Ikigabane ca 11
Yohani Ategura Inzira
IMYAKA 17 iraheze kuva Yezu ari umwana w’imyaka 12, abaza ibibazo abigisha mu rusengero. Ni mu rushana rwo mu mwaka wa 29 G.C., kandi bisa n’uko abantu bose banuganuga ivyerekeye mwene nyinabo na Yezu, ari we Yohani, uwuriko yigisha mu ntara yose mu micungararo y’Uruzi Yorodani.
Yohani si ivy’imbeshere, ni umugabo w’agatangaza, haba ku gihagararo canke mu mvugo. Ivyambarwa vyiwe ni ubwoya bw’ingamiya, agatubikisha umukanda w’urusato mu mafyinga. Ibifungurwa vyiwe ni inzige n’ubuki bwo mw’ishamba. Ubutumwa bwiwe na bwo? “Mwihane, kuk’ubgami bgo mw ijuru buri hafi.”
Ubwo butumwa burakabura ababwumviriza. Abatari bake baratahura yuko bakeneye kwigaya, ni ukuvuga, guhindura inyifato yabo, bagaheba ingendo yabo y’ubuzima bahoramwo kera, bakabona ko ari mbi. Nuko rero kuva mu karere kose ko mu micungararo ya Yorodani, eka mbere no kuva i Yeruzalemu, abantu baja baraza kuri Yohani ari urwenda n’urwobeza, na we akababatiza, abibiza mu mazi ya Yorodani. Kuki?
Yohani abatiza abantu ngo kibe ikimenyetso, canke icemeza, c’uko bihanye bivuye ku mutima kubera ivyaha bakoze kw’isezerano ry’Ivyagezwe vy’Imana. Gutyo, igihe Abafarizayo n’Abasadukayo bamwebamwe baje kuri Yorodani, Yohani arabacira urubanza bimwe bikomeye. Aravuga, ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, . . . mwame imbuto zikwiranye n’ukwihana. Mwoye kwiyumvira mu mitima, muti Dufise Aburahamu, ni we sogokuruza. Ndababgira y’ukw aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramw’abana ba Aburahamu. Arikw incabiti igenekerejwe ku bitsina vy’ibiti; nuko rer’igiti cose kitāma ivyiza kiracibga, kigatererwa mu muriro.”
Kubera ko abantu bakurikira Yohani cane, Abayuda bamutumako abaherezi n’Abalewi. Bano bamubaza bati: “Uri nde?”
Yohani aratura ati: “Si jewe Kristo.”
Barabaza bati: “None se bimeze bite? Uri Eliya?”
Arishura ati: “Si ndi we.”
“Uri wa muntu avugishwa n’Imana?”
Ati: “Oya.”
Nuko barakovya bati: “Non’uri nde, ngo tuje kwishura abādutumye? Kuri wewe wivuga ute?”
Yohani asigura ati: “Nd’ijwi ry’ūsemererera mu bugaragwa, ati Ni mugorore inzira y’Uhoraho, nk’uk’uwavugishwa n’Imana Yesaya yavuze.”
Baramubaza bati: “Non’ubatiriza iki, k’utari Kristo, ntube Eliya canke wa muntu avugishwa n’Imana?”
Arishura ati: “Jeho mbatiza mu mazi; hagati muri mwebge hahagaze uwo mutazi, ni we aza inyuma yanje.”
Yohani ariko ategura inzira mu gutuma abantu bagira imitima ibereye kwakira Mesiya, uwuzoba Umwami. Ku vy’Uwo, Yohani avuga ati: “Ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto.” Nkako, Yohani mbere avuga ati: “Ūza inyuma yanje ni we yar’uwa mbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho.”
Gutyo, ubutumwa bwa Yohani ngo “ubgami bgo mw ijuru buri hafi,” ni icerekana icese yuko igikorwa c’Umwami yagenywe na Yehova, ari we Yezu Kirisitu, kiri mu gutangura. Yohana 1:6-8, 15-28; Matayo 3:1-12; Luka 3:1-18; Ivyakozwe 19:4.
▪ Yohani ni umuntu ameze ate?
▪ Ni kuki Yohani abatiza abantu?
▪ Ni kuki Yohani ashobora kuvuga yuko Ubwami buri hafi?