Ikigabane ca 7
Yezu n’Abaragurishanyenyeri
HARI abagabo batari bake baje bava i Burasirazuba. Ni abaragurishanyenyeri, ni ukuvuga abantu bivuga ko basigura ico ikibanza inyenyeri ihagazemwo kivuze. Bakiri iwabo i Burasirazuba, babonye inyenyeri nshasha, hanyuma barayikwirikira ibirometero amajana gushika i Yeruzalemu.
Aho abo baragurishanyenyeri bashikiye i Yeruzalemu, babaza bati: “Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twābonye inyenyeri yiwe, tur’i burasirazuba, none tukaba tuzanywe no kumushengerera.”
Umwami Herode i Yeruzalemu avyumvise, ata umutwe rwose. Nuko ahamagara abaherezi bakuru ababaza aho Kirisitu aribuvukire. Bamwishura bashingiye ku Vyanditswe, bati: “I Betelehemu.” Kuri iryo, Herode atumako ba baragurishanyenyeri, ababwira ati: “Mugende, mubaze mushirutse umwete ivy’uwo mwana. Ni mwamubona muce muza kumbarira, ngo nanje nze kumushengerera.” Ariko, mu vy’ukuri, Herode ashaka kubona uwo mwana ngo aheze amwice!
Bahavuye, haba ikintu gitangaje. Ya nyenyeri bari babonye bakiri i Burasirazuba, ibagendera imbere. Birumvikana, iyo si inyenyeri isanzwe, ariko ni iyatanzwe igenewe kubayobora. Abo baragurishanyenyeri baguma bayikwirikira gushika ihagaze hejuru nyene y’inzu Yozefu na Mariya bacumbitsemwo.
Aho abo baragurishanyenyeri binjiriye muri nya nzu, bahasanga Mariya n’akana kiwe Yezu. Ico gihe, bose baramwunamira. Bakura mu masaho yabo amaturo y’inzahabu, imibavu n’imira. Mu nyuma y’ivyo, igihe bagira basubire inyuma kubwira Herode aho nya mwana ari, baburirwa n’Imana mu ndoto ngo ivyo ntibabigire. Nuko barahava bisubirira mu gihugu iwabo baciye mu yindi nzira.
Woba wibaza ko ari nde yatumye haboneka iyo nyenyeri yagendagenze mu kirere ngo iyobore abo baragurishanyenyeri? Niwibuke ko iyo nyenyeri itabayoboye ngo bagende nyene aho Yezu ari i Betelehemu. Ahubwo, barongōwe i Yeruzalemu aho bashoboye kubonana n’Umwami Herode, uwashaka kwica Yezu. Kandi ivyo yari kubigira iyo hataba Imana ngo iburire abo baragurishanyenyeri kutabwira Herode aho Yezu ari. Umwansi w’Imana, Shetani wa Mucokoranyi, ni we yashaka ko Yezu yicwa, hanyuma akoresha iyo nyenyeri ngo agerageze gushitsa umugambi wiwe. Matayo 2:1-12; Mika 5:2.
▪ Ni igiki cerekana yuko inyenyeri abaragurishanyenyeri babonye itari inyenyeri nk’izindi?
▪ Aho abaragurishanyenyeri baboneye Yezu bamusanze he?
▪ Ni kuki tuzi yuko Shetani ari we yatanze iyo nyenyeri kugira ngo iyobore abo baragurishanyenyeri?