Ikigabane ca 21
Umusi wo Guca Amateka n’Ibizowukurikira
1. Umusi wo Guca Amateka abantu benshi bawuzi gute?
UMUSI wo Guca Amateka wewe uwiyumvīra ute? Bamwe biyumvira ko hazoba intebe niniya y’ubwami, hanyuma abazutse bagatonda umurongo muremure imbere yayo, umwe umwe wese agacirwa urubanza ruhwanye n’ivyo yakoze atarapfa vyanditswe mu gitabu c’amateka; hanyuma uwuhejeje gusomerwa ivyo yakoze, akarungikwa mw ijuru canke mu muriro utazima.
2. (a) Ni nde yateguye Umusi wo Guca Amateka? (b) Yashinze nde ngo abe umucamanza?
2 Bibiliya yo, uko yerekana Umusi wo guca Amateka kuratandukanye rwose n’ivyo. Si umusi wo gutinya; uhindisha agashitsi. Raba uko Imana ivugwa muri Bibiliya: “Yagenye umusi wo gucira amateka ababa kw isi bose mu butungane, ikoresheje umuntu yatoranije.” (Ivyakozwe n’intumwa 17:31, NW) Birumvikana ko uwo muntu yatowe n’Imana ari Yezu Kirisitu.
3. (a) Ni kuki dushobora kwemera tudakeka ko Kirisitu azoca imanza ziroranye? (b) Azokwihweza iki mu gucira abantu urubanza?
3 Nta gukeka ko Kirisitu atazoca imanza ziroranye kandi zitunganye; nk’uko amajambo menyesha kazoza ari muri Yesaya 11:3, 4 aduhumuriza. Urumvise rero ko atazocira abantu urubanza yihweje ivyaha bākoze batarapfa nk’uko abantu benshi bavyiyumvīra; kandi vyinshi babikoze kubera ubujuju. Bibiliya itomora ko umuntu apfuye, aba aremuruwe ivyaha vyose yakoze iti: “Uwupfuye aba abohowe mu vyaha.” (Abaroma 6:7, Segond, Jérusalem) Ivyo ni ukuvuga ko umuntu azutse adacirirwa urubanza bihweje ivyo yakoze atarapfa, ahubwo bamucira uruhwanye n’ivyo akora kuri uwo Musi wo Guca Amateka.
4. (a) Umusi wo Guca Amateka uzomara igihe kingana iki? (b) Ni bande bazofadikanya na Kirisitu guca imanza?
4 Uwo Musi wo Guca Amateka rero, si umusi ungana n’amasaha 24. Bibiliya irabigaragaza igihe ivuga ivyerekeye abazofashanya na Kirisitu guca ayo mateka. (1 Ab’i Korinto 6:1-3) Umwanditsi wa Bibiliya avuga ati: “Mbona intebe z’ubwami, mbona abicara kuri zo, bahabwa ubucamanza.” Abo bacamanza ni abigishwa ba Kirisitu b’intahemuka bāsīzwe nk’uko Bibiliya ibivuga, “baba bazima bagafadikanya na Kirisitu kuganza imyaka igihumbi.” Umusi wo Guca Amateka rero, uzongana n’imyaka 1 000. Iyo ni ya myaka 1 000 Kirisitu hamwe n’abigishwa biwe b’abizigirwa 144 000 bāsīzwe, bazomara bitwa “ijuru risha” riganza “isi nsha.” — Ivyahishuriwe Yohani 20:4, 6; 2 Petero 3:13.
5, 6. (a) Igitabu c’izaburi cerekana gite uwo Musi wo Guca Amateka? (b) Ibintu n’abantu bizomererwa gute kuri uwo Musi wo Guca Amateka?
5 Raba kuri izi mpapuro, zirakugereraniriza ingene Umusi wo Guca Amateka uzobera abantu akaroruhore. Muri Zaburi handitswe ivyerekeye uwo musi w’agatangaza: “Indimiro n’ibiri muri zo ni bihimbarwe! Uwo mwanya nyene, ibiti vyo mu kibira na vyo ni bisāruke bivuze impundu imbere ya Yehova! Kuko yaje; kuko yaje gucira isi urubanza. Azocira isi imera urubanza rutunganye; abantu na bo abacire uruhwanye n’ukwizigirwa kwiwe.” — Zaburi 96:12, 13, NW.
6 Abazorokoka ku musi wa Haru–Magedoni bazokora, bahindure iyi si ibe iparadizo kuri uwo Musi wo Guca Amateka. Iyo paradizo ni yo bazokwakiriramwo abapfuye mu gihe c’izuka. (Luka 23:43) Ako kanyamuneza kazongana iki igihe imiryango yatandukanijwe n’urupfu kuva kera, izosubira kandi gukoranira hamwe! Ese ukuntu bihimbaye kubaho mu mahoro unonokewe kandi wigishwa ibiraba imigambi y’Imana! Bibiliya ivuga iti: “Igihe uzocira isi imanza zawe, abari kw isi imera nta kabuza bazokwiga kugororoka.” (Yesaya 26:9, NW) Ku Musi wo Guca Amateka, abantu bose bazokwiga ivyerekeye Yehova, kandi bahabwe akaryo ko kumwumvira no kumukorera.
7. Ni ibiki bizoshikira abahisemwo gukorera Yehova; canke abigize akagaramarugamba?
7 Kirisitu hamwe na ba bami 144 000 b’abasangirangingo na we, bazocira imanza abantu baba muri iyo paradizo. Abazohitamwo gukorera Yehova, bazoba bakwiye guhabwa ubuzima budahera. Ariko n’aho abantu bazoba borohewe, hari bamwe bazokwigira akagaramarugamba, banke kwubaha Imana. Uko ni ko n’Ivyanditswe bivuga: “Umunyavyaha n’aho yogirirwa neza ntaho yokwiga kugororoka; mu gihugu c’ubugororotsi, azohakorera ibigabitanyo.” (Yesaya 26:10) Abo banyakibi rero, bamaze guhabwa akaryo ko guhindura imigenzo yabo no kwiga kugororoka, bazoca batikizwa. Mbere bamwe bazokwicwa n’Umusi wo Guca Amateka utararangira. (Yesaya 65:20) Ntibazobareka ngo babeho, bohava bonona isi izoba yabaye iparadizo.
8. Yezu yerekanye ate ko ku Musi wo Guca Amateka, bamwe bizobagumira gukora ibitunganye kurusha abandi?
8 Rizoba ari iteka rinini koko kuzukira kw isi ku Musi wo Guca Amateka uhambaye wa Yehova. N’aho ari uko, Bibiliya yerekana ko ari iteka ritazoterwa bose. Dufate akarorero nk’abāba i Sodoma kera. Bibilya ivuga ko abantu b’i Sodoma bārondeye gusambanya “abagabo” bagendeye Loti. Ubushakanyi bwabo bwari bukaze rwose, n’aho basutsweko uruhumyi mu buryo bw’igitangaro bāgumye “bacumukura barondera urwo rugi” rw’inzu, kugira ngo binjire basambane na nya bashitsi ba Loti. — Itanguriro 19:4-11.
9, 10. (a) Abagabitanya bazozurwa ku Musi wo Guca Amateka ni bande? (b) Ni kuki abanyavyaha bamwe bizobagumira kurusha abandi?
9 Abantu babi biteye ubwoba gutyo bazozurwa ku Musi wo Guca Amateka? Ivyanditswe vyerekana ko bisa n’uko batazozurwa. Akarorero, Yuda, umwe mu bigishwa ba Yezu bahumekewe n’Imana yabanje kwandika ivyerekeye abamarayika bātaye ibibanza vyabo mw ijuru kubera ukuryamana n’abakobwa b’abantu, hanyuma arabandanya ati: “Kandi [na] Sodoma [hamwe na] Gomora bo n’ibisagara vyari bihereranye na ho, kuko [vyakoze ubusambanyi birenze urugero nk’abo bandi, bigakurikirana umubiri ngo biwukoreshe mu buryo utaremewe; bishirwa imbere yacu nk’akarorero katubera imburizi mu gucirwako iteka bigahanishwa] umuriro utazima.” (Yuda 6, 7; Itanguriro 6:1, 2) Me! kubera gukora ubusambanyi birenze urugero, abāba i Sodoma no mu bisagara vyari bihakikije baratikijwe ibisa n’uko batazokwigera bazurwa. — 2 Petero 2:4-6, 9, 10a.
10 Yesu na we nyene yarerekanye ko bishoboka ko Abanyasodoma batazozurwa. Igihe yavuga ivyerekeye Kaperenawumu, kimwe mu bisagara yakoreyemwo ibitangaro, yavuze ati: “Ibikomeye vyakorewe muri wewe (Kaperenawumu) iyo biba vyakorewe i Sodoma, haba hakiriho na bugingo n’ubu. Ariko ndababwira yuko igihugu c’i Sodoma kizogira agahengekezo ku musi w’amateka kurusha wewe.” (Matayo 11:22-24) Aha Yezu yariko arerekana ashikamye ukuntu ab’i Kaperenawumu ububi bubagīra, avuga ko Abanyasodoma ba kera bogize agahengekezo, na bo bakaba bābonwa n’Abisirayeko bāriko baramwumviriza, ko badakwiye na buhoro buhoro kuzurwa ku Musi wo Guca Amateka.
