ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • gt ikig. 56
  • Ni Igiki Gihumanya Umuntu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni Igiki Gihumanya Umuntu?
  • Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
  • Ivyo bijanye
  • Ni ibiki vy’ukuri bihumanya umuntu?
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Yezu akiza umuntu kw’Isabato
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Abafarizayo bahangana na wa mugabo yari impumyi
    Yezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
  • Abafarizayo Banka Kwemera n’Ibigirankana
    Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
Ibindi
Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose
gt ikig. 56

Ikigabane ca 56

Ni Igiki Gihumanya Umuntu?

YEZU barushirijeho kumurwanya bivuye inyuma. Uretse ko benshi mu bigishwa biwe bavaho bakigira, Abayuda b’i Yudaya na bo barondera kumwica, nk’uko nyene babigize igihe yari i Yeruzalemu mu kiringo ca Pasika yo mu 31 G.C.

Ubu ni kuri Pasika yo mu 32 G.C. Bisa n’uko Yezu aduga kwitaba iyo Pasika i Yeruzalemu nk’uko Imana ibisaba. Ariko rero, ivyo abigira yiyubara kubera ko ubuzima bwiwe bugeramiwe. Mu nyuma arahindukira aja i Galilaya.

Yezu kumbure ari i Kaperinawumu igihe Abafarizayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe bavuye i Yeruzalemu baje kuri we. Bariko bararondera impamvu bokwishimikiza ngo bamwagirize ko arenga amategeko y’idini. Bamubaza bati: “N’iki gitumye abigishwa bawe barenga imigenzo twabgirijwe n’aba kera, ntibakarabe iyo bagira barye?” Ico si ikintu gisabwa n’Imana, yamara Abafarizayo babifata nk’igicumuro gikomeye igihe umuntu atagize uwo mugenzo wasaba gukaraba kugeza mu nkokora.

Aho kubishura kuri ico kirego cabo, Yezu abereka ububisha bwabo n’ukuntu barenga Ivyagezwe vy’Imana n’ibigirankana. Ababaza rero ati: “None mweho, n’iki catumye murenga icagezwe c’Imana kubg’imigenzo yanyu? Kukw Imana yavuze, iti Wubahe so na nyoko; kand’it’Ūtutse se canke nyina ntaz’abure kwicwa. Ariko mweho, mugira mut’Umuntu wese abgira se canke nyina, at’Ico nari kugufashisha ni co nzoshikanira Imana, ntiyubahe se canke nyina.”

Si ivy’imbeshere, Abafarizayo bigisha yuko amahera, itongo, canke ikintu cose ceguriwe Imana bwa ngabirano gica kiba ic’urusengero kandi ko kidashobora gukoreshwa ku bw’uwundi mugambi. Yamara vy’ukuri, ingabirano y’inyegu igumanwa na nyene kuyegurira Imana. Muri ubwo buryo, umuhungu avuze gusa ati ayo mahera canke iryo tongo ni “korubani”​—ni ukuvuga ingabirano yeguriwe Imana canke urusengero—aba yikuyeko ibanga ajejwe ryo gufasha abavyeyi biwe bageze mu zabukuru, abashobora kuba bari mu ngorane zibabaje.

Ukuntu Abafarizayo bahotora Ivyagezwe vy’Imana bitera ishavu Yezu, kandi birumvikana, aravuga ati: “Mwatītūye ijambo ry’Imana kubg’Imigenzo yanyu. Mwa ndyarya mwe, Yesaya yavuze neza ivyo yavugishwa n’Imana kuri mwebge, at’Aba bantu banyubahisha iminwa yabo, arikw imitima yabo iri kure yanje. Bansengera ubusa, kukw inyigisho bigisha ar’ivyagezwe n’abantu.”

Kumbure nya sinzi ryari ryigiye kure kugira rihe umwanya Abafarizayo ngo babaze ibibazo Yezu. Ubu rero, igihe Abafarizayo babuze inyishu batanga ku kaneguro gakomeye Yezu abagizeko, ahamagara rya sinzi ngo ryegere. Aravuga ati: “Ni mwumve, mubitahure. Ikija mu kanwa si co gihumanya umuntu; arikw ikiva mu kanwa ni co kimuhumanya.”

Mu nyuma, abigishwa biwe binjiye mu nzu baramubaza bati: “Urazi yukw Abafarisayo bumvise iryo jambo [rikabatsitaza]?”

Yezu abishura ati: “Igitewe cose, Data wo mw ijuru atāteye, kizorandurwa. Ni mubareke! N’impumyi zijana izindi. Arikw impumyi yojana iyindi mpumyi zompi zogwa mu cobo.”

Yezu bisa n’uko atangara igihe Petero asabiye abo bigishwa ko yobatomorera ivyerekeye igihumanya umuntu. Yezu yishura ati: “Mbega namwe muracar’imburabgenge? Ntimutahura yukw ikintu cose kigiye mu kanwa kija mu nda kigaca mu nzira yaco? Arikw ibiva mu kanwa biba biturutse mu mutima, ni vyo bimuhumanya. Kuko mu mutima havamw’ivyiyumviro bibi: ubgicanyi, ubusambanyi, ubushakanyi, ubgivyi, kwagiriza abandi ibinyoma, ibitutsi. Ivyo vyose ni vyo bihumanya umuntu. Ariko kurisha intoke zidakaravye si vyo bimuhumanya.”

Yezu ngaho ntariko abuza isuku risanzwe. Ntariko avuga yuko bitari ngombwa ngo umuntu akarabe imbere yuko ategura ibifungurwa canke ngo avyihereze. Ahubwo, Yezu ariko anegura uburyarya bw’indongozi z’idini, abo biboneka ko bagerageza mu buryo buzimiza kuzitira ivyagezwe bitunganye vy’Imana mu kugumirira ku migenzo iteye kubiri n’Ivyanditswe. Egome, ibikorwa bibi ni vyo bihumanya umuntu, kandi Yezu arerekana yuko ivyo biva mu mutima w’umuntu. Yohana 7:1; Gusubira mu Vyagezwe 16:16; Matayo 15:1-20; Mariko 7:1-23; Kuvayo 20:12; 21:17; Yesaya 29:13.

▪ Ubu Yezu bamurwanya gute?

▪ Abafarizayo barementanije ikirego ikihe, mugabo nk’uko Yezu abivuga, ni mu buryo ki Abafarizayo barenga ku Vyagezwe vy’Imana n’ibigirankana?

▪ Ni ibiki Yezu ahishura ko ari vyo bihumanya umuntu?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika