ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • pe ikig. 1 rup. 7-15
  • Kubaho Ibihe Bidashira Si Indoto

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubaho Ibihe Bidashira Si Indoto
  • Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IKIBITWEMEZA ICO ARI CO
  • WIPFUZA KUBA HE?
  • WIPFUZA UBUZIMA BUMEZE BUTE?
  • IMIGISHA Y’AGATANGAZA IREGEREJE
  • Wokora iki kugira ngo uzobe mw’isi nshasha y’Imana irimwo amahoro?
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Turashobora kubaho ibihe bidahera
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Ni Umugambi Uwuhe Imana Ifitiye Isi?
    Ni Ibiki Imana Idusaba?
  • Ukubaho mu mahoro mw isi nsha
    Ukubaho mu mahoro mw isi nsha
Ibindi
Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
pe ikig. 1 rup. 7-15

Ikigabane ca 1

Kubaho Ibihe Bidashira Si Indoto

1, 2. Ni kuki bigoye kwemera yuko abantu bashobora kuba kw isi ibihe bidashira mu gahimbare?

UBUHIRWE kw isi, n’aho bwoba ubw’akanya gato — ivyo bisa n’ibidashoboka. Indwara, ubusaza, inzara, ubugarariji — n’ibindi tutavuze — bikunda gutuma ubuzima bwuzura amaganya. Kubera ivyo, hari aho wovuga ko kubaho ibihe bidashira mw iparadizo ngaha kw isi ari ukwihenda. Hari n’aho wobona ko n’ukubiyaga ari uguta umwanya, kandi ko kubaho imyaka yose ari indoto.

2 Nta gukeka benshi bogushigikira. Ni kuki none dushobora kwemeza yuko ushobora kubaho ibihe bidashira mw iparadizo ngaha kw isi? Ni kuki dushobora kwemera ko ubuzima budahera atari ukurota namba?

IKIBITWEMEZA ICO ARI CO

3. Ni igiki cerekana yuko Imana yashatse ko abantu banezerwa ngaha kw isi?

3 Tuvyemezwa n’uko Imana Mushobora Vyose yateguye isi kugira ngo abantu bayibeko ataco bipfuza ngo bakibure. Yarayitunganije rwose! Bitayeko, umugabo n’umugore na bo, yabaremye batunganye kugira ngo bayibeko ibihe bidashira — mu gahimbare nyako. — Zaburi 115:16.

4. Nk’uko abanyabwenge babivuga, ni igiki cerekana ko umubiri w’umuntu waremwe kugira ngo ubeho ibihe bidashira?

4 Abahinga bāmenye kuva kera yuko umubiri wacu uguma wihindura musha. Igihe bikenewe, ubugingo buri muri wo burashobora gusubirirwa n’ubundi, canke bugasanurwa nk’uko vyatunganijwe. Bisa n’uko ivyo vyobandanya imyaka yose; ariko si uko biri, uburuhiro ni ugusaza. Ico ni co abahinga badashobora gusigura. Ntibarategera neza igituma abantu basaza, ariko bavuga gusa ngo umuntu abayeho mu buryo butunganye, yoshobora kuramba imyaka yose. — Zaburi 139:14.

5. Bibiliya ivuga iki ku vyerekeye imigambi Imana ifitiye iyi si?

5 Ariko mu vy’ukuri, Imana ishaka yuko abantu babaho bahimbawe ngaha kw isi ibihe bidashira? Niba ari uko, ubugingo budashira rero si icipfuzo gusa canke ukurota — ariko buzoboneka ata kabuza! Bibiliya, igitabu kirimwo imigambi y’Imana kibivugako iki? Kivuga ngo: “Imana yabumvye isi ikayirema; yarayikomeje, ntiyayiremye ngo ibeko ubusa gusa, ariko yayibumvye ngo ibeko abantu.” — Yesaya 45:18.

6. (a) Muri iki gihe turimwo abantu babayeho bate? (b) Uko ni ko Imana yari yashatse ko babaho?

6 Woba ubona ko isi ibako abantu nk’uko Imana yabitegekanije? Ego ni ko, nko mu mihingo yose yo kw isi hariho abantu. Ariko babayeho bashize hamwe, basangira akabisi n’agahiye nk’uko Umuremyi wabo yari yabigabiye? Iki gihe turimwo, isi yuzuye amacakubiri, urwanko n’ubugarariji. Indwano ntizivanako, abantu ibihumbi n’ibihumbi na bo barashonje, canke bari ku musego. Abandi na bo, badugaritswe umutima n’ukubura aho babika umusaya, akazi canke amahera. Ivyo ntibishobora gushemeza Imana, kubera ko kuva mu ntango itari yagabiye ko abantu babaho bamerewe batyo.

7. Ni imigambi iyihe Imana yari ifitiye iyi si igihe yarema umugabo n’umugore ba mbere?

7 Igihe Imana ihereje kurema umugabo n’umugore ba mbere, yaciye ibashira mw iparadizo. Yashaka ko baba kw isi ibihe bidashira mu gahimbare. Yashaka kandi yuko iyo paradizo bayikwiza kw isi hose. Ivyo bigaragazwa n’aya majambo yababwiye: “Ni murondoke mugwire, mwuzure isi muyiganze.” (Itanguriro 1:28) Imana yari yagabiye ko isi yose yohavuye iganzwa n’abantu b’intungane, babana bose mu mahoro no mu gahimbare.

8. N’aho umugabo n’umugore ba mbere bāgābiye Imana, ni igiki kitwemeza ko imigambi yari ifitiye iyi si izorāngūka ata kabuza?

8 N’aho umugabo n’umugore ba mbere bāgābiye Imana bakagaragaza ko badakwiye kubaho ibihe bidashira, Imana ntiyisubiyeko, iryo yari yavumereye ryategerezwa kurāngūka. (Yesaya 55:11) Bibiliya ivuga ngo: “Abagororotsi bazoragwa [isi, baze bayibeko ibihe bidashira,” New World Translation of the Holy Scriptures]. (Zaburi 37:29) Yama kandi idusigurira yuko abantu bakorera Imana, yategekanije ko bakomorerwa ubuzima budashira. — Yohani 3:14-16, 36; Yesaya 25:8; Ivyahishuriwe Yohani 21:3, 4.

WIPFUZA KUBA HE?

9. (a) Mu bisanzwe abantu bipfuza iki? (b) Bibiliya ishaka gusigura iki igihe ivuga ko Imana yashize ivyiyumviro vy’ukwamaho mu mitima yabo?

9 Turashobora kunezerezwa cane n’uko Imana yagabiye ko tubaho ibihe bidashira. Iyumvīre nawe! Iyo aba ari wewe wihitiramwo umusi uzopfirako, wovyubahutse? Nta muntu n’umwe akomeye ashobora kwipfuza urupfu. Imana yaremanye umuntu agatima ko gushaka kubaho. Kuri ivyo, Bibiliya ivuga ko “yashize ivyiyumviro vy’ukwamaho mu mitima yabo.” (Umusiguzi 3:11, NW) Ivyo bisobanura ko mu bisanzwe abantu bipfuza kubandanya kubaho, ni co gituma bārondeye kuva kera uburyo bwo kugumana ubuto bwabo.

10. (a) Mu bisanzwe umuntu yipfuza kuba he ibihe bidashira? (b) Ni kuki dukwiye kwemera tudakeka ko Imana izoha abantu ubuzima budahera ngaha kw isi?

10 Mu bisanzwe abantu bashaka kuba he ibihe bidashira? Nta handi atari aho bamenyereye kuba, ni ukuvuga ngaha kw isi. (Itanguriro 2:8, 9, 15) Bibiliya ivuga yuko Imana “yashizeho amatanguriro y’isi ngo yoye kuzonyiganyizwa gushitsa ibihe bidashira.” (Zaburi 104:5) Kubera ko isi yaremwe ngo igumeho ibihe bidashira, n’umuntu na we ni uko nyene. Mu vy’ukuri, Imana nyenurukundo ntiyoba yaremanye abantu icipfuzo co kubaho ibihe bidashira, hanyuma ngo ibime ububasha bwo kurāngūra ico cipfuzo cabo. — 1 Yohani 4:8; Zaburi 133:3.

WIPFUZA UBUZIMA BUMEZE BUTE?

11. Ni igiki Bibiliya ivuga cerekana ko abantu bashobora kubaho ibihe bidashira bafise amagara meza?

11 Tuma akajisho ku rupapuro rukurikira. Abo bantu ubona babayeho gute? Ntiwoshobora kunezerwa ubayeho gutyo nawe? Eka vyogushimisha! Raba ingene bafise amagara meza n’ingene bakiri bato! Uwokubwira ko bamaze imyaka igihumbi wovyemera? Bibiliya ivuga yuko abasaza bazosubira ibuto, ko abarwayi bazokomera; ko abacumbagira, impumyi, abatumva na banyamuragi, bazokizwa ubumuga bwabo. Igihe Yezu yari akiri kw isi, yarakoze ibitangaro bitari bike mu kuvura abarwayi. Igihe yakora ivyo, yashaka kwerekana ko mu misi y’inganji yiwe; na yo ntikiri kure, abazoba bariho bose bazokomōrerwa amagara atarimwo amaganya. — Yobu 33:25; Yesaya 33:24; 35:5, 6; Matayo 15:30, 31.

12. Ubona ubuzima bumeze bute kuri ibi bishushanyo?

12 Itegereze iryo tongo ingene riteye igomwe! Nk’uko Kirisitu yabivuze, ni iparadizo koko, isa n’iyo umugabo n’umugore ba mbere batakaje igihe bāgarariza. (Luka 23:43) Rāba abo ingene babana mu mahoro kandi bumvikana. Abantu b’ubwoko bwose: abirabura, abera, abadimudimu, bose babanye nk’abavandimwe, mbere n’ibikōko na vyo nyene biratekereje. Itegereze uwo mwana ariko arayuba n’iyo ntambwe ataco yinona. Ehe raba ico Umuremyi abivugako: “Ingwe izoryamana n’umwagazi w’impene, inyana n’umugunza w’intambwe [n’igikōko gishishe, vyose hamwe umwana mutoya azobiyobora.] (NW) . . . Kandi intambwe izorisha ubwatsi nk’inka. Umwana yonka azokinira ku mwobo w’imamba.” — Yesaya 11:6-9.

13. Ni ibiki bizozimangana kw isi igihe imigambi y’Imana izoba imaze kurāngūka?

13 Ibizohimbara umutima muri iyo paradizo Imana yagabiye gukomorera abantu ni vyinshi: isi izokwimbuka imfungurwa nyinshi kandi ziryoshe, ntawuzosubira kubabazwa n’inzara. (Zaburi 72:16; 67:6) Indwano, ubukozi bw’ikibi n’ubukari, eka mbere n’urwanko hamwe n’ubugunge, bizoba ari ibintu vyāhise, vyāgiye ubutakigaruka. (Zaburi 46:8, 9; 37:9-11) Uremera ivyo ko bishoboka?

14. Ni igiki kikwemeza ko Imana izokuraho umubabaro wose?

14 Iyo uba wobishobora ntiwokuyeho ivyo vyose bitera abantu umubabaro, hanyuma ukabaronsa ivyo imitima yabo yipfuza? Egome wobigize. Ivyo ni vyo Data wa twese wo mw’ijuru nyenurukundo azokora. Mu vyo dukeneye canke twipfuza, azoturonsa ibidushimisha, kubera ko Zaburi 145:16 ivuga ngo: “Upfumbaturura igipfunsi cawe, ugahaza ukwipfuza kw’ibiriho vyose.” None ivyo bizoba ryari?

IMIGISHA Y’AGATANGAZA IREGEREJE

15. (a) Umuhero w’isi uzomera ute ku vyerekeye iyi si tubako? (b) Ku nkozi z’ibibi? (c) Ku bakora ivyo Imana igomba?

15 Kugira ngo isi ishobore gushungururirwa iyo migisha, Imana yavuze yuko izobanza kuzimanganya ababi n’ibibi bakora; ariko ikingire abayambaza. Bibiliya ivuga ngo: “Kandi isi iriko irashirana n’ivyipfuzo vyayo, ariko uwukora ivyo Imana igomba yamaho ibihe bidashira.” (1 Yohani 2:17) Ese ukuntu ibintu bizoba bihindutse! Si ukuvuga yuko uko gushira kw’isi ari ugushira kw’iyi si tubako. Ahubwo, nk’uko vyabaye mu gihe c’umwuzure wo mu misi ya Nowa, kuzoba ari uguhona kw’abantu babi, bajane n’ingeso zabo zose. Ariko abakorera Imana bose bazorokoka basigare mu mwidegemvyo mw isi itagira agasembwa, bave mu minwe y’abo bose bahora babacura bufuni na buhoro. — Matayo 24:3, 37-39; Imigani 2:21, 22.

16. Ivyokwerekanye imisi y’iherezo vyavuzwe kera ni ibiki?

16 Hari aho wovuga, uti ibitera umubabaro ko bidacureha biguma vyongerekana, twokwemezwa n’iki none ko turi mu gutora akoyoko? Yezu Kirisitu yaradondaguye ibintu bitari bike, vyobereye abigishwa biwe bo mu misi y’iherezo ikimenyetso c’uko hageze yuko Imana irandura iyi si. Yavuze yuko imisi y’iherezo yoranzwe n’indwano zeruye, n’ikigoyi, na vya nyamugigima bikaze hamwe n’ukwongerekana kw’ubugarariji; kandi ko n’urukundo rwa benshi ruzotimba. (Matayo 24:3-12) Yavuze kandi ko “amahanga yokwiganyiye kuko atazi uko ari bugire.” (Luka 21:25, NW) Bitayeko, Bibiliya irabandanya iti: “Mu misi y’iherezo hazoba ibihe bigoye.” (2 Timoteyo 3:1-5) Ivyo si vyo nyene twibonera muri iki gihe cacu?

17. Abatōhōza ibishikira iyi si bāvuze iki ku vyerekeye uko imeze ubu?

17 Abahinga benshi batōhōza ibiba kuri iyi si, bavuga yuko ihinduka ryayo riri hafi. Umwe ni uyu mwanditsi w’ikinyamakuru citwa Herald c’i Miami muri Amerika; yavuze yuko “umuntu wese afise ubwenge bukwiye, ashobora gutororokanya ibintu vyose vy’agacamutima vyabaye muri iyi myaka ya nyuma, agasanga isi iri hafi guhinduka. . . . Ubuzima bw’abantu buzodabangana imyaka yose.” Uwundi mwanditsi wo muri Amerika Lewis Mumford na we nk’uko nyene, yavuze yuko “akaranga k’abantu kari mu gutakara. Ivyo si ivy’imbeshere. . . . Kera akaranga gatakaye, katakara mu mihingo imwe imwe gusa. . . . Ariko ubu kubera amajambere amahanga aregeranye kandi aragenderanira, hanyuma ihanga rimwe ritakaje akaranga rikandukiza isi yose.”

18. (a) Uko ibintu vyifashe ubu ni imburi y’ibiki bizoba mu misi iza? (b) Ni igiki kizosubirira izi ntwaro ziriho ubu?

18 Uko ibintu vyifashe ubu, vyerekana ko isangangurwa ry’iyi si mbi riri hafi. Egome! Hasigaye igihe gito Imana igahanagura isi ikayikiza abo bose bayonona. (Ivyahishuriwe Yohani 11:18) Izozimanganya izi ntwaro ziriho ubu kugira ngo inganji yayo itunganye ibone gushikīra intahe, isasagare kw isi yose. Ubwo ni bwo bwa Bwami Kirisitu yigisha abigishwa biwe gusaba. — Daniyeli 2:44; Matayo 6:9, 10.

19. Ni twaba dushaka kubaho ibihe bidashira dutegerezwa gukora iki?

19 Ni waba ugomba ubuzima budahera ngaha kw isi mu ntwaro y’Imana, nyanyasa rero urahure ubwenge umenye Imana, imigambi yayo n’ivyo igushakako. Igihe yariko arayisenga, Yezu Kirisitu yavuze ngo: “Ubu ni bwo bugingo budashira, ko bamenya wewe Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye Yezu Kirisitu.” (Yohani 17:3) Ese ukuntu bihimbaye kumenya ko dushobora kubaho ibihe bidashira; atari ukurota namba! Ariko kugira ngo iyo migisha y’agatangaza iva ku Mana tuyīnovore, turakeneye kumenya umwansi yama agerageza kutubuza kuyishikīra.

[Ifoto ku rup. 8, 9]

Uko ni ko Imana yari yashatse ko abantu babaho?

[Ifoto yuzuye urupapuro rwose on page 11]

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika