Ikigabane ca 6
Umwana w’Isezerano
AHO gusubira i Nazareti, Yozefu na Mariya baguma i Betelehemu. Hanyuma Yezu amaze imisi umunani avutse, baramugenyereza nk’uko Ivyagezwe Imana yahaye Musa bitegeka. Vyongeye, umengo ni nk’umugenzo guha izina uruyoya rw’uruhungu ku musi ugira umunani ruvutse. Nuko ikibondo cabo bacita Yezu nk’uko wa mumarayika Gaburiyeli yari yarategetse imbere yaho.
Ukwezi kurenga kurahera, Yezu aba amaze imisi 40 y’amavuka. None ubu na ho abavyeyi biwe bamutwara hehe? Bamutwara ku rusengero i Yeruzalemu, ururi ku birometero bikeyi gusa uvuye aho bacumbitse. Dukurikije Ivyagezwe Imana yahaye Musa, iyo umuvyeyi amaze imisi 40 yibarutse umuhungu, asabwa gutanga ishikanwa ry’ugutyororwa, ku rusengero.
Ivyo ni vyo Mariya agira. Ishikanwa azana ni utunyoni tubiri dutoduto. Ivyo biri n’ico bihishura ku vyerekeye ubutunzi bwa Yozefu na Mariya. Ivyagezwe vya Musa vyerekana ko hakwiye gutangwa ishikanwa ry’umwagazi w’intama, na wo ukaba ufise agaciro karuta cane rwose ak’utunyoni. Ariko mu gihe uwo muvyeyi adashoboye kuwuronka, intunguru zibiri canke utunuma tubiri dushobora kuba dukwiye.
Mu rusengero, umugabo umwe ageze mu zabukuru arera Yezu mu maboko yiwe. Izina ryiwe ni Simeyoni. Imana yaramuhishuriye yuko atazopfa atabonye Kirisitu yasezeranywe wa Yehova, ari we Mesiya. Aho Simeyoni aziriye ku rusengero kuri uwo musi, ayoborwa n’impwemu yera kuri ca kibondo kirezwe na Yozefu be na Mariya.
Simeyoni areze Yezu, ashimira Imana, avuga ati: “Databuja, noneh’urasezeye umusavyi wawe amahoro, nk’uko wavuze: kukw amaso yanje abonye agakiza kawe, ako wateguye mu maso y’amoko yose, kuba umuco wākira amahanga, no kuba ubgiza bg’abantu bawe b’Abisirayeli.”
Yozefu na Mariya ivyo bavyumvise barajorerwa. Maze Simeyoni arabahezagira, abwira Mariya yuko umuhungu wiwe “ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke,” be n’uko intuntu imeze nk’inkota ikarishe izosogota ubugingo bwiwe.
Uwundi muntu ahari kuri uyu musi ni umuhanuzikazi Ana w’imyaka 84 y’amavuka. Nkako, ntiyigera ahara mu rusengero. Kuri iyo saha nyene aregera, atangura gukurira ubwatsi Imana no kubwira abomwumviriza bose ivyerekeye Yezu.
Ese ukuntu Yozefu na Mariya banezerejwe n’ivyo bintu bibereye ku rusengero! Ivyo vyose ntibibura kubemeza ko uwo mwana ari Umwe Yasezeranwa n’Imana. Luka 2:21-38; Abalewi 12:1-8.
▪ Ni ryari biboneka ko wari nk’umugenzo guha izina uruyoya rw’uruhungu rwo muri Isirayeli?
▪ Ni ibiki vyasabwa ku muvyeyi w’Umwisirayeli yibarutse, igihe umwana wiwe w’umuhungu amaze imisi 40 avutse, kandi ishitswa ry’ico kintu casabwa rihishura gute uko ivy’ubutunzi bwa Mariya vyari vyifashe?
▪ Ni bande bemera icese akaranga ka Yezu kuri uwo musi, kandi ivyo bavyerekana bate?