ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 42
  • Akarira Abafarizayo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akarira Abafarizayo
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Yezu akarira Abafarizayo
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yarigiye ku makosa yiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Yarigiye ku makosa yiwe
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Nugerageze kubona abandi nk’uko Yehova ababona
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 42

Ikigabane ca 42

Akarira Abafarizayo

NIMBA Yezu asenda amadayimoni ku bubasha bwa Shetani, arabumvisha rero yuko Shetani ubwiwe yigabaguye. Abandanya avuga ati: “Ni mube muvuga igiti kw ari ciza n’ivyo camye kw ari vyiza, canke mube muvuga igiti kw ari kibi n’ivyo camye kw ari bibi; kukw igiti kimenyekanira ku vyo camye.”

Ni ubusazi kuba bamwagirije yuko ngo icamwa ciza c’ugusenda amadayimoni cabonetse kubera yuko Yezu akorera Shetani. Nimba icamwa ari ciza, igiti ntigishobora kuba caraboze. Mugabo, icamwa caboze c’Abafarizayo c’ibirego bitagira mvura hamwe n’ukuntu barwanya Yezu bimwe bitagira aho bihagaze, ni icemeza yuko ubwabo baboze. Yezu avuga ati: “Mwa bana b’inzoka mwe, mwoshobora mute kuvuga ivyiza muri babi? Ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kavuga.”

Kubera ko amajambo tuvuga agaragaza ukuntu imitima yacu imeze, ivyo tuvuga biratanga ishingiro ry’ugucirwa urubanza. Yezu avuga ati: “Ndababgira yukw ijambo ryose risunitswe n’impwemu abantu bavuga bazoribazwa ku musi w’amateka. Amajambo yawe ni yo azotuma utsinda cank’amajambo yawe ni yo azotuma utsindwa.”

Naho Yezu akora ivyo bikorwa vy’ububasha vyose, abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo barabaza bati: “Mwigisha, turagomba kurāba ikimenyetso ukora.” Naho abo bantu bava i Yeruzalemu bashobora kuba ubwabo batabonye ibitangaro yakoze, intahe itoharirwa ishingwa n’abavyiboneye iriho. Nuko Yezu abwira za ndongozi z’Abayuda ati: “Ab’urunganwe rubi rw’ubumaka barondera ikimenyetso; kandi nta kimenyetso bazohabga, atar’ikimenyetso c’uwavugishwa n’Imana Yona.”

Mu gusigura ico ashaka kuvuga, Yezu arabandanya ati: “Nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu i kuzimu.” Yona aho amariye kumirwa na rwa rufi, yasohotse nk’aho yoba azutse. Yezu rero ariko aramenyesha imbere y’igihe yuko azopfa hanyuma ku musi ugira gatatu akazuka ari muzima. Yamara za ndogozi z’idini, n’igihe nyene Yezu amariye kuzuka, baranka kwemera ‘ikimenyetso ca Yona.’

Ku bw’ico Yezu avuga yuko abagabo b’i Ninewe bihanye bivuye ku butumwa bashikirijwe na Yona bazohaguruka mu gihe c’urubanza batsindishe Abayuda bateye akagere Yezu. Muri ubwo buryo nyene arabihuza n’ivy’Umugabekazi w’i Sheba, uwaje avuye mu mpera z’isi kugira ngo yiyumvire ubukerebutsi bwa Salomo, hanyuma aratangazwa n’ivyo abonye be n’ivyo yumvise. Yezu ababwira ati: “Kandi rāba, ūruta Salomo ari hano.”

Maze Yezu atanga akarorero k’umuntu impwemu mbi yavuyemwo. Ariko rero uwo muntu ntiyuzuza ikibanza ivuyemwo ibintu vyiza, hanyuma aca yizizirwa n’izindi mpwemu mbi indwi. Yezu aravuga ati: ‘Ni ko bizoba no ku b’uru runganwe rubi.’ Ihanga rya Isirayeli ryari ryarahumanuwe hanyuma riratunganywa bundi busha, biba nka kwa kundi impwemu mbi ziva mu muntu igihe gitoyi. Mugabo kuba iryo hanga ryariyamirije abahanuzi b’Imana, bagaheburiza ku kurwanya Kirisitu ubwiwe, birahishura yuko ububisha bwabo bwunyutse kuruta mu ntango.

Mu gihe Yezu ariko aravuga, nyina wiwe na benewabo baraza hanyuma baherera iruhande ya rya shengero ry’abantu. Sinzi uwuvuze ati: “Ereg’umuvyeyi wawe na barumuna bawe bahagaze hanze, baragomba ko mubonana.”

Yezu abaza ati: “Mama ni nde? Canke bene mama ni ba nde?” Yerekeza ukuboko ku bigishwa biwe, avuga ati: “Ngaba mama na bene mama. Kuk’umuntu wese akora ivyo Data wo mw ijuru agomba ari we murumunanje na mushikanje na mama.” Muri ubwo buryo Yezu yerekanye yuko ubucuti buri hagati yiwe n’incuti ziwe bwaba bukomeye gute, igikomeye kuruta ni ubucuti afitaniye n’abigishwa biwe. Matayo 12:33-50; Mariko 3:31-35; Luka 8:19-21.

▪ Abafarizayo bananirwa gute gutuma “igiti” n’ “ivyo camye” vyose biba vyiza?

▪ ‘Ikimenyetso ca Yona’ ni igiki, kandi mu nyuma banse gute kucemera?

▪ Ni mu buryo ubuhe ihanga ry’Abisirayeli ryo mu kinjana ca mbere rimeze nka wa muntu impwemu mbi yavamwo?

▪ Yezu ashimika gute ku bucuti buri hagati yiwe n’abigishwa biwe?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika