iki gihe mu madini akomoka i Babiloni?

21 Yezu yoba yaraja mu rudandaza ruteye amakenga rwo mu gihe ciwe? Haba namba. Nta n’itongo yari afise, kuko atagira n’“aho arambika umutwe.” Yezu yahanuye umutware umwe w’umutunzi akiri muto ati: “Gurisha ibintu vyose ufise, ugabanganirize aboro, ni ho uzogira itunga mw’ijuru; maze uze unkurikire.” Iyo yari impanuro nziza kuko yari gushobora gutuma yirinda amaganya yose ajanye n’urudandaza. (Luka 9:58; 18:22) Igitandukanye n’ivyo, amadini akomoka i Babiloni akenshi usanga afitaniye imigenderanire iteye amakenga n’abadandaza bakomakomeye. Nk’akarorero, mu 1987 ikinyamakuru kimwe (Albany Times Union) co muri Albaniya canditse ko umuyobozi mu vy’ubutunzi wa diyoseze nkuru y’i Miami (Floride) muri Amerika yemeye icese ko Gatolika yari ifise imitahe mu mahinguriro akora ibirwanisho ruhonyanganda, ayakora amasinema atabereye be n’ayahingura itabi.

“Nimuve iwe, bantu banje”

22. (a) Ijwi rivuye mw’ijuru rivuga iki? (b) Ni igiki catumye abasavyi b’Imana banezerwa mu 537 B.G.C. no mu 1919 G.C.?

22 Amajambo Yohani aca avuga arerekeza kw’iranguka ry’ubundi buhanuzi, ati: “Maze numva irindi jwi rivuye mw’ijuru rivuga riti: ‘Nimuve iwe, bantu banje, nimba mudashaka gusangira na we ibicumuro vyiwe, nimba kandi mudashaka kuronka ku vyago vyiwe.’” (Ivyahishuwe 18:4) Ubuhanuzi bwo mu Vyanditswe vy’igiheburayo buvuga itemba rya Babiloni ya kera na bwo nyene burimwo itegeko Yehova yahaye abasavyi biwe, ati: “Hunge muve hagati muri Babiloni.” (Yeremiya 50:8, 13) Kubera ko Babiloni Akomeye agiye gutikizwa, abasavyi b’Imana muri iki gihe na bo nyene basabwa guhunga. Mu 537 B.G.C., Abisirayeli b’intahemuka baranezerewe cane igihe baronka akaryo ko guhunga bakava i Babiloni. Muri ubwo buryo nyene, igihe abasavyi b’Imana babohorwa mu buja bwa Babiloni mu 1919 baranezerewe cane. (Ivyahishuwe 11:11, 12) Kuva ico gihe, abandi bantu amamiliyoni baragamburutse iryo tegeko ryo guhunga bakava iwe.

23. Ijwi riva mw’ijuru ryerekana gute ko vyihutirwa guhunga tukava muri Babiloni Akomeye?

23 None vyoba koko vyihutirwa cane guhunga tukava muri Babiloni Akomeye, tukavavanura n’amadini y’isi maze tukitandukanya na yo buhere? Birihutirwa kubera ko iryo dini risesemye ryo kuva kera ari ryo Babiloni Akomeye dukeneye kuribona nk’uko Imana iribona. Ntirya umunwa mu kuryita wa mumaraya akomeye. Ni co gituma ijwi rivuye mw’ijuru rica rimenyesha Yohani n’ibindi ku vyerekeye uwo mumaraya riti: “Kuko ibicumuro vyiwe vyarundanye gushika mw’ijuru, kandi Imana yibutse ibikorwa vyiwe vy’akarenganyo. Mumwishure nk’uko na we yishuye, kandi mumugerere kabiri, egome, kabiri igitigiri c’ivyo yakoze; mu gikombe yashizemwo ikivange mumushiriremwo kabiri nya kivange. Urugero yashikanyeko mu kwininahaza no mu kwibera mu bihinda vy’agaterasoni, urwo rugero abe ari rwo mugezako mu kumuha umubabaro n’ikigandaro. Kuko mu mutima wiwe aguma avuga ngo: ‘Nicaye nk’umwamikazi, kandi sindi umupfakazi, kandi sinzokwigera mbona ikigandaro.’ Ni co gituma ivyago vyiwe bizoza mu musi umwe, urupfu n’ikigandaro n’ikigoyi, kandi azotongozwa umuriro, kuko Yehova Imana amuciriye urubanza akomeye.”—Ivyahishuwe 18:5-8.

24. (a) Abasavyi b’Imana bategerezwa guhunga Babiloni Akomeye kugira birinde iki? (b) Abadahunze ngo bave muri Babiloni Akomeye basangira na we ibicumuro ibihe?

24 Emwe, ayo majambo arakomeye! Ni co gituma dukeneye kugira ico dukoze. Yeremiya yarahimirije Abisirayeli bo mu gihe ciwe ngo bagire ico bakoze, ati: “Nimuhunge muve hagati muri Babiloni, . . . kuko ari igihe c’ukwihōra ca Yehova. Ariko amusubiriza mu nkoko. Sohoke muve hagati muri we, yemwe bantu banje, mukize umwe wese ubuzima bwiwe ishavu rirurumba rya Yehova.” (Yeremiya 51:6, 45) Muri ubwo buryo nyene, ijwi rivuye mw’ijuru riraburira abasavyi b’Imana muri iki gihe ngo bahunge bave muri Babiloni Akomeye kugira ntibasangire na we ivyago vyiwe. Imanza zimeze nk’ivyago Yehova yaciriye ino si, ushizemwo na Babiloni Akomeye, ziriko ziratangazwa. (Ivyahishuwe 8:1–9:21; 16:1-21) Abasavyi b’Imana barakeneye kwitandukanya n’idini ry’ikinyoma nimba badashaka guhura n’ivyo vyago maze amaherezo bagapfana na we. Vyongeye, kuguma muri iryo shirahamwe vyotuma basangira na we ibicumuro vyiwe. Boca bagīrwa nka we n’ubusambanyi bwo mu vy’impwemu hamwe n’amaraso “y’abishwe kw’isi bose.”—Ivyahishuwe 18:24; gereranya n’Abanyefeso 5:11; 1 Timoteyo 5:22.

25. Ni mu buryo ubuhe abasavyi b’Imana bavuye muri Babiloni ya kera?

25 Ariko none, ni gute abasavyi b’Imana bava muri Babiloni Akomeye? Mu gihe ca Babiloni ya kera, Abayuda babwirizwa gufata urugendo bakava muri ico gisagara bagasubira mu Gihugu c’isezerano. Ariko ntivyari ivyo gusa. Yesaya yari yarabwiye Abisirayeli ati: “Hindukire, hindukire, veyo, ntimukore ku gihumanye na kimwe; sohoke muve hagati muri we, mugume mudahumanye, mwebwe abarerura ibikoresho vyo mu nzu vya Yehova.” (Yesaya 52:11) Ego cane, babwirizwa guheba imigenzo yose ihumanye yo mw’idini ry’i Babiloni yari gushobora gutosekaza ugusenga Yehova.

26. Abakirisu b’i Korinto bashize mu ngiro gute aya majambo ngo ‘nimuve muri bo kandi mureke gukora ku gihumanye’?

26 Intumwa Paulo yarasubiyemwo amajambo ya Yesaya mw’ikete yandikiye Abakorinto, ati: “Ntimuboherwe ku ngǒgo hamwe n’abatemera kandi bitajana. Kuko, ubugororotsi n’ubugarariji bihuriye ku ki? Canke umuco usangiye iki n’umwiza? . . . ‘Nimuve muri bo rero, kandi mwitandukanye na bo,’ ni ko Yehova avuga, ‘kandi mureke gukora ku gihumanye.’” Abakirisu b’i Korinto ntibabwirijwe kuva muri ico gisagara kugira bagamburuke iryo tegeko. Ariko rero, babwirijwe kwirinda kuja mu nsengero zihumanye z’idini ry’ikinyoma, bakongera bakitandukanya mu buryo bw’impwemu n’ibikorwa vy’abo bantu basenga ibigirwamana. Mu 1919, abasavyi b’Imana baratanguye guhunga bava muri Babiloni Akomeye muri ubwo buryo, baravavanura n’ibisigarira vyose vy’inyigisho n’imigenzo bihumanye. Gutyo rero, barashoboye gukorera Imana ari abasavyi bayo batyoroye.—2 Abakorinto 6:14-17; 1 Yohani 3:3.

27. Ni amasano ayahe ari hagati y’imanza Babiloni ya kera yaciriwe n’izaciriwe Babiloni Akomeye?

27 Ugutemba n’uguhinduka umusaka kwa Babiloni ya kera cari igihano kubera ibicumuro vyaho. “Urubanza rw[ayo rwari] rwashitse mu majuru.” (Yeremiya 51:9) Ibicumuro vya Babiloni Akomeye na vyo nyene “vya[ra]rundanye gushika mw’ijuru,” ku buryo Yehova ubwiwe ahaguruka. Babiloni Akomeye yagīrwa n’akarenganyo, ugusenga ibigirwamana, ubusambanyi, agacinyizo, ubusuma n’ubwicanyi. Ku ruhande rumwe, itemba rya Babiloni ya kera kwari ukuyisubiriza mu ndumane ku vyo yari yarakoreye urusengero rwa Yehova n’abasavyi biwe b’ukuri. (Yeremiya 50:8, 14; 51:11, 35, 36) Ugutemba n’uguhinduka umusaka kwa Babiloni Akomeye na vyo nyene ni uburyo bwo kumusubiriza mu ndumane ku vyo amaze ibinjana n’ibindi akorera abasavyi b’Imana b’ukuri. Mu vy’ukuri, ugutikizwa kwiwe kuzoba ari intango y’“umusi w’ukwihora w’Imana yacu.”—Yesaya 34:8-10; 61:2; Yeremiya 50:28.

28. Ni ingingo y’ubutungane iyihe Yehova azokoresha kuri Babiloni Akomeye, kandi kubera iki?

28 Mu gihe c’Itegeko rya Musa, bishitse Umwisirayeli akiba mugenziwe, yabwirizwa kumuriha ivyo yivye n’imiburiburi incuro zibiri. (Kuvayo 22:1, 4, 7, 9) Mu gihe cimirije co gutikiza Babiloni Akomeye, Yehova azokwisunga ingingo y’ubutungane isa n’iyo. Babiloni Akomeye abwirizwa kuronka incuro zibiri ivyo yakoze. Nta kagongwe azogirirwa kuko na we nyene ata kagongwe yagiriye abo yishe. Yarariye imitsi abantu bo kw’isi kugira yigumire mu “bihinda vy’agaterasoni.” Hazoba hageze ko ashikirwa n’imibabaro n’ikigandaro. Babiloni ya kera yabona ko yari mu mutekano ntangere, ikigamba iti: “Sinzokwicara nk’umupfakazi, kandi sinzomenya ukubura abana ico ari co.” (Yesaya 47:8, 9, 11) Babiloni Akomeye na we nyene abona ko atekaniwe. Ariko rero urubanza rw’agatikizo yaciriwe na Yehova umwe “akomeye,” ruzoshika ningoga, nko “mu musi umwe”!

[Uruzitiro ku rup. 263]

“Abami . . . bakoranye na we ubusambanyi”

Mu ntango z’imyaka ya 1800 abadandaza b’i Buraya bariko barinjiza mu kinyegero mu Bushinwa ibiyovyabwenge vyinshi bita opium. Muri Ntwarante 839, abategetsi bo mu Bushinwa baragerageje guhagarika urwo rudandaza rutemewe n’amategeko mu gufata amasandugu 20.000 y’ivyo biyovyabwenge yari ashowe n’abadandaza b’Abongereza. Ivyo vyatumye haba imishamirano hagati y’Ubwongereza n’Ubushinwa. Uko imigenderanire yaguma itituka hagati y’ivyo bihugu bibiri, abamisiyonari bamwebamwe b’abaporoti barahimirije Ubwongereza ngo buje mu ntambara, bakoresheje amajambo nk’aya:

“Ntiworaba ukuntu ayo matati ampimbaye mu mutima kubera niyumvira ko Leta y’Ubwongereza yoshangashirwa, Imana na yo mu bubasha bwayo igakuraho intambanyi zituma injili ya Kristu itinjira mu Bushinwa.”—Henrietta Shuck, umumisiyonari w’umubatisita.

Intambara yahavuye yaduka, muri iki gihe ikaba ikunze kwitwa intambara ya opium. Abamisiyonari barashigikiye Ubwongereza bivuye inyuma bakoresheje amajambo nk’aya:

“Simbona ko ibi bintu ari ikibazo c’urudandaza rwa opium canke ic’Ubwongereza, ahubwo ni Imana iriko irakoresha ububisha bw’umuntu kugira ishitse umugambi wayo uhambaye kandi uranga imbabazi wo gusenyura impome zituma Ubushinwa bwikumira.”—Peter Parker, umumisiyonari w’umu congrégationaliste.

