Ikigabane ca 30
Ico Utegerezwa Gukora kugira ngo Ubeho Ibihe Bidashira
1. (a) Ni inzira izihe zibiri ziri imbere yawe? (b) Woshobora ute guhitamwo inzira nziza?
IMANA YEHOVA ishaka kuguha ikintu c’agatangaza — ubuzima budahera mw isi yayo nshasha itunganye. (2 Petero 3:13) Mugabo kubaho gutyo, biva ku buryo ukora ivyo Imana igomba ubu. Iyi si mbi iriho ubu hamwe n’abaguma bayishigikiye, vyose biri hafi guhera; “ariko ukora ivyo Imana igomba yamaho ibihe bidashira.” (1 Yohani 2:17) Utegerezwa rero guhitamwo mu nzira zibiri. Imwe ija mu rupfu, iyindi ija mu buzima budahera. (Gusubira mu vyagezwe 30:19, 20) Uhisemwo iyihe?
2. (a) Wokwemera iki ni waba ufise ukwizera nyakuri? (b) Kwishimira Imana nk’uko umwana yishimira umuvyeyi amukunda bizogufasha bite kuba umusavyi wayo?
2 Wokwerekana ute ko ubuzima ari bwo uhisemwo? Imbere ya vyose, utegerezwa kwemera Yehova n’ivyo yasezeranye. Uremera rwose ko Imana iriho kandi ko “iha impera abayirondera koko”? (NW) (Abaheburayo 11:6) Ukwiye kwishimira Imana nk’uko umwana yishimira umuvyeyi yuzuye impuhwe n’ikigongwe. (Zaburi 103:13, 14; Imigani 3:11, 12) Ni wagira ukwizera nk’uko, uzokwemera udakeka ko impanuro zayo ziranga ubukerebutsi; kandi ko inzira zayo zigororotse, n’aho rimwe rimwe hoba hari ivyo udategera neza.
3. (a) Turetse ukwizera ni igiki kindi gikenewe? (b) Wokora iki kugira ngo werekane ko uhisemwo ubuzima?
3 Ariko hariho ikindi gikenewe turetse ukwizera. Hategerezwa kuba hariho n’ibikorwa biranga uko wewe wiyumvīra Yehova mu mutima wawe. (Yakobo 2:20, 26) Hari ico woba umaze gukora cerekana ko ubabajwe n’aho hose wāma unanirwa gukora ibigororotse kera? Uriyumvamwo ko ukwiye kwihana ugahindura imigenzo igahwana n’ivyo Imana igomba? Uramaze guhindukira; ni ukuvuga guheba ingeso izo ari zo zose woba wari ufise, ugatangura gukora ivyo Imana igushakako? (Ivyakozwe n’intumwa 3:19; 17:30) Ibikorwa nk’ivyo vyerekana ko uhisemwo ubuzima.
KWIHEBERA IMANA NO KUBATIZWA
4. (a) Ni igiki cotuma ukora ivyo Imana igomba? (b) Igihe wafashe ingingo y’ugukorera Imana ukwiye kugira iki?
4 Icogutuma uhitamwo gukora ivyo Imana igomba ni igiki? Ni ukuyishimira. Nkako ni wiyumvīre nawe: Yehova yafashe imigambi yo kukuruhura indwara zose, umubabaro, eka mbere n’urupfu! Ubuzima budahera mw iparadizo yo kw isi yaguteguriye, ubukesha ingabirano y’igiciro kinini yatanze; ni yo Mwana wiwe. (1 Ab’i Korinto 6:19, 20; 7:23; Yohani 3:16) Igihe urukundo Yehova yagukunze rugutumye kumukunda nawe, wogira iki none? (1 Yohani 4:9, 10; 5:2, 3) Wokwegēra Imana mw izina rya Yezu, ukayīganira mu gusenga ko ushaka kuba umusavyi wayo; ukaba kandi inyegu yayo. Ubwo ni bwo buryo bwo kwihebera Imana. Ivyo ni ibintu umuntu ubwiwe agirira ahiherereye. Nta wundi ashobora kubikugirira.
5. (a) Igihe umaze kwitanga ku Mana, ni kuki iguma iguhanze ijisho? (b) Ni imfashanyo iyihe ushobora kuronka yogufasha gushitsa amasezerano yawe?
5 Igihe umaze kwitanga ku Mana, iguma iguhanze ijisho kugira ngo irabe ko uzoshitsa amasezerano yawe. Erekana rero ko uri umugumyabanga mu kwumira ku ndagano yawe gushika gupfa. (Zaburi 50:14) Ni waguma mw ishirahamwe ry’Imana riboneka, abakirisu bagenzawe bazokuremesha, bateko bagushigikire bafise igishika. — 1 Ab’i Tesalonike 5:11.
6. (a) Umaze kwegurira Imana ubuzima bwawe, ni intambwe iyihe iba igikenewe kandi? (b) Ukubatizwa ni ukuvuga iki?
