Ikigabane ca 8
Uguhunga Intwazamukazo
YOZEFU akangura Mariya ngo amushikirize ubutumwa bwihutirwa. Umumarayika wa Yehova ahejeje kumubonekera, avuga ati: “Vyuka, ujane umwana na nyina, uhungire muri Egiputa, ugumeyo gushitsa aho nzokubaririra, kuko Herode agira arondere umwana ngw amwice.”
Ningoga, bano batatu barahunga. Kandi nyene hari hageze, kubera ko Herode yumvise ko ba baragurishanyenyeri bamuhenze kandi bakaba bavuye mu gihugu. Uribuka yuko yari yiteze ko bagaruka kumushikiriza raporo bamaze kubona Yezu. Herode ishavu riramuniga. Nuko, mu kugerageza kwica Yezu, atanga amategeko ngo hicwe abana bose b’abahungu i Betelehemu no mu ntara zaho bamaze imyaka ibiri canke bari munsi yayo. Muri ukwo guharura imyaka yabo, yishimikiza ivyo yari yarabwiwe na ba baragurishanyenyeri bari baje bava i Burasirazuba.
Iryo keragurwa ry’abahungu b’inzoya ni ikintu giteye ikinya kuraba! Abasoda ba Herode bava mu muhana bitera mu wundi. Maze iyo bahasanze umwana w’umuhungu, baca bamushikura mu maboko ya nyina. Ntituzi igitigiri c’inzoya bica uko kingana, mugabo ukurira n’ukuboroga cane kwa ba nyina babo kurashitsa ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwatanzwe na Yeremiya umuhanuzi yatumwe n’Imana.
Muri ico gihe, Yozefu n’umuryango wiwe bayanyagiye mu Misiri badora, ubu bakaba ari yo baba. Ariko igihe kimwe mw’ijoro, umumarayika wa Yehova asubira kubonekera Yozefu mu ndoto. Nya mumarayika avuga ati: “Vyuka, ujane umwana na nyina, uje mu gihugu c’i Bgisirayeli, kukw abārondera kwica umwana bāpfuye.” Nuko mw’iranguka ry’ubundi buhanuzi bwo muri Bibiliya buvuga yuko Umwana w’Imana yohamagawe akava mu Misiri, wa muryango urahindukira bagaruka mu gihugu iwabo.
Bisa n’uko Yozefu agabiye kugerera i Yudaya, aho baba mu gisagara c’i Betelehemu imbere yuko bahungira mu Misiri. Ariko yumva yuko ico gihe Arukelayo umuhungu w’umubisha wa Herodi ari we ari umwami w’i Yudaya, hanyuma mu zindi ndoto aburirwa na Yehova ivy’ako kaga. Nuko Yozefu n’umuryango wiwe bafata urugendo baja mu buraruko, bagerera mu gisagara c’i Nazareti, i Galilaya. Aho muri ico kibano, kure y’ahari intimatima y’ugusenga kw’Abayuda, haba ari ho Yezu akurira. Matayo 2:13-23; Yeremiya 31:15; Hoseya 11:1.
▪ Aho ba baragurishanyenyeri baciriye umuti wa herayo, ni ikintu ikihe c’agaterabwoba Umwami Herode agira, ariko Yezu akingirwa gute?
▪ Yozefu agarutse avuye mu Misiri, ni kuki adasubira kuba i Betelehemu?
▪ Ni ubuhanuzi bwa Bibiliya ubuhe buranguka muri ico kiringo?