Uwundi mumisiyonari w’umu congrégationaliste yitwa Samuel W. illiams yongeyeko ati: “Ukuboko kw’Imana kuribonekeza cane mu vyabaye vyose, kandi ntidukeka ko umwe yavuga ko yaje gushira inkota mw’isi yashitse kugira atikize vyihuta abansi biwe maze ashireho Ubwami bwiwe. Azobacuranguza yongere abacuranguze gushika ashizeho wa Muganwa w’amahoro.”

Ku bijanye n’ubwicanyi bw’agahomerabunwa bwagiriwe Abashinwa, umumisiyonari J. Lewis Shuck yanditse ati: “Mbona ko ivyo bintu . . . ari uburyo Umukama ariko arakoresha mu gukuraho umucafu utuma Ukuri kw’Imana kudatera imbere.”

Umumisiyonari w’umu congrégationaliste Elijah C. Bridgman yongeyeko ati: “Imana irakunze gukoresha inguvu zikomeye z’abanyagihugu kugira icire inzira ubwami bwayo . . . Muri ivyo bihe bihambaye, umuntu aba ari igikoresho mugabo Imana ni yo iyobora ibintu. Buramatari mukuru w’amahanga yose yarakoresheje Ubwongereza mu guhana no mu gucisha bugufi Ubushinwa.”—Vyakuwe mu rwandiko “Ends and Means” rwo mu 1974 rwa Stuart Creighton Miller rwasohowe mu cigwa ciswe The Missionary Enterprise in China and America (cagizwe na kaminuza y’i Harvard, candikwa na John K. Fairbank).

[Uruzitiro ku rup. 264]

‘Abadandaza b’ingenzi baratungishijwe’

“Hagati ya 1929 n’imbere y’uko Intambara ya kabiri y’isi yose yaduka, [Bernadino] Nogara [umuyobozi mu vy’ubutunzi wa Vatikano] yarashize imitahe ya Vatikano n’abakozi bayo mu nzego zitandukanye z’ubutunzi bw’Ubutaliyano, na canecane mu vy’umuyagankuba, ugutumatumanako amakuru, amabanki, amabarabara matomato y’indarayi, no mu bijanye no guhingura ibikoresho vy’uburimyi, isima n’impuzu. Vyinshi muri ivyo bintu vyarabahaye inyungu nyinshi.

“Nogara yarigaruriye amahinguriro atari make nka La Società Italiana della Viscosa, La Supertessile, La Società Meridionale Industrie Tessili, be na La Cisaraion. Amaze kuyakoraniriza mw’ishirahamwe rimwe yise ngo CISA-Viscosa maze akayashira munsi y’ubuyobozi bwa nyakwubahwa Francesco Maria Oddasso, umwe mu bishikira bakomeye b’i Vatikano, Nogara yaciye agira amayeri y’uko iryo shirahamwe rishasha rinywana n’ishirahamwe ryo mu Butaliyano rinini kuruta ayandi yose ahingura impuzu ryitwa SNIA-Viscosa. Umutahe wa Vatikano wahavuye urushiriza kwongerekana muri iryo hinguriro SNIA-Viscosa irateba iraryigarurira, ivyo bikaba vyerekanwa n’uko Oddasso yaciye agirwa icegera c’umukuru waryo.

“Ukwo ni ko Nogara yigaruriye amahinguriro y’impuzu. Yarigaruriye n’ayandi mahinguriro akoresheje ubundi buryo kuko yari afise amayeri menshi. Bishoboka ko uwo mugabo w’ishaka . . . yakoze vyinshi mu guteza imbere ubutunzi bw’Ubutaliyano kuruta uwundi mudandaza uwo ari we wese muri kahise k’Ubutaliyano . . . Benito Mussolini ntiyigeze ashobora gushinga inganji yipfuza cane, ariko yarafashije Vatikano na Bernadino Nogara gushinga inganji y’ubundi bwoko.”—Igitabu L’or du Vatican ca Nino Lo Bello, urupapuro rwa 89-92.

Ako ni akarorero kamwe gusa kerekana ingene abadandaza bo kw’isi bakorana cane na Babiloni Akomeye. Ntibitangaje kubona abo badandaza bazogandara uwo bakorana urudandaza niyakurwaho!

[Ifoto ku rup. 259]

Igihe abantu bashwiragira mw’isi yose, bagiye bajanye ugusenga kw’i Babiloni

[Amafoto ku rup. 261]

Nka kurya kw’inderetsi, abagize umugwi wa Yohani baratangaza ko Babiloni yatemvye

[Ifoto ku rup. 266]

Ibisigarira vya Babiloni ya kera birerekana ukuntu Babiloni Akomeye agiye gutikizwa

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika