Ikigabane ca 33
Yezu Ashitsa Ubuhanuzi bwa Yesaya
INYUMA y’aho Yezu yumviye ko Abafarizayo be n’abanywanyi b’umugambwe wa Herode bari mu mugambi wo kumwica, we hamwe n’abigishwa biwe bariyonjorora baja ku Kiyaga c’i Galilaya. Ngaho amasinzi n’amasinzi y’abava i Palestina hose, eka mbere n’abava inyuma yaho, basiduka baza kuri we. Arakizamwo benshi, bituma abafise indwara ziteye intuntu bagundana ngo bamukoreko.
Kubera ko nya sinzi ry’abantu ari rinini cane, Yezu abwira abigishwa biwe kumugumiriza hafi ubwato aza arakoresha. Bwigijwe kure y’inkombe, arashobora gutuma abantu batamurundanirako. Ashobora kubigisha ari muri nya bwato, canke akaja mu kandi karere ku nkengera z’ikiyaga kugira ngo afashe abantu bahari.
Umwigishwa Matayo arabona yuko igikorwa Yezu ariko arakora gishitsa ‘ivyavuzwe n’umuhanuzi Yesaya.’ Nuko Matayo asubiramwo nya buhanuzi Yezu ashikije, ati:
“Nguyu umushumba wanje natoranije, nkunda, ahimbara umutima wanje; nzoshira [im]pwemu [y]anje kuri we, azomenyesha abanyamahanga amateka azocibga. Ntazosinda, kandi ntazoyogora, kandi nta wuzokwumva ijwi ryiwe mu nzira: ntazohohosha irenga rivunitse, n’urumuri ruyenga ntazoruzimya, gushitsa ah’azogomorera amateka akanesha; kand’izina ryiwe ni ryo abanyamahanga bazokwizigira.”
Nkako nyene, Yezu ni we mushumba mukundwa, ahimbara Imana. Kandi Yezu aratomora ubutungane nyakuri ico ari co, uburiko busibanganywa n’imigenzo y’idini y’ikinyoma. Kubera ukuntu nya Bafarizayo bakoresha nabi ivyagezwe vy’Imana, ku musi w’Isabato ntibashobora no gutabara uwurwaye! Mu gutomora ubutungane bw’Imana ico ari co, Yezu araremurura abantu umutwaro w’imigenzo itabereye, kandi ku bw’ico, indongozi z’idini bagerageza kumwica.
None ivy’uko ‘atazosinda, canke ngo ayogore kugira ngo ijwi ryiwe baryumvire mu nzira,’ bishaka kuvuga iki? Igihe Yezu yakiza abantu, ‘yababwiriza ashimitse yuko batomugaragaza.’ Ntashaka kuvugirizwa urwamo rwo kumwamamariza mu mayira, canke ngo hagire inkuru zivuzwe ukutariko zihanahanwa ku munwa mu buryo buvyura uruyego mu bantu.
Vyongeye, Yezu ubutumwa bwiwe buhumuriza abushikiriza abantu mu buryo bw’ikigereranyo bameze nk’irenga rijanjanzwe, rivunywe hanyuma rigahonyangirwa hasi. Bameze nk’urumuri ruyenga, rumwe ruri hafi kudegera. Yezu ntajanjanga irenga rivunaguwe canke ngo azimye akabeya k’urumuri kagomba kuzima. Ariko, arahagurutsa abaciye bugufi abigiranye ikibabarwe n’urukundo. Vy’ukuri, Yezu ni we amahanga akwiye kwizigira! Matayo 12:15-21; Mariko 3:7-12; Yesaya 42:1-4.
▪ Yezu atomora gute ubutungane, ata kuyogora canke ngo avuze urwamo mu mayira y’ibirari?
▪ Ni bande bameze nk’irenga rijanjanzwe n’urumuri ruyenga, kandi Yezu abafata gute?