ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • re ikig. 38 rup. 272-279
  • Shemeze Ya kubera imanza ziwe!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Shemeze Ya kubera imanza ziwe!
  • Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ‘Haleluya, Yehova ni Umwami!’
  • Ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama buri hafi!
  • Umugeni wa wa Mwagazi w’intama yiteguye
  • Hahiriwe abatumiwe
  • Uruhara rwa Yezu mu buhanuzi
  • Baririmba ururirimbo rushasha rw’intsinzi
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Ca gisagara gikomeye gitikizwa
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Ivyahishuwe birakuraba
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Nunezererwe ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
Ibindi
Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
re ikig. 38 rup. 272-279

Ikigabane ca 38

Shemeze Ya kubera imanza ziwe!

1. Ni amajambo ayahe Yohani yumva ameze “nk’ijwi rikomeye ry’isinzi rinini mw’ijuru”?

BABILONI AKOMEYE ntakiriho! Vy’ukuri, iyo ni inkuru nziza. Ntibitangaje kubona Yohani yumva amajwi yuzuye urweze yo gushemeza Yehova mw’ijuru! Yigana ati: “Inyuma y’ivyo numva ikimeze nk’ijwi rikomeye ry’isinzi rinini mw’ijuru. Bavuga bati: ‘Haleluya!a Ubukiriro n’ubuninahazwa n’ububasha ni ivy’Imana yacu, kuko imanza zayo ari iz’ukuri n’izigororotse. Kuko yashikije urubanza kuri wa mumaraya akomeye yononesheje isi ubusambanyi bwiwe, kandi yahoye amaraso y’abashumba bayo yavishije n’ukuboko kwiwe.’ Maze buno nyene bavuga irigira kabiri bati: ‘Haleluya!b Kandi umwotsi uva kuri we ubandanya kuduga ibihe bitazoshira.’”—Ivyahishuwe 19:1-3.

2. (a) Ijambo “Haleluya” risobanura iki, kandi kuba Yohani aryumvise incuro zibiri vyerekana iki? (b) Ni nde akwiye kuninahazwa kubera Babiloni Akomeye yatikijwe? Sigura.

2 Haleluya pe! Iryo jambo risobanura ngo “Shemeza Ya,” iyo “Ya” ikaba ari impfunyapfunyo y’izina ry’Imana Yehova. Bica bitwibutsa ingene umwanditsi w’amazaburi aduhimiriza ati: “Igihumeka cose, emwe, nigishemeze Ya! Shemeze Ya!” (Zaburi 150:6) Kuba Yohani yumvise abo baririmvyi bahimbawe bo mw’ijuru baririmba incuro zibiri ngo “Haleluya!” mu gitabu c’Ivyahishuwe, vyerekana ko Imana ikibandanya guhishura ukuri kwayo. Imana yandikishije Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu ni yo nyene yandikishije Ivyanditswe vy’igiheburayo, Yehova rikaba ari ryo zina ryayo. Iyo Mana yatumye Babiloni ya kera itemba ni yo ihejeje gucira urubanza Babiloni Akomeye yongera iramutikiza. Irabereye ubuninahazwa bwose kubera ico gikorwa gikomeye! Ububasha bwayo ni bwo bwatumye Babiloni Akomeye atemba, si ububasha bw’amahanga yakoresheje mu kumuhindura umusaka. Yehova wenyene ni we dukesha ubukiriro.—Yesaya 12:2; Ivyahishuwe 4:11; 7:10, 12.

3. Ni kubera iki wa mumaraya akomeye abereye koko igihano yahawe?

3 Ni kubera iki wa mumaraya akomeye abereye koko ico gihano? Twisunze itegeko Yehova yahaye Nowa akariha n’abantu bose biciye kuri we, abasesa amaraso n’ibigirankana bacirwa urwo gupfa. Ivyo Imana yarabigarutseko mw’Itegeko yahaye Isirayeli. (Itanguriro 9:6; Guharūra 35:20, 21) Vyongeye, mu gihe c’Itegeko rya Musa, umuntu akoze ubusambanyi bwo ku mubiri canke bwo mu buryo bw’impwemu yabwirizwa gupfa. (Abalewi 20:10; Gusubira mu vyagezwe 13:1-5) Babiloni Akomeye aramaze imyaka ibihumbi asesa amaraso, kandi ni umusambanyi ruhebwa. Nk’akarorero, itegeko rya Ekleziya Gatolika y’i Roma ribuza abapatiri kwabira ryatumye benshi muri bo bakora ubuhumbu butagira izina, abatari bake bakaba bamaze kwandura SIDA. (1 Abakorinto 6:9, 10; 1 Timoteyo 4:1-3) Ariko ibicumuro vyiwe bikomeye kuruta, bikaba ‘vyararundanye gushika mw’ijuru,’ ni ubusambanyi bushisha bwo mu vy’impwemu yakoze mu kwigisha ibinyoma no mu kwifatanya n’abanyapolitike bononekaye. (Ivyahishuwe 18:5) Kubera ko igihano ciwe kimaze kumushikako, amasinzi yo mw’ijuru aca asamiriza Haleluya igira kabiri.

4. Kuba umwotsi uva kuri Babiloni Akomeye “ubandanya kuduga ibihe bitazoshira” bigereranya iki?

4 Babiloni Akomeye yatongojwe umuriro nk’igisagara caneshejwe, kandi umwotsi uva kuri we “ubandanya kuduga ibihe bitazoshira.” Igihe igisagara kanaka gituriwe n’ingabo zagitsinze, umwotsi uguma uduga igihe cose iminyota iba igishushe. Umuntu wese agerageje gusubira kucubaka kigifumba umwotsi ntabura gusha aturiwe n’ibisigarira vyaco. Kubera ko umwotsi uva kuri Babiloni Akomeye uzoduga “ibihe bitazoshira,” ivyo bikaba vyerekana ko urubanza rwayo ari ntabanduka, nta n’umwe azoshobora gusubira kwubaka ico gisagara cuzuye ibicumuro. Idini ry’ikinyoma aho waribonye! Emwe, Haleluya koko!—Gereranya na Yesaya 34:5, 9, 10.

5. (a) Ba bakurambere 24 na vya binyabuzima bine bakora iki kandi bavuga iki? (b) Ni kubera iki ico citabirizo ca Haleluya kiryoheye ugutwi kuruta Haleluya ziririmbwa mu madini y’abiyita abakirisu?

5 Yohani yari yabonye ibinyabuzima bine bikikuje intebe y’ubwami, biri kumwe na ba bakurambere 24 bagereranya ba samuragwa b’Ubwami mu bibanza vyabo bininahaye vyo mw’ijuru. (Ivyahishuwe 4:8-11) Ubu na ho asubira kubabona bariko basamiriza Haleluya igira gatatu kuko Babiloni Akomeye yatikijwe. Avuga ati: “Maze ba bakurambere mirongo ibiri na bane na vya binyabuzima bine bikubita hasi, basenga Imana yicaye kuri ya ntebe y’ubwami, bavuga bati: ‘Amen! Haleluya!’”c (Ivyahishuwe 19:4) Urwo ruririmbo rukomeye rwa Haleluya rero ruza rwiyongera kuri rwa “ruririmbo rushasha” rwo gushemeza wa Mwagazi w’intama. (Ivyahishuwe 5:8, 9) Bariko baririmba icitabirizo co kwigina intsinzi ihambaye, baninahaza Umukama Segaba Yehova kubera yamaze amanyama wa mumaraya ahambaye ari we Babiloni Akomeye. Izo Haleluya ziraryoheye ugutwi kuruta Haleluya zose ziririmbwa mu madini y’abiyita abakirisu atukisha Yehova ari we Ya, kandi akamukengera. Izo ndirimbo z’uburyarya zitukisha izina rya Yehova ntizizosubira kwumvikana!

6. Ni “ijwi” rya nde ryumvikana, risaba gukora iki, kandi ni bande bitabira ako kamo?

6 Mu 1918 ni ho Yehova yatangura guha impembo “abatinya izina ry[i]we, abato n’abahambaye,” aba mbere muri bo bakaba ari abakirisu barobanuwe bapfuye ari abizigirwa, abo yazuye maze abashira mu bibanza vyabo mw’ijuru muri ba bakurambere 24. (Ivyahishuwe 11:18) Hari n’abandi bifatanya na bo mu kuririmba izo Haleluya, kuko Yohani avuga ati: “Vyongeye, ijwi riva kuri ya ntebe y’ubwami rivuga riti: ‘Nimushemeze Imana yacu, mwebwe mwese abashumba bayo bayitinya, abato n’abahambaye.’” (Ivyahishuwe 19:5) Iryo ni “ijwi” ry’Umuvugizi wa Yehova, ni ukuvuga Umwana wiwe Yezu Kristu, umwe ahagaze “hagati ya ya ntebe.” (Ivyahishuwe 5:6) Haba mw’ijuru canke kw’isi, “abashumba bayo” bose baragira uruhara muri urwo ruririmbo, abo kw’isi bakaba bahagarikiwe n’abagize umugwi wa Yohani barobanuwe. Ese ukuntu bahimbarwa no kugamburuka itegeko rigira riti: “Nimushemeze Imana yacu”!

7. Babiloni Akomeye niyamara gutikizwa, ni bande bazoshemeza Yehova?

7 Ego cane, abagize isinzi rinini na bo nyene bari muri abo bashumba. Kuva mu 1935, bagiye baritandukanya na Babiloni Akomeye kandi bariboneye iranguka ry’umuhango w’Imana ugira uti: “Yehova azohezagira abamutinya, abato n’abahambaye.” (Zaburi 115:13) Wa mumaraya Babiloni niyatikizwa, amamiliyoni y’abo bantu azokwifatanya n’abagize umugwi wa Yohani be n’ingabo zose zo mw’ijuru mu ‘gushemeza Imana yacu.’ Mu nyuma, abazoba bazukiye kw’isi, baba abahoze bahambaye canke badahambaye, nta gukeka ko bazoririmba izindi Haleluya nibamenya ko Babiloni Akomeye yagiye amazimayongo. (Ivyahishuwe 20:12, 15) Ugushemezwa kwose kube ukwa Yehova kubera yatsinze bimwe bikomeye uwo mumaraya wo kuva kera!

8. Indirimbo z’amashemezo Yohani yumva mw’ijuru zikwiye kuturemesha gukora iki ubu imbere y’uko Babiloni Akomeye atikizwa?

8 Ese ukuntu ivyo bituremesha kugira uruhara bimwe vyuzuye mu gikorwa c’Imana muri iki gihe! Ese abasavyi ba Ya bose bokwitanga batiziganya mu gutangaza imanza z’Imana hamwe na ca cizigiro gihambaye c’Ubwami, ivyo bakabigira ubu imbere y’uko Babiloni Akomeye atembagazwa maze agatikizwa.—Yesaya 61:1-3; 1 Abakorinto 15:58.

‘Haleluya, Yehova ni Umwami!’

9. Kubera iki iyo Haleluya ya nyuma ari agaheta?

9 Turi n’izindi mvo zo kunezerwa, kuko Yohani abandanya atwiganira ati: “Maze numva ikimeze nk’ijwi ry’isinzi rinini, kimeze kandi nk’ijwi ry’amazi menshi, kimeze kandi nk’ijwi ry’imituragaro yasana. Bavuga bati: ‘Haleluya,d kuko Yehova Imana yacu, Mushoboravyose, atanguye kuganza.’” (Ivyahishuwe 19:6) Iyo Haleluya ya nyuma igira kane ni yo isozera neza iryo tangazo rikaba iryuzuye, ritagira agahaze. Ni ijwi rikomeye ryo mw’ijuru riryoheye ugutwi kuruta iry’umugwi uwo ari wo wose w’abaririmvyi b’abantu, rigasamirana kuruta isumo iryo ari ryo ryose ryo kw’isi, kandi rikaba riteye ubwoba kuruta umuturagaro uwo ari wo wose wo kw’isi. Ayo majwi ibihumbi n’ibihumbi yo mw’ijuru ariko arigina kubera yuko “Yehova Imana yacu, Mushoboravyose, atanguye kuganza.”

10. Ni mu buryo ki twovuga ko Yehova atangura kuganza inyuma y’ugutikizwa kwa Babiloni Akomeye?

10 Ariko none, ni mu buryo ki Yehova atanguye kuganza? Haraheze imyaka ibihumbi n’ibindi umwanditsi w’amazaburi avuze ati: “Imana ni yo Mwami wanje kuva kera.” (Zaburi 74:12) Ko Yehova yari asanzwe ari umwami, ni kubera iki urwo ruririmbo ruhuza ivyaremwe vyose ruvuga ngo “Yehova . . . atanguye kuganza”? Ni kubera ko Babiloni Akomeye niyamara gutikizwa, uwo mukeba yuzuye ubwibone atazosubira kubuza abantu kugamburuka ubusegaba Yehova afise kw’isi no mw’ijuru. Idini ry’ikinyoma ntirizosubira kwosha abategetsi b’isi ngo barwanye Imana. Igihe Babiloni ya kera yatemba ntisubire kuganza isi, Siyoni yarumvise itangazo ryo kwigina intsinzi rigira riti: “Imana yawe icitse umwami!” (Yesaya 52:7) Inyuma y’aho Ubwami buvukiye mu 1914, ba bakurambere 24 batangaje bati: “Turagukengurukiye, Yehova Mana . . . kuko ufashe ububasha bwawe bukomeye ugatangura kuganza.” (Ivyahishuwe 11:17) Ubu na ho, inyuma y’ugutikizwa kwa Babiloni Akomeye, hasubiye kwumvikana akamo kagira gati: “Yehova . . . atanguye kuganza.” Nta mana n’imwe yashizweho n’abantu ikiriho kugira irwanye ubusegaba bwa Yehova we Mana y’ukuri!

Ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama buri hafi!

11, 12. (a) Yeruzalemu ya kera yabwiye iki Babiloni ya kera, iba itanze akarorero akahe ku bijanye na Yeruzalemu Nshasha be na Babiloni Akomeye? (b) Babiloni Akomeye amaze gutsindwa, amasinzi yo mw’ijuru aca aririmba akongera agatangaza iki?

11 “Ewe mugore uri umwansi wanje”! Ukwo ni ko Yeruzalemu, ahari urusengero rwa Yehova, yabwiye Babiloni yasenga ibigirwamana. (Mika 7:8) Muri ubwo buryo nyene, “ca gisagara ceranda, Yeruzalemu Nshasha,” ni ukuvuga bamwe 144.000 bagize umugeni wa Kristu, kirafise imvo zumvikana zo kwita Babiloni Akomeye umwansi waco. (Ivyahishuwe 21:2) Ariko uwo mumaraya akomeye agiye yashikirwa n’imibabaro, ivyago n’agatikizo. Bwaba ubupfumu bwiwe canke abaragurira ku nyenyeri biwe, nta na kimwe cashoboye kumukiza. (Gereranya na Yesaya 47:1, 11-13.) Emwe, iyo ni intsinzi ikomeye y’ugusenga kw’ukuri!

12 Ko wa mumaraya asesemye ari we Babiloni Akomeye amaze kugenda akagirire, ubu turashobora kwibanda kuri wa mugeni atyoroye wa wa Mwagazi w’intama! Ni co gituma amasinzi yo mw’ijuru ashemeza Yehova n’urweze rwinshi ati: “Tunezerwe kandi dusesekare umunezero, kandi tumuhe ubuninahazwa, kuko ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama bushitse, kandi n’umugore wiwe yiteguye. Egome, ahawe kwambara impuzu y’ilino nziza, yakaka, isukuye, kuko nya mpuzu y’ilino nziza igereranya ibikorwa bigororotse vy’aberanda.”—Ivyahishuwe 19:7, 8.

13. Ni imyiteguro iyihe y’ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama imaze ibinjana n’ibindi igirwa?

13 Yezu aramaze ibinjana n’ibindi ategura ubwo bugeni bwo mw’ijuru abigiranye urukundo. (Matayo 28:20; 2 Abakorinto 11:2) Yaratyoroye bamwe 144.000 bagize Isirayeli yo mu buryo bw’impwemu kugira “azane ishengero kuri we nyene mu bwiza bwakaka bwaryo, ritagira agatosi canke umunkanyari canke ico ari co cose muri mwene ivyo, ahubwo ribe ryeranda kandi ritagira ikirabagu.” (Abanyefeso 5:25-27) Kugira umwe wese mu bakirisu barobanuwe ashikire “agashimwe k’ihamagarwa ryo kuduga [b]ahamagawe n’Imana,” yabwirijwe kwiyambura wa muntu wa kera n’ingeso ziwe, arambara kamere nshasha za gikirisu, maze arakora ibikorwa vy’ubugororotsi “ata kwiziganya, nk’[uwu]korera Yehova.”—Abafilipi 3:8, 13, 14; Abakolosayi 3:9, 10, 23.

14. Ni gute Shetani yagerageje kwanduza abobaye mu bagize umugeni wa wa Mwagazi w’intama?

14 Kuva kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., Shetani yarakoresheje Babiloni Akomeye mu kugerageza kwanduza abobaye mu bagize umugeni wa wa Mwagazi w’intama. Mu mpera z’ikinjana ca mbere, yari amaze kubiba mw’ishengero imbuto z’idini rikomoka i Babiloni. (1 Abakorinto 15:12; 2 Timoteyo 2:18; Ivyahishuwe 2:6, 14, 20) Mu kudondora abariko baraburabuza ukwizera, intumwa Paulo avuga ati: “Kuko mwene abo bantu ari intumwa z’ikinyoma, abakozi b’abahendanyi, bihindura intumwa za Kristu. Kandi ivyo ntibitangaje, kuko na Shetani ubwiwe aguma yihindura umumarayika w’umuco.” (2 Abakorinto 11:13, 14) Mu binjana vyakurikiye, abiyita abakirisu bari bataye umurongo, cokimwe n’abandi bagize Babiloni Akomeye, barisakaye “ibisa n’umuyugubwe n’ibisa n’agahama, . . . inzahabu n’amabuye y’agaciro be n’imaragarita,” ivyo bikaba bigereranya ubutunzi n’ivyubahiro. (Ivyahishuwe 17:4) Abakuru b’ayo madini hamwe n’abapapa baracuditse n’abami b’ibinywamaraso, nka Konsitantino na Charlemagne. Babiloni Akomeye ntiyigeze yambara “ibikorwa bigororotse vy’aberanda.” Uwo mugeni w’urwigano yarabaye koko igikoresho nyamukuru Shetani akoresha mu guhenda abantu. Mugabo rero agiye yagenda akagirire!

Umugeni wa wa Mwagazi w’intama yiteguye

15. Umukirisu yarobanuwe adomwako ikidodo gute, kandi ni igiki asabwa?

15 Ubu rero inyuma y’imyaka hafi 2.000, bamwe 144.000 bagize umugwi w’umugeni bose baramaze kwitegura. Ariko none, ni ryari twovuga ko ‘umugeni wa wa Mwagazi w’intama yiteguye’? Kuva kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., abakirisu barobanuwe bagiye “[baradomwa]ko ikidodo ca ya mpwemu nyeranda yari yarasezeranywe” ku bw’“umusi w’ukubohorwa biciye ku ncungu.” Nk’uko intumwa Paulo yabivuze, Imana “yaradushizeko kandi ikidodo cayo yongera iduha icemeza c’ibizoza, ari co mpwemu, mu mitima yacu.” (Abanyefeso 1:13; 4:30; 2 Abakorinto 1:22) Umukirisu wese yarobanuwe aba ari ‘uwahamagawe kandi yatowe.’ Aba yarerekanye ko ari ‘umwizigirwa.’—Ivyahishuwe 17:14.

16. (a) Intumwa Paulo yadomweko ikidodo ntabanduka ryari, kandi tubibwirwa n’iki? (b) Ni ryari umugeni wa wa Mwagazi w’intama azoba “yiteguye” neza?

16 Inyuma y’imyaka mirongo Paulo yamaze agezwa, yavuze ati: “Nararwanye ya ndwano nziza, narirutse mw’isiganwa kugeza kw’iherezo, naragumije ukwizera. Kuva ubu, mbikiwe urugori rw’ubugororotsi, urwo Umukama, wa mucamanza agororotse, azompa bwa mpembo kuri wa musi, yamara si jewe jenyene, ahubwo ruzohabwa n’abo bose bakunze ukwigaragaza kwiwe.” (2 Timoteyo 4:7, 8) Biboneka ko iyo ntumwa yari yamaze kudomwako ikidodo ntabanduka, naho yari akiri kw’isi kandi akaba yobwirijwe kwicwa rumaratiri. Muri ubwo buryo nyene, hazogera igihe umwe wese mu masigarira akiri kw’isi ya bamwe 144.000 azoba yadomweko ikimenyetso cerekana ko yegukira Yehova. (2 Timoteyo 2:19) Ivyo bizoba igihe umugeni wa wa Mwagazi w’intama azoba amaze kwitegura neza, benshi muri bamwe 144.000 bakazoba bamaze kuronka impembo yabo mw’ijuru, abakiri kw’isi na bo bakazoba bamaze kwemerwa no kudomwako ikidodo ca nyuma cerekana ko ari abizigirwa.

17. Ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama buzoba ryari?

17 Ico gihe Yehova yashinze kigeze, igihe bamwe 144.000 bazoba bamaze kudomwako ikidodo bose, ba bamarayika bazoca barekura ya miyaga ine y’amakuba akomeye. (Ivyahishuwe 7:1-3) Ubwa mbere, urubanza ruzoca rushitswa kuri wa mumaraya Babiloni Akomeye. Kristu nyenintsinzi azoca yihutisha ibintu gushika kuri Harumagedoni kugira atikize ibisigarira vy’ishirahamwe rya Shetani ng’aha kw’isi, hanyuma ace aterera mu nyenga Shetani n’amadayimoni yiwe. (Ivyahishuwe 19:11–20:3) Nimba hari abarobanuwe bazoba bakiri kw’isi, nta gukeka ko bazoca bahabwa impera yabo yo mw’ijuru Kristu akimara gusozera intsinzi yiwe maze bahamvye bagenzi babo bagize umugwi w’umugeni. Igihe Imana yashinze kigeze rero, ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama buzoca buba!

18. Zaburi ya 45 yerekana gute ingene ibijanye n’ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama bizokurikirana?

18 Ubuhanuzi buri muri Zaburi ya 45 burerekana ingene ibintu bizokurikirana. Ubwa mbere, wa Mwami yimitswe aragendera kw’ifarasi kugira atsinde abansi biwe. (Umurongo wa 1-7) Ubugeni buca buba, uwo mugeni wo mw’ijuru akaba asukurirwa kw’isi na bagenziwe b’amasugi, ni ukuvuga rya sinzi rinini. (Umurongo wa 8-15) Mu nyuma ubwo bugeni buravamwo ivyiza, abantu bazutse bakagirwa abatagira akanenge bayobowe n’“abaganwa mw’isi yose.” (Umurongo wa 16, 17) Mbega imihezagiro ihimbaye izanwa n’ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama!

Hahiriwe abatumiwe

19. Ikigira kane mu bintu indwi biteye umunezero bivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe ni ikihe, kandi ni bande bagira uruhara muri uwo munezero udasanzwe?

19 Ubu na ho Yohani arandika ikigira kane mu bintu indwi biteye umunezero avuga mu gitabu c’Ivyahishuwe. Agira ati: “Kandi ambwira [ni ukuvuga wa mumarayika ahishurira Yohani ivyo bintu] ati: ‘Andika: Hahiriwe abatumiwe ku mfungurwa zo ku mugoroba z’ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama.’ Vyongeye, ambwira ati: ‘Ayo ni yo majambo y’ukuri y’Imana.’” (Ivyahishuwe 19:9)e Abatumirwa ku “mfungurwa zo ku mugoroba z’ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama” ni abagize wa mugwi w’umugeni. (Gereranya na Matayo 22:1-14.) Abarobanuwe bose bagize umugwi w’uwo mugeni barahimbarwa no kuba bararonse ubwo butumire. Benshi mu batumire baramaze kuja mw’ijuru, aho izo mfungurwa zo ku mugoroba zizobera. Abakiri kw’isi na bo nyene barahimbarwa no kuba barahawe ubwo butumire. Ibibanza vyabo birateguwe kuri izo mfungurwa z’ubugeni. (Yohani 14:1-3; 1 Petero 1:3-9) Abagize uwo mugeni bose nibamara kuzurwa bakaja mw’ijuru, bazoca bifatanya na wa Mwagazi w’intama muri ubwo bugeni bw’agakura.

20. (a) Imvugo ngo “ayo ni yo majambo y’ukuri y’Imana” isobanura iki? (b) Yohani yakiriye gute amajambo y’uwo mumarayika, kandi nya mumarayika yaciye avuga iki?

20 Wa mumarayika avuga kandi ati: “Ayo ni yo majambo y’ukuri y’Imana.” Iyo mvugo ngo “y’ukuri” ivuye mw’ijambo ry’ikigiriki a·le·thi·nosʹ, ikaba isobanura ngo “nyayo” canke ngo “yo kwizigirwa.” Kubera ko ayo majambo avuye vy’ukuri kuri Yehova, ni ay’ukuri akaba n’ayo kwizigirwa. (Gereranya na 1 Yohani 4:1-3; Ivyahishuwe 21:5; 22:6.) Kubera ko Yohani ari umwe mu batumiwe kuri izo mfungurwa z’ubugeni, ategerezwa kuba yarahimbawe cane no kwumva ivyo bintu be no kuzirikana ku mihezagiro irindiriye abagize uwo mugwi w’umugeni. Kukaba nkako, yarakozwe cane ku mutima ku buryo wa mumarayika yabwirijwe kumukebura, nk’uko Yohani avyigana ati: “Nca nikubita imbere y’ibirenge vyiwe ngo ndamusenge. Mugabo ambwira ati: ‘Uragaba! Ntugire ivyo! Nta kindi ndi atari umushumba mugenzawe n’uwa bene wanyu bafise igikorwa co gushingira intahe Yezu. Senga Imana.’”—Ivyahishuwe 19:10a.

21. (a) Igitabu c’Ivyahishuwe kitubwira iki ku bijanye n’abamarayika? (b) Abakirisu bakwiye kubona gute abamarayika?

21 Igitabu c’Ivyahishuwe cose kirashingira intahe idasanzwe ubwizigirwa bw’abamarayika n’umwete wabo. Bari mu bagize umuhora Imana ikoresha mu guhishura ukuri. (Ivyahishuwe 1:1) Barashigikira abantu mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza no mu gusuka vya vyago vy’ikigereranyo. (Ivyahishuwe 14:6, 7; 16:1) Barifatanya na Yezu mu ntambara yo kwirukana mw’ijuru Shetani n’abamarayika biwe, kandi bazosubira kwifatanya na we mu ntambara ya Harumagedoni. (Ivyahishuwe 12:7; 19:11-14) Nkako, ni abishikira kuri Yehova ubwiwe. (Matayo 18:10; Ivyahishuwe 15:6) Ariko rero, nta kindi bari atari abashumba b’Imana baciye bugufi. Ivyo gusenga abamarayika nta kibanza bifise mu gusenga gutyoroye, naho vyoba ari bimwe bavuga ngo ni ugusenga Imana biciye ku bitwa aberanda canke ku bamarayika. (Abakolosayi 2:18) Abakirisu basenga Yehova wenyene, bakamubwira ivyo bakeneye mw’izina rya Yezu.—Yohani 14:12, 13.

Uruhara rwa Yezu mu buhanuzi

22. Umumarayika abwira iki Yohani, kandi ayo majambo asobanura iki?

22 Wa mumarayika aca avuga ati: “Kuko ugushingira intahe Yezu ari yo ntumbero y’ubuhanuzi.” (Ivyahishuwe 19:10b) Ivyo bishoboka gute? Ivyo bisobanura ko ubuhanuzi bwose bwahumetswe kubera Yezu be n’uruhara afise mu migambi ya Yehova. Ubuhanuzi bwa mbere bwo muri Bibiliya bwasezeranye ko hobonetse uruvyaro. (Itanguriro 3:15) Yezu ni we yahavuye aba urwo Ruvyaro. Hari ibintu vyinshi cane vyubakiye kuri uwo muhango vyagiye birahishurwa vyerekana ko ubuhanuzi ari ubw’ukuri. Intumwa Petero yabwiye wa munyamahanga yizera ari we Koruneliyo, ati: “Uyo [Yezu] abahanuzi bose baramushingira intahe.” (Ivyakozwe 10:43) Haciye nk’imyaka 20, intumwa Paulo yavuze ati: “Uko imihango y’Imana ingana kwose, yabaye Ego biciye kuri we [Yezu].” (2 Abakorinto 1:20) Haciye iyindi myaka 43, Yohani yatwibukije ati: “Ukuri [kw]aje biciye kuri Yezu Kristu.”—Yohani 1:17.

23. Ni kubera iki ikibanza n’ubukuru buhambaye Yezu afise ata co bihindura ku kuntu dukwiye gusenga Yehova?

23 None ivyo hari ico bihindura ku kuntu dukwiye gusenga Yehova? Oya. Niwibuke ingabisho wa mumarayika yatanze igira iti: “Senga Imana.” Yezu ntiyigeze arondera kungana na Yehova. (Abafilipi 2:6) Ni ivy’ukuri ko abamarayika bose basabwa ‘kwikubita imbere ya Yezu,’ n’ivyaremwe vyose bigategerezwa kwemera icese ikibanza gihambaye afise ku buryo “mw’izina rya Yezu ivi ryose ripfunyw[a].” Ariko urabona ko ivyo bigirwa “ku bw’ubuninahazwa bw’Imana ari yo Data” kandi ikaba ari yo itanga iryo tegeko. (Abaheburayo 1:6; Abafilipi 2:9-11) Yehova ni we yahaye Yezu ubukuru buhambaye, kandi iyo twemeye icese ubwo bukuru tuba tuninahaje Imana. Iyo tutemeye gutwarwa na Yezu, ni nk’aho tuba tugararije Yehova Imana ubwiwe.—Zaburi 2:11, 12.

24. Ni ibintu bibiri bitangaje ibihe twiteze, kandi bikwiye gutuma tuvuga amajambo ayahe?

24 Nimuze rero duhurize amajwi hamwe mu kuvuga amajambo atangura Zaburi ya 146 gushika ku ya 150 agira ati: “Shemeze Ya!” Ese urwo ruririmbo rwa Haleluya rwosamirana rwose mu gutangaza intsinzi Yehova azotahukana kuri Babiloni ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma! Vyongeye, ese umunezero wacu worushiriza kwongerekana uko ubugeni bwa wa Mwagazi w’intama bwegereza!

[Utujambo tw’epfo]

a Bibiliya Yera.

b Bibiliya Yera.

c Bibiliya Yera.

d Bibiliya Yera.

e Raba kandi Ivyahishuwe 1:3; 14:13; 16:15.

[Uruzitiro ku rup. 273]

“Ikete kuri Sodomu na Gomora”

Uwo ni wo wari umutwe w’ikiganiro casohotse mu kinyamakuru (Daily Telegraph) c’i Londres co ku wa 12 Munyonyo 1987 mu kugira ico kivuze ku ciyumviro cashikirijwe mu Nama nkuru y’idini rya Angilikani ryo mu Bwongereza. Ico ciyumviro cari ico kwirukana muri iryo dini abakirisu baryamana n’abo basangiye igitsina. Umwanditsi w’ico kinyamakuru yitwa Godfrey Barker yavuze ati: “Musenyeri mukuru w’i Cantorbéry ejo yavuganye akababaro ati: ‘Hamwe Paulo mweranda yokwandikira ikete idini rya Angilikani ryo mu Bwongereza, twokwibaza ingene iryo kete ryoba rimeze.’” Barker ubwiwe yashikirije iciyumviro kigira giti: “Ikete kuri Sodomu na Gomora, iyo ni yo nyishu,” aca yongerako ati: “Dogoteri Runcie [musenyeri mukuru] yiyumvira ko ryoba risa n’ikigabane ca mbere c’ikete ryandikiwe Abaroma.”

Uwo mwanditsi yasubiyemwo amajambo ya Paulo ari mu Baroma 1:26-32 agira ati: “Imana yabahebeye inambu z’umubiri z’agaterasoni, . . . abagabo ku bagabo, bagakora ibiteye isoni. . . . Naho abo bazi neza rwose ingingo igororotse yashinzwe n’Imana, yuko abaza barakora mwene ivyo bakwiriye gupfa, ntibaguma babikora gusa, ahubwo baranashigikira abaza barabikora.” Yaciye asozera ati: “Paulo mweranda yari arajwe ishinga n’abakirisu basanzwe. Dogoteri Runcie wewe ahanzwe n’abakuru b’idini.”

Ni kubera iki none uwo musenyeri mukuru yari ahanzwe n’iyo ngorane? Ikinyamakuru (Daily Mail) c’i Londres co ku wa 22 Gitugutu 1987 cari casohoye mu ndome nininini amajambo atangurira ikiganiro agira ati: “‘Umupatiri umwe kuri batatu aryamana n’abo basangiye igitsina’ . . . Isekeza ryo kwirukana abaryamana n’abo basangiye igitsina ‘rizohava rituma idini rya Angilikani ryugara.’” Ico kiganiro carasubiyemwo amajambo yavuzwe n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abagabo n’abagore b’abakirisu baryamana n’abo basangiye igitsina agira ati: “Hamwe ico ciyumviro cokwemerwa, idini ryoca risambuka, kandi ivyo Musenyeri mukuru w’i Cantorbéry arabizi. Tugereranije, twiyumvira ko hagati y’ibice 30 na 40 kw’ijana vy’abakuru b’idini rya Angilikani ryo mu Bwongereza baryamana n’abo basangiye igitsina. Ariko rero, ni bo bakora gusumba abandi bose mu bikorwa vy’idini.” Nta gukeka ko igabanuka ry’abaja mu misa ari kimwe mu vyerekana ko abantu bashishwa n’iyo ngeso iriko irarandagata muri iryo dini.

None iyo nama nkuru yapfunditse iki? Igitigiri kinini cane c’abantu 388 mu bari bitavye iyo nama (ni ukuvuga ibice 95 kw’ijana vy’abakuru b’idini) bagiye hagati na hagati. Ku bijanye n’ivyo, ikinyamakuru kimwe (The Economist) co ku wa 14 Munyonyo 1987 cavuze giti: “Idini rya Angilikani ryo mu Bwongereza ririyamiriza ukuryamana kw’abasangiye igitsina, ariko si cane. Yibutse ko abakuru b’idini baryamana n’abo basangiye igitsina, Inama nkuru ari yo nama nshingamateka y’idini, yafashe ingingo muri iyi ndwi yuko iyo ngeso atari igicumuro nka kurya kw’ubusambanyi n’ukurenga ibigo: ‘biyobagije ko uguhuza ibitsina ari ikintu kigenewe gusa abantu bagiraniye indagano yo kubana ubuzima bwabo bwose.’” Mu guhushanya impagararo ya Musenyeri mukuru w’i Cantorbéry n’amajambo atomoye Paulo yavuze mu Baroma 1:26, 27, ico kinyamakuru carasubiyemwo ayo majambo ya Paulo, gica candika munsi giti: “Paulo mweranda yari azi ico yariko aravuga.”

Yezu Kristu na we nyene yari azi ico yariko aravuga kandi yaragitomoye igihe yavuga ko “ku Musi w’Urubanza ivy’igihugu ca Sodomu bizoba ibigendeka kuruta” ivy’abanyamadini batera akagere ubutumwa bwiwe. (Matayo 11:23, 24) Ng’aho Yezu yakoresheje imvugo ndenzarugero kugira yerekane ko indongozi z’idini zateye akagere Umwana w’Imana n’inyigisho ziwe zociriwe rubi kuruta Abanyasodomu. Muri Yuda 7 havuga yuko abo Banyasodomu bashikiwe “n’igihano c’urubanza c’umuriro utazima,” bikaba bisobanura ugutikizwa kw’ibihe bidahera. (Matayo 25:41, 46) Ese ukuntu rero ruzoba rukaze urubanza ruzocirwa abitwa ngo ni indongozi z’abakirisu, abapfa kuyobora nk’impumyi imikuku yabo yahumye, bagatuma bata ingingo ngenderwako ziri hejuru zigenga inyifato runtu y’abatwarwa b’Ubwami bw’Imana, bakabajana mu nzira z’ino si ata co yibanga kandi yuzuye ubushegabo! (Matayo 15:14) Ku bijanye n’idini ry’ikinyoma ari ryo Babiloni Akomeye, ijwi rivuye mw’ijuru ritera abantu akamo kihutirwa riti: “Nimuve iwe, bantu banje, nimba mudashaka gusangira na we ibicumuro vyiwe, nimba kandi mudashaka kuronka ku vyago vyiwe.”—Ivyahishuwe 18:2, 4.

[Amafoto ku rup. 275]

Mw’ijuru harasamirana Haleluya zine mu gushemeza Ya kubera yatahukanye intsinzi ruhasha kuri Babiloni Akomeye

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika