Ikigabane ca 50
Kwitegurira Uruhamo
YEZU amaze guha amategeko intumwa ziwe mu vy’uburyo bokoresha mu kurangura igikorwa cabo co kwamamaza inkuru nziza, ababurira ku vyerekeye abobarwanya. Avuga ati: “Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. . . . Mwirinde abantu. Bazobashengerana mu manza, babatonagurire mu masinagogi yabo. Bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampōra.”
Naho abayoboke biwe bazohura n’uruhamo rukaze, Yezu arabasubiriza umutima mu nda mu kubaha uwu muhango: “Babashengeranye, ntimuze muhagarikire imitima ico muvuga n’ingene muzokivuga, kukw ivyo muvuga muzobihabga mur’ako kanya. Kukw atazoba ari mwebge muvuga, azoba ari [im]pwemu [y]a So [i]vugira muri mwebge.”
Yezu arabandanya ati: “Umuntu azoshengerana uwo bavukana ngo bamwice, na se w’umwana azomushengerana, n’abana bazogābagābira abavyeyi babicishe.” Arongera ati: “Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje; arik’uwihangana agashitsa iherezo ni we azokira.”
Ukwamamaza inkuru nziza ni co gikorwa gihambaye imbere y’ibindi. Ku bw’iyo mpamvu, Yezu arashimika ku vy’uko bakeneye kwiyubara kugira bagume bidegemvya, bashishikare ico gikorwa. Avuga ati: “Ni babahama mu gisagara kimwe, muhungire mu kindi: kuko mbabgira ukuri yuko mutazohetura ibisagara vyose vy’i Bgisirayeli, Umwana w’umuntu ataraza.”
Ego niko Yezu yarahaye iryo tegeko za ntumwa ziwe 12, arababurira aranabaremesha, mugabo vyari bibwiwe kandi abogiye mu vy’ukwamamaza inkuru nziza kw’isi yose inyuma y’ugupfa n’ukuzuka kwiwe. Ivyo birerekanwa n’uko avuga yuko abigishwa biwe ‘bokwanswe n’abantu bose,’ atari gusa ukwankwa n’Abisirayeli intumwa zirungitsweko ngo zibabwire inkuru nziza. Vyongeye, biboneka ko izo ntumwa zitashengejwe ku baganza no ku bami igihe Yezu yabarungika mw’isekeza ryabo rigufi ry’ukwamamaza inkuru nziza. Ikindi kandi, ico gihe abizera ntibatanzwe n’abo mu miryango yabo ngo bicwe.
Igihe rero yavuga yuko abigishwa biwe batorangije guhetura hose mu gikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza “Umwana w’umuntu ataraza,” Yezu yariko abura ivya kazoza atubwira yuko isi ibako abantu iyo iva ikagera abigishwa biwe batoyihetuye bamamaza Ubwami bw’Imana bwashinzwe, Umwami Yezu Kirisitu yaninahajwe atarashika bwa mugabisha w’ingabo atumwe na Yehova wo gushitsa itegeko ryiwe kuri Harumagedoni.
Mu kubandanya atanga amategeko yerekeye ukwamamaza inkuru nziza, Yezu avuga ati: “Umwigishwa ntaruta umwigisha; kandi n’umushumba ntaruta shebuja.” Abayoboke ba Yezu rero bategerezwa kwitega gufatwa nabi no guhamwa nk’uko yamye avyiteze kubera ukwamamaza Ubwami bw’Imana. Yamara abakebura ati: “Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane-cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubiri muri Gehinomu.”
Yezu yabwirizwa gutanga akarorero muri ivyo. Yokwihanganiye urupfu adatinya aho guhemuka kuri Umwe nyenububasha bwose, Yehova Imana. Egome, Yehova ni we ashoboye guhonya “ubugingo” bw’umuntu (ngaha bikaba bisobanura ivyizero vya kazoza umuntu yogira vy’ukwongera kuba ubugingo buzima), canke agashobora kuzura umuntu ngo agire ubuzima budahera. Ewe kuntu Yehova ari Umuvyeyi wo mw’ijuru w’umunyarukundo kandi w’umunyembabazi!
Ubukurikira Yezu aremesha abigishwa biwe akoresheje ikigereranirizo cerekana ukuntu Yehova abitwararikana urukundo. Ababaza ati: “Mbeg’utunyoni tubiri ntitugurwa ikuta? Ariko muri two nta na kamwe gakorokera hasi, So atabizi. Ariko n’umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharūwe. Nuko ntimutinye: mwebge muruta utunyoni twinshi.”
Ubutumwa bw’Ubwami Yezu atuma abigishwa biwe kwamamaza buzogabura ingo, igihe bamwe mu bo mu rugo babwemeye abandi bakabwanka. Asigura ati: “Mwoye kwiyumvira ngo naje gutera amahoro mw isi: sinaje gutera amahoro, atar’inkota.” Urumva rero ko kugira ngo mu rugo hagire uwakira ukuri, bisaba ubutinyutsi. Yezu avuga ati: “Ūkunze se canke nyina akabandutisha, ntaba ankwiye: kand’ūkunze umuhungu wiwe cank’umukobga wiwe akabandutisha, ntaba ankwiye.”
Mu gusozera amategeko abaha, Yezu asigura yuko abakira abigishwa biwe na we nyene baba bamwakiriye. “Kand’ūzoha umwe mur’abo bato urwato rw’amazi apfutse gusa kukw ar’umwigishwa, ndababgira ukuri yukw atazobura impēra yiwe.” Matayo 10:16-42.
▪ Ni imburizi izihe Yezu aha abigishwa biwe?
▪ Yabaremesheje gute, abahumuriza gute?
▪ Ni kuki amategeko Yezu atanga yerekeye n’Abakirisu bo mu gihe ca none?
▪ Ni mu buryo ubuhe umwigishwa wa Yezu atari hejuru y’umwigisha wiwe?