6 Mugabo hari ikindi utegerezwa kugira uretse kubwirira Yehova ahiherereye ko wipfuza kuba inyegu yiwe: ukwiye kwerekana icese ko wamaze kuraganira Imana ko uzoyikorera. Ivyo wobiserura ute? Mu kubatizwa mu mazi. Uko kubatizwa mu mazi ni ikimenyetso kigaragaza ko umuntu yamaze kwegurira Yehova ubuzima bwiwe; kandi ko yishikanye kugira ngo akore ivyo Agomba.
7. (a) Ni akarorero akahe Yezu yahaye abakirisu? (b) Ni kuki ukubatiza Yezu yategetse atari ukw’inzoya?
7 Akarorero Yezu Kirisitu yatanze kerekana ko uko kubatizwa mu mazi ari ngombwa. Yezu ntiyabwiye Se ko aje gukora ivyo Agomba gusa. (Abaheburayo 10:7) Igihe yari hafi yo gutangura igikorwa ciwe co kwamamaza ubwami bw’Imana, yarituye Yehova arabatizwa mu mazi. (Matayo 3:13-17) Kubera ko Yezu yashinze ico tworabirako, abihebera Yehova ubu ngo bakore ivyo agomba bikwiye ko babatizwa. (1 Petero 2:21; 3:21) Na none Yezu yategetse abigishwa biwe ko bahindura abantu bo mu mahanga yose bakabagira abigishwa, hanyuma bakabatiza abo bigishwa basha. Uko si ukubatiza inzoya; ni ukubatiza abantu bamaze kwizera, bahisemwo gukorera Yehova. — Matayo 28:19; Ivyakozwe n’intumwa 8:12.
8. Ni waba ushaka kubatizwa wobimenyesha nde mw ishengero; kandi kubera iki?
8 Ni waba wahisemwo gukorera Yehova kandi ukaba ushaka kubatizwa; wogira iki none? Ico cipfuzo cawe wokimenyesha umuzezwashengero ahagarikiye ishengero ry’Ivyabona vya Yehova urimwo; yifatanije n’abandi bazezwashengero, bazohimbarwa n’ukugusubiriramwo inyigisho ukeneye kugira ngo ukorere Yehova nk’uko abigomba. Munyuma ni ho bazotunganya ivy’ukubatizwa kwawe.
IVYO IMANA IGUSHAKAKO MURI IKI GIHE
9. Ni igiki Nowa yagize imbere y’isegenya Imana igomba ko nawe wogira ubu?
9 Imbere y’umwuzure, Yehova yakoresheje Nowa “umwigisha w’ivy’ukugororoka,” ngo atange imburi y’ugutikizwa kwari kwegereje; kandi ngo yerekane ahantu hamwe gusa hari ubuhungiro; ni ukuvuga mu bwato. (Matayo 24:37-39; 2 Petero 2:5; Abaheburayo 11:7) Imana igomba ko ubu nawe ukora igikorwa c’ukwigisha nk’ico. Ku vyerekeye iki gihe cacu, Yezu yavuze ati: “Ubu butumwa bwiza bw’ubwami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibera icabona amahanga yose, maze umuhero uzoca uza.” (Matayo 24:14) Abandi bategerezwa kumenya ivyo wīze vyerekeye imigambi y’Imana, kugira ngo baze barokoke iyi si ni yahera, hanyuma babeho imyaka yose. (Yohani 17:3) Ntiwiyumvamwo nawe ko ushimishwa n’ukurahurira abandi ubwo bwenge bubeshaho?
10. (a) Ni akarorero akahe Yezu yatanze twokurikira kubera urukundo dufitiye abandi? (b) Igikorwa co kwamamaza inkuru nziza gikorwa gute cane cane?
10 Ni wigane Yezu. Ntiyarindīye ko abantu baza kumurondera, ahubwo ni we yagiye kurondera abokwumwiriza ubutumwa bw’ubwami. Kandi yarigishije abigishwa biwe — bose — gukora nk’uko nyene. (Matayo 28:19; Ivyakozwe n’intumwa 4:13; Abaroma 10:10-15) Abakirisu ba mbere bāragendera abantu i muhira iwabo bakurikije uko Kirisitu yari yababwirije; n’akarorero yari yabahaye. (Luka 10:1-6; Ivyakozwe n’intumwa 20:20) No muri iki gihe, ubwo ni bwo buryo nyene abakirisu nyakuri bakoresha cane cane, mu kurangūra ibanga ryabo.
11. (a) Ni kuki ukwamamaza inkuru nziza y’ubwami bw’Imana bisaba gutinyuka; none ni kuki tudakwiye gutinya? (b) Igikorwa dukora Yehova akibona ate?
