Ikigabane ca 55
Abigishwa Benshi Bareka Gukurikira Yezu
YEZU ariko yigisha mw’isinagogi i Kaperinawumu ku vyerekeye uruhara afise rwo kuba umutsima w’ukuri uva mw’ijuru. Insiguro yiwe biboneka ko ari ukubandanya ca kiganiro yagirana n’abantu, igihe bamutora bagarutse bavuye amaja mu buseruko bw’Ikiyaga c’i Galilaya, hamwe bafungura ku mikate n’amafi baronswa ku gitangaro.
Yezu arabandanya avuga ati: “Umutsima nzobaha n’umubiri wanje, utangirwa [ubuzima bw’]abari mw isi.” Imyaka ibiri gusa imbere yaho, mu mpeshi yo mu 30 G.C., Yezu yabwiye Nikodemo yuko Imana yakunze isi cane gushika aho itanga Umwana wayo ngo abe Umukiza. Ubu rero Yezu ariko yerekana yuko uwo wese wo mw’isi y’abantu arya ku mubiri wiwe mu buryo bw’ikigereranyo, mu kugaragaza ukwizera afise mu nkuka Yezu yari yimirije gutanga, ashobora guhabwa ubuzima budahera.
Ariko rero ba bantu baratsitazwa n’amajambo ya Yezu. Babaza bati: “Uyu ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwurye?” Yezu ashaka ko abamwumviriza batahura yuko ukurya ku mubiri wiwe vyogizwe mu buryo bw’ikigereranyo. Nuko, kugira ashimike kuri ico kintu, avuga ikintu mbere kirushirije kuba ikigoye kwemera umuntu aramutse agifashe nk’uko kivuzwe.
Yezu abamenyesha ati: “Ni mutarya umubiri w’Umwana w’umuntu, ngo munywe amaraso yiwe, nta bu[zima] mwogira muri mwebge. Ūrya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, ni we afise ubu[zima] budashira, nanje nzomuzura ku musi w’iherezo. Kuk’umubiri wanje ar’ico kurya c’ukuri, n’amaraso yanje ar’ico kunywa c’ukuri. Ūrya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, aguma muri jewe, nanje nkaguma muri we.”
Ego niko, iyo nyigisho ya Yezu yokwumvikana nk’iyibabaza cane hamwe yoba ariko avuga ukurya inyama z’umuntu. Ariko ntiwumve, Yezu ntariko aremesha abantu gushihagura inyama n’ukugotomera bugotomere amaraso. Ariko gusa ashimika ku vy’uko abaronka ubuzima budahera bose bategerezwa kugaragaza ukwizera muri ya nkuka agiye gutanga, niyatangako ishikanwa umubiri wiwe utagira agasembwa akanasesa amaraso yiwe. Yamara mbere na benshi mu bigishwa biwe ntibaruha banarondera gutahura iyo nyigisho yiwe, bituma bayigizayo bavuga bati: “Iryo jambo riragoye: har’uworyumva akarishobora?”
Yezu amenya yuko benshi mu bigishwa biwe bariko bidodomba, avuga ati: “Mbeg’ivyo birabatsitaje? None bizomera bite ni mwabona Umwana w’umuntu adūga aja iyo yahora ubga mbere? . . . Amajambo mbabgiye n’impwemu n’ubu[zima]. Ariko muri mwebge hariho bamwe batizera.”
Yezu arabandanya ati: “Ni co catumye mbabgira kw ata wushobora kuza kuri jewe atabihawe na Data.” Avuze ivyo, benshi mu bigishwa biwe bavaho, ntibaba bagisubira kumurikira. Nuko Yezu ahindukirira za ntumwa ziwe 12 abaza ati: “Mbega namwe mugomba kwīgīra?”
Petero yishura ati: “Tuje kwa nde ga Mugenzi? Kw ari wewe ufise amajambo y’ubu[zima] budashira, natwe twarizeye, tumenya yuko wewe ur’Uwera w’Imana.” Umve ukwo kuntu Petero aseruye ukudahemuka naho nyene we hamwe n’izindi ntumwa bashobora kuba batari batahuye neza inyigisho ya Yezu kuri ico kintu!
Naho Yezu ahimbawe n’inyishu Petero atanze, avuga ati: “Mbega si jewe nabatoranije uko mur’icumi na babiri? Arik’umwe muri mwebge n’umurwanizi.” Ariko avuga Yuda Iskariyoti. Birashoboka ko kuri ico gihe Yezu abona muri Yuda ‘intango’ y’ingendo y’ubukozi bw’ikibi.
Yezu aherutse gutetereza abantu mu kubankira igihe bashaka kumugira umwami, kandi bagashobora kuba bariko bibwira bati: ‘Mbega none uwo ashobora ate kuba ari Mesiya niba atazokwemera ikibanza Mesiya akwiriye?’ Ico na co nyene ni ikibazo kikirurumba mu mizirikanyi y’abo bantu. Yohana 6:51-71; 3:16.
▪ Yezu umubiri wiwe awutangira bande, kandi abo ‘barya umubiri wiwe’ mu buryo ki?
▪ Ni ayandi majambo ya Yezu ayahe ababaza abantu, yamara Yezu ariko ashimika ku biki?
▪ Aho bamwe bahebeye gukurikira Yezu, Petero yishuye iki?