11. Ni kuki ku Musi wo Guca Amateka “abagororotsi” bizoborohera kurusha umunyavyaha uwo ari we wese?
11 Birumvikana rero ko dukwiye gukora uko dushoboye ngo tubeho mu buryo bwotuma tuba ababereye kuzurwa. N’aho ari uko, umuntu yoshobora kandi kubaza ati: ‘Abazozurwa bamwe bamwe vyoba bizobagumira gutahura hamwe no gukurikiza ivy’ukugororoka kurusha abandi?’ Ehe raba! Imbere y’uko ba bantu b’ “abagororotsi,” akarorero nka Aburahamu, Isaka, Yobu, Debora, Rusi na Daniyeli basandaba, bose bāri barindiriye ukuza kwa Mesiya. Ese ukuntu bazohimbarwa no kumenya ibimwerekeye ku Musi wo Guca Amateka, ko ari we aganza ari mw ijuru! Bizoba rero vyoroshe rwose kuri abo bantu b’ “abagororotsi” gukora ibigororotse ico gihe, kurusha ūrurūwa mu ‘bagabitanya’ uwo ari we wese azoba yazutse. — Ivyakozwe n’intumwa 24:15.
KUZUKIRA “UBUGINGO” CANKE “GUCIRWAKO ITEKA”
12. Dukurikije Yohani 5:28-30, “abazukira ubugingo” n’“abazukira gucirwako iteka” ni bande?
12 Igihe Yezu yariko arigana ivy’Umusi wo Guca Amateka, yavuze ko “abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe bakazivamwo, abakoze ivyiza bazukire ubugingo, abakoze ibibi bazukire gucirwako iteka. . . . Uko numvise ni ko nca urubanza, kandi urubanza nca rurabereye, kuko ntarondera ivyo nigombera, ariko ndondera ivyo uwantumye agomba.” (Yohani 5:28-30) Uko “kuzukira ubugingo” bo n’uko “kuzukira gucirwako iteka” ni ukuvuga iki? Kandi abazurwa batyo ni bande?
13. “Kuzukira ubugingo” ni ukuvuga iki?
13 Twamaze gutegera neza ko igihe uwapfuye avuye mu mva adacirwa urubanza ruhuye n’ivyo yakoze kera, ariko barumucira bihweje ivyo akora ku Musi wo Guca Amateka. Ni co gituma igihe Yezu yavuga ngo “abākoze ivyiza” n’“abākoze ibibi,” yashaka kuvuga ivyiza canke ibibi bokoze ku Musi wo Guca Amate-ka. Kubera ibikorwa vyiza bakora, benshi mu bazozurwa bazoguma batera imbere begereza ukugororoka, gushika bagushikiriye, ku mpera y’Umusi wo Guca Amateka uzomara imyaka 1 000. Kwa kuzuka kwabo rero, kuzoba ari “ukuzukira ubugingo,” kubera ko bazoba bashikiriye ubuzima buzira agasembwa canke icaha.
14. “Kuzukira gucirwako iteka” ni ukuvuga iki?
14 Bizogenda gute ku ‘bākoze’ ibibi ku Musi wo Guca Amateka? Kuzuka kwabo kuzoba ari ukuzukira “gucirwako iteka.” Ivyo bishaka kuvuga iki? Bishaka kuvuga ko ari ugutsindishwa canke gucirwa urwo gupfa. Abantu nk’abo rero bazorandurwa muri uwo Musi nyene wo Guca Amateka, canke mu mpera yawo. Bazohorwa ibibi bakora, kubera ko ukutumva kwabo kuzobabuza gutahura canke gukora ibigororotse.
UMUSI WO GUCA AMATEKA UTANGURA RYARI?
15. Ni igiki gishika imbere y’uko Umusi wo Guca Amateka utangura?
15 Mu vyo intumwa Yohani yeretswe, yarabonye ibizokurikirwa ubwo nyene n’Umusi wo Guca Amateka. Ngibi ivyo yanditse: [“Mbona intebe y’ubwami niniya yera, kandi mbona n’uwuyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga inyonga ziwe.] . . . Kandi mbona abapfuye, abakuze n’abato, bahagaze imbere y’iyo ntebe . . . Abapfuye bacirwa imanza.” (Ivyahishuriwe Yohani 20:11, 12) Imbere y’uko Umusi wo Guca Amateka utangura rero, ivy’iyi “si” y’ubu hamwe n’“ijuru” bizobanza kuzimangana. Abariko bakorera Imana ni bo bazorusimba ku musi wa Haru–Magedoni, igihe abanyakibi bose bazotikira. — 1 Yohani 2:17.
16. (a) Turetse abapfuye, Hari abandi bazocirirwa urubanza ku Musi wo Guca Amateka? (b) Bazobacira urubanza bakurikije iki?
16 Abazocirwa urubanza rero ku Musi wo Guca Amateka, si abapfuye bazozurwa gusa, n’abazorokoka ku musi wa Haru–Magedoni, hamwe n’abana bazovyara bazorubacira. (2 Timoteyo 4:1) Mu vyo Yohani yeretswe, yarabonye uburyo bazorubacira aca yandika ati: “Ibitabu birazingururwa. . . . Abapfuye bacirwa imanza zikwiranye n’ibikorwa vyabo, bakurikije ivyanditswe muri ivyo bitabu. Ikiyaga kigarukana abapfuye bari muri co, urupfu na Hades bigarukana abapfuye bari muri vyo, umwe umwe wese acirwa urubanza rukwiranye n’ibikorwa vyiwe.” (NW) — Ivyahishuriwe Yohani 20:12, 13.
17. Ivyo “bitabu” bazokoresha mu gucira imanza “abazima n’abapfuye” ni ibiki?
17 Ivyo “bitabu” vyugururwa, “abazima” n’“abapfuye” bagacirwa imanza bakurikije ivyanditswe muri vyo ni ibiki? Birumvikana ko ari ibizokwunganira Bibiliya yacu Yera dufise ubu. Bizoba ari Ivyanditswe canke ibitabu vyahumetswe n’Imana, birimwo amateka n’inyigisho za Yehova. Abantu bari kw isi bose babisomye, bazoshobora kumenya ivyo agomba. Bazocira urubanza uwuri kw isi wese bishimikije ayo mateka n’izo nyigisho vyanditswe muri ivyo bitabu. Abazokwubaha ayo mategeko, inkuka Kirisitu yatanze ngo ibe incungu izobagirira akamaro, batangure gutera intambwe ku yindi, gushika bashikiriye ukugororoka.
18. (a) Mu mpera y’Umusi wo Guca Amateka ibintu bizoba vyifashe gute? (b) “Abapfuye” baba bazima bate imyaka 1 000 iheze?
18 Mu mpera y’uwo Musi wo Guca Amateka ureha n’imyaka igihumbi, nta muntu n’umwe ari kw isi azoba akigeramiwe n’urupfu rwazanywe n’icaha ca Adamu. Mu vy’ukuri, umuntu wese azoba yamaze kuba muzima. Ico ni co Bibiliya yerekana igihe ivuga iti: “Abapfuye bandi (ndetse ba bandi 144 000 baja mw ijuru), ntibaba bazima iyo myaka igihumbi itarashira.” (Ivyahishuriwe Yohani 20:5) Iryo jambo ngo “abapfuye bandi” ntiryerekana ko hari abantu bazozurwa inyuma y’Umusi wo Guca Amateka. Ahubwo ryerekana ko abo bantu bose bazoba bazima, mu buryo bw’uko bazotinda bagashikīra ukugororoka, nk’uko Adamu na Eva bari bameze mw itongo ry’i Edeni. Munyuma bizogenda gute?
IBIZOWUKURIKIRA
19. Umusi wo Guca Amateka urangiye Kirisitu azogira iki?
19 Yezu Kirisitu amaze kurāngūra amabanga yose yashinzwe, azoca “ashikiriza ubwami Imana Se.” Ivyo bizoba wa Musi wo Guca Amateka uzomara imyaka 1 000 urangiye. Ico gihe abansi bose bazoba bamaze kuzimangana. Urupfu rwadutse kuri Adamu, ni rwo mwansi w’imperuka azozimanganywa. Ni ho ubwami buzoca bwegukira Imana Yehova, yo nyene ice ihangama ku ngoma. — 1 Ab’i Korinto 15:24-28.
20. (a) Yehova azogira iki kugira ngo agene abo amazina yabo azokwandikwa mu “gitabu c’ubugingo”? (b) Ni kuki bikwiye ko abantu bageragezwa ubwa nyuma?
20 Mu kugena abandikwa mu “gitabu c’ubugingo,” Yehova azobigenza ate? (Ivyahishuriwe Yohani 20:12, 15) Azobagena amaze kugeza abari kw isi bose. Ibuka ko Adamu na Eva bāgejejwe bakananirwa, ariko Yobu we akagumana ugutungana kwiwe. Benshi mu bazoba bariho ico gihe mu mpera y’imyaka 1 000, ukwizera kwabo kuzoba kutarigera kugezwa n’umusi n’umwe. Batarazurwa, ntibari bazi imigambi y’Imana. Bari “abanyakibi,” bagize iyi si mbi iganjwe na Shetani. Bamaze kuzurwa na ho, vyari biboroheye gusenga Yehova, kubera ko bāba mw iparadizo; Shetani yobarwanije ikaba yari mu mvuto. None aba bantu isinzi n’isinzi bamaze gushikīra ubugororotsi, bazobandanya gusenga Yehova Shetani ihawe akanya ko kugerageza kubagonda kugira ngo bareke kumwambaza? Shetani irashobora kubakorera ayo yakoreye Adamu na Eva?
21. (a) Yehova azogerageza abantu ate? (b) Uko kugeza kurangiye, abāgeragejwe bizobagendera gute?
21 Kugira ngo Yehova ashire mu buryo ivyo bibazo, azoca abohora amashetani yose ave mu cobo yari yabohewemwo imyaka 1 000. Hanyuma bizogenda gute? Bibiliya yerekana ko hari abo Shetani izogondoza, batinde bagondwe bate kwambaza Yehova. Abo bazoba ari nk’“umusenyi wo ku kiyaga,” kubera ko igitigiri cabo kitaramenyekana. Amashetani ahejeje kugeza abantu, azoca afatirwa hamwe n’abo yigaruriye bose, batabwe mu “kiyaga caka umuriro,” ni ukuvuga urupfu rwa kabiri, (urupfu rw’akagīrīre). (Ivyahishuriwe Yohani 20:7-10, 15) Ariko abo amazina yabo yanditswe mu “gitabu c’ubugingo,” bazosigara mw iparadizo y’agatangaza ngaha kw isi. Kwandikwa amazina mu “gitabu c’ubugingo,” vyerekana ko Yehova yabaciriye urubanza asanga ni abagororotsi; ku mutima, mu bwenge no ku mubiri; aca abona rero ko bakwiye kubaho ibihe bidashira mw iparadizo ngaha kw isi.
UMUSI WO GUCA AMATEKA MURI IKI GIHE
22. Ni igiki dutegerezwa kurokoka ubu, kugira ngo tuze tubone Umusi wo Guca Amateka hamwe no kugeza abantu ubwa nyuma?
22 Bibiliya rero irasigura ibizoba mu myaka 1 000 twimirije, kandi ikaduhumuriza ngo ntihagire ico dutinya mu biturindiriye imbere. Ikibazo kibajijwe ngiki: Ni ho uzoba uri nawe kugira ngo winovore ivyiza Imana Yehova yategekanirije abantu? Ivyo bizoshoboka ni warokoka ku musi wo guca amateka witangira imbere, ni ukuvuga “Umusi w’amateka, wo gutikira kw’abatubaha Imana,” muri iki gihe turimwo. — 2 Petero 3:7.
23. (a) Ni imirwi ibiri iyihe abantu bari mw irobanurwa ubu bariko bashirwamwo? (b) Umurwi umwe umwe wose uzoshikirwa n’iki; kandi kubera iki?
23 Kuva aho Kirisitu agarukiye akicara ku ntebe yiwe y’ubwami mw ijuru, yaciye atangura gucira abantu urubanza. Uwo musi wo “guca amateka” w’iki gihe turimwo, witangira imbere y’intango ya wa wundi uzomara imyaka 1 000. Kuri uyu w’ubu, “intama” zisobanurwa mu mpene zigashirwa iburyo bwa Kirisitu, “impene” na zo zigasigara ibumoso bwiwe. Izo “mpene” zizotikizwa zihorwa ko zanse gufasha “abavukana na Kirisitu” bāsīzwe gukorera Imana. Abo bantu basa n’“impene” barateba bakiyerekana ko ari abanyavyaha badahaha; inkozi z’ikibi zamogoreye kukora ivy’ukugabitanya. Ariko “intama” zo, zizohezagirwa zihabwe ubuzima zirōngōwe n’Ubwami, kubera ko zatērēye agacumu k’ubumwe “abavukanyi” ba Kirisitu mu buryo bwose. — Matayo 25:31-46.
[Amafoto ku rup. 178]
Ni kuki Yezu yavuze ko hobaye agahengekezo ku banyasodoma ku Musi wo Guca Amateka?