11 Gukora ico gikorwa bisaba gutinyuka. Shetani hamwe n’ab’iyi si yayo, bārarahiye ko batazobura kugerageza kukubuza, nk’uko bāgerageje kubuza abigishwa ba Kirisitu ba mbere kwamamaza inkuru nziza. (Ivyakozwe n’intumwa 4:17-21; 5:27-29, 40-42) Ariko ntukwiye gutinya. Nk’uko Yehova yashigikiye kandi akaremesha abakirisu ba mbere, nawe ni ko azokugirira muri iki gihe. (2 Timoteyo 4:17) Gumya umutima rero! Erekana gusa ko ukunda Yehova n’abandi bantu mu gukora utiziganya igikorwa kirokora abantu, co kwamamaza inkuru nziza no kwigisha abantu. (1 Ab’i Korinto 9:16; 1 Timoteyo 4:16) Yehova ntazokwibagira ivyo ukora, ariko azoguha impera nini. — Abaheburayo 6:10-12; Tito 1:2.
12. Ivyashikiye muka Loti vyotwigisha iki?
12 Iyi si nta kintu na kimwe c’ingirakamaro ifise yoha umuntu; ni co gituma utokwigera wiyumvīra ko hari ico utakaje uyiteye ibitugu. Yezu yavuze ati: “Mwibuke muka Loti.” (Luka 17:32) We hamwe n’abo mu rugo iwe bamaze guhunga bava i Sodoma, yibutse ivyo asize inyuma yumva aravyipfuje rwose. Imana yarabona aho agatima kiwe kari; aca acika ikingi y’umunyu. (Itanguriro 19:26) Ntukabe nk’uwo mugore wa Loti! Hanga amaso ibiri imbere yawe: “Ubugingo nyakuri” mw isi nshasha itunganye y’Imana. — 1 Timoteyo 6:19.
HITAMWO UBUZIMA BUDAHERA MW IPARADIZO NGAHA KW ISI
13. Yezu Kirisitu yerekanye ate ivyo twese dutegerezwa guhitamwo?
13 Ivyo ukwiye guhitamwo ni bibiri gusa. Kirisitu yabigereranije n’uguhitamwo inzira imwe muri zibiri. Yavuze ko inzira imwe ari “inzira yagutse,” abayicamwo barekuriwe kwinezereza uko bagomba. Iyindi nzira yo, “iraga.” Abari muri iyo nzira basabwa gukurikiza inyigisho n’amategeko y’Imana. Yezu yavuze ko abantu indiri baca mu nzira y’ikirari, abaca mu yaga na bo ni imparurwa. Iyo uhisemwo ni iyihe? Mu guhitamwo, uramiza iri ku muzirikanyi: iyo nzira yagutse igushikana n’ingoga ku rupfu — mu mahonero! Ariko iyāga yo,izogushikana mw isi nshasha y’Imana. Ushitseyo, uzofashanya n’abandi guhindura isi iparadizo y’agatangaza, aho uzoshobora kuba ibihe bidashira mu gahimbare. — Matayo 7:13, 14.
14. Kugira ngo urokoke winjire mw isi nshasha y’Imana, utegerezwa kuba uri he?
14 Ntuce wibaza ko hariho inzira nyinshi, canke uburyo bwinshi wokoresha ukaronka ubuzima mw isi nshasha y’Imana. Hari inzira imwe nsa. Ubwato bumwe ni bwo bwajabutse umwuzure; ntizari imeri nyinshi. Kandi hari ishirahamwe rimwe gusa — ishirahamwe ry’Imana riboneka ni ryo rizosigara igihe c’“umubabaro uhambaye,” uriko usotēra uza n’ingoga. Kuvuga ko amadini yose ashikana ahantu hamwe ni ukubesha. (Matayo 7:21-23; 24:21) Utegerezwa guharūrwa mu bari mw ishirahamwe rya Yehova no gukora ivyo agomba, kugira ngo akugabire ubugingo budashira. — Zaburi 133:1-3.
15. (a) Bikwiye ko twogira iki imisi yose? (b) Ni icizigiro ikihe atari indoto namba?
15 Gumiza ku muzirikanyi no mu bwenge, ishusho y’isi nshasha Imana yasezeranye. Imisi yose wame ukubitiza agatima kuri iyi mpera Imana Yehova ikubikiye — kubaho ibihe bidashira mw iparadizo ngaha kw isi. Ivyo si indoto namba; bizoba! Uwu muhango uri muri Bibiliya ni ngombwa ngo urangūke: “Abagororotsi bazoragwa [isi, baze bayibeko] ibihe bidashira. . . . Abanyakibi bazorandurwa ubirorēra.” — Zaburi 37:29, 34.
[Ifoto ku rup. 251]
Ni wihebere Yehova . . . uteko ubatiwe
[Ifoto ku rup. 253]
“Mwibuke muka Loti”
[Ifoto ku rup. 254]
Gumiza ku muzirikanyi no mu bwenge isi nshasha y